Akajambo k'epfo
a Twebwe abantu badatunganye, usanga twihutira kwiyumvira abandi ukutari kwo no gukekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. Ariko Yehova wewe “abona ico umutima uri.” (1 Sam. 16:7) Muri iki kiganiro turarimbura ukuntu Yehova yafashije Yona, Eliya, Hagari na Loti abigiranye urukundo. Turaza kubona kandi ingene twomwigana mu kuntu dufata abavukanyi na bashiki bacu.