Akajambo k'epfo
a Yezu yavuze ko abigishwa biwe bomenyekaniye ku rukundo ruri hagati yabo. Twese turihatira kugaragaza urwo rukundo. Turashobora kurushiriza gukunda abavukanyi bacu mu kubagirira ikibabarwe, ni ukuvuga tukabakunda nka kurya dukunda abo mu muryango wacu. Iki kiganiro kiradufasha kurushiriza gukunda abo dusangiye ukwizera.