Akajambo k'epfo
a Twese turashikirwa n’ingorane zitandukanye. Nyinshi muri zo ntidushobora kuzitorera umuti muri iki gihe, akaba ari co gituma dutegerezwa kuzihanganira. Ariko si twe twenyene twihangana. Na Yehova ubwiwe arihanganira ingorane nyinshi. Muri iki kiganiro, turaza kuraba icenda muri zo. Turaza no kubona ivyiza vyavuye muri ukwo kwihangana kwa Yehova, tubone n’ivyo twomwigirako.