Akajambo k'epfo
a Kugira ngo mu muryango harangwe urutonde, umwe wese mu bawugize ategerezwa kumenya ivyo abandi bamwitezeko kandi agasenyera ku mugozi umwe na bo. Serugo arahagarikira umuryango abigiranye urukundo, inarugo akamushigikira, abana na bo bakagamburukira abavyeyi. Ni ko bimeze no mu muryango wa Yehova. Imana yacu iradufitiye umugambi, kandi nitwakora tuwisunga tuzoba abo mu muryango wayo ibihe bidahera.