Akajambo k'epfo
a Iyo abantu bakiriye inkuru nziza turahimbarwa, iyo bayanse na ho tukababara. Bite ho nimba uwo wigisha Bibiliya atariko aratera imbere? Tuvuge iki hoho nimba utarigera wigisha umuntu Bibiliya gushika abatijwe? Vyoba bisigura ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa cakunaniye? Muri iki kiganiro turaza kubona ingene twororanirwa mu gikorwa co mu ndimiro, n’ingene twogumana umunezero naho abantu boba bavyakira gute.