Akajambo k'epfo
a Yehova yaraduhaye ingabire nziza igitangaza, na yo akaba ari ubushobozi bwo kuvuga. Ikibabaje, abantu benshi ntibakoresha iyo ngabire nk’uko Yehova ashaka. Ni ibiki none vyodufasha kugumana imvugo nziza kandi yubaka, muri iyi isi yataye ubuntu? Twokoresha gute imvugo ihimbara Yehova igihe turi mu ndimiro, igihe twitavye amakoraniro be n’igihe tuyaga n’abandi? Iki kiganiro kiradufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.