Akajambo k'epfo
a Tubayeho mu gihe giteye umunezero muri kahise k’abantu. Ubwami bw’Imana bwarashinzwe nk’uko ubuhanuzi butari buke bwo muri Bibiliya bwari bwarabivuze. Muri iki kiganiro, turarimbura bumwebumwe muri ubwo buhanuzi. Ivyo biraza gutuma turushiriza kwizera Yehova, bidufashe kuguma dutekanye no kuguma tumwizigiye ubu no muri kazoza.