Akajambo k'epfo
a Yehova yaraduhaye icizigiro ciza cane ca kazoza. Ico cizigiro kiraturemesha kikongera kikadufasha kutagumiza umutima ku ngorane zidushikira muri iki gihe. Kiradukomeza tukaguma dufise ukwizera naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute. Vyongeye, kiradufasha kwirinda ivyiyumviro vyokwonona imizirikanyi yacu. Nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, izo zose ni imvo zumvikana zotuma tuguma dukomeza icizigiro cacu.