Akajambo k'epfo
b INSOBANURO Y’ISHUSHO: Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe w’umusoda, inanga na yo ikagumya ubwato, ni ko n’icizigiro cacu gikingira ivyiyumviro vyacu kikongera kikatugumya ngo ntiduhungabane mu bihe vy’ingorane. Mushiki wacu ariko arasenga Yehova yizigiye ko amufasha. Umuvukanyi ariko arazirikana ku kuntu Yehova yashikije ivyo yasezeraniye Aburahamu. Uwundi muvukanyi ariko arazirikana ku kuntu Imana yagiye iramuhezagira.