Akajambo k'epfo
a Iki kiganiro kirerekana uburyo butatu Yehova afasha abasavyi biwe kwihanganira ingorane zibashikira mu buzima babigiranye umunezero. Nitwarimbura Yesaya ikigabane ca 30, turaza kubona ubwo buryo Yehova akoresha mu kudufasha. Uko dusuzuma ico kigabane, turaza kwibutswa igituma bihambaye gusenga Yehova, kwiga Ijambo ryiwe, no kuzirikana ku mihezagiro twifitiye ubu be n’iyo tuzoronka muri kazoza.