Akajambo k'epfo
a Itegeko ry’Imana dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 23:3-6, ryavuga ko ata Mwamoni canke Umunyamowabu akwiye kuba mu bagize ishengero ry’Abisirayeli. Ivyo bisobanura ko batashobora kuronka ubwenegihugu bubaha uburenganzira bukwiye nk’ubw’Umwisirayeli w’imvukira. Ariko barashobora kwifatanya n’abasavyi b’Imana canke kuba muri bo baramutse bemeye gusenga Yehova. Raba Étude perspicace, igitabu ca 1, rup. 100.