Akajambo k'epfo
a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Mu mihingo myinshi, ubugeni usanga bugizwe n’insiguro y’ubugeni be n’indagano bijana, aho umwe wese mu bagiye kwubakana asezeranira Imana na mugenziwe ko bazobana ubudatana. Ivyo biheze, hari abahitamwo guca bagira agatutu. Mu yindi mihingo na ho, usanga ivy’ubugeni bitagenda gutyo. Ariko n’ico gihe nyene, birahambaye ko abimirije kwubakana bakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku musi w’ubugeni bwabo.