Akajambo k'epfo
a Amadini menshi y’abitwa abakirisu yigisha ko Ubwami bw’Imana buri mu muntu, canke mu mutima wiwe. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’abagatolika (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Ubwami bw’Imana busigura . . . uburyo Imana itegeka mu mitima yacu.” Mu gitabu ciwe citwa Yezu w’i Nazareti, Papa Benedigito wa 16 na we yavuze ko “Ubwami bw’Imana buza biciye ku mutima ugamburuka.”