ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 24-29
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Noba ndi umuja waco?’
  • Ingene wobikoresha ku rugero
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokora iki abavyeyi banje batanyemereye gukoresha imbuga hwaniro?
    Urwaruka ruribaza
  • Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?
    Icofasha umuryango
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 24-29

Urwaruka ruribaza

Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?

Aba bantu batatu bahuriye ku ki?

“Ndakunda rwose kwandika ubutumwa nkoresheje telefone ngendanwa! Mbona ko ari co kintu kindutira ibindi vyose. Nibaza yuko vyoshobora kuvugwa ko ico kintu cigaruriye ubuzima bwanje.”—Vyavuzwe na Alan.a

“Igihe mawe yagura televiziyo yo gushira mu cumba canje, naranezerewe rwose! Ariko rero aho kuja kuryama mw’ijoro, naguma ndayiraba bugahakwa kunkerako. Nahitamwo kwirabira televiziyo aho kumara umwanya ndi kumwe n’umuryango hamwe n’abagenzi.”—Vyavuzwe na Teresa.

“Harageze igihe ntashobora kuja ahantu na hamwe canke gukora ikintu na kimwe ntabanje kwibaza nimba hari umuntu yoba yandungikiye ikintu kuri Internet. Bishitse nkikangura mu gicugu, nabwirizwa guca nugurura Internet. Igihe cose akaryo kaba kabonetse, naca nshira amakuru mashasha ku muhora wanje.”—Vyavuzwe na Anna.

Ni nde muri abo bakiri bato batatu bavuzwe aho haruguru wovuga ko ari umuja w’icuma kinaka co mu buhinga bwa none?

❑ Alan ❑ Teresa ❑ Anna

IGIHE abavyeyi bawe bari mu myaka y’ubuyabaga, televiziyo n’iradiyo ni vyo vyari ibikoresho nyamukuru vyo mu buhinga bwa none. Ico gihe, amatelefone yari agenewe gusa gutwara amajwi, bikaba bishoboka ko yaba amanitse ku ruhome. Hari aho wovuga uti: Ivyo vyarataye igihe. Ukwo ni ko umukobwa umwe yitwa Anna abona ibintu. Avuga ati: “Abavyeyi banje barutse ubuhinga bwa none butaratera imbere. Ni ho bagitangura kumenya gukoresha ibintu bimwebimwe biri muri telefone ngendanwa zabo!”

Muri iki gihe urashobora guterefona, kwumviriza umuziki, kuraba televiziyo, gukina agakino, kurungikira ubutumwa abagenzi, gufotora no gukoresha Internet, ivyo vyose ukabigira ukoresheje akuma kamwe gusa ushobora gutwara mu mupfuko. Kubera yuko warutse hari orodinateri, amatelefone ngendanwa, amateleviziyo, na Internet, woshobora kuba ubona yuko ata kibi kiri mu kubikoresha igihe cose. Ariko rero, abavyeyi bawe boshobora kubona ko uri umuja wavyo. Nimba baseruye ko ivyo bibaraje ishinga, ntuce wiyamiriza ivyo bavuze wiyumvira yuko batabona ibintu nk’uko biri koko. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu.”—Imigani 18:13.

Woba wibaza icoba gituma abavyeyi bawe barazwa ishinga n’ico kintu? Niwisuzume rero ukoresheje ibibazo bikurikira kugira ngo urabe nimba hari ibimenyetso vyerekana ko uriko uraba umuja w’icuma kinaka co mu buhinga bwa none.

‘Noba ndi umuja waco?’

Inkoranyabumenyi imwe isigura yuko kuba umuja w’ikintu ari “ukugira akamenyero ko kuza urakora ikintu mu buryo bukabije ku buryo utaba ugishobora canke ucipfuza kugiheba naho coba kikugirako ingaruka zonona.” Dufatiye kuri iyo nsobanuro, abo bakiri bato bose uko ari batatu bavuzwe mu ntangamarara y’iki kiganiro ni abaja canke barigeze kuba abaja b’ivyuma vyo mu buhinga bwa none. Weho bite? Dusubire twihweze iyo nsobanuro yatanzwe aho haruguru iciyumviro ku kindi. Soma ivyo bintu vyavuzwe maze urabe nimba warigeze kuvuga canke gukora ikintu gisa n’ico. Nuce wandika inyishu zawe.

Kuza urakora ikintu mu buryo bukabije. “Naramara amasaha n’ayandi ndiko ndakina udukino nkoresheje icuma co mu buhinga bwa none. Sinari ngisinzira kandi nta kindi navuga atari ivyo. Naritandukanije n’umuryango maze ncokera mw’isi itabaho nabona muri utwo dukino nakina.”—Vyavuzwe na Andrew.

Ku bwawe, ukwiye kumara umwanya ungana gute ku musi uriko urakoresha icuma co mu buhinga bwa none? ․․․․․

Abavyeyi bawe biyumvira ko ukwiye kumara umwanya ungana gute? ․․․․․

Mu vy’ukuri, umwanya umara buri musi uriko urarungika ubutumwa, uriko uraraba televiziyo, uriko urarungika ku muhora wa Internet amafoto n’utujambo tuyaherekeza, uriko urakina udukino ukoresheje icuma co mu buhinga bwa none n’ibindi n’ibindi, ungana gute wose hamwe? ․․․․․

Umaze kwihweza inyishu watanze aho haruguru, woba woshobora kuvuga yuko ukoresha ivyuma vyo mu buhinga bwa none mu buryo bukabije?

□ Ego □ Oya

Ntushobora canke ntiwipfuza kugiheba. “Abavyeyi banje barambona ndiko ndarungika ubutumwa umwanya wose maze bakambwira yuko ndenza urugero muri ivyo. Mugabo ngereranije n’ukuntu abandi bana tungana barungika ubutumwa, ni nk’aho jewe ata bwo ndungika. Ego niko ngereranije n’ubwo abavyeyi banje barungika, ndungika ubutumwa bwinshi. Ariko rero, sinkwiye kwigereranya na bo, kuko bobo bafise imyaka 40 nanje nkagira 15.”—Vyavuzwe na Alan.

Abavyeyi bawe canke abagenzi bawe boba barakubwiye yuko umara umwanya munini uriko urakoresha icuma kinaka co mu buhinga bwa none?

□ Ego □ Oya

Vyoba bimaze gushika ukumva utipfuza canke udashobora gucungera ukuntu ukoresha ico cuma?

□ Ego □ Oya

Ingaruka zonona. “Abagenzi banje baguma bandika ubutumwa bongera baburungika, n’igihe nyene baba bariko baratwara umuduga. Ese ukuntu ukwo ari ukwishira mu kaga!”—Vyavuzwe na Julie.

“Igihe naronka telefone ngendanwa ari bwo bwa mbere, imisi yose nama ndiko ndaterefona canke ndiko ndandika ubutumwa. Nta kindi nakora. Ivyo vyarononye imigenderanire nari mfitaniye n’umuryango wanje eka mbere n’iyo nari mfitaniye na bamwebamwe mu bagenzi banje. Ubu ndabona yuko igihe nsohokanye n’abagenzi banje maze nkabayagisha, baguma banciramwo bavuga ngo: ‘Rindira gatoyi sha nishure ubu butumwa bandungikiye.’ Ico ni kimwe mu bintu bituma ntiyegereza cane abo bagenzi.”—Vyavuzwe na Shirley.

Vyoba bishika ugasoma ubutumwa canke ukaburungika igihe uriko uratwara umuduga kibure uri mw’ishure?

□ Ego □ Oya

Igihe uriko urayaga n’umuryango canke abagenzi, woba ukunda guhagarika ico kiyago kugira ngo wishure ababa bakurungikiye ubutumwa kuri Internet, ababa baguterefonye canke ababa bakurungikiye ubutumwa kuri telefone ngendanwa?

□ Ego □ Oya

Ivyo gukoresha ivyuma vyo mu buhinga bwa none vyoba bigutwara umwanya wo kuryama canke bigusamaza ku buryo bikubuza kwiga?

□ Ego □ Oya

Ingene wobikoresha ku rugero

Nimba ukoresha icuma kinaka co mu buhinga bwa none, yaba orodinateri, telefone ngendanwa canke ikindi cuma, niwibaze ivyo bibazo bine biri aho hepfo. Gushira mu ngiro impanuro zishingiye kuri Bibiliya be n’impanuro nkeyi zisanzwe zijanye n’ico wokora be n’ico utokora bizogufasha kwikingira no kuguma wifatiye ibintu mu minwe.

1. Ni ibiki biri muri ubwo butumwa? “Mwuzuze imizirikanyi yanyu ibintu vyiza kandi bibereye gushemezwa: ibintu vy’ukuri, vyo kwubahwa, bigororotse, bityoroye, ivyo gukundwa be n’ibiteye iteka.”—Abafilipi 4:8, Today’s English Version.

Ico wokora: Nugume witwararika imigenderanire ufitaniye n’abagenzi hamwe n’umuryango; nimuhanahane amakuru n’ivyiyumviro vyubaka.—Imigani 25:25; Abanyefeso 4:29.

Ico utokora: Niwirinde gukwiragiza urusaku, guhanahana ubutumwa canke amafoto birimwo ivy’ubuhumbu, kibure kuraba ibiganiro canke amasanamu vyonona inyifato runtu.—Abakolosayi 3:5; 1 Petero 4:15.

2. Ndagikoresha ryari? “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”—Umusiguzi 3:1.

Ico wokora: Niwishingire umwanya uzomara uri kuri telefone, uriko urarungika ubutumwa wongera usoma ubwo bakurungikiye, uraba televiziyo canke ukina udukino. Ubitumwe n’ukuntu wubahiriza ibiringo bimwebimwe, nuzimye igikoresho cawe mu gihe c’ibiringo bihambaye, nk’akarorero igihe c’amakoraniro ajanye no gusenga. Urashobora kwama wishura ubutumwa bakurungikiye inyuma y’ivyo biringo.

Ico utokora: Ntureke ivyo gukoresha ivyuma vyo mu buhinga bwa none ngo bigutware umwanya wishingiye wo kuba uri kumwe n’abagenzi be n’umuryango, uwo kwiga canke kugira uruhara mu bikorwa bijanye n’ivy’Imana.—Abanyefeso 5:15-17; Abafilipi 2:4.

3. Ndiko nifatanya na bande? “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Abakorinto 15:33.

Ico wokora: Nukoreshe ivyuma vyo mu buhinga bwa none kugira ngo ukomeze ubucuti ufitaniye n’abantu bakuremesha gutsimbataza ingeso nziza.—Imigani 22:17.

Ico utokora: Ntiwihende, uzosanga uriko urakurikiza ingingo, imvugo be n’ivyiyumviro vy’abo uhitamwo kwifatanya na bo biciye ku dukete mwandikiranira kuri orodinateri, ku butumwa murungikiranira kuri telefone ngendanwa, kuri televiziyo, kuri videwo canke kuri Internet.—Imigani 13:20.

4. Nkoresha umwanya ungana gute? “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.

Ico wokora: Nugume wandika umwanya umara uriko urakoresha ivyuma vyo mu buhinga bwa none.

Ico utokora: Ntiwirengagize ivyo abagenzi bawe bavuga canke ubuyobozi abavyeyi bawe baguha igihe bavuze yuko umara umwanya munini cane uriko urakoresha icuma kinaka co mu buhinga bwa none.—Imigani 26:12.

Mu kuvuga ibijanye no gukoresha ivyuma vyo mu buhinga bwa none mu buryo buri ku rugero, Andrew, umwe twavuga mu ntango, aravuga muri make ico kintu ati: “Ivyuma vyo mu buhinga bwa none ni vyiza, mugabo igihe gusa umuntu abimarako umwanya muto. Narize kutareka ngo ubuhinga bwa none buntandukanye n’umuryango wanje hamwe n’abagenzi.”

Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa) urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf

[Akajambo k’epfo]

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko bitwa kuko bitashimwe ko bamenyekana.

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 25]

IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA

“Abavyeyi banje barigeze kuba bambwira bati: ‘Wewe wama umwanya wose uri kuri telefone, erega uzohava usanga intoki zawe zafatanye na yo!’ Mu ntango vyarantwenza, mugabo nahavuye ntahura yuko batariko barafyina. Ubu ndigerera mu bijanye n’ubutumwa ndungika, kandi numva ari ho nezerewe kuruta!”

“Nabona ko umwanya wose ntegerezwa kuja kuri “Internet” kuraba ko hari ubutumwa boba bandungikiye. Nari nsigaye mfata minenerwe udukorwa two gukorera i muhira baba bampaye kw’ishure be n’ibindi vyigwa. Ubu ko nagabanije incuro nkoresha Internet, ni nk’aho nakuwe ku bitugu umuzigo uremereye. Bisaba gusa ko umuntu atarenza urugero.”

[Amafoto]

Jovarny

Mariah

[Uruzitiro ku rup. 28]

“NARI UMUJA W’IBIBANZA VYO KURI INTERNET ABANTU BASHIRAKO AMAKURU ABEREKEYE”

“Haciye imyaka mikeyi umuryango wanje wimutse. Kubera ko nipfuza kuguma mpanahana amakuru n’abagenzi banje, baransavye ngo niyandikishe ku muhora wa Internet utuma abantu bashobora guhanahana amafoto. Wamenga ni uburyo bwiza bwo kuguma duhanahana amakuru. None ko nogiye ndaganira gusa n’abantu nzi, atari abo ntazi, ingorane yobaye iri hehe?

“Mu ntango, vyose vyagenda neza. Naraja kuri uwo muhora rimwe mu ndwi, nkaraba amafoto y’abo bagenzi banje maze nkagira utwo nanditse kuri ayo mafoto nkongera ngasoma utwo baba banditse ku bijanye n’amafoto yanje. Ariko ntivyatevye kuntwara. Naguma kuri uwo muhora umwanya wose, ivyo bikaba vyabaye ntabiciye n’ikanda. Kubera yuko namara umwanya munini kuri Internet, abagenzi b’abagenzi banje baratanguye kubibona maze bansaba ko nobabera umugenzi. Nk’uko usanzwe ubizi, umugenzi akubwira ko uwo muntu afise umutima mwiza, ugaca wemera. Utarabica n’ikanda, usanga ufise abandi bagenzi 50 kuri Internet.

“Budakeye na kabiri, nasanze ata kindi niyumvira atari ukuja kuri uwo muhora wa Internet. N’igihe nyene naba ndi kuri uwo muhora, naguma niyumvira ibijanye n’igihe nza kugarukira kuraba ibishasha no kurungika amafoto mashasha. Naba ndiko ndasoma akajambo gaherekeje ifoto ng’aha, hariya na ho nkaba ndiko ndahashira ividewo, maze ntarabica n’ikanda ngasanga ndahamaze amasaha n’ayandi.

“Haciye umwaka umwe n’igice, ni ho nahava ntahura yuko nari maze kuba umuja w’ico kintu. Ariko rero, ubu ndaba maso cane ku bijanye n’ukuntu nkoresha Internet kandi nditwararika cane kugiranira ubugenzi n’abantu tubonana amaso mu yandi, abo nzi ko twisunga ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu zimwe. Abagenzi banje bamwebamwe ntibantahura, mugabo narahakuye icigwa.”—Vyavuzwe na Ellen w’imyaka 18.

[Uruzitiro ku rup. 28]

UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?

Woshobora gutangara uyaze n’abavyeyi bawe ibijanye no kwisamaza. Umwigeme umwe yitwa Cheryl avuga ati: “Igihe kimwe dawe yariketse yuko kamwe mu tudisiki twanje tw’imiziki karimwo ibintu bibi. Naramusavye ngo twicare hamwe maze twumvirize imiziki yose yari kuri ako kadisiki. Yaravyemeye. Mu nyuma, yambwiye ko ata kintu kibi na kimwe yasanzemwo!”

Niwandike aho hepfo ikibazo woshima kubaza abavyeyi bawe ku bijanye n’ivyuma vyo mu buhinga bwa none.

[Uruzitito ku rup. 29]

Ibimenyeshejwe Abavyeyi

Umwana wawe w’umuyabaga yoba amara umwanya munini cane kuri Internet? Yoba awumara ariko ararungikiranira n’abandi ubutumwa bwinshi cane kuri telefone ngendanwa, canke yoba akunda cane kuba ari kumwe n’icuma ciwe kivuza umuziki kuruta kuba ari kumwe nawe? Nimba ari ukwo biri, wokora iki?

Kimwe mu bintu wokora ni ukumwaka ico gikoresho. Ariko rero, ntuce ubona yuko ivyuma vyose vyo mu buhinga bwa none ari bibi. Nakare, hari aho woba ukoresha icuma kinaka co mu buhinga bwa none kitari bwabeho igihe abavyeyi bawe baruka. Ku bw’ivyo, aho kwaka gusa umwana wawe w’umuyabaga ico gikoresho ciwe, kiretse igihe hari imvo yumvikana yo kubigira, ubona gute ukoresheje ako karyo kugira ngo wigishe umuhungu wawe canke umukobwa wawe gukoresha icuma co mu buhinga bwa none mu buryo buranga ubukerebutsi kandi buri ku rugero? None wobigira gute?

Niwicare hamwe n’umwana wawe w’umuyabaga maze muyage ivy’ico kibazo. Ubwa mbere, numubwire ikikuraje ishinga. Ubwa kabiri, niwumvirize ico akubwira. (Imigani 18:13) Ubwa gatatu, nimuzirikane ukuntu mwotorera umuti iyo ngorane mu buryo ngirakamaro. Ntutinye kumushingira uturimbi mugabo ubigire mu buryo bwerekana ko ugira ibitegereka. (Abafilipi 4:5) Ellen, umwe twamara kuvuga, agira ati: “Igihe nagira ingorane yo kuguma nandikiranira n’abandi ubutumwa kuri telefone ngendanwa, abavyeyi banje ntibayinyatse; ahubwo baranshingiye ingingo nokwisunga. Ukwo kuntu bavyifashemwo kwaramfashije kutarenza urugero mu vyo kurungika ubutumwa kuri telefone ngendanwa, n’igihe nyene baba atari ho bari.”

Wokora iki mu gihe umuhungu wawe canke umukobwa wawe atavyakiriye neza? Ntuce wiyumvira ko impanuro watanze yaciye inyuma y’amatwi. Ahubwo nyabuna, niwihangane maze uhe umwana wawe w’umuyabaga umwanya wo kuzirikana ico kintu. Ashobora kuba amaze kubona ko ivyo uvuga vyumvikana akaba rero azogira ivyo ahinduye. Abakiri bato benshi usanga bameze nk’umwana umwe w’umuyabaga yitwa Hailey, uno akaba avuga ati: “Mu ntango, vyarambabaje cane igihe abavyeyi banje bambwira yuko nsigaye ndi umuja wa orodinateri. Mugabo mu nyuma, uko narushiriza kuzirikana ico kintu ni ko narushiriza gutahura yuko ivyo bavuga ari ukuri.”

[Ifoto ku rup. 29]

Woba uganza ivyuma vyawe vyo mu buhinga bwa none canke ni vyo bikuganza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika