ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 5 ibice 1-2
  • Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NUGUME UBONA INCUTI ZANYU MU BURYO BUBEREYE
  • 2 NIMUBASHINGIRE UTURIMBI IGIHE BIKENEWE
  • Nimwirinde guhemukiranira
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Nufatane icubahiro uwo mwubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 5 ibice 1-2
Umugore ariko aranegura ingene umukazana wiwe ateka

IGIHIMBA CA 5

Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu

“Nimwambare . . . ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.”​—Abakolosayi 3:12

Ukwabirana gutuma havuka umuryango mushasha. Naho uzokwama ukunda ukongera ukubaha abavyeyi bawe, uwo mwubakanye aba asigaye ari we akurutira abandi bose kw’isi. Bamwebamwe mu ncuti zawe hari aho ivyo vyobagora kwemera. Mugabo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha gukora ibintu ku rugero, kugira ngo ugume wumvikana n’incuti zawe uko wihatira gukomeza ubucuti bwo mu muryango wawe mushasha.

1 NUGUME UBONA INCUTI ZANYU MU BURYO BUBEREYE

Abubakanye bariko bamarana umwanya n’abavyeyi babo

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Tera iteka so na nyoko.” (Abanyefeso 6:2) Naho woba ufise imyaka ingahe, ubwirizwa kuguma wubaha abavyeyi bawe kandi ukabatera iteka. Nutahure ko uwo mwubakanye na we nyene akeneye kwitwararika abavyeyi biwe. “Urukundo ntirugira ishari.” Imigenderanire uwo mwubakanye afitaniye na bo ntikwiye rero gutuma wumva ko ugeramiwe.​—1 Abakorinto 13:4; Abagalatiya 5:26.

ICO WOKORA:

  • Niwirinde imvugo zirimwo ukurenza urugero, nk’izi ngo “Ab’iwanyu imisi yose baransuzugura” canke ngo “Nyoko wawe ntiyigera ashima ivyo nkora”

  • Nugerageze kwishira mu kibanza c’uwo mwubakanye

2 NIMUBASHINGIRE UTURIMBI IGIHE BIKENEWE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe maze [babe] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Igihe wubatse urwawe, abavyeyi bawe boshobora kuguma biyumvamwo ko bakujejwe, kandi hari aho bokwipfuza kwitaho umubano wanyu kuruta uko babwirizwa.

Wewe n’uwo mwubakanye ni mwe mukwiye kurabira hamwe uturimbi mwobashingira kandi mukabibamenyesha mubigiranye urukundo. Murashobora kubabwiza ukuri mudacisha ku ruhande ariko mubigiranye urupfasoni. (Imigani 15:1) Ukwicisha bugufi, ubwitonzi n’ukwiyumanganya bizobafasha kugiranira n’incuti zanyu imigenderanire irangwa igishika, bibafashe no kubandanya ‘mubihanganira mu rukundo.’​—Abanyefeso 4:2.

Umugabo n’umugore bariko baraganira; umugabo n’umugore bahaye ingabire abavyeyi babo

ICO MWOKORA:

  • Nimba ubona ko incuti zibinjirira cane mu buzima, nubiyage n’uwo mwubakanye mutekanye

  • Nimwumvikane ukuntu muzotunganya ivyo bibazo

NIMUGERAGEZE GUTAHURA

Birahambaye ko mutahura ukuntu abavyeyi banyu babona ibintu n’ukuntu biyumva. Nta mvo mbi baba bafise mu kwitwararika ivy’ubuzima bwanyu. Barabababaye vy’ukuri. Abavyeyi banyu birashobora kubagora gutahura ko wewe n’uwo mwubakanye musigaye muri umuryango wigenga. Boshobora mbere kwumva umengo mwarabahevye. Ariko nimwakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mugaseruranira akari ku mutima hagati yanyu kandi mukavugana ukuri n’abavyeyi banyu, muzoshobora kubatera iteka mutarinze guhungabanya umubano wanyu.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Kubera iki ari ibisanzwe ko abavyeyi b’uwo twubakanye bitwararika ivy’umubano wacu?

  • Noshobora gute gushira imbere uwo twubakanye ariko kandi nkubaha abavyeyi banje?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika