URURIRIMBO RWA 63
Turi Ivyabona vya Yehova!
1. Kw’isi barunamira
Za mana bibazira.
Nta Mana y’ukuri
Bo batahuye.
Izo n’ukuzihoza;
Ntizimenya kazoza.
Ivyabona vyazo vyova he
Ngo bizishingir’intahe?
(ICITABIRIZO)
Twebwe tur’Ivyabona
Vya ya Mana Yehova.
Ibitarab’irabivuga
Kandi bikaranguka.
2. Tubwira turyohewe
Barya batorohewe
Inkuru y’Ubwami
Bo banyotewe.
Bamwe baca batora
Kwa kuri kubohora.
Na bo baje turifatanya
Kwigisha tutiziganya.
(ICITABIRIZO)
Twebwe tur’Ivyabona
Vya ya Mana Yehova.
Ibitarab’irabivuga
Kandi bikaranguka.
3. Tumenyekanishije
Rya zina yisangije
Ni nk’imburi tuba
Dukwiragije.
Abatarigarura
Bituma bihanura,
Maze bakazokwironkera
Bwa buzima budahera.
(ICITABIRIZO)
Twebwe tur’Ivyabona
Vya ya Mana Yehova.
Ibitarab’irabivuga
Kandi bikaranguka.
(Raba kandi Yes. 37:19; 55:11; Ezk. 3:19.)