-
Icizigiro coba cotugirira akamaro mu buzima?Be maso!—2004 | 22 Ndamukiza
-
-
Icizigiro coba cotugirira akamaro mu buzima?
DANIEL yari afise imyaka cumi gusa, mugabo yari amaze umwaka arwaye kanseri. Abaganga biwe bari batakaje icizigiro, cokimwe n’incuti be n’abagenzi b’uwo muhungu. Ariko Daniel we ntivyari ukwo. Yabona ko azokura akazoba umushakashatsi, maze agafasha mu kurondera umuti wa kanseri. Yari yiteganye umushasharo umusi azogenderwa n’umuganga yanonosoye ivyo kuvura ubwoko bwa kanseri yari arwaye. Ariko igihe uwo musi washika, uwo muganga ntiyaje kubera ikirere cari cifashe nabi. Daniel yaciye atakaza icizigiro. Ari ryo rya mbere mu buzima bwiwe, yaracitse intege. Haheze imisi mikeyi yaciye apfa.
Inkuru ya Daniel yiganywe n’umuntu akora mu vyo kubungabunga amagara y’abantu yakurikiranye ivyigwa bijanye n’akamaro icizigiro gishobora kugira ku magara y’abantu. Ushobora kuba umaze kwumva inkuru mwene izo. Nk’akarorero, dufate ko hari umuntu ageze mu zabukuru yegereje gupfa, yamara hakaba hariho ikintu arindiranye umushasharo, nko kugenderwa n’incuti akunda canke kwibuka umusi kanaka. Ico kintu kimaze kurangira, uwo muntu ntateba gupfa. None ivyo biba bitewe n’iki? Icizigiro coba ari ngirakamaro nk’uko bamwe bavyibaza?
Abashakashatsi benshi mu vy’ubuvuzi bavuga ko kutihebura, kugumana icizigiro no kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza bigira akamaro gakomeye ku magara y’umuntu. Ariko si bose babihurizako. Hari abashakashatsi babona ko ico ciyumviro gishingiye ku vyo abantu bivugira gusa. Mwene abo bashakashatsi bemera ko indwara zo ku mubiri zidafitaniye isano n’ukuntu umuntu yiyumva.
Ivyo kwiyumvira ko icizigiro ata kamaro gifise si bishasha. Haraciye imyaka ibihumbi umufilozofe w’Umugiriki yitwa Aristote asabwe gusigura ico ari co icizigiro. Yavuze ati: “Ni ukurota ku murango.” Mu gihe ca vuba na ho, hari umunyapolitike w’Umunyamerika yitwa Benjamin Franklin yavuganye agasuzuguro ati: “Umuntu yiteze kubeshwaho n’icizigiro, ntaco kizomumarira.”
None ukuri ku vyerekeye icizigiro ni ukuhe? Kwoba ari ugupfa kwizigira ko ikintu kanaka kizoranguka kugira gusa umuntu yiremeshe? Canke hariho imvo zumvikana zotuma tubona ko icizigiro ari ikintu twese dukeneye kugira tugire amagara meza n’agahimbare, ni ukuvuga ikintu kiba gifise ishingiro nyakuri kandi c’ingirakamaro?
-
-
Kubera iki dukeneye icizigiro?Be maso!—2004 | 22 Ndamukiza
-
-
Kubera iki dukeneye icizigiro?
VYARI kugenda gute iyo Daniel, wa mwana yari arwaye kanseri yavugwa mu ntango y’ikiganiro giheze, agumana icizigiro gikomeye? Yoba yari kunanira iyo kanseri? Aba akiriho n’ubu? Mbere n’abashigikiye cane iciyumviro c’uko icizigiro gishobora gutuma umuntu atora mitende, ntiboshobora kwemeza ko n’ubu yoba akiriho. Iki ciyumviro kirahambaye: ntidukwiye kwiyumvira ko icizigiro gihambaye gusumba uko kiri koko. Icizigiro si umuti uvura indwara zose.
Mu kiganiro muganga Nathan Cherney yatanze kuri televiziyo imwe (CBS News), yaragabishije ku kaga ko kurenza urugero mu kuntu umuntu abona icizigiro igihe yitwararika abarwayi baremvye. Yavuze ati: “Birashika abagabo bagakarira abagore babo babahora ngo barihebura cane, ngo ntibaguma babona ibintu mu buryo bwiza.” Yongeyeko ati: “Kwiyumvira gutyo vyatumye abantu babona ibintu mu buryo butari bwo, bakiyumvira ko umuntu ashobora gutuma kanseri yiwe idakomera, maze igihe amagara y’umuntu arushirije kumera nabi, bagaca biyumvira ko uwo murwayi aba atavyifashemwo neza, ariko ntibiba ari vyo.”
Mu vy’ukuri, abantu baba barwaye indwara yimirije kubahitana baba bariko bararwana urugamba rudasanzwe. Birumvikana rero ko incuti zabo zitokwipfuza kubabwira ibintu vyotuma biyagiriza, kuko ivyo ata kindi vyokora atari ukubongereza umuzigo. None twoca dushika ku ciyumviro c’uko icizigiro ata co kimaze?
Habe namba. Kanatsinda, wa muganga twavuga yaranonosoye ivyo kugabanya ububabare umurwayi afise, atari mu kugerageza kuvura indwara arwaye canke gukora ibintu vyotuma amara kabiri, ahubwo mu gutuma umurwayi yiyumva neza kandi akoroherwa igihe cose aba asigaje kubaho. Abaganga mwene abo babona ko bihambaye cane gufasha abarwayi kugira bumve borohewe, mbere n’aboba baremvye cane. Ibimenyamenya birerekana ko icizigiro gishobora gufasha abarwayi muri ubwo buryo, mbere kurenza aho.
Akamaro k’icizigiro
Umuganga akaba n’umwanditsi yitwa W. Gifford-Jones avuga ati: “Icizigiro ni umuti ukomeye cane.” Yarakurikiranye ivyigwa bitandukanye vyerekana akamaro ko kuremesha abarwaye indwara zimirije kubahitana. Kuremesha abarwayi muri ubwo biratuma bagumana icizigiro kandi bakaguma babona ibintu mu buryo bwiza. Ivyigwa vyagizwe mu 1989 vyerekanye ko abarwayi bafashijwe muri ubwo buryo baramvye gatoyi, naho ubushakashatsi buheruka kugirwa vuba butavyemeza. Ariko rero, ivyigwa vyagizwe vyarerekanye ko abarwayi baremeshwa batarwara cane akabonge canke ngo bababare cane nk’abataremeshwa.
Hari ibindi vyigwa vyagizwe ku bijanye n’ubwoko bumwe bw’indwara y’umutima (iyo bita maladie coronarienne). Vyarerekanye ko kubona ibintu mu buryo bwiza canke mu buryo bubi bishobora kugira uruhara mu gutuma umuntu afatwa canke adafatwa n’iyo ndwara. Muri ivyo vyigwa, barasuzumye bitonze abagabo barenga 1.300 kugira barabe ababona ibintu mu buryo bwiza n’ababona ibintu mu buryo bubi. Inyuma y’imyaka cumi, basanze abarenga ibice 12 kw’ijana barafashwe n’iyo ndwara. Muri bo, ababona ibintu mu buryo bubi baruta hafi incuro zibiri ababona ibintu mu buryo bwiza. Laura Kubzansky, umwigisha w’ivy’amagara y’abantu be n’inyifato mu kibano kuri kaminuza imwe (Harvard School of Public Health), avuga ati: “Ivy’uko ‘kubona ibintu mu buryo bwiza’ bifise akamaro ku magara vyabonwa ko bitagira ishingiro; ariko ivyo vyigwa vyagizwe vyaratanze ibimenyamenya vya mbere vyemeza ko ico ciyumviro ari ukuri mu muce ujanye n’indwara z’umutima.”
Ivyigwa bimwebimwe vyerekanye ko abantu baba bihebuye bateba gusubirana inyuma yo kubagwa kurusha abataba bihebuye. Mbere vyavuzwe ko kutihebura bituma umuntu aramba. Hari ikindi cigwa cagizwe cerekanye ko ukuntu abasaza babona ibijanye n’ubusaza bwabo hari ikintu kinini bibakorako. Igihe hagize uwubabwira ko abasaza ari bo bazi utuntu n’utundi, baca basubirana ingoga. Ingoga baca bagira ni nk’izo boronka hamwe bomara amezi atatu bagira siporo.
Kubera iki kugira icizigiro no kubona ibintu mu buryo bwiza ari ngirakamaro ku magara y’umuntu? Abahinga n’abaganga bashobora kuba bataratahura neza ukuntu ubwonko bw’umuntu n’umubiri wiwe bimeze ku buryo bokwishura neza ico kibazo. Ariko abahinga bagira ivyigwa kuri mwene ivyo bintu baragerageza kucishura bisunze uburambe be n’ubumenyi bafise. Nk’akarorero, umwigisha umwe yize ibijanye n’imitsi nsozabwenge avuga ati: “Ni vyiza kunezerwa no kugumana icizigiro. Ivyo bituma umuntu aguma amerewe neza kandi ntahagarike umutima cane. Mu bihe nk’ivyo, umubiri w’umuntu uramera neza. Ni ikindi kintu abantu bokora kugira bagumane amagara meza.”
Iciyumviro nk’ico gishobora kuba ari gishasha ku baganga, ku bakurikirana ibijanye n’inyifato z’abantu no ku banyasiyansi, ariko si gishasha ku batohoji ba Bibiliya. Haraheze nk’imyaka 3.000 wa mwami w’inkerebutsi Salomo ahumekewe kwandika ikintu nk’ico. Yanditse ati: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.” (Imigani 17:22) Woba ubona uburimbane buri muri ico canditswe? Nticavuze ko umutima unezerewe ukiza indwara, ahubwo cavuze gusa ko “ugira neza nk’umuti uvūra.”
Atari ukwo, umuntu yohava abaza ati: ‘Nimba icizigiro ari umuti, kubera iki abaganga batacandikira abantu?’ Ariko ntiwumve, kugira icizigiro biravamwo n’ibindi vyiza uretse gutuma umuntu agira amagara meza.
Ico icizigiro canke kwihebura bishobora kugira ku buzima bwawe
Abashakashatsi basanze kubona ibintu mu buryo bwiza ari ngirakamaro mu mice myinshi. Abantu babona ibintu mu buryo bwiza usanga bibagendera neza kw’ishure, ku kazi, eka no mu bijanye no kwinonora imitsi. Nk’akarorero, hari icigwa cagizwe ku bagore bari mu mugwi umwe w’inkino zo kwinonora imitsi. Abamenyereza baravuze ivyo babona ku bijanye n’ubuhanga abo bagore bafise mu vy’amahiganwa. Ariko kandi, baranabasuzumye kugira barabe urugero bagezako mu kugumana icizigiro. Basanze ikintu cerekanye neza ukuntu bavyifatamwo mu mahiganwa atari ubuhanga abamenyereza bari babonye kuri bo, ahubwo ari urugero bagezako mu kutanyaruka kwihebura. Kubera iki none kugumana icizigiro bifasha ukuraho?
Igihe na ho abashakashatsi bariko bariga ibijanye no kwihebura, hari ibindi bintu vyinshi bamenye. Mu myaka ya 1960, abashakashatsi barashitse ku kintu batari biteze ku bijanye n’inyifato y’ibikoko, ico na co akaba ari inyiyumvo yo kwihebura. Basanze ico kintu gishikira n’abantu. Nk’akarorero, mu kugira ico cigwa, bafashe umugwi w’abantu, babashira ahantu hari urwamo rwinshi kandi rumena amatwi, maze babereka ubuto bofyonda, hanyuma bababwira biyumvire ukuntu boruzimya bakoresheje ubwo buto. Kandi barabishoboye.
Barasavye uwundi mugwi w’abantu gukora nk’ivyo nyene. Abo bantu barafyondaguye ubwo buto ariko rwa rwamo ruranka kuzima. Benshi mu bari muri bo baciye bihebura, babona ko ata co bashoboye. Igihe mu nyuma babasaba gukora ikintu gifitaniye isano n’ico, bahisemwo kutirirwa baragerageza kubera ko babona ko ata co bari buhindure. Yamara, abari basanzwe babona ibintu mu buryo bwiza bari muri uwo mugwi ntibihebuye.
Umudogoteri yitwa Martin Seligman yafashije mu gutunganya ivyo vyigwa, yaciye yumva yononosora ibijanye no kugumana icizigiro be no kwihebura. Yarize yitonze ibijanye n’abantu babona ko ata co bamaze. Yashitse ku ciyumviro c’uko mwene abo bantu bibagora gukora canke mbere bagashika aho badakora namba. Mu gusozera ibijanye no kwihebura be n’ingaruka bigira, Seligman yavuze ati: “Muri iyi myaka 25 iheze, nariboneye ko hamwe twoba twiyumvira nk’abantu bihebuye, tukitako umwikomo ku bw’ibintu bitunaniye gukora, tuzokwama tubona ibintu muri ubwo buryo, kandi bizogira ingaruka ku vyo dukora vyose maze bitume ibintu birushiriza kwunyuka.”
N’iciyumviro nk’ico gisa na gishasha ku bantu benshi muri iki gihe, ariko abigishwa ba Bibiliya bobo basanzwe babimenyereye. Hari umugani uvuga uti: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Bibiliya irerekana neza ko gucika intege no kubona ibintu mu buryo bubi bituma umuntu atagira inkomezi zo gukora. None wokora iki kugira wirinde kwihebura, ahubwo ugumane icizigiro mu buzima?
[Ifoto ku rup. 4, 5]
Kugira icizigiro ni ngirakamaro cane
-
-
Urashobora gutsinda ugucika integeBe maso!—2004 | 22 Ndamukiza
-
-
Urashobora gutsinda ugucika intege
IYO bishitse ibintu ntibigende nk’uko wari uvyiteze, uvyifatamwo gute? Abahinga benshi bavuga ko ukuntu umuntu avyifatamwo ari vyo vyerekana nimba yihebura ningoga canke yumirako. Twese turashikirwa n’ingorane, mbere hari n’abashikirwa n’izikomeye kuruta. Kubera iki none hari abanyaruka gusubirana, bakagerageza no gusubira kugira utwigoro, mu gihe hari abaca batana n’akabando no mu ngorane zisa n’izidakomeye?
Nk’akarorero, dufate ko uriko urarondera akazi. Uraronse umubonano ariko nta kivuyemwo. Ico kintu kigushikiye woca wiyumva gute? Woshobora kubona ko ari ingorane yakuvuyeko kandi uzokwamana, bigashika mbere naho wibwira uti: ‘Nta muntu yokwigera aha akazi umuntu nkanje. Nta kazi nzopfa ndonse.’ N’ikibabaje kuruta, woshobora guca ureka ico kintu kimwe kikonona ukuntu wabona ibindi bintu ukora mu buzima bwawe, ugasigara wibwira uti: ‘Nta co nzovamwo. Nta co maze.’ Umuntu abona ibintu muri ubwo buryo aba yihebura ningoga.
Ingene worwanya impengamiro yo kwihebura
Wonanira gute ivyiyumviro bica intege? Intambwe ya mbere ihambaye ni ukumenya ko ufise mwene ivyo vyiyumviro. Intambwe igira kabiri ni ukubirwanya. Nugerageze kumenya icatumye wiyumva gutyo. Nk’akarorero, kuba wabuze ako kazi vyoba vyerekana ko ata muntu n’umwe azokwigera akaguha? Canke vyavuye gusa ku kuba uwo mukoresha yariko arondera umuntu afise ubuhanga kanaka wewe udafise?
Niwabona ibintu uko biri koko bizotuma wirinda kurenza urugero mu kuntu ubona ivyabaye. Kuba bakwimye akazi rimwe gusa vyoba bisigura ko ata co uzovamwo? Ubona gute uzirikanye ibindi bintu wakoze ukaroranirwa, nk’ibijanye n’imigambi yawe y’ivy’impwemu, ubucuti ufitaniye n’abo mu muryango hamwe n’ubwo ufitaniye n’abagenzi? Bishitse ibintu bikagenda nabi, niwirinde guca ubona ko isi yubamye. Nakare, ubwo urazi neza ko utazokwigera uronka akazi? Hariho ibindi wokora kugira wirinde ivyiyumviro bica intege.
Nubone ko hari ico uzoshikako
Mu myaka ya vuba, abashakashatsi baragerageje gusigura ico ari co icizigiro, naho insobanuro batanze idakwiye. Bavuga ko mu nsobanuro y’icizigiro harimwo kwemera ko uzoshobora kurangura imigambi yawe. Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, icizigiro kirimwo n’ibindi, ariko biboneka ko iyo nsobanuro batanga ari ngirakamaro mu mice itandukanye. Kugumiza umuzirikanyi kuri iyo nsobanuro vyoshobora kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza, tukabona ko hari ico tuzoshikako.
Kugira tubone ko tuzoshobora kurangura imigambi twishingira, turakwiye gutangura kwimenyereza kwishingira imigambi no kugerageza kuyishikako. Nimba ubona ko utarabimenyera, vyoba vyiza uzirikanye witonze imigambi wishingira. Mbega hoho, hari imigambi woba ufise? Biroroshe cane ko dusanga turiko dukora vya bindi nyene ata n’ukuruhuka ngo tuzirikane ku co twipfuza gushikako vy’ukuri, ni ukuvuga ico tubona ko gihambaye kuruta ibindi. Ku bijanye n’ico ciyumviro ciza co gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, haraheze igihe kirekire Bibiliya ivuze iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.
Tumaze gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, bica vyoroha ko twishingira imigambi itomoye mu mice itandukanye, nk’iyijanye n’ubucuti dufitaniye n’Imana, ubuzima bwo mu rugo hamwe n’akazi. Ariko rero, igihe tutaramenyera, birahambaye ko twirinda kwishingira imigambi myinshi. Birahambaye kandi ko twishingira imigambi izotworohera gushikako. Twishingiye umugambi ugoye gushikako, vyoshobora gutuma ducika intege, tugahava dutana n’akabando. Ku bw’ivyo, ni vyiza ko duhera ku kwishingira imigambi y’igihe gitogito.
Hari umugani uvuga uti: “Uwuvyiteye ntibimutera ubute,” kandi ivyo ni ukuri. Igihe dufise umugambi utomoye ku muzirikanyi, haba hasigaye ugushaka be n’umwiyemezo kugira tuwushikeko. Turashobora gukomeza uwo mwiyemezo igihe tuzirikana ku kamaro k’uwo mugambi be n’ivyiza bizovamwo turamutse tuwushitseko. Ego ni ko ingorane ntizizobura, ariko dukwiye kuzibona gusa nk’intambamyi aho guca tubona ko kabaye.
Ariko kandi, turakwiye kuzirikana ku bintu bitomoye tuzokora kugira dushikire umugambi wacu. Umwanditsi yitwa C. R. Snyder, akaba yarize cane ibijanye n’akamaro k’icizigiro, ahanura ko twokwiyumvira inzira zitandukanye twocamwo kugira dushikire uwo mugambi wacu. Ivyo bituma igihe inzira ya mbere yanse duca twikora ku ya kabiri, ku ya gatatu, gutyogutyo.
Snyder ahanura kandi ko igihe umugambi umwe wanse, ari vyiza guca tuwusubiriza uwundi. Mu gihe vy’ukuri bitwankiye gushika ku mugambi twishingiye, kurondera kuwushikako vyanka bikunda nta kindi bimara atari ukuduca intege. Ariko, igihe duciye tuwusubiriza n’uwundi tubona ko dushobora gushikako, bituma dusubira kugira icizigiro.
Hariho akarorero ko muri Bibiliya kodufasha. Umwami Dawidi yari yishingiye umugambi wo kwubakira urusengero Yehova Imana yiwe. Ariko Imana yabwiye Dawidi ko umuhungu wiwe Salomo ari we azokwubaka urwo rusengero. Aho kugerageza kwumira kuri uwo mugambi, Dawidi yaciye yishingira uwundi. Yaciye atangura kwegeranya amahera n’ibikoresho umuhungu wiwe yokeneye mu kwubaka urwo rusengero.—1 Abami 8:17-19; 1 Ngoma 29:3-7.
Naho tworwana urugamba rwo kwirinda kwihebura ningoga kandi tukarutsinda, nta vyera ngo de. Birashobora gushika hakaba ikintu gituma twumva twihebuye. Uti kubera iki? Vyinshi mu bintu bituma dutakaza icizigiro, usanga ari ivyo tutari buhindure. None ni igiki codufasha kugumana icizigiro igihe twugarijwe n’ingorane zidasanzwe, nk’ubukene, intambara, akarenganyo, indwara n’urupfu?
[Ifoto ku rup. 7]
Igihe bakwimye akazi wari wipfuza, woba uca ushika ku ciyumviro c’uko utazokwigera uronka akazi?
[Ifoto ku rup. 8]
Umwami Dawidi yaremeye guhindura umugambi yari yishingiye
-
-
Wokura hehe icizigiro nyakuri?Be maso!—2004 | 22 Ndamukiza
-
-
Wokura hehe icizigiro nyakuri?
ISAHA yawe yahagaze, kandi ubiravye neza umengo yapfuye. Ugiye kuyikoresha, none bakubwiye uburyo bwinshi bwo kuyikora, ukaba ubwirizwa guhitamwo bumwe. Umufundi wese akubwira ko uburyo bwiwe ari bwo bwiza, kandi harimwo ubuvuguruzanya. Ariko vyogenda gute hamwe womenya ko umubanyi wawe ari we yakoze iyo saha? N’ikindi kandi, akwemereye kuyigukorera ata mahera umuhaye. Birumvikana ko ata handi woyijana.
Reka iyo saha tuyigereranye n’icizigiro. Wumvise uriko uratakaza icizigiro nk’uko biriko birashikira abantu benshi muri iki gihe, woronderera hehe imfashanyo? Abantu benshi bavuga ko bashobora gutorera umuti iyo ngorane, ariko ibintu bavuga usanga bigoye gutahura kandi bivuguruzanya. Ubwo ntivyoba vyiza turondereye imfashanyo ku waremye abantu, akabaremana icizigiro? Bibiliya ivuga ko “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe” kandi ko yipfuza cane kudufasha.—Ivyakozwe 17:27; 1 Petero 5:7.
Insobanuro yagutse y’icizigiro
Muri Bibiliya, ijambo icizigiro rifise insobanuro yagutse kandi igera kure kuruta iyikunze gutangwa n’abaganga, abanyasiyansi be n’abahinga mu vy’inyifato. Amajambo yo mu rurimi rwo mu ntango yahinduwe muri Bibiliya ngo “icizigiro” asigura kurindirana umushasharo no kwitega ikintu ciza. Rero, iryo jambo icizigiro ririmwo ivyiyumviro bibiri. Harimwo icipfuzo c’ikintu ciza hamwe n’ishingiro rituma wemera ko ico kintu kizobaho. Icizigiro Bibiliya itanga si ivyipfuzo bitagira ishingiro. Ahubwo, hariho ibimenyamenya vyumvikana gishingiyeko.
Dufatiye kuri ivyo, icizigiro ni cokimwe n’ukwizera kubera ko gutegerezwa kuba gushingiye ku bimenyamenya, atari ugupfa kwemera gusa. (Abaheburayo 11:1) Yamara, Bibiliya irerekana ko hariho itandukaniro hagati y’ukwizera n’icizigiro.—1 Abakorinto 13:13.
Tubitangire akarorero: Igihe usavye umugenzi somambike ngo agufashe ikintu kanaka, uba wizigiye ko azogikora. Ico cizigiro kirafise ishingiro kubera ko uwo mugenzi wawe umwizera: uramuzi neza kandi uramaze kwibonera ko afise umutima mwiza be n’uko akunda gufashanya. Ukwo kwizera kurafitaniye isano rya hafi n’icizigiro, ariko ni ibintu bibiri bitandukanye. None ni igiki cotuma nawe wizigira Imana?
Ishingiro ry’icizigiro
Imana ni yo soko ry’icizigiro nyakuri. Mu bihe vya kera, Abisirayeli bita Yehova “icizigiro ca Isirayeli.” (Yeremiya 14:8) Icizigiro cose abasavyi biwe bari bafise cava kuri we; rero ni we yari icizigiro cabo. Ico cizigiro ntikwari ugupfa kwizera ibintu kanaka. Imana yari yarabahaye ishingiro rikomeye ry’ico cizigiro cabo. Mu myaka n’iyindi, yarabasezeranira ibintu kandi ikabishitsa. Yosuwa indongozi yabo yababwiye ati: “Murazi neza . . . yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse.”—Yosuwa 23:14.
No mu myaka ibihumbi yakurikiye, Imana ntiyigeze ihinduka. Bibiliya irimwo ibintu vyinshi Imana yagiye irasezerana hamwe n’inkuru z’ukuri z’ingene yagiye irabishitsa. Ibintu isezerana ni ivyo kwizigirwa ku buryo rimwe na rimwe vyandikwa nk’aho vyoba vyamaze kuba.
Ni co gituma twovuga ko Bibiliya itanga icizigiro. Igihe wiga ibintu Imana yagiye irakorera abantu, bituma urushiriza kuyizigira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”—Abaroma 15:4.
Ni icizigiro ikihe Imana iduha?
Ni ryari canecane dukenera icizigiro? Si igihe none tuba duhanganye n’urupfu? Ariko kuri benshi, igihe urupfu ruhitanye uwabo, ico cizigiro gica gisa n’ikitagira akamaro. Kukaba nkako, hoba hari ikintu gituma dukaza icizigiro coza kiruta urupfu? Nta ho umuntu aruhungira. Turiruka ariko amaherezo rukazoduhitana, kandi ntidushobora kurutsinda. Birabereye kuba Bibiliya ivuga ko urupfu ari “umwansi wa nyuma.”—1 Abakorinto 15:26.
None ni igiki codufasha kugira icizigiro igihe duhanganye n’urupfu? Ca canditswe kivuga ko urupfu ari umwansi wa nyuma, kirerekana kandi ko “azokurwaho.” Yehova arakomeye kuruta urupfu. Ivyo yaravyerekanye incuro zitari nke. Uti yavyerekanye gute? Mu kuzura abapfuye. Bibiliya iravuga abantu icenda Imana yazuye ikoresheje ububasha bwayo.
Akarorero ruheta, ni igihe Yehova yaha Umwana wiwe Yezu ububasha bwo kuzura umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Ivyo Yezu ntiyabikoze mw’ibanga, ahubwo yabikoze ku mugaragaro, abantu barorera.—Yohani 11:38-48, 53; 12:9, 10.
Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki abo bantu bazuwe? Ubundi hoho ntibasubiye gupfa?’ Ego ni ko barapfuye. Ariko, inkuru zo kwizigirwa nk’izo ziratuma twizigira tudakeka ko abacu bapfuye bazozuka, aho kuvyipfuza gusa. Mu yandi majambo, ziratuma tugira icizigiro nyakuri.
Yezu yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” (Yohani 11:25) Ni we Yehova azoha ububasha bwo kuzura abantu kw’isi yose. Yezu yavuze ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Kristu] bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Abari mu mva bose bazoshobora kuzuka, babe mw’iparadizo ng’aha kw’isi.
Umuhanuzi Yesaya yarerekanye ukuntu ibintu bizoba bimeze ico gihe. Yanditse ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ivu rizogarura abapfuye.”—Yesaya 26:19, Bibiliya Yera.
None ivyo ntibihumuriza? Abapfuye bibereye ahantu hatekanye, kurya kw’umwana yibereye mu nda ya nyina. Nkako, abari mu mva Imana irabibuka neza. (Luka 20:37, 38) Vuba bazosubira kuba bazima, tubakirane umunezero mwinshi nka kurya umuryango wakirana umunezero mwinshi akayoya kaba kavutse. Rero naho twoba duhanganye n’urupfu, turagira icizigiro.
Akamaro k’icizigiro
Paulo aratubwira vyinshi ku bijanye n’akamaro k’icizigiro. Igihe yariko aravuga umwambaro w’ibigwanisho wo mu buryo bw’impwemu, yagereranije icizigiro n’inkofero, akaba ari kimwe mu bintu bihambaye bigize uwo mwambaro. (1 Abatesalonika 5:8) None aho yashaka kuvuga iki? Mu bihe vya Bibiliya, umusoda agiye ku rugamba, yarambara inkofero y’icuma, akenshi ukaba wasanga ayirenza ku gakofero gakoze mu bwoya bw’intama canke mu rushato. Rero bamurashe ku mutwe, imyampi yakubita kuri iyo nkofero, ntibe ikimwishe. Iciyumviro rero ni ikihe? Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe, n’icizigiro kirakingira umuzirikanyi, ni ukuvuga ububasha bwo kwiyumvira. Igihe wizigiye cane ivyo Imana yasezeranye, naho woshikirwa n’ingorane ugumana amahoro kandi ntiwihebura. None ni nde ga yemwe adakeneye mwene iyo nkofero?
Paulo yarakoresheje akandi karorero mu kudondora icizigiro dufise mu bijanye n’ivyo Imana yasezeranye. Yanditse ati: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.” (Abaheburayo 6:19) Kubera ko Paulo ubwato bwamusabiyeko akatari gake, yari yariboneye akamaro k’inanga. Igihe abasozabwato babonye haje igihuhusi, baca barekurira inanga mu kiyaga. Iyo nanga ishitse hasi ica ifata bigatuma ubwato budatwarwa n’ico gihuhusi ngo buje kwisuka ku bibuye.
Muri ubwo buryo nyene, igihe icizigiro dufise mu vy’Imana yasezeranye ari “ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga,” biratuma tudahungabana muri ibi bihe tubayemwo bimeze nk’ibihuhusi. Yehova asezerana ko vuba abantu batazoba bacugarijwe n’intambara, ubukozi bw’ikibi, umubabaro n’urupfu. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 10.) Igihe ico cizigiro cacu kigumye ari ntakekeranywa mu muzirikanyi wacu, bituma twirinda ingorane zimwezimwe, bikaduha n’inguvu zo kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana aho gutwarwa n’agatima k’ubuhumbu kiraye mw’isi muri iki gihe.
Icizigiro Yehova atanga nawe kirashobora kugufasha. Ashaka ko ubaho nk’uko yari yarabitegekanije kuva mu ntango. Yipfuza ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa.” None ivyo bishoboka gute? Umwe wese abwirizwa kubanza “[gu]shika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Abasohora iki kinyamakuru bakuremesheje kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kugira uzoronke ubuzima. Icizigiro Imana izoguha kiraruta kure n’iyo icizigiro ico ari co cose isi itanga.
Ufise ico cizigiro ntuzigera wumva uri akahebwe, kuko Imana izoguha inguvu ukeneye kugira ushikire umugambi uwo ari wo wose uzokwishingira uhuje n’ivyo igomba. (2 Abakorinto 4:7; Abafilipi 4:13) None ico si co cizigiro wipfuza kugira? Nimba wari umaze igihe wipfuza kugira icizigiro, nureme. Urashobora kukironka.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]
Imvo zituma tugira icizigiro
Ibi vyiyumviro vyo muri Bibiliya birashobora gutuma urushiriza kugira icizigiro:
◼ Imana idusezeranira kazoza keza.
Ijambo ryayo rivuga ko isi izoba iparadizo, ibemwo abantu bahimbawe kandi bunze ubumwe.—Zaburi 37:11, 29; Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 21:3, 4.
◼ Imana ntibesha.
Imana iranka ukubesha ukwo ari kwo kwose. Yehova ni mweranda, rero ntashobora kubesha.—Imigani 6:16-19; Yesaya 6:2, 3; Tito 1:2; Abaheburayo 6:18.
◼ Imana ifise ububasha butagira aho bugarukira.
Yehova ni we wenyene ashobora vyose. Nta kintu na kimwe mw’isi no mw’ijuru comubuza gushitsa ivyo asezerana.—Kuvayo 15:11; Yesaya 40:25, 26.
◼ Imana ishaka ko ubaho ibihe bidahera.
—Yohani 3:16; 1 Timoteyo 2:3, 4.
◼ Imana iratwizigiye.
Ntiyibanda ku makosa yacu ahubwo yibanda ku vyiza dukora no ku twigoro tugira. (Zaburi 103:12-14; 130:3; Abaheburayo 6:10) Irizigiye ko tuzokora ibigororotse, kandi iyo tubikoze irahimbarwa.—Imigani 27:11.
◼ Imana igusezeranira kugufasha gushitsa imigambi wishingira ihuje n’ivyo igomba.
Abasavyi bayo ntibakwiye kwigera bihebura. Imana iraduha impwemu yayo ku bwinshi, yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose, kugira idufashe.—Abafilipi 4:13.
◼ Wizeye Imana ntutaha zirayoye.
Imana ni inyizigirwa, ntizoguhemukira.—Zaburi 25:3.
[Ifoto ku rup. 12]
Nka kurya kw’inanga, icizigiro ntakekeranywa kiratuma tudahungabana
[Ifoto ku rup. 12]
Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe, icizigiro kirakingira umuzirikanyi
[Abo dukesha amafoto]
Courtesy René Seindal/Su concessione del Museo Archeologico Regionale A. Salinas di Palermo
(Bibandaniriza ku rupapuro rwa 11)
(Bivuye ku rupapuro rwa 9)
-