URURIRIMBO RWA 143
Guma ku kivi, uri maso, urindiriye
Integuro icapuwe
1. Ya Man’itegek’ibihe,
Ya yindi yitwa Yehova
Igihe kigiye kuza
C’ukw’isubizw’iteka.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
2. Igihe cashinzwe kera;
Wa Mwan’agiye kunesha
Uwo wes’atamwerekwa;
Intsinzi ntizoteba.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
3. Nah’ibiremwa biniha,
Ntitureka kurindira
Kubera Yehov’agira
Aduhe kwidegemvya.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
(Raba kandi Mat. 25:13; Luka 12:36.)