Woba wari ubizi?
Gutorora ni iki, kandi ni bande wasanga bavyungukirako?
▪ Rya Tegeko rya Musa ryarabuza abarimyi gushwabura ivyimburwa vyose vyo mu mirima yabo. Ababa bariko barimbura intete babwirizwa kudashwabura izo ku mibari y’imirima yabo ngo bakungutuze. Abegeranya inzabibu babwirizwa kudatoragura izakoraguritse canke ngo bagaruke gushwabura izaba zitari bwashe igihe bashwabura ubwa mbere. Abakubita amashami y’ibiti vy’imyelayo na bo babwirizwa kureka ivyamwa vyaba bitakorotse. (Abalewi 19:9, 10; Gusubira mu vyagezwe 24:19-21) Abakene, impfuvyi, abapfakazi be na ba kavamahanga baba muri bo barashobora rero gutorora canke kwandūra ivyo abimbuye baba basigaje.
Ababa muri Isirayeli bose barungukira kuri iryo tegeko rijanye no gutorora. Nyene umurima ryaramuremesha kuba umutanzi, kutikunda no kwizigira imihezagiro y’Imana. Abatorora ryarabaremesha gukura amaboko mu mpuzu, kubera ko ugutorora cari igikorwa kitoroshe. (Rusi 2:2-17) Ivyo gutorora vyaratuma umukene aticwa n’inzara canke ngo abere umuzigo ikibano. Vyarabarinda kandi agakengerwe ko kubwirizwa kubaho basegerereza canke batega amashi.
Kubera iki Salomo yatumyeko ibiti i Libani hose ku bwo kwubaka urusengero i Yeruzalemu?
▪ Inkuru dusanga mu 1 Abami 5:1-10 iratubwira ibijanye n’isezerano Salomo yagiranye na Hiramu, umwami wa Tiro. Iryo sezerano ryari iry’uko ibiti vy’amasederi be n’ibiti vy’imiberoshi bikurwa muri Libani bifatanijwe bikazanwa muri Isirayeli biciye mu kiyaga, maze bigakoreshwa mu kwubaka urusengero.
Ibiti vy’amasederi cari ikidandazwa gikomeye mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu ka kera. Mu Misiri no muri Mezopotamiya, ico giti carakunda gukoreshwa mu guhingura amatanga n’imbaho zo gushariza vyakoreshwa mu nsengero no mu ngoro. Ivyandikano vyashinguwe vy’i bwami, ibisomwa vyanditswe n’abahinga hamwe n’ibiharangaturano biremeza ko ibiti vy’amasederi bakunda kubijana mu bisagara vyigenga bitandukanye vyo mu bumanuko bwa Mezopotamiya, rimwe na rimwe bikaba vyari ivyo baba banyaze canke vyatanzweko ikibuguro. Mu Misiri, ibiti vy’amasederi vyarakoreshwa mu gukora amato y’abami atwara imizigo, amasandugu yo kubahambamwo be n’ibindi bintu bakoresha mu gufuba abapfuye.
Ibiti vy’amasederi vyo muri Libani vyari bizwi canecane kubera ukuntu imbaho zavyo zaramba, zigasa neza kandi zikamota neza, tutavuze ukuntu wasanga zitabangamirwa n’udukoko. Salomo rero yakoresheje igikoresho ciza kuruta ibindi mu kwubaka urusengero. Muri kino gihe, ahahoze amashamba y’amasederi apfutse imisozi yo muri Libani hasigaye utugwitugwi dukeyi tw’amasederi.
[Ifoto ku rup. 15]
Amashusho y’abashuri yo ku kirimba ca sarigoni yerekana abariko batwara amasederi y’i libani
[Abo dukesha ifoto]
Erich Lessing/Art Resource, NY