Ni nde ashobora gusobanura ubuhanuzi?
Bivugwa yuko ipfundo rya Gordius ryari ryo bupfindo bugoye kuruta ubundi bwose mu gihe ca Alegizandere Mukuru. Ngo uwopfunduruye iryo pfundo rigoye cane yokwiswe inkerebutsi kandi yotahukanye intsinzi ikomeye.a Uwo mugani uvuga yuko Alegizandere yatoreye umuti ubwo bupfindo mu guhimbura iryo pfundo n’inkota yiwe rimwe gusa.
MU BINJANA n’ibindi, abantu b’inkerebutsi ntibarondeye gusa gupfundurura amapfundo agoye, ariko kandi bararondeye gupfindura ubupfindo, gusobanura ubuhanuzi, eka mbere no kuvuga ibizoba.
Ariko rero, akenshi wasanga ivyo bibarengeye. Nk’akarorero, inkerebutsi z’i Babiloni ntizashoboye gusobanura inyandiko bagiye babona ukuboko kwandika ku gitangaro ku ruhome rw’ikirimba c’Umwami Belushazari mu gihe c’inzimano y’agakomeye. Daniyeli, umuhanuzi wa Yehova Imana yari yitereye mu myaka kandi akaba yari azwi ko afise “ubuhanga bwo gupfundurura amapfundo,” ni we gusa vyabonetse ko ashoboye gusobanura ubwo butumwa bw’ubuhanuzi. (Daniyeli 5:12) Ubwo buhanuzi bwavuga ivyago vyari bigiye gushikira Inganji ya Babiloni, bukaba bwarangutse iryo joro nyene!—Daniyeli 5:1, 4-8, 25-30.
Ubuhanuzi ni iki?
Busigurwa ko ari ibintu vyo muri kazoza bimaze guhishurwa, ibintu bivugwa bitaraba. Ubuhanuzi bw’ukuri ni ubutumwa bw’Imana bwanditse canke bwavuzwe ku munwa, ihishurwa ry’ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo. Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwerekeye ukuza kwa Mesiya n’akaranga kiwe, “insozero y’ivy’isi” be n’ubutumwa bw’urubanza bwavuye ku Mana.—Matayo 24:3; Daniyeli 9:25.
Abitwa inkerebutsi bo muri iki gihe, ni ukuvuga abahinga mu vya siyansi, mu vy’ubutunzi, mu vy’amagara, mu vya politike, mu vy’ibidukikije no mu bindi, baragerageza kuvuga ibizoba. Naho vyinshi mu vyo bavuga ku bijanye na kazoza bimenyekanishwa cane mu bimenyeshamakuru kandi bigahurumbirwa cane n’abantu, usanga gusa ari ivyo batomboza bafatiye ku vyo basanzwe bazi canke ugasanga ari ivyiyumviro vyabo bwite. N’ikindi kandi, ku ciyumviro cose giserurwa usanga hari ivyiyumviro vyinshi bikivuguruza. Kuvuga ibizoba, mu vy’ukuri si ikintu co gupfa gusimbirako.
Ubuhanuzi bw’ukuri buva he?
None ubuhanuzi bw’ukuri bukomoka he, kandi ni nde ashobora kubusobanura? Intumwa Petero yanditse ati: “[N]ta jambo ry’abāvugishwa n’Imana [ni ukuvuga ubuhanuzi] ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’umuntu avyigombera.” (2 Petero 1:20, Bibiliya Yera) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gusobanura” rishaka kuvuga “gutorera umuti, guhishura ikintu,” bikaba bitanga iciyumviro c’uko “ikirekuwe canke ikibohowe kiba cari gisanzwe kiboshwe.” Ni co gituma Bibiliya imwe (The Amplified New Testament) ihindura ayo majambo ya Petero ngo: ‘Nta buhanuzi bw’Icanditswe bubohorwa n’umuntu ubwiwe.’
Sa n’uwubona umuntu atwara ubwato ariko abohera umugozi ku kintu mu gupfundikana ubuhanga ipfundo rigoye cane. Rimaze kurangira, umuntu asanzwe arashobora kubona aho umugozi ugenda uraca mugabo ntaba abona neza ingene yoripfundurura. Muri ubwo buryo nyene, abantu barashobora kubona ingene ibintu biriko biragenda bigana kuri kazoza kagoye cane, ariko ntibabona neza na neza ukuntu ako kazoza kazoba kameze canke ico kazovamwo.
Abahanuzi ba kera Imana yavugisha, nk’akarorero Daniyeli, ntibaraba ukuntu ivyo mu gihe cabo vyaba biriko biragenda ngo bace bagerageza guhishura ibintu bigoye isigura vyobaye muri kazoza mu kuvuga ubuhanuzi. Iyo babigenza gutyo, ubwo buhanuzi bwari kuba ubwo bikuriye mu mutwe. Kwobaye ari ukuvuga ibizoba guturutse ku muntu, egome, gushingiye ku vyiyumviro vy’umuntu adatunganye. Ariko Petero yaciye asigura ati: “Ubuhanuzi [n]ta ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”—2 Petero 1:21.
“None ugusobanura si ukw’Imana?”
Rimbura ibi bintu haciye nk’imyaka 3.700 bibaye: Abagabo babiri bari bugaraniwe mw’ibohero mu Misiri. Umwe wese yararose indoto isiga ubwenge. Kubera ko batashobora kubonana n’inkerebutsi zo muri ico gihugu, baciye biganira Yozefu imbohe mugenzi wabo ivyari bibazazaniye, bamubwira bati: “Twarose indoto, kandi nta musobanuzi ari kumwe natwe.” Uwo musavyi w’Imana yaciye abaremesha kumwiganira indoto zabo, ababwira ati: “None ugusobanura si ukw’Imana?” (Itanguriro 40:8) Yehova Imana ni we wenyene ashoboye guhishura ubuhanuzi, nk’uko nyene uwutwara ubwato yakanongoreye ashoboye gupfundurura amapfundo agoye cane. Nakare, Imana ni yo yapfunditse ubwo buhanuzi, canke mu yindi mvugo ni yo yabutanze. Birumvikana rero ko ari yo twohanga amaso ngo ibohore canke ihishure insobanuro yabwo. Emwe, Yozefu ntiyabeshe igihe yavuga ko ugusobanura ari ukw’Imana.
Ni mu buhe buryo none “ugusobanura [ari] ukw’Imana”? Mu buryo butari bumwe. Ubuhanuzi bumwebumwe bwa Bibiliya bwanditswe buri kumwe n’iranguka ryabwo. Ubwo buhanuzi rero twovuga ko bworoshe gusobanura, nk’uko nyene usanga vyifashe ku mapfundo amwamwe uwutwara ubwato asigura ukuntu apfundururwa.—Itanguriro 18:14; 21:2.
Ubundi buhanuzi na bwo bushobora gusigurwa no guhishurwa mu kwihweza ibiba biriko biravugwa. Umuhanuzi Daniyeli yareretswe ibintu bijanye n’ubuhanuzi, abona ‘impfizi y’intama ifise amahembe abiri’ isekezwa bimwe bibi n’“isuguru y’impene y’ivyoya” yari ifise “hagati y’amaso . . . ihembe ryibonekeje.” Ibivugwa muri iyo nkuru birerekana yuko iyo mpfizi y’intama ifise amahembe abiri yagereranya “abami b’Ubumedi n’Ubuperesi,” iyo suguru y’impene na yo ikagereranya “umwami w’Ubugiriki.” (Daniyeli 8:3-8, 20-22) Haciye imyaka irenga 200, iryo “hembe rinini,” irigereranya Alegizandere Mukuru, ryaratanguye kwigarurira Ubuperesi. Wa mutohozakahise w’Umuyuda Josèphe yavuze yuko igihe Alegizandere yagaba igitero mu micungararo ya Yeruzalemu bamweretse ubwo buhanuzi aca abona ko ari we buvuga.
“Ugusobanura [ni] ukw’Imana” mu bundi buryo. Yozefu umusavyi w’umwizigirwa wa Yehova Imana, ayobowe n’impwemu nyeranda yarashoboye gutahura insobanuro y’indoto zigoye cane imbohe bagenziwe bamwiganiye. (Itanguriro 41:38) Igihe abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none baba batazi neza insobanuro y’ubuhanuzi bunaka, barasenga Imana bayisaba impwemu yayo maze bakigana ubwira Ijambo ry’Imana ryahumetswe biciye kuri iyo mpwemu bakongera bakarigiramwo ubushakashatsi bashirutse ubute. Bayobowe n’Imana barashobora kubona ivyanditswe bibafasha gutahura insobanuro y’ubuhanuzi bumwebumwe. Ugusobanura ntikuza ku gitangaro biciye ku bantu kanaka. Kuva ku Mana kubera yuko biciye ku mpwemu yayo no kw’Ijambo ryayo ari ho insobanuro itomoka. Ntikuva ku bantu bagerageza kuvuga ibizoba bishimikije ibindi vyiyumviro bitari ivyo muri Bibiliya.—Ivyakozwe 15:12-21.
Vyongeye, “ugusobanura [ni] ukw’Imana” mu buryo bw’uko ari yo ishinga igihe abasavyi bayo b’abizigirwa bo kw’isi botahura ubuhanuzi bunaka kandi ikaba ari yo ibiyobora. Insobanuro y’ubuhanuzi irashobora gutahurwa butararanguka, buriko buraranguka canke bumaze kuranguka. Kubera yuko Imana ari yo yapfunditse canke yatanze ubuhanuzi, ni yo ibupfundurura canke ibuhishura igihe ibona ko kibereye kigeze.
Muri ya nkuru ya Yozefu na za mbohe zibiri, Yozefu yasobanuye nya ndoto hagisigaye imisi itatu ngo ziranguke. (Itanguriro 40:13, 19) Mu nyuma, igihe Yozefu yazanwa imbere ya wa munyabubasha Farawo kugira asobanure indoto za Farawo, imyaka indwi y’umusesekara yari yimirije gutangura. Yozefu abifashijwemwo n’impwemu y’Imana, yarahishuye insobanuro y’indoto za Farawo kugira hatunganywe ukuntu boshira mu bigega wa mwimbu w’umurengera wari wavuzwe.—Itanguriro 41:29, 39, 40.
Ubundi buhanuzi abasavyi b’Imana babutahura neza ari uko bumaze kuranguka. Ibintu vyinshi vyabaye mu buzima bwa Yezu vyari vyaravuzwe ibinjana n’ibindi imbere y’uko avuka, ariko ivyo, abigishwa biwe bagiye kubitahura neza inyuma y’izuka ryiwe. (Zaburi 22:18; 34:20; Yohani 19:24, 36) Ubwa nyuma, nk’uko bivugwa muri Daniyeli 12:4, ubuhanuzi bumwebumwe bwabwirizwa ‘kubikwa nk’ubudomweko ikimenyetso,’ Daniyeli akaba yavuze ko bwobitswe “gushika mu gihe c’iherezo,” igihe “ubumenyi nyakuri buzogwira.” Tubayeho mu gihe ubwo buhanuzi buriko buraranguka.b
Ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bukuraba
Yozefu na Daniyeli barahagaze imbere y’abami bo mu gihe cabo maze bashikiriza ubutumwa bw’ubuhanuzi bwari bujanye n’amahanga be n’ubwami butari bumwe. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo barahagaze imbere y’abantu bo mu gihe cabo ari abavugizi ba Yehova, ya Mana y’ubuhanuzi, maze abumviye ubutumwa bashikiriza bironkera ivyiza vyinshi.
Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose baratangaza ubutumwa bw’ubuhanuzi, ni ukuvuga inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, bakabwira abantu yuko ubuhanuzi Yezu yavuze bwerekeye “insozero y’ivy’isi” buriko buraranguka. (Matayo 24:3, 14) Woba uzi ubwo buhanuzi ubwo ari bwo n’ukuntu buzogira ico buhinduye ku buzima bwawe? Mu vy’ukuri, ubwo buhanuzi ni bumwe mu buhanuzi buhambaye kuruta ubundi bwose bwo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kubutahura no kubwungukirako.
[Utujambo tw’epfo]
a Umugani w’Abagiriki uvuga yuko i Gordium, umugwa mukuru wa Firijiya, umukogote wa Gordius nyene gushinga ico gisagara wari ubohewe ku gikingi ubohesheje ipfundo rigoye cane ryari gupfundururwa gusa n’uwokwigaruriye Aziya.
b Raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Ubuhanuzi butandatu bwo muri Bibiliya uriko urabona buranguka,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2011.
[Amafoto ku rup. 12, 13]
Yozefu na Daniyeli bavuze ko Imana ari yo ibafasha gusigura ubuhanuzi