ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Igikorwa canyu kiri n’impera”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Myandagaro
    • Igihe Asa yari avuye ku rugamba, yarahuye na Azariya. Uwo muhanuzi yaramuremesheje yongera aramugabisha ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we; nimwamurondera, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba. . . . Mugire umutima rugabo kandi amaboko yanyu ntaregere, kuko igikorwa canyu kiri n’impera.”​—2 Ngo. 15:1, 2, 7.

      Ayo majambo arashobora gukomeza ukwizera kwacu. Arerekana ko Yehova azobana natwe magingo tumukorera tudahemuka. Igihe tumutabaje ngo adufashe, turashobora kwizigira ko atwumva. Azariya yavuze ati: “Mugire umutima rugabo.” Akenshi usanga bidusaba umutima rugabo kugira ngo dukore ibigororotse, ariko turazi ko dushobora kubishikako tubifashijwemwo na Yehova.

  • “Igikorwa canyu kiri n’impera”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Myandagaro
    • Ariko rero, amajambo yavuzwe n’umuhanuzi Azariya yarimwo n’ingabisho. Yavuze ati: “Nimwa[heba Yehova] azobaheba.” Ese ivyo bitokwigera bidushikira, kuko ingaruka zoba iz’agahomerabunwa! (2 Pet. 2:20-22) Ivyanditswe ntibihishura igituma Yehova yarungikiye Asa iyo ngabisho, mugabo uwo mwami ntiyayikurikije.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika