Niwiyegereze Imana
Urashobora kuronka “ukumenya Imana”
YEHOVA IMANA yaradushiriyeho itunga ry’agaciro ntangere dushobora kwironsa, kandi yipfuza ko turironka. Iryo tunga ntirituma tugira amatungo nk’arya tumenyereye, ariko riratuma turonka ibintu amahera yose yo mw’isi adashobora kuturonsa, ivyo na vyo bikaba ari amahoro yo mu mutima, agahimbare n’ubuzima buryoshe. Uti iryo tunga ni irihe? Inyishu tuyisanga mu majambo ya wa mwami w’inkerebutsi Salomo ari mu Migani 2:1-6.
Salomo yerekana ko iryo tunga ari “ukumenya Imana,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo nk’uko bihishurwa muri Bibiliya. (Umurongo wa 5) Iryo tunga rifise imice itari mike.
Inyigisho z’ukuri. Bibiliya irishura ibibazo nk’ibi: Imana yitwa nde? (Zaburi 83:18) Umuntu bimugendera gute iyo apfuye? (Zaburi 146:3, 4) Kubera iki turi ng’aha kw’isi? (Itanguriro 1:26-28; Zaburi 115:16) Wewe ubona inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ivyo zifise agaciro kangana iki?
Impanuro zirimwo ubukerebutsi. Bibiliya iratubwira uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose. Wokora iki kugira ngo umubano wanyu urambe? (Abanyefeso 5:28, 29, 33) Wofasha gute abana bawe kuba abantu bitaho ibintu? (Gusubira mu vyagezwe 6:5-7; Abanyefeso 6:4) Woronka gute agahimbare mu buzima? (Matayo 5:3; Luka 11:28) N’ubu kandi uvyibazako iki: Impanuro zo kwizigirwa zijanye n’ivyo bibazo zifise akamaro kangana iki?
Ugutahura ingene Imana imeze. Bibiliya ni ryo sôko nyamukuru ry’amakuru y’ukuri yerekeye Imana. Imana imeze gute? (Yohani 1:18; 4:24) Yoba itubabaye? (1 Petero 5:6, 7) Zimwezimwe muri kamere zidasanzwe ifise ni izihe? (Kuvayo 34:6, 7; 1 Yohani 4:8) Ku bwawe, amakuru y’ukuri yerekeye Umuremyi wacu afise agaciro kangana iki?
“Ukumenya Imana” ni itunga koko. Worironka gute none? Ikintu kimwe cogufasha tugisanga mu Migani ikigabane ca 2 umurongo wa 4, aho Salomo agereranya ubwo bumenyi n’“amatunga yanyegejwe.” Iyumvire iki kintu: Itunga rinyegejwe ntirizova aho rinyegeye ngo ridusange aho twiyicariye. Tubwirizwa kugira akigoro kugira turironke. N’ukumenya Imana ni ukwo nyene. Iryo tunga twovuga ko rinyegejwe muri Bibiliya. Turakeneye kugira akigoro kugira turironke.
Salomo arasigura ico dukeneye gukora kugira turonke “ukumenya Imana.” Amajambo avuga ngo “niwakîra amajambo yanje” n’ayavuga ngo “ushire umutima wawe ku,” yerekana ko dukwiye kugira umutima witeguriye kwakira ubumenyi. (Umurongo wa 1, 2) Ijambo rivuga ngo “niwahamagara,” n’ayavuga ngo “niwaguma ubirondera,” yerekana ko dukwiye kwihata, tukerekana tutiziganya ko dufise ishaka. (Umurongo wa 3, 4) Kugira rero turonke iryo tunga, dukwiye kwiga Bibiliya tubigiranye ubwira n’umutima utagira uburyarya.—Luka 8:15.
Tugize ako kigoro, Yehova azokora ibisigaye. Umurongo wa 6 uvuga uti: “Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi.” Tubifashijwemwo n’Imana ni ho honyene dushobora gutahura neza ukuri kwo muri Bibiliya. (Yohani 6:44; Ivyakozwe 16:14) Ico womenya udakeka co ni iki: Usesanguye mw’Ijambo ry’Imana ata buryarya, uzoronka “ukumenya Imana,” iryo rikaba ari itunga rizokuronsa ivyiza bitagira uko bingana mu buzima bwawe.—Imigani 2:10-21.a
Aho turemeshejwe gusoma muri Nyakanga:
[Akajambo k’epfo]
a Ivyabona vya Yehova kw’isi yose barigisha Bibiliya ku buntu abipfuza kuyitahura, bakabigishiriza i muhira iwabo. Ubona gute ubarondeye mu karere ubamwo canke ukabandikira ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 4?