IKIGABANE CA 26
Nocungera gute inyiyumvo zanje?
UVYIBAZAKO IKI: Umuriro woba ari mubi canke ni mwiza? Woshobora kuvuga uti: ‘Bivana.’ Igihe mw’ijoro hakanye, umucanwa urashobora gutuma wumva ususurutse. Ico gihe uba ari mwiza. Ariko rero, umucanwa udacungerewe urashobora kurandagata ukarigata inzu yose. Ico gihe uba ari mubi.
N’inyiyumvo zawe ni ukwo. Uzicungereye ziraba ngirakamaro, zikagufasha kwunga ubucuti bwiza n’abandi. Ariko utazicungereye, zirashobora kukugirira nabi zikagirira nabi n’abandi.
Kubera ko uri umuyabaga, vyoshobora gushika ukumva urengewe n’ishavu canke umubabaro. None wocungera gute izo nyiyumvo? Reka turabe kimwekimwe muri ivyo.
Ukuntu wocungera ishavu
Ntivyoroshe kwihanganira umubabaro n’intuntu umuntu agira igihe bamufashe nabi. Abantu bamwebamwe birabananira kwigumya iyo ivyo bibashikiye. Nkako, Bibiliya iravuga ko hariho abantu “[ba]kaza ishavu” kandi “[b]akunda gushangashirwa.” (Imigani 22:24; 29:22) Ico si ikintu co gufata minenegwe. Ishavu ridacungerewe rirashobora gutuma ukora ikintu mu nyuma ukicuza. None ni igiki cogufasha kwigumya igihe bagufashe nabi?
Nubanze usuzume ibintu utihenda, urabe ko utokwihoza iyo ngorane.a (Zaburi 4:4) Uribuka ko kwishura “ikibi ku kindi” ata kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu. (1 Abatesalonika 5:15) Umaze kuzirikana kuri ico kintu kandi ukagishira mw’isengesho, hari aho wosanga ushoboye kucirengagiza. Ubigenjeje gutyo, uzoba utsinze ishavu.—Zaburi 37:8.
Bite ho nimba udashobora kwikuramwo uwo mubabaro? Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Woba ushobora kuganira n’uwo muntu yakubabaje? Nimba bitoba vyiza, woshobora kwitura abavyeyi bawe canke umugenzi ahumuye, ukababwira ukuntu wiyumva. Nimba ari uwuriko aragutoteza n’ibigirankana, niwihate umufatane ubuntu. Igicapo kiri ku rupapuro rwa 221 kirashobora kugufasha kwiyumvira ubundi buryo wovyifatamwo mu bintu bishobora kuba vyahora bituma utwarwa n’ishavu.
Uko biri kwose, nusabe Yehova agufashe kwirinda kubikira inzika uwakubabaje. Uribuka iki kintu: Naho udashobora guhindura ivyabaye, urashobora guhindura ukuntu uvyifatamwo. Niwatwarwa n’ishavu, uzoba ubaye nk’ifi yafashwe n’igera. Uzoba uretse uwo wundi muntu ngo yiganzire ivyiyumviro vyawe n’inyiyumvo zawe. Ubwo none si wewe wari ukwiye kuvyiganzira?—Abaroma 12:19.
Ukuntu wokwihanganira umubabaro
Uwitwa Laura w’imyaka 16 avuga ati: “Maze imisi nza ndashavuzwa n’akantu ako ari ko kose kandi nkinegura cane. Nta kikindyohera mu buzima. No mu gitanda nguma niyuha iryosozi.” Nk’ukwo kwa Laura, abakiri bato benshi barumva barengewe n’imikazo yo mu buzima. Weho bite? Ivyo abavyeyi, abagenzi n’abigisha bagusaba; amahinduka yo mu buyabaga agushikira ku mubiri no mu nyiyumvo; canke kwumva ko ata co umaze kubera hari utuntu tumwetumwe tukunanira, ivyo vyose vyoshobora gutuma ubona ko wigorewe.
Hari abakiri bato mbere baca badukana ingeso yo kwigirira nabi kugira bagabanye intuntu bafise.b Nimba ufise iyo ngeso, nugerageze kumenya igituma. Nk’akarorero, akenshi umuntu yigirira nabi yibaza ko ari uburyo bwo kwihanganira umukazo. Hoba hari ikintu kigutera intuntu, kumbure giturutse mu muryango canke mu bagenzi?
Bumwe mu buryo bwiza bwo kwihanganira umubabaro wo mu mutima ni ukuganira n’umuvyeyi canke umukirisu ahumuye wo mw’ishengero ashobora kukubera “[uw]avukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Uwitwa Liliana w’imyaka 16 yarituye abakenyezi bahumuye bo mw’ishengero. Avuga ati: “Kubera ko bamboneye izuba, impanuro bampa usanga ari ngirakamaro. Barambereye abagenzi.”c Uwitwa Dana w’imyaka 15 avuga ko kwongereza uruhara mu gikorwa co kwamamaza vyamuruhuye ku mutima. Agira ati: “Nta kindi kintu ciza nari gukora coza kiruta ico. Nkako, ni co kiringo canteye umunezero kuruta ibindi vyose mu buzima bwanje!”
Ikiruta vyose, nimba ufise umubabaro n’intuntu, ntiwirengagize isengesho. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwari yarabonye amakuba menshi, yanditse ati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Yehova arazi umubabaro urimwo. Ikigeretseko, ‘arakubabaye.’ (1 Petero 5:7) Nimba wiyagiriza mu mutima, niwibuke ko “Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose.” (1 Yohani 3:20) Iratahura mbere kukuruta igituma ufise intuntu, kandi irashobora kukuruhurira.
Nimba umubabaro ufise wanse guhera, hari aho woba urwaye akabonge.d Ico gihe vyoba vyiza ugiye kwisuzumisha kwa muganga. Kuvyihoza nta ho vyoba bitaniye no kwongereza ijwi ry’iradiyo yo mu muduga kugira ntiwumve ko imoteri iriko iraturagurika. Vyoba vyiza kuruta utoreye umuti iyo ngorane. Vy’ukuri, ntukwiye guterwa isoni n’indwara yawe. Abakiri bato benshi barwaye akabonge be n’izindi ndwara bifitaniye isano baravurwa bagakira.
Uribuka ko inyiyumvo zawe zimeze nk’umuriro. Uzicungereye ziraba ngirakamaro, utazicungereye na ho zigakora ibara. Nugire uko ushoboye kwose rero uzicungere. Ego ni ko, bizoshika uvuge canke ukore ibintu mu nyuma wicuze. Ariko niwihangane, uzoteba umenye gucungera inyiyumvo zawe kugira ngo ntizikwiganzire.
Woba ushaka ko ibintu vyose vyama ari ibitunganye? Nimba ari ukwo umeze, wovyifatamwo gute igihe hari ibikunaniye?
[Utujambo tw’epfo]
a Nimba uriko uratotezwa, raba ingene wovyifatamwo mu kigabane ca 14 c’iki gitabu. Nimba na ho ari umugenzi yagushavuje, amakuru ari mu kigabane ca 10 arashobora kugufasha.
b Abafise iyo ngeso bigirira nabi nkana mu buryo butandukanye, nko kwikomeretsa, kwiturira canke kwishishagura urukoba.
c Nimba utinya kuyaga n’uwo muntu amaso mu yandi, urashobora kumwandikira agakete canke ukamuterefona. Akenshi, kwitura umuntu ni yo ntambwe ya mbere igushoboza gukira umubabaro wo mu mutima.
d Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’akabonge, raba Igitabu ca 1, ikigabane ca 13.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza.”—Abaroma 12:21.
IMPANURO
Buri musi, nuze urabwira umuvyeyi wawe (abavyeyi bawe) ikintu ciza cagushikiye, naho coba ari igisanzwe. Niwashikirwa rero n’ingorane ikomeye, ntibizokugora kuyibiganira kandi na bo bizoborohera kugutega yompi.
WARI UBIZI . . . ?
Igihe utaruhuka bikwiye canke ngo ufungure bihagije, bica birushiriza kukugora gucungera inyiyumvo zawe.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Inyiyumvo mbi ingora kwihanganira kuruta izindi ni ․․․․․
Nzoyihanganira mu gukora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki kudacungera ishavu bidahimbara Imana?
● Gutwarwa n’ishavu bishobora gute kukugirira nabi?
● Wokwihanganira umubabaro mu buryo bumwebumwe ubuhe?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 223]
“Icamfashije kuruta ibindi ni uko nari nzi ko hari umuntu anyitwararika vy’ukuri, umuntu nashobora kwitura igihe naba ndendebukiwe.”—Jennifer
[Igicapo/Amafoto ku rup. 221]
Ivyiyumviro wokwifashisha
Nucungere ishavu ryawe
Uzuza iki gicapo
Ikibaye
Uwo twigana arancokoye
Gutwarwa n’ishavu
Nca ndamutuka
Kuvyifatamwo neza
Nca ndamwihoza nkamwereka ko bitanshavuza
Ikibaye
Uwo tuvukana yanyambariye ibirato nikundira atansavye uruhusha
Gutwarwa n’ishavu
Nca ndamwihora mu kwambara ikintu ciwe nanje
Kuvyifatamwo neza
․․․․․
Ikibaye
Abavyeyi bambujije gucaruka
Gutwarwa n’ishavu
․․․․․
Kuvyifatamwo neza
․․․․․
[Ifoto ku rup. 220]
Umuntu abika inzika ameze nk’ifi yafashwe n’igera: aba yiganziwe n’uwundi muntu