ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/1 rup. 9-11
  • Igituma ivya Edeni bikuraba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma ivya Edeni bikuraba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Itongo ry’i Edeni ryoba ryarabayeho koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Birukanwa mw’Iparadizo
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/1 rup. 9-11

Igituma ivya Edeni bikuraba

KIMWE mu bibazo bitangaje cane incabwenge zimwezimwe zivyura ku bijanye n’inkuru yerekeye Edeni ni ic’uko ngo iyo nkuru idashigikiwe n’ibindi bitabu vyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, uwitwa Paul Morris, umuhinga mu vyigwa bijanye n’idini, yandika ati: “Nta handi hantu inkuru yerekeye Edeni isubira kuvugwa muri Bibiliya mu buryo budomako.” Ico kintu yavuze coshobora gushigikirwa n’abitwa ko ari abahinga batandukanye, ariko nta ho gihuriye n’ibimenyamenya bihari.

Mu vy’ukuri, Bibiliya iravuga incuro nyinshi ibijanye na rya tongo ry’i Edeni, Adamu, Eva na ya nzoka.a Mugabo ukwo guhuba kw’incabwenge nkeyi nta co kuvuze ukugereranije n’ukundi guhuba gukomeye gusumba ukwo kandi kuzimiza abantu benshi. Mu gutyoza inkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga ivy’itongo ry’i Edeni, indongozi z’amadini hamwe n’abatora amahinyu Bibiliya mu vy’ukuri baba bariko baragaba igitero simusiga kuri Bibiliya. Uti gute?

Kugira dutahure ibindi vyose bivugwa muri Bibiliya, birahambaye cane ko dutahura ivyabaye mw’itongo ry’i Edeni. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana rigenewe kudufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane kandi bigera kure bihanze abantu. Inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo usanga akatari gake zifitaniye isano n’ivyabaye mw’itongo ry’i Edeni. Rimbura uburorero bukeyi.

● Kubera iki dusaza amaherezo tugapfa? Adamu na Eva bari kubaho ibihe bidahera bagumye bayobokera Yehova. Bagararije ni ho gusa bopfuye. Umusi bagarariza, baciye batangura gusaza amaherezo barapfa. (Itanguriro 2:16, 17; 3:19) Baratakaje ugutungana kwabo ku buryo ata kindi bari kuraga uruvyaro rwabo atari igicumuro n’ukudatungana. Ni co gituma Bibiliya isigura iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo ru[zanwa] n’igicumuro, gutyo urupfuru[kwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”​—Abaroma 5:12.

● Kubera iki Imana ireka hakaba ububisha? Mw’itongo ry’i Edeni, Shetani yise Imana umubeshi yima ivyiza ibiremwa vyiwe. (Itanguriro 3:3-5) Mu kuvuga ivyo, yaravyuye ikibazo ku vy’uko uburyo Yehova ategeka bwoba canke butoba bubereye. Adamu na Eva bahisemwo gukurikira Shetani; na bo nyene rero barateye akagere ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, gutyo baba berekanye ko umuntu ashobora kwishingira iciza n’ikibi. Yehova akoresheje ubutungane bwiwe n’ubukerebutsi bwiwe bitagira agahaze, yari azi ko hariho uburyo bumwe rudende bwo kwishura neza ico kibazo. Ubwo buryo kwari ukureka hagaca igihe, gutyo akaba ahaye abantu akaryo ko kwitegeka uko bagomvye. Ububisha vyakweze, ku ruhande rumwe buturuka ku kosho Shetani abandanya kugira ku bantu, kandi bwagiye buragaragaza iki kintu c’ukuri gihambaye: Umuntu ntashoboye kwitegeka atisunze Imana.​—Yeremiya 10:23.

● Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi? Yehova yahaye itongo ry’i Edeni ubwiza bw’indorerwako bwokwisungwa kw’isi yose. Yashinze Adamu na Eva igikorwa co kwuzuza isi uruvyaro rwabo no ‘kuyigaba,’ kugira ngo ku mubumbe wose harangwe ubwiza, ubumwe n’amahoro cokimwe no muri iryo tongo. (Itanguriro 1:28) Umugambi rero Imana ifitiye isi ni uko iba Iparadizo ibako umuryango utunganye kandi wunze ubumwe ugizwe n’uruvyaro rwa Adamu na Eva. Vyinshi mu bivugwa muri Bibiliya ni ivyerekana uburyo Imana ikoresha mu gushitsa uwo mugambi yari ifise kuva mu ntango.

● Kubera iki Yezu Kristu yaje kw’isi? Ubugarariji bwabaye mw’itongo ry’i Edeni bwatumye Adamu na Eva be n’abobakomotseko bose bacirwa urwo gupfa, ariko Imana ibigiranye urukundo yaratanze icizigiro. Yararungitse Umwana wayo kw’isi kugira ngo atange ico Bibiliya yita incungu. (Matayo 20:28) Ivyo bisobanura iki? Urabona, Yezu yari “Adamu wa nyuma”; ivyari vyarananiye Adamu, we yarabishoboye. Yezu yaragumanye ubuzima bwiwe butunganye mu kuguma agamburukira Yehova. Abigiranye umutima ukunze, yahavuye atanga ubuzima bwiwe ngo bube ikimazi, canke incungu. Gutyo yatumye bishoboka ko abantu bose b’abizigirwa baharirwa ibicumuro vyabo, amaherezo bagashikira bwa buzima Adamu na Eva bari bafise muri Edeni imbere y’uko bacumura. (1 Abakorinto 15:22, 45; Yohani 3:16) Gutyo Yezu yaratanze icemeza yuko umugambi Yehova afise wo guhindura isi Iparadizo imeze nka Edeni uzoranguka.b

Umugambi w’Imana si ikintu kidasobanutse, eka kandi si inyigisho y’ivy’Imana isiga ubwenge. Ni ikintu c’ukuri. Nk’uko nyene itongo ry’i Edeni cari ikibanza kibaho vy’ukuri kuri ino si kirimwo ibikoko bibaho koko n’abantu babaho koko, ni ko n’umuhango Imana itanga ujanye na kazoza ari ikintu ntakekeranywa, ikintu c’ukuri kigiye kuranguka vuba. Woba uzokwungukira kuri ako kazoza atari umugani? Ahanini ni wewe bivako. Imana yipfuriza ako kazoza abantu benshi bashoboka, harimwo mbere n’abo vyagoye mu buzima.​—1 Timoteyo 2:3, 4.

Igihe Yezu yari ku mpfiro, yaravuganye n’umuntu atari yaravyifashemwo neza mu buzima. Uwo muntu yari inkozi y’ikibi, akaba yari azi ko abereye kwicwa. Mugabo yarituye Yezu kugira aronke impumurizo n’icizigiro. None Yezu yamwishuye iki? Yamubwiye ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Nimba Yezu yipfuza kuzobona mw’Iparadizo uwo muntu yahoze ari inkozi y’ikibi, akazoba yazuwe kandi yifitiye akaryo ko kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo imeze nka Edeni, none si wo muhezagiro akwipfuriza nawe? Emwe, ni co akwipfuriza, kandi na Se ni ukwo nyene! Nimba wipfuza kuzogira ako kazoza, nukore uko ushoboye kwose wige ivyerekeye Imana yaremye rya tongo ry’i Edeni.

[Utujambo tw’epfo]

a Nk’akarorero, raba Itanguriro 13:10; Gusubira mu vyagezwe 32:8; 2 Samweli 7:14; 1 Ngoma 1:1; Yesaya 51:3; Ezekiyeli 28:13; 31:8, 9; Luka 3:38; Abaroma 5:12-14; 1 Abakorinto 15:22, 45; 2 Abakorinto 11:3; 1 Timoteyo 2:13, 14; Yuda 14; n’Ivyahishuwe 12:9.

b Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’inkuka y’incungu Kristu yatanze, raba ikigabane ca 5 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 10]

AMAJAMBO BIBILIYA YOSE ISHIMIKIYEKO

“Nzoshira inyankane hagati yawe [ni ukuvuga inzoka] na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uyo azogukomeretsa mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri.”​—Itanguriro 3:15.

Ayo ni yo majambo menyeshakazoza ya mbere dusanga muri Bibiliya, akaba yavuzwe n’Imana muri Edeni. None ivyo bintu bine bivugwa ng’aho, ni ukuvuga umugore, uruvyaro rwiwe, inzoka be n’uruvyaro rwayo, bigereranya bande? Ni mu buryo ki haba izo “nyankane” zari zaravuzwe?

INZOKA

Ni Shetani wa Mubesheranyi.​—Ivyahishuwe 12:9.

UMUGORE

Ni ishirahamwe rya Yehova rigizwe n’ibiremwa vyo mw’ijuru. (Abagalatiya 4:26, 27) Yesaya yaravuze ivy’uwo “mugore,” avuga yuko muri kazoza yovyaye ihanga ryo mu buryo bw’impwemu.​—Yesaya 54:1; 66:8.

URUVYARO RW’INZOKA

Ni abahitamwo gukora ivyo Shetani agomba.​—Yohani 8:44.

URUVYARO RW’UMUGORE

Ahanini ni Yezu Kristu, uwaje ava mu gice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova. Muri urwo “ruvyaro” harimwo n’abavukanyi ba Kristu bo mu buryo bw’impwemu, abafatanya na we kuganza bari mw’ijuru. Abo bakirisu barobanujwe impwemu bagize ihanga ryo mu buryo bw’impwemu ryitwa “Isirayeli y’Imana.”​—Abagalatiya 3:16, 29; 6:16; Itanguriro 22:18.

GUKOMERETSWA KU GITSINTSIRI

Ni ikintu kibabaza cashikiye Mesiya, ariko ingaruka zaco zikaba zamaze igihe gito. Shetani yarashoboye gutuma Yezu yicwa igihe yari kw’isi. Ariko Yezu yarazuwe.

GUKOMERETSWA KU MUTWE

Ni ikintu gishikira Shetani kikamutwara agatwe. Yezu azokuraho Shetani ubutagisubira kubaho. N’imbere y’uko abikora, azokuraho ibibi Shetani yatanguje muri Edeni.​—1 Yohani 3:8; Ivyahishuwe 20:10.

Ugomba incamake irashe yerekana ikintu nyamukuru Bibiliya ivuga, raba agatabu Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 11]

Adamu na Eva bariboneye ingaruka ziteye agahinda z’igicumuro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika