ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Rimwe

      Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu

      1. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora gutuma haba ugucanamwo mu ngo?

      HAHIRIWE ababa mu ngo zirangwamwo urukundo, umwumvikano n’amahoro. Twizigiye yuko urw’iwanyu rumeze gutyo. Ikibabaje, ingo zidaharurwa zirananirwa kumera gutyo maze ugasanga ziracanamwo bivuye ku mpamvu zitandukanye. Ni igiki gituma ingo zicanamwo? Muri iki kigabane turaza kuganira ku bintu bitatu. Mu ngo zimwezimwe, usanga abazigize bose badasangiye idini. Mu zindi, abana bashobora kuba badasangiye abavyeyi. Mu zindi na zo, akigoro ko kurondera uburyo bwo kubaho canke ukwipfuza amaronko menshi bisa n’ibitandukanya abazigize. Ariko rero, ibintu bituma abo mu rugo rumwe bacanamwo bishobora kutagira ico bitwara urundi. None ni igiki gituma haba iryo tandukaniro?

      2. Ni hehe bamwebamwe bahanga amaso kugira ngo baronke ubuyobozi mu vyerekeye ubuzima bwo mu rugo, mugabo ni isoko irihe ryiza kuruta ry’ubuyobozi mwene ubwo?

      2 Ica mbere ni uburyo abantu babona ibintu. Nimba ugerageza ata buryarya gutahura ukuntu uwundi muntu abona ibintu, biboneka cane yuko woheza ugatahura uburyo bwo kuzigama ubumwe mu rugo. Ikintu kigira kabiri ni isoko mukurako ubuyobozi. Abantu benshi barakurikira impanuro bahabwa n’abo bakorana, ababanyi, abanditsi b’ibinyamakuru, canke ubundi buyobozi bw’abantu. Ariko rero, hariho abubuye ivyo Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye uko ivyabo vyifashe, hanyuma bashira mu ngiro ivyo bize. Kugira ivyo bishobora gute gufasha abo mu rugo kuzigama amahoro muri rwo?​—2 Timoteyo 3:16, 17.

      MU GIHE UKWEMERA KW’UMUGABO WAWE GUTANDUKANYE N’UKWAWE

      Ifoto ku rup. 130

      Nugerageze gutahura ukuntu uwundi muntu abona ibintu

      3. (a) Ni impanuro nyabaki Bibiliya itanga ku vyerekeye kwabirana n’uwo mudahuje ukwizera? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe z’ishimikiro zikurikizwa mu gihe umwe mu bubakanye yizeye uwundi akaba atizeye?

      3 Bibiliya iraduhanura yivuye inyuma kutabirana n’umuntu tudahuje ukwemera. (Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4; 1 Ab’i Korinto 7:39) Ariko rero, vyoshoboka yuko woba wize ukuri kwa Bibiliya mwaramaze kwabirana, mugabo umunega wawe akaba atize ukwo kuri. Vyogenda gute none? Birumvikana, indagano y’umubano w’ababiranye igumaho. (1 Ab’i Korinto 7:10) Bibiliya irashimika ku vy’uko ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye ari ntabanduka, vyongeye ikaremesha ababiranye gutorera umuti ivyo badahuriyeko aho gutandukana. (Abanyefeso 5:28-31; Tito 2:4, 5) Ariko none, twovuga iki mu gihe umunega wawe akubuza yivuye inyuma gukurikira idini ihuje na Bibiliya? Ashobora kugerageza kukubuza kuja mu makoraniro y’ishengero, canke agashobora kuvuga yuko adashaka ko umukenyezi wiwe aja ku nzu ku nzu avuga ivyerekeye idini. None wokora iki?

      4. Ni mu buryo nyabaki umukenyezi ashobora kugaragaza ugutahura mu gihe we n’umunega wiwe badasangiye ukwemera?

      4 Niwibaze uti: ‘Ni kuki umunega wanje yiyumvira ukwo?’ (Imigani 16:20, 23) Nimba vy’ukuri adatahura ivyo uriko uragira, arashobora guhagarika umutima ku bikwerekeye. Canke ashobora kuba asugerejwe n’abo mu muryango wiwe kubera yuko wewe utakigira uruhara mu migenzo imwimwe bo babona ko ihambaye. Umunega umwe yavuze ati: “Gusigara jenyene mu nzu vyatuma numva ndi nk’inyakamwe.” Uwo munega yiyumviriye yuko idini ryari ryaramutwaye umukenyezi. Ariko rero, ubwibone bwatumye atemera yuko asigaranye irungu. Umunega wawe ashobora kuba akeneye gusubirizwa umutima mu nda yuko urukundo ukunda Yehova rudasobanura ko urwo wamukunda rwagabanutse. Uraraba neza yuko umarana igihe na we.

      5. Ni uburimbane ubuhe umukenyezi afise umunega badahuje ukwemera ategerezwa kuzigama?

      5 Ariko rero, hariho ikintu mbere gihambaye kuruta utegerezwa kurimbura nimba ushaka gutunganya uko ibintu vyifashe ubigiranye ubukerebutsi. Ijambo ry’Imana rihimiriza abakenyezi riti: “Mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu.” (Ab’i Kolosayi 3:18) Ni co gituma ritugabisha ngo twirinde agatima k’ukwigenga. Vyongeye, mu kuvuga ngo “nk’uko bibereye abari mu Mwami,” iki canditswe kiragaragaza yuko ukugamburukira umugabo wawe gukwiye kandi kugirwa hisunzwe ukugamburukira Umwami. Hategerezwa kubamwo uburimbane.

      6. Ni ingingo ngenderwako izihe umukenyezi w’Umukirisu akwiye kwamiza ku muzirikanyi?

      6 Ku Mukirisu, kwitaba amakoraniro y’ishengero no kubwira abandi ivyerekeye ukwizera kwiwe gushingiye kuri Bibiliya, ni imice ihambaye y’ugusenga kw’ukuri idakwiye gufatwa minenerwe. (Abaroma 10:9, 10, 14; Abaheburayo 10:24, 25) Wogira iki none, mu gihe umuntu agutegetse imbonankubone kudakurikiza ikintu gitomoye Imana isaba? Intumwa za Yezu Kirisitu zavuze icese ziti: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Ivyo biratanga akarorero gakurikizwa mu bihe vyinshi vyo mu buzima. None urukundo ukunda Yehova rwoba ruzokuvyurira umutima wo kumuyobokera mu buryo akwiriye? Urukundo n’icubahiro ufitiye umunega wawe vyoba kandi bizotuma ugerageza kuyobokera Yehova we musa mu buryo butababaza umunega wawe?—Matayo 4:10; 1 Yohana 5:3.

      7. Umukenyezi Mukirisu ategerezwa kugira uwuhe mwiyemezo?

      7 Yezu yavuze yuko ivyo bitokwamye nantaryo bishoboka. Yabuye yuko bitumwe n’ukurwanya ugusenga kw’ukuri, abo mu ngo zimwezimwe bizera bokwumvise ari nk’aho batandukanijwe, nk’aho umengo hatambitswe inkota hagati yabo n’abandi bo mu rugo. (Matayo 10:34-36) Ivyo vyarashikiye umukenyezi umwe wo mu Buyapani. Umunega wiwe yamaze imyaka 11 amurwanya. Uwo munega yaramufata nabi bimwe vyeruye kandi kenshi na kenshi akamwugaranira hanze. Mugabo nya mukenyezi yarakomeye ku muheto. Abagenzi bo mw’ishengero rya gikirisu baramusahirije. Yarasenga ubudahorereza kandi agakura indemesho muri 1 Petero 2:20. Uwo Mukirisukazi yari yarajijutse yuko agumye ashikamye, umusi uri izina umunega wiwe yokwifatanije na we mu gusukurira Yehova. Kandi ni ko vyagenze.

      8, 9. Umukenyezi akwiye kuvyifatamwo gute kugira ngo yirinde gutera umunega wiwe intambamyi bidakenewe?

      8 Hariho ibintu ngirakimazi vyinshi ushobora gukora kugira ngo utume inyifato y’uwo mwubakanye ihinduka. Nk’akarorero, nimba umunega wawe atemera idini urimwo, ntutume aronka imvo zumvikana zotuma akwidogera mu yindi mice. Inzu nigume isukuye. Niwitwararike kwama usa neza. Nube umunyabuntu mu kugaragaza urukundo n’ugukenguruka. Aho kumunebagura, numufate mu mugongo. Numwereke yuko umwihekako kugira ngo akubere umutwe. Ntumwihore mu gihe wiyumvira yuko yakugiriye nabi. (1 Petero 2:21, 23) Numuhebere kubera agasembwa ka muntu, kandi nimba havyutse imitongano ube uwa mbere mu gusaba ikigongwe ubigiranye ukwicisha bugufi.​—Abanyefeso 4:26.

      9 Ntutume ukwitaba amakoraniro kwawe kuba imvo ituma umunega wawe ateba gufungura. Ushobora kandi guhitamwo kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu mu bihe umunega wawe atari i muhira. Ni ibiranga ubukerebutsi yuko umukenyezi w’Umukirisu areka kubwira umunega wiwe ivyerekeye inkuru nziza mu gihe atavyakira neza. Ahubwo uwo mukenyezi arakurikiza impanuro ya Petero igira iti: “Bagore . . . , mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.” (1 Petero 3:1, 2) Abakirisu b’abakenyezi barihatira kurushirizaho kugaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana.​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

      IGIHE UMUKENYEZI AFISE UKWIZERA GUTANDUKANYE N’UKWAWE

      10. Umunega yizera akwiye gufata gute umukenyezi wiwe nimba uno mukenyezi afise ukwemera gutandukanye n’ukwiwe?

      10 Bite hoho nimba umunega ari Umukirisu w’ukuri mugabo umukenyezi akaba atari we? Bibiliya iratanga ubuyobozi bwerekeye ibihe mwene ivyo. Igira iti: “Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta.” (1 Ab’i Korinto 7:12) Igabisha kandi abanega iti: “Mukunde abagore banyu.”​—Ab’i Kolosayi 3:19.

      11. Umunega ashobora gute kugaragaza ubukerebutsi maze agakoresha ubugenge mu kuyobora umukenyezi wiwe mu gihe uno mukenyezi badahuje ukwizera?

      11 Nimba ufise umukenyezi mudahuje ukwizera, niwiyubare canecane kugira ngo wubahirize wongere witwararike inyiyumvo ziwe. Kubera ari umuntu akuze, arafise uburenganzira bunaka bw’umwidegemvyo wo gukurikiza ivyo yizera mu vy’idini, naho nyene wewe utavyemera. Umusi uzomubwira ivyerekeye ukwizera kwawe ari bwo bwa mbere, ntuze witege yuko azoca avavanura n’ivyo amaze igihe kirekire yizera ngo yemere ibindi bishasha. Aho kwihutira kuvuga yuko imigenzo y’ivy’idini we hamwe n’ab’iwabo bamaze igihe kirekire bubahiriza ari ikinyoma, gira akigoro ko kuzirikana na we mwisunze Ivyanditswe, ubigiranye ukwihangana. Ashobora kuba yumva yuko utamwitwararika kubera ko umara umwanya munini mu mirimo y’ishengero. Ashobora kurwanya akigoro ugira ko gusukurira Yehova, ivyo bikaba ari nko gushaka gusa kukubwira ati: “Ndakeneye ko tumarana umwanya munini!” Niwihangane. Umwitwararikanye urukundo, amaherezo bishobora kuzomufasha akemera ugusenga kw’ukuri.​—Ab’i Kolosayi 3:12-14; 1 Petero 3:8, 9.

      KWIGISHA ABANA

      12. Naho nyene umunega n’umukenyezi wiwe baba badahuje ukwizera, ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zikwiye gute gukurikizwa mu vyo kwigisha abana babo?

      12 Mu rugo aho usanga abarugize badasenga hamwe, rimwerimwe kwigisha abana ivy’idini biraba ingorane. None ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zikwiye gukurikizwa gute? Sebibondo ni we Bibiliya izeza ubwa mbere na mbere ibanga ryo kwigisha abana, mugabo inabibondo na we nyene ari n’uruhara ruhambaye arangura. (Imigani 1:8; gereranya n’​Itanguriro 18:19; Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19.) Naho nyene sebibondo yoba atemera ubukuru bwa Kirisitu, aguma ari umutwe w’urugo.

      13, 14. Umukenyezi ashobora gukora iki mu gihe umunega wiwe yanse yuko ajana abana biwe ku makoraniro ya gikirisu canke yanse ko yigana na bo Ijambo ry’Imana?

      13 Ba sebibondo bamwebamwe ntibarwanya ivy’uko inabibondo yigisha abana ivy’idini. Abandi barabirwanya. Vyogenda gute mu gihe umunega wawe yanse yuko ujana abana ku makoraniro y’ishengero, canke mbere akakubuza kwigana Bibiliya na bo i muhira? Muri ico gihe utegerezwa kurimbanya amabanga atandukanye, ni ukuvuga ivyo ubwirizwa gukorera Yehova Imana, umunega ari we mutwe wawe hamwe n’abana bawe ukunda. Ivyo ushobora kubihuza gute?

      14 Birumvikana, uzosenga ku bw’iyo ngorane. (Ab’i Filipi 4:6, 7; 1 Yohana 5:14) Ariko impera n’imperuka, ni wewe nyene utegerezwa gufata ingingo y’ingene utegerezwa kuvyifatamwo. Niwabigirana ubugenge, ugatomorera umunega wawe yuko utariko urarwanya ko ari we mutwe, amaherezo hari aho yoreka kukurwanya. Naho nyene umunega wawe yokubuza kujana abana bawe ku makoraniro canke kwama wabigishije Bibiliya, urashobora kubandanya ubigisha. Mu kiyago ugirana na bo ku musi ku musi hamwe no ku karorero keza utanga, gerageza kubinjizamwo ugukunda Yehova, ukwizera Ijambo ryiwe, ukwubaha abavyeyi harimwo na se, ukwitwararikana urukundo abandi bantu hamwe n’ugukunda ibikorwa babigiranye umwete. Amaherezo, uwo sebibondo ashobora kuzobona ingaruka nziza maze agashima agaciro k’utwigoro wagize.​—Imigani 23:24.

      15. Sebibondo yizera ajejwe ibanga irihe mu vyo kwigisha abana?

      15 Nimba uri umunega yizera mugabo umukenyezi wawe akaba atizera, utegerezwa rero kwemera iryo banga ryo kurera abana bawe ‘ubahana ubahanura, uko Yehova agomba.’ (Abanyefeso 6:4) Mu gihe ivyo ubigira, birumvikana yuko ukwiye kubigirana ubuntu, urukundo n’ukugirira umukenyezi wawe ibitegereka.

      MU GIHE IDINI URIMWO ATARI RYO ABAVYEYI BAWE BARIMWO

      16, 17. Ni ingingo ngenderwako za Bibiliya izihe abana bategerezwa kwibuka nimba bemeye ukwizera gutandukanye n’ukw’abavyeyi babo?

      16 Bisigaye ari ibisanzwe yuko abana mbere bakiri na bato baja mw’idini ritandukanye n’iryo abavyeyi babo barimwo. Vyoba ari ko bimeze kuri wewe? Nimba ari ko bimeze, Bibiliya iri n’impanuro zikwerekeye.

      17 Ijambo ry’Imana rigira riti: “Mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko.” (Abanyefeso 6:1, 2) Ivyo birimwo guha abavyeyi icubahiro kibereye. Ariko rero, naho ukwubaha abavyeyi bihambaye, ntibitegerezwa kugirwa ata kwitwararika Imana y’ukuri. Mu gihe umwana amaze gukura bihagije ku buryo yotangura gufata ingingo, ni we abazwa ivyo akora. Ivyo si ku vyerekeye amategeko y’abantu gusa mugabo canecane ni na ko biri ku vyerekeye amabwirizwa y’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.”​—Abaroma 14:12.

      18, 19. Nimba abana bari mw’idini ritandukanye n’iryo abavyeyi babo barimwo, bashobora gute gufasha abavyeyi babo gutahura neza kuruta ukwizera kwabo?

      18 Mu gihe ivyo wemera bitumye ugira ivyo uhinduye mu buzima bwawe, nugerageze gutahura ukuntu abavyeyi bawe babona ibintu. Bivuye ku kwiga Bibiliya no ku gukurikiza inyigisho zayo, bishobora kuzotuma banezerwa niwarushiriza kuba umuntu yubaha, arushirije kugamburuka no kugaragaza umwete mu vyo bagusavye vyose. Ariko rero, nimba ukwizera kwawe gushasha gutuma utera akagere ivyizerwa n’imigenzo bo ubwabo bakunda, bashobora kwiyumvira yuko uriko uratera akagere iragi bashaka kuguha. Bashobora kandi kuba batinya ko wohava umererwa nabi nimba ivyo uriko urakora bitamenyerewe aho ubaye, canke nimba wanka gukurikirana ibintu bobo biyumvira yuko vyari kuzogufasha gusagamba mu vy’umubiri. Ubwibone na bwo nyene bwoshobora kuba intambamyi. Bashobora kwiyumvira yuko uvuga ngo uri mu kuri na bo mu binyoma.

      19 Kubera ico, nurabe hakiri kare ukuntu abavyeyi bawe bobonana n’abakurambere bamwebamwe canke ibindi Vyabona bahumuye bo mw’ishengero urimwo. Nusabe abavyeyi bawe baze ku Ngoro y’Ubwami maze biyumvire ibihavugirwa bongere bibonere uko Ivyabona vya Yehova bameze. Amaherezo, inyifato y’abavyeyi bawe hari aho yohinduka. No mu gihe nyene abavyeyi barwanya abana bivuye inyuma, bagatabagura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kandi bakababuza kwitaba amakoraniro ya gikirisu, mu bisanzwe hariho uturyo two gusomera ahandi, kuyagira abagenzi b’Abakirisu hamwe no gushinga intahe be no gufasha abandi akaryo kizanye. Urashobora kandi gusenga Yehova. Abakiri bato bamwebamwe bategerezwa kurindira gushika bakuze bihagije ku buryo boba hanze y’i muhira maze bakabona gukora ibirenze. Ariko rero, uko mu rugo vyifashe kwose, ntiwibagire ‘kwubaha so na nyoko.’ Nukore ivyo ushinzwe kugira ngo uterere agacumu k’ubumwe ku mahoro y’i muhira. (Abaroma 12:17, 18) Ikiruta vyose, nukurikire ukugiriranira amahoro n’Imana.

      URUGAMBA RWO KURERA ABANA UTAVYAYE

      20. Ni inyiyumvo izihe abana bashobora kugira mu gihe barerwa n’umuvyeyi atabavyaye?

      20 Mu mihana myinshi ikintu gituma haba ingorane ikomeye kuruta si ivy’idini, ahubwo ni ibijanye n’abana baba badasangiye abavyeyi. Ingo nyinshi muri iki gihe usanga zirimwo abana bavuye mu mubano wa mbere w’umuvyeyi umwe canke wa bose. Muri mwene urwo rugo, abana bashobora kugira ishari n’inzigo canke kumbure ntibamenye uwo bari bugamburukire. Ivyo bishobora gutuma batera akagere utwigoro umuvyeyi atari uwabo agira two kuba se mwiza canke nyina mwiza. Ni igiki gishobora gufasha urugo kuroranirwa igihe rurimwo umuvyeyi arera abo atavyaye?

      Ifoto ku rup. 138

      Waba urera abana wavyaye canke abo utavyaye, nuronderere ubuyobozi muri Bibiliya

      21. Naho abavyeyi barera abo batavyaye baba bari mu bintu bidasanzwe, ni kuki bakwiye kuronderera imfashanyo mu ngingo ngenderwako za Bibiliya?

      21 Uramenya yuko naho biba ari ibintu bidasanzwe, ingingo ngenderwako za Bibiliya zituma haba ukuroranirwa mu zindi ngo no muri ivyo nyene zirakora. Kwirengagiza izo ngingo ngenderwako bishobora gusa n’ivyoroheje ingorane igihe gitoya, mugabo amaherezo bikazozana umubabaro. (Zaburi 127:1; Imigani 29:15) Nutsimbataze ubwenge n’ubukerebutsi, ni ukuvuga ubwenge bwo gukurikiza ingingo ngenderwako Imana itanga ufise mu muzirikanyi inyungu zirama, n’ubukerebutsi bwo kumenya igituma abo mu rugo bavuga canke bakora ibintu bimwebimwe. Birakenewe kandi yuko utahura abandi.​—Imigani 16:21; 24:3; 1 Petero 3:8.

      22. Ni kuki abana bashobora gusanga bitoroshe kwemera umuvyeyi atabavyaye?

      22 Nimba uri umuvyeyi arera abo atavyaye, ushobora kwibuka yuko igihe wari umugenzi w’abo muri urwo rugo, abana kumbure baguha ikaze. Mugabo mu gihe ubaye umuvyeyi wabo, inyifato yabo ishobora kuba yarahindutse. Kubera bibuka umuvyeyi wabo yabavyaye batakibana, abo bana bashobora kuba bariko bararwana n’iciyumviro c’uko boba bamuhemukiye, kumbure bakumva ko ushaka kuzimanganya urukundo bafitiye nya muvyeyi batari kumwe. Rimwe na rimwe boshobora kukwibutsa badakikiriza yuko wewe utari se canke nyina. Mwene iyo mvugo irababaza. Ariko rero, “ntukihutire kuraka mu mutima.” (Umusiguzi 7:9) Ubukerebutsi n’ukwishira mu kibanza c’abandi birakenewe kugira ngo witwararike inyiyumvo z’abo bana.

      23. Ugutoza indero vyoshobora kugirwa gute mu rugo rurimwo abana badasangiye abavyeyi?

      23 Izo kamere zirahambaye mu gihe umuntu ariko arabatoza indero. Ukudahindagura mu kubatoza indero ni nkenerwa. (Imigani 6:20; 13:1) Kubera kandi yuko abana bose batameze kumwe, ugutoza indero gushobora gutandukana hakurikijwe umwana uwo ari we. Abavyeyi bamwebamwe barera abo batavyaye, babona yuko n’imiburiburi mu ntango vyoshobora kuba vyiza kuruta umuvyeyi yabavyaye ari we yitwararitse ivy’uwo muce wega umuvyeyi. Ariko rero, birakenewe yuko abavyeyi bompi bemeranya ku gutoza indero kandi bakabishigikira, ata kugirira neza umwana wabo bwite kuruta uw’uwundi. (Imigani 24:23) Ukugamburuka birahambaye, mugabo birakenewe ko batibagira ivyerekeye agasembwa. Ntushangashirwe. Nubatoze indero mu rukundo.​—Ab’i Kolosayi 3:21.

      24. Ni igiki gishobora gufasha kwirinda ingorane ziterwa n’ukwigenza nabi hagati y’abadasangiye igitsina mu rugo rurimwo abadahuje abavyeyi?

      24 Ibiyago vyo mu rugo bishobora gufasha cane kwirinda ingorane. Ivyo birashobora gufasha urwo rugo kubandanya rwitwararika ibintu bihambaye kuruta mu buzima. (Gereranya n’Ab’i Filipi 1:9-11.) Birashobora kandi gufasha umwumwe wese kubona uburyo ashobora guterera agacumu k’ubumwe ku vyo gushikira intumbero urugo rwishingiye. Vyongeye, ukudakikiriza mu biyago vy’abo mu rugo birashobora gutuma birinda ingorane ziva ku kwigenza nabi. Abigeme barakeneye kumenya uburyo bwo kwambara be n’ingene bokwigenza igihe bari kumwe n’umugabo wa nyina be na basaza babo bamuka kuri uwo mugabo, eka n’abahungu barakeneye impanuro ku buryo bubereye bwo kwifata igihe bari kumwe na muka se be n’igihe bari kumwe na bashiki babo bamuka kuri we.​—1 Ab’i Tesalonike 4:3-8.

      25. Ni kamere izihe zishobora gufasha kuzigama amahoro mu rugo rurimwo abana badahuje abavyeyi?

      25 Niwihangane mu gihe uriko urarwana urugamba rudasanzwe rwo kurera abo utavyaye. Gutsimbataza ubucuti bushasha bifata igihe. Gukundwa n’ukwubahwa n’abana batari abawe bishobora kuba ibango rigoye. Mugabo birashoboka. Umutima w’ubwenge n’ubukerebutsi, ufatanijwe n’icipfuzo gikomeye co kunezereza Yehova, ni rwo rupfunguzo rushikana ku mahoro mu rugo rurimwo abana badasangiye abavyeyi. (Imigani 16:20) Kamere mwene izo zirashobora kandi kugufasha guhangana n’ibindi bintu bishika.

      UGUKURIKIRANA AMARONKO VYOBA BITERA UMURYANO MU RUGO RWANYU?

      26. Ni mu buryo nyabaki ingorane be n’inyifato vyerekeye ibintu vy’umubiri bishobora gutera umuryano mu rugo?

      26 Ingorane n’inyifato bijanye n’amaronko birashobora gutera umuryano mu ngo mu buryo bwinshi. Ikibabaje, ingo zimwezimwe ziravurungana bitumwe n’uguhazukira amahera hamwe n’icipfuzo co gutunga, canke n’imiburiburi icipfuzo co kwisununura mu vy’ubutunzi. Umuryano ushobora gutsimbatara igihe umugore n’umugabo bompi bafise akazi bakora maze bagatsimbataza agatima k’uko ngo umwe wese ashaka kwigenga ku mahera yiwe. Mbere naho bokwirinda imihazuko, mu gihe umugore n’umugabo bompi bakora, bashobora gusanga bafise urutonde rubasigira akanya gatoya gusa ko kuba bari kumwe. Muri iyi si hariho impengamiro irushiriza kwiyongera yuko ba serugo bamara igihe kirekire cane bari kure y’ingo zabo, hagahera amezi n’amezi canke mbere imyaka n’imyaka kugira ngo baronke amahera menshi batoshoboye kuronka iwabo. Ivyo birashobora kuzana ingorane zikomeye.

      27. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zishobora gufasha urugo ruri mu ngorane z’ivy’ubutunzi?

      27 Nta mategeko ashobora gushingwa kugira ngo ivyo bintu bitorerwe umuti, kubera yuko ingo zitandukanye zitegerezwa guhangana n’imikazo be n’ivyo zikeneye bitandukanye. Ariko rero, impanuro za Bibiliya zirashobora gufasha. Nk’akarorero, mu Migani 13:10 hagaragaza yuko biciye mu ‘kuja inama’ rimwe na rimwe bishobora gutuma birinda uguharana bidakenewe. Ivyo ntibirimwo ivy’uko umuntu apfa gusa kuvuga ukuntu we abona ibintu, mugabo kandi birimwo no kurondera impanuro be no kumenya ukuntu uwundi muntu abona ibintu. Vyongeye, gukoresha amahera mu buryo butegereka birashobora gufasha abo mu rugo mu twigoro twabo two gushira hamwe. Rimwerimwe, kumbure vy’imfatakibanza, birakenerwa yuko umugore n’umugabo bompi bakora ubuzi bwo hanze kugira ngo baronke ayandi mahera, canecane igihe batunze abana canke abandi bantu. Mu gihe ivyo ari ukwo biri, umunega arashobora gusubiriza umutima mu nda umukenyezi wiwe yuko agifise umwanya yamutegekanirije. Uwo munega hamwe n’abana babigiranye urukundo, barashobora kumufasha bimwebimwe mu bikorwa mu bisanzwe yategerezwa gukora ari wenyene.​—Ab’i Filipi 2:1-4.

      28. Ni ivyibutswa ibihe vyokurikizwa bigafasha urugo kurondera ubumwe?

      28 Ariko rero, muramiza mu muzirikanyi yuko naho amahera akenewe muri uru runkwekwe rw’ibintu, atazana agahimbare. Mu vy’ukuri ntatanga ubuzima. (Umusiguzi 7:12) Kukaba nkako, kwitwararika cane ivy’amaronko birashobora kwonona ivy’impwemu n’ivy’inyifato runtu. (1 Timoteyo 6:9-12) Ese ukuntu birushirije kuba vyiza kubanza kurondera Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, tugahera amazinda yuko Imana izohezagira utwigoro tugira two kuronka ivya nkenerwa mu buzima! (Matayo 6:25-33; Abaheburayo 13:5) Mu kwamiza imbere inyungu zo mu vy’impwemu no mu gukurikirana ukugiriranira amahoro n’Imana imbere ya vyose, mwoshobora gusanga urugo rwanyu vy’ukuri rwunze ubumwe mu bintu bihambaye kuruta, naho kumbure rwoba rugabuwe biturutse ku bintu kanaka.

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . ABAGIZE URUGO KUZIGAMA AMAHORO?

      Abakirisu baratsimbataza ubukerebutsi.​—Imigani 16:21; 24:3.

      Ukugaragaza urukundo n’icubahiro mu mubano w’ababiranye ntibihagaze ku kuba bari mw’idini imwe.​—Abanyefeso 5:23, 25.

      Umukirisu ntakwiye kwigera arenga ivyagezwe vy’Imana n’ibigirankana.​—Ivyakozwe 5:29.

      Abakirisu bararemesha amahoro.​—Abaroma 12:18.

      Ntukihutire kuraka.​—Umusiguzi 7:9.

      UMUBANO W’ABABIRANYE UBEREYE, URATERA ITEKA KANDI UKAZANA AMAHORO

      Muri iki gihe usanga abagabo n’abagore benshi babana bwa bubakanye kandi bataraganye mu buryo bwemewe n’amategeko. Iyo irashobora kuba ingorane umuntu mushasha mu kwemera ategerezwa gukenera gutunganya. Mu bihe bimwebimwe uwo mubano ushobora kuba wemejwe n’ikibano canke n’umuryango, mugabo ukaba utemejwe n’amategeko. Ariko rero, ingingo mfatirwako za Bibiliya zisaba yuko umubano w’ababiranye wandikwa mu buryo bubereye. (Tito 3:1; Abaheburayo 13:4) Ku vyerekeye abagize ishengero rya gikirisu, Bibiliya itegeka kandi yuko umubano w’ababiranye uhuza umugabo umwe n’umugore umwe. (1 Ab’i Korinto 7:2; 1 Timoteyo 3:2, 12) Gukurikiza iyo ngingo mfatirwako ni intambwe ya mbere ijana ku kugira amahoro mu rugo rwanyu. (Zaburi 119:165) Ivyo Yehova adusaba si ibidategereka canke umutwaro. Ivyo atwigisha vyagenewe kutuzanira akunguko.​—Yesaya 48:17, 18.

  • Murashobora Gutsinda Ingorane Zonona Urugo
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Kabiri

      Murashobora Gutsinda Ingorane Zonona Urugo

      1. Ni ingorane izihe zihishije zirangwa mu ngo zimwezimwe?

      UMUDUGA wari ushaje uhejeje kwozwa no gusigwa. Uwitegereje usanga ukayangana, usa nka mushasha. Mugabo imbere uriko uramagwa n’ingese. Mu ngo zimwezimwe bimeze nk’ukwo nyene. Naho nyene uravye agashusho k’inyuma usanga ibintu vyose bigenda neza, ukumwenyura kwo mu maso usanga guhishije ubwoba n’agahinda. I muhira, aho ata muntu wo hanze ababona, usanga hariho ibintu vyonona bihungabanya amahoro y’urugo. Ingorane zibiri zishobora kuruhungabanya ni ukwizizirwa n’inzoga be n’ubukazi.

      AMABI ATERWA N’UKWIZIZIRWA N’INZOGA

      2. (a) Bibiliya ibona gute ivyerekeye kunywa inzoga? (b) Ukwizizirwa n’inzoga bisobanura iki?

      2 Bibiliya ntiyiyamiriza ukunywa inzoga ku rugero, mugabo iriyamiriza akaborerwe. (Imigani 23:20, 21; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 1 Timoteyo 5:23; Tito 2:2, 3) Ariko rero ukwizizirwa n’inzoga birarengeye akaborerwe; ni ukwitwararika inzoga birimwo akarwara be n’ukutigerera igihe uzinywa. Abizizirwa n’inzoga bashobora kuba ari abantu bakuze. Ikibabaje ni uko bashobora no kuba abakiri bato.

      3, 4. Dondora ingaruka z’ukwizizirwa n’inzoga zishika ku wubakanye n’imborerwa be no ku bana.

      3 Haraciye igihe kirekire Bibiliya yerekanye yuko ukurenza urugero mu kunywa inzoga bishobora guhungabanya amahoro mu rugo. (Gusubira mu Vyagezwe 21:18-21) Ingaruka zonona ziva ku kwizizirwa n’inzoga zigirira nabi urugo rwose uko rungana. Umukenyezi ashobora kugira utwigoro twinshi ngo abuze umunega wiwe w’imborerwa kunywa, canke akatugira ngo yihanganire inyifato yiwe idashoboka.a Nya mukenyezi aragerageza kunyegeza inzoga, kuyisesa, kunyegeza amahera y’umunega wiwe, kumwereka yuko akwiye gukunda abo mu rugo, agakunda ubuzima, eka agakunda n’Imana, ariko iyo mborerwa ikabandanya kunywa. Kubera ko utwo twigoro nya mukenyezi agira two kuraba ko umunega wiwe yokwigerera mu kunywa ata co dushikako, yumva ababaye kandi akumva ko ata co ashoboye. Ashobora gutangura guhagarika umutima, kugira ishavu, kwiyagiriza, guhagarika umutima, kugira amaganya hamwe no kwumva yuko yambaye ibara.

      4 Abana ntibabura gushikirwa n’ingaruka ziterwa n’umuvyeyi w’imborerwa. Bamwebamwe mu bana barakubitwa bimwe bibi. Abandi barabagokako. Bashobora mbere no kwiyagiriza kubera akaborerwe k’umuvyeyi wabo. Akenshi baratakaza ukwizigira abandi bivuye ku nyifato itabereye y’iyo mborerwa. Kubera yuko bibatera isoni kuvuga ibiriko birabera i muhira, abo bana usanga baza bariyumanganya ntiberekane inyiyumvo zabo, ivyo kenshi bikabazanira ingaruka mbi mu mubiri. (Imigani 17:22) Mwene abo bana bashobora kugumana ukwo kubura ukwizigira canke ukwo kumaramara gushika bageze mu bigero.

      ABO MU RUGO BOKORA IKI?

      5. Ukwizizirwa n’inzoga kwoshobora gutorerwa umuti gute, kandi ni kuki ivyo bitoroshe?

      5 Naho nyene abahinga benshi bavuga yuko ukwizizirwa n’inzoga bidashobora gukira, benshi baremera yuko bishoboka biciye ku mugambi wo kuyiheba rwose. (Gereranya na Matayo 5:29.) Ariko rero, gutuma imborerwa yemera gufashwa, vyoroshe kuvuga ntivyoroshe kugira, kubera yuko kenshi itemera yuko ifise ingorane. Naho ari ukwo, mu gihe abagize urugo bafashe ingingo zo gutunganya ingaruka ukwizizirwa n’inzoga vyabateje, iyo mborerwa ishobora gutangura gutahura yuko ifise ingorane. Hari umuganga amenyereye ivyo gufasha imborerwa n’ingo zabo yavuze ati: “Niyumvira yuko ikintu gihambaye kuruta ari uko gusa abo mu rugo babandanya kugira uko bashoboye bagakora ibikorwa vya misi yose mu buryo bubagirira akamaro kuruta. Buhorobuhoro, iyo mborerwa izobona itandukaniro rinini riri hagati yayo n’abandi.”

      6. Ni isoko irihe ryiza kuruta ry’impanuro zerekeye ingo zirimwo imborerwa?

      6 Nimba mu rugo rwanyu harimwo imborerwa, impanuro za Bibiliya zahumetswe zirashobora kubafasha kugira ubuzima bubagirira akamaro kuruta. (Yesaya 48:17; 2 Timoteyo 3:16, 17) Rimbura ingingo ngenderwako zimwezimwe zafashije ingo gutsinda ukwizizirwa n’inzoga.

      7. Nimba umwe mu bo mu rugo ari imborerwa, ni nde abibazwa?

      7 Nimureke kwiyagiriza. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro,” bisubiye “umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.” (Ab’i Galatiya 6:5; Abaroma 14:12) Iyo mborerwa ishobora kugerageza kuvuga yuko abo mu rugo ari bo bobibazwa. Nk’akarorero, ishobora kuvuga iti: “Iyo mumfata neza, sinari kuba umunywi w’inzoga.” Nimba abandi basa n’abemera ivyo ivuze, baba bariko barayiremesha kubandanya kwinywera. Mugabo, naho nyene tugirirwa nabi n’uko ibintu vyifashe canke tukagirirwa nabi n’abandi bantu, twese udasize inyuma n’abantu b’imborerwa, turabazwa ivyo dukora.​—Gereranya n’ Ab’i Filipi 2:12.

      8. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bushobora gukoreshwa kugira ngo uwaborewe abe ari we nyene ahangana n’ingaruka z’ingorane yakweze?

      8 Ntimwiyumvire yuko mutegerezwa kwama nantaryo mukingira iyo mborerwa ingorane z’akaborerwe kiwe. Umugani umwe wa Bibiliya uvuga ivy’umuntu yaratse urashobora gukoreshwa ku rugero rumwe no ku mborerwa. Ugira uti: “Naho womutabara uzoba ukwiye gusubīra.” (Imigani 19:19) Nureke iyo mborerwa yimenye ku ngaruka z’akaborerwe kiwe. Numureke abe ari we nyene yihanagura canke yivuganira n’umukoresha wiwe bukeye yaraye anyoye.

      Ifoto ku rup. 146

      Abakurambere b’Abakirisu barashobora kuba isoko ntangere ry’imfashanyo mu vyo gutorera umuti ingorane z’urugo

      9, 10. Ni kuki abagize ingo zirimwo imborerwa bakwiye kwemera imfashanyo, kandi ni imfashanyo ya bande canecane bakwiye kurondera?

      9 Nimwemere imfashanyo zivuye ku bandi. Mu Migani 17:17 hagira hati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” Mu gihe mu rugo rwanyu harimwo imborerwa, haba harimwo umubabaro. Murakeneye imfashanyo. Ntimutinye kwiheka ku ‘bagenzi nyakuri’ kugira ngo babafashe. (Imigani 18:24) Kuganira n’abandi batahura iyo ngorane canke bahangana n’ibintu mwene ivyo birashobora kubaronsa impanuro kirumara ku vyo mwokora n’ivyo mutokora. Mugabo muragire uburimbane. Muraganire n’abo mwizigiye, batazobamenera “ibanga.”​—Imigani 11:13.

      10 Nimwige kwizigira abakurambere b’Abakirisu. Abo bakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu barashobora kuba isoko rihambaye ry’imfashanyo. Abo bagabo bahumuye bigishwa mw’Ijambo ry’Imana, bakaba kandi baciye uruma mu vyo gukurikiza ingingo ngenderwako zaryo. Barashobora kugaragara ko bameze “nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; . . . nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:2) Abakurambere b’Abakirisu ntibakingira gusa ishengero utwosho twonona rifatiwe hamwe, mugabo baranarihumuriza, bagatuma risubira kugira inguvu, kandi bakitwararika abantu bafise ingorane, umwumwe ukwiwe. Nimwungukire bimwe bishitse ku mfashanyo batanga.

      11, 12. Ni nde atanga imfashanyo ihambaye kuruta yerekeye ingo zirimwo imborerwa, kandi iyo mfashanyo itangwa gute?

      11 Ikiruta vyose, nimukure inkomezi kuri Yehova. Bibiliya ibigiranye igishika, idukura amazinda iti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Nimba mwumva yuko muvunitse umutima kubera ingorane ziva ku kubana n’imborerwa, nimumenye yuko “Uhoraho a[ri] hafi.” Aratahura ukuntu ivyo mu rugo iwanyu bigoye.​—1 Petero 5:6, 7.

      12 Kwemera ivyo Yehova avuga mw’Ijambo ryiwe birashobora kubafasha guhangana n’amaganya. (Zaburi 130:3, 4; Matayo 6:25-34; 1 Yohana 3:19, 20) Kwiga Ijambo ry’Imana no kubaho mwisunga ingingo ngenderwako zaryo biratuma mushobora kuronka imfashanyo y’impwemu yera y’Imana, iyishobora kubaronsa “ubushobozi buhebuje” bwo kwihangana uko bukeye uko bwije.​—2 Ab’i Korinto 4:7.b

      13. Ni ingorane nyabaki igira kabiri yonona ingo nyinshi?

      13 Kurenza urugero mu kunywa inzoga bishobora gukwega iyindi ngorane yonona ingo nyinshi, iyo na yo ikaba ari ubukazi bugirirwa i muhira.

      IVYO UBUKAZI BWO MU RUGO BWONONA

      14. Ubukazi bwo mu rugo bwatanguye ryari, kandi muri iki gihe ibintu vyifashe gute kuri bwo?

      14 Ubukazi bwa mbere na mbere muri kahise k’abantu bwabaye mu rugo, hagati y’abavukana babiri ari bo Kayini na Abeli. (Itanguriro 4:8) Kuva ico gihe, abantu baratewe nk’akaranda n’ubwoko butandukanye bw’ubukazi bugirirwa mu rugo. Abagabo barakubita abagore babo, abagore bakaburabuza abagabo babo, abavyeyi bagakubita abana babo ata kigongwe, kandi abana bamaze gukura bakagirira nabi abavyeyi babo bageze mu zabukuru.

      15. Ubukazi bwo mu rugo bugira gute ingaruka ku kanyengetera k’abagize urugo?

      15 Ivyo ubukazi bwo mu rugo bwonona birarengeye inkovu zisigara ku mubiri. Umugore umwe yakubitwa yavuze ati: “Umuntu yumva yiyagiriza cane kandi akumva amaramaye. Kenshi mu gitondo wumva ushaka kuguma mu buriri, wiyumvira yuko gusa waraye urose nabi.” Abana babona canke bashikirwa n’ubukazi mu rugo bashobora ubwabo kuba inkazi igihe bakuze bagashinga izabo.

      16, 17. Ubukazi bwo mu vy’akanyengetera ni iki, kandi bugira ico bukoze gute ku bagize urugo?

      16 Ubukazi bwo mu rugo ntibugarukira ku kugirirwa nabi ku mubiri. Akenshi buragirwa mu majambo. Mu Migani 12:18 hagira hati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota.” Ukwo “gucumita” kuranga ubukazi bwo mu rugo kurimwo ugutuka uwundi be n’ugukankama, hamwe n’ukumunebagura kutavanako be n’ukwama umuhigira ngo uzomwereka. Ibisebe biterwa n’ubukazi bwo mu kanyengetera ntibiboneka, kandi kenshi na kenshi abandi ntibabimenya.

      17 Ikibabaza kuruta, ni uguturubika umwana mu vy’akanyengetera, ni ukuvuga kwama unebagura ubushobozi bwiwe, ubwenge bwiwe canke agaciro afise ko kuba ari umuntu. Ibitutsi mwene ivyo birashobora kwonona agatima k’umwana. Ego niko, abana bose barakeneye guhanwa. Mugabo Bibiliya yigisha ba se iti: “Ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima.”​—Ab’i Kolosayi 3:21.

      UBURYO BWO KWIRINDA UBUKAZI MU RUGO

      Ifoto ku rup. 151

      Abakirisu bubakanye iyo bakundana vyongeye bakubahana ntibateba gutunganya ingorane

      18. Ubukazi bwo mu rugo butangurira hehe, kandi ni uburyo ubuhe Bibiliya yerekana bwo kubuhagarika?

      18 Ubukazi bwo mu rugo butangurira mu mutima no mu muzirikanyi; ivyo dukora biva ku vyo twiyumvira. (Yakobo 1:14, 15) Kugira ngo ubukazi buhagarare, uwubugira arakeneye guhindura uburyo yiyumvira. (Abaroma 12:2) Ivyo birashoboka none? Egome. Ijambo ry’Imana riri n’ububasha bwo guhindura abantu. Rirashobora mbere kurandurana n’imizi uburyo bwo kubona ibintu bwonona bumeze nk’ “akarimbi.” (2 Ab’i Korinto 10:4; Abaheburayo 4:12) Ubumenyi nyakuri bwo muri Bibiliya burashobora gufasha abantu bakagira ihinduka rwose ku buryo bavugwa yuko bambaye umuntu musha.​—Abanyefeso 4:22-24; Ab’i Kolosayi 3:8-10.

      19. Umukirisu akwiye kubona no gufata gute uwo bubakanye?

      19 Ukuntu ukwiye kubona uwo mwubakanye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda.” (Abanyefeso 5:28) Bibiliya ivuga kandi yuko umunega akwiye gutera umugore wiwe ‘itega nk’imbombovu idahwanije na we inkomezi.’ (1 Petero 3:7) Abakenyezi bahanurwa “gukunda abagabo babo” no kubagaragariza ‘icubahiro gishika ibwina.’ (Tito 2:4; Abanyefeso 5:33) Birumvikana nta munega atinya Imana ashobora vy’ukuri kuvuga yuko atera iteka umukenyezi wiwe mu gihe amukubita canke amutuka. Bisubiye nta mukenyezi avuza induru ku mugabo wiwe amubwira amajambo y’agacokoro canke ntahengeshanye kumukankamira yoshobora kuvuga yuko vy’ukuri akunda umunega wiwe akanamwubaha.

      20. Ni nde yajeje abavyeyi ibanga ryo kubungabunga abana, kandi ni kuki abavyeyi badakwiye kwitega yuko abana babo bakora ibintu badashobora?

      20 Ukubona abana mu buryo bubereye. Mu vy’ukuri, abana barakwiriye kandi barakeneye yuko abavyeyi babo babakunda bakanabitwararika. Abana Ijambo ry’Imana ribita “[I]ngabire Uhoraho agaba” n’ “[i]mpēra atanga.” (Zaburi 127:3) Yehova yarajeje abavyeyi ibanga ryo kubungabunga iyo ngabire. Bibiliya iravuga ‘kamere z’ubwana’ be n’ “ubupfu” bwo mu bwana. (1 Ab’i Korinto 13:11; Imigani 22:15) Abavyeyi ntibakwiye gutangara mu gihe babonye ubupfu mu bana babo. Abana si abantu bakuze. Abavyeyi ntibakwiye gusaba abana ibirenze ivyo bashoboye ku myaka bagezeko, uko urugo babamwo rumeze n’ubushobozi bafise.​—Itanguriro 33:12-14.

      21. Ni mu buryo ubuhe Imana ishaka ko abantu babona abavyeyi bageze mu za bukuru kandi ishaka ko babafata gute?

      21 Ukuntu abageze mu za bukuru bakwiye gufatwa. Mu Balewi 19:32 hagira hati: “Umuntu wese muri mwebge, az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.” Gutyo rero, Ivyagezwe vy’Imana biraremesha ukwubaha n’ugusonera abageze mu za bukuru. Ivyo bishobora kuba urugamba mu gihe umuvyeyi ageze mu zabukuru asa n’uwusaba vyinshi canke arwaye, kandi kumbure akaba adakora ningoga canke ngo yiyumvire ningoga. Ariko rero, abana baributswa “kwishura ivyiza abavyeyi babo.” (1 Timoteyo 5:4) Ivyo bisigura kubafatana urupfasoni n’icubahiro, kumbure mbere bakabaronsa ivyo bakeneye mu vy’ubutunzi. Gufata nabi mu buryo bw’umubiri canke mu bundi buryo abavyeyi bageze mu za bukuru birahushanye cane n’ivyo Bibiliya itubwira gukora.

      22. Ni kamere iyihe ihambaye mu vy’ugutsinda ubukazi bwo mu rugo, kandi ishobora kugaragazwa gute?

      22 Nutsimbataze ukwigumya. Mu Migani 29:11 hagira hati: “Igipfu gihogomboka ivy’uburake bgaco bgose, arik’umunyabgenge we, iyo buje arabutsindagira, akabuhwamika.” Ushobora gute gucungera inyiyumvo zawe? Aho kugira ngo ureke umubabaro ugukuriremwo, nugire ningoga kugira ngo utunganye ingorane zivyutse. (Abanyefeso 4:26, 27) Nuve aho hantu nimba wumva yuko uhava ubura ukwigumya. Nusabe Imana kugira ngo impwemu yayo iguhe ukwigumya. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Kuja gutembera canke kugira imyimenyerezo y’umubiri bishobora kugufasha gucungera inyiyumvo zawe. (Imigani 17:14, 27) Niwihatire “[gu]teba kuraka.”​—Imigani 14:29.

      GUTANDUKANA CANKE KUGUMANA?

      23. Ni igiki gishobora gushika mu gihe umwe mu bagize ishengero rya gikirisu agiye mu vyo kugira ubukazi bitumwe n’uburake, akama abigira bisubiye ntiyigarure, kumbure harimwo ugukubita abo mu rugo rwiwe?

      23 Mu bikorwa Imana yiyamiriza, Bibiliya ishiramwo “ubgansi, intonganya, . . . uburake” maze ikavuga yuko “abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.” (Ab’i Galatiya 5:19-21) Kubera ico, uwo wese avuga ko ari Umukirisu akaja mu vyo kugira ubukazi bitumwe n’uburake, akama abigira bisubiye ntiyigarure, kumbure harimwo no gukubita umugore canke abana biwe, arashobora gucibwa mw’ishengero rya gikirisu. (Gereranya na 2 Yohana 9, 10.) Muri ubwo buryo ishengero riba rikingiwe abantu b’inkazi.​—1 Ab’i Korinto 5:6, 7; Ab’i Galatiya 5:9.

      24. (a) Abantu bakubitwa n’abo bubakanye bashobora guhitamwo kugira iki? (b) Abagenzi n’abakurambere bashobora gute gufasha abo bantu, mugabo ni igiki badakwiye kugira?

      24 Tuvuge iki ku vyerekeye Umukirisu yama akubitwa n’uwo bubakanye w’inkazi, kandi uno ntiyerekane ikintu na kimwe kigaragaza ko ashaka kubireka? Hari abahisemwo kugumana n’uwo bubakanye w’inkazi kubera imvo zitandukanye. Abandi bahisemwo gukura meza, bumva yuko amagara yabo y’umubiri, ayo mu vy’akanyengetera n’ayo mu vy’impwemu, kumbure mbere n’ubuzima bwabo bigeramiwe. Ico uwo muntu ageramiwe n’ubukazi bwo mu rugo ahitamwo kugira muri ivyo bihe, ni ingingo yifatira imbere ya Yehova. (1 Ab’i Korinto 7:10, 11) Abagenzi babitumwe n’imvo nziza, abaryango canke abakurambere b’Abakirisu, bashobora kwipfuza gutanga imfashanyo n’impanuro, mugabo ntibakwiye guhata nyene kugirirwa nabi ngo agire ico akoze mu buryo bunaka. Iyo ni ingingo yifatira ubwiwe.​—Abaroma 14:4; Ab’i Galatiya 6:5.

      IHEREZO RY’INGORANE ZONONA URUGO

      25. Ni umugambi nyabaki Yehova afitiye urugo?

      25 Igihe Yehova yahuza Adamu na Eva mu mubano w’ababiranye, ntiyari afise umugambi w’uko ingo zosinzikazwa n’ingorane zonona nk’akaborerwe canke ubukazi. (Abanyefeso 3:14, 15) Urugo rwategerezwa kuba ahantu harangwa urukundo n’amahoro, eka umwumwe wese mu barugize akaronka ivyo akeneye mu vy’ubwenge, mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu. Ariko rero icaha kimaze kubaho, ubuzima bwo mu rugo ntibwatevye kwononekara.​—Gereranya n’ Umusiguzi 8:9.

      26. Ni kazoza kameze gute karindiriye abihatira kubaho bisunga ivyo Yehova asaba?

      26 Igishimishije ni uko Yehova atahevye umugambi afitiye urugo. Aratanga umuhango wo gushiraho isi nshasha aho abantu ‘bazokwibera amahoro, ata kibatera ubwoba.’ (Ezekiyeli 34:28) Muri ico gihe, akaborerwe, ubukazi bwo mu rugo n’izindi ngorane zose zonona ingo muri iki gihe bizoba bitakiriho. Abantu bazomwenyura, atari ku bwo kunyegeza ubwoba n’umubabaro, mugabo kubera bazoba bariko “ba[ra]nezererwa amahoro y’umusēsekara.”​—Zaburi 37:11.

      a Naho nyene twavuze ivy’igihe umugabo ari we ari imborerwa, ingingo ngenderwako ziri ngaha zirakora no mu gihe umugore ari we ari imborerwa.

      b Mu bihugu bimwebimwe, hariho ibigo, ibitaro be n’imigambi yo kwitwararika ivyo gufasha imborerwa be n’ingo zabo. Kurondera mwene iyo mfashanyo canke kutayirondera ni ingingo umuntu yifatira. Ivyabona vya Yehova ntibatanga impanuro ku buryo kanaka bwo gutorera umuti ivyo. Ariko rero, umuntu ategerezwa kwiyubara kugira ngo mu kurondera imfashanyo, ntaje mu bikorwa biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . INGO KWIRINDA INGORANE ZOTUMA ZONONEKARA BIKOMEYE?

      Yehova ariyamiriza ukurenza urugero mu kunywa inzoga.​—Imigani 23:20, 21.

      Umuntu wese ku giti ciwe ni we abazwa ivyo akora.​—Abaroma 14:12.

      Ntidushobora gusukurira Imana mu buryo yemera tudafise ukwigumya.​—Imigani 29:11.

      Abakirisu nyakuri baratera iteka abavyeyi babo bageze mu za bukuru.​—Abalewi 19:32.

  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Gatatu

      Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka

      1, 2. Igihe umubano w’ababiranye ugeze habi, ni ikibazo nyabaki umuntu akwiye kwibaza?

      MU 1988, umugore umwe w’Umutaliyano yitwa Rusiya yari atuntuye cane.a Haheze imyaka cumi yubatse, umubano wiwe warasambutse. Yari yaragerageje incuro nyinshi kugira ngo asubize hamwe n’umunega wiwe, mugabo vyari vyabaye ivy’ubusa. Yahavuye avana n’umunega wiwe kubera batashobokana hanyuma asigara ahanganye no kwirerana abakobwa babiri. Rusiya yibutse ivy’ico gihe, avuga ati: “Nari nzi neza yuko ata na kimwe coshoboye kurokora umubano wacu.”

      2 Nimba uriko uragira ingorane mu mubano wawe, urashobora gutahura ukuntu Rusiya yamerewe. Umubano wawe ushobora kuba udurumbanye, nawe ugashobora kuba uriko uribaza nimba uwo mubano ugishobora kurokoka. Nimba ari ukwo bimeze, uzosanga ari kirumara kurimbura iki kibazo: Woba warakurikije impanuro nziza zose Imana yatanze muri Bibiliya zifasha kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe?—Zaburi 119:105.

      3. Naho ukwahukana kwagwiriye, bivugwa ko abantu benshi bahukana hamwe n’imiryango yabo bavyakira gute?

      3 Igihe imitsi yaranze hagati y’umugabo n’umugore, gusambura umubano wabo bishobora gusa n’aho ari co kintu coroshe kuruta cokorwa. Mugabo, naho mu bihugu vyinshi habaye iyongerekana ribabaje ry’ingo zisambuka, ubushakashatsi buherutse kugirwa bwerekana yuko igitigiri kinini c’abagabo n’abagore bahukana bicuza igituma basambuye izabo. Benshi muri abo usanga bagira ingorane nyinshi z’amagara, izo ku mubiri no mu bwenge, kuruta izo abaguma bubatse bagira. Ukuvurungana n’ukubura agahimbare kw’abana b’abahukanye kenshi kuramara imyaka n’imyaka. Abavyeyi n’abagenzi b’urwo rugo rusambutse na bo nyene barababara. Vyongeye twovuga iki ku vyerekeye ukuntu Imana ibona ivyo bintu, yo yatanguje umubano w’ababiranye?

      4. Ingorane zo mu mubano w’ababiranye zikwiye gutunganywa gute?

      4 Nk’uko twabibonye mu bigabane vy’imbere y’iki, Imana yari ifise umugambi w’uko umubano w’ababiranye wamaho ibihe vyose. (Itanguriro 2:24) None ni kuki imibano y’ababiranye myinshi cane isambuka? Ntibishobora gushika bukwi na bukwi. Akenshi habanza kubaho ibimenyetso bivyerekana. Utugorane dutoduto turashobora gukura buhorobuhoro mu mubano w’ababiranye gushika aho dusa n’utudashobora kwihanganirwa. Mugabo mu gihe utwo tugorane dutorewe umuti bidatevye bifashishije Bibiliya, imibano myinshi ntiyosambuka.

      NUBONE IBINTU NK’UKO BIRI

      5. Ni ibintu nyabaki bibaho umubano uwo ari wo wose ukwiye guhangana na vyo?

      5 Ikintu usanga rimwe na rimwe kizana ingorane ni uko umwe mu bubakanye canke bompi bashobora kwitega ibintu bidashoboka. Inkuru zivuga ivy’urukundo, ibinyamakuru abantu birukira, amaporogarama aca kuri televiziyo hamwe n’amasenema, birashobora gutuma haba ivyizigiro n’indoto ataho bihuriye n’ibintu vy’ukuri biba mu buzima. Igihe izo ndoto zitarangutse, umuntu arashobora kwumva ishavu, akumva adahera akanyota, mbere akumva yiraburaniwe. Ariko none, abantu babiri b’abanyagasembwa bashobora gute kuronka agahimbare mu mubano wabo? Gushikira ukuroranirwa muri ivyo bisaba akigoro.

      6. (a) Ni ukubona ibintu ukuhe kuri ku burimbane Bibiliya idufasha kugira ku vyerekeye umubano w’ababiranye? (b) Ni imvo zimwezimwe izihe zituma haba ukutumvikana mu mubano w’ababiranye?

      6 Bibiliya ni kirumara. Iremera icese ko umubano w’ababiranye utera umunezero, mugabo kandi iratugabisha yuko ababirana “bazogira amagorwa mu mubiri.” (1 Ab’i Korinto 7:28) Nk’uko twamaze kubibona, umugabo n’umugore ni abanyagasembwa bisubiye bahengamiye ku gukora icaha. Ivyiyumviro n’akanyengetera vy’umugabo n’umugore hamwe n’uko barezwe biratandukanye. Rimwe na rimwe abubakanye ntibumvikana ku vyerekeye amahera, abana bovyara, no ku bijanye n’abo mu miryango yabo. Igihe bataronka umwanya uhagije wo gukorera ibintu hamwe tutibagiye n’ingorane zijanye n’ukumarana inambu y’umubiri, birashobora na vyo nyene kuba isoko ry’amatati.b Gutunganya mwene ivyo bibazo bifata igihe, mugabo ntuvunike umutima! Abubakanye benshi barashoboye guhangana na mwene izo ngorane hanyuma barashika ku kwumvikana.

      NIMUYAGE IVYO MUDAHURIZAKO

      Ifoto ku rup. 154

      Nimutunganye ingorane mudatevye. Izuba ntirikarenge mukiratse

      7, 8. Nimba hagati y’abubakanye habayeho ibintu bibababaza canke ukudatahurana, ni uburyo nyabaki buhuye n’Ivyanditswe bwo kubitunganya?

      7 Benshi basanga bigoye kuguma batekanye igihe baganira ku bintu vyabababaje, ku kudatahurana canke ku bugoyagoye umuntu yifitiye. Aho kuvuga gusa ngo: “Umenga ntiwantahuye,” umwe mu bubakanye ashobora guca aja hejuru hanyuma agatuma iyo ngorane ikomera. Benshi bavuga, ngo “Wiyumvira ivyawe gusa,” canke ngo “Wewe ntunkunda.” Mu kwanka kuvyura induru, uwundi arashobora kureka kwishura.

      8 Ingendo nziza kuruta umuntu yokurikirana ni ugushira ku mutima impanuro ya Bibiliya igira iti: “Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse.” (Abanyefeso 4:26) Igihe umugore n’umugabo bahimbawe bahimbaza umwaka ugira 60 bari bamaze babiranye, barabajijwe akabanga katumye umubano wabo uroranirwa. Umugabo yavuze ati: “Twarize kutaja kuryama tudatunganije ivyo tutumwikanako, naho vyaba ari bitoyi gute.”

      9. (a) Ni igiki kivugwa mu Vyanditswe ko gihambaye mu vyo guseruriranira akari ku mutima? (b) Abubatse kenshi bakeneye kugira iki, naho nyene ivyo bisaba ukurinduka n’ukwicisha bugufi?

      9 Igihe hari ico umugabo n’umugore batumvikanako, umwe wese birakenewe ko ‘yihutira kwumva, agateba kuvuga, agateba no kuraka.’ (Yakobo 1:19) Umwe amaze kwumviriza uwundi yitonze, boshobora kubona ko bikenewe gusaba ikigongwe bompi. (Yakobo 5:16) Kuvuga ata buryarya ngo: “Mbabarira kuba nakubabaje,” bisaba ukwicisha bugufi n’ukurinduka. Mugabo gutunganya ivyo badahuzako muri ubwo buryo bizoba kirumara mu gufasha abubatse atari gutorera umuti ingorane zabo gusa, mugabo kandi no gutsimbataza igishika n’ubugenzi somambike bizotuma umwe wese agira umunezero mwinshi wo kuba kumwe na mugenziwe.

      NUHE UWO MWUBAKANYE IVYO AKWIRIYE

      10. Ni ukwirinda ukuhe Paulo yahanuye Abakirisu b’Abanyakorinto ko bogira kwoshobora gufasha Umukirisu muri iki gihe?

      10 Igihe intumwa Paulo yandikira Abanyakorinto, yabahanuye kwubaka izabo ‘ku bwo kwirinda gusambana.’ (1 Ab’i Korinto 7:2) Isi yo muri iki gihe ni mbi cokimwe n’i Korinto ha kera, canke mbere iranaharusha. Ibintu vy’ubushegabo abantu b’isi bayaga icese, ukwambara ntibikwize hamwe n’inkuru zivuga ivy’igitsina zerekanwa mu binyamakuru no mu bitabu vy’isi, kuri televiziyo no mu masenema, ivyo vyose hamwe biravyura inambu y’umubiri. Intumwa Paulo yabwiye Abanyakorinto baba muri mwene ivyo bintu ati: “Kwābīrana [n]i kwiza, kuruta gushuha.”​—1 Ab’i Korinto 7:9.

      11, 12. (a) Ni igiki umugabo n’umugore bategerezwa guhana, kandi bakwiye kugihana bafise akahe gatima? (b) Ibintu bikwiye gutunganywa gute nimba ivyo umugore n’umugabo bakwiye guhana bitegerezwa guhagarikwa umwanya muto?

      11 Ni co gituma Bibiliya itegeka Abakirisu bubatse iti: “Umugabo ahe umugore wiwe ivy’akwiye, kand’umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe.” (1 Ab’i Korinto 7:3) Urabona yuko ashimika ku gutanga, adashimika ku gusaba. Ubucuti bwa somambike mu mubano w’ababiranye, vy’ukuri buratera akanyamuneza mu gihe gusa umwe wese mu bubakanye yitwararika ineza y’uwundi. Nk’akarorero, Bibiliya itegeka abagabo kubana n’abagore babo “nk’abazi ibibereye.” (1 Petero 3:7) Ivyo ni ko biri canecane ku gutanga no ku guhabwa ivyo ku buriri bw’ababiranye. Nimba umugore adafatanywe ikibabarwe, ashobora gusanga bigoye kunezerererwa ico kintu mu mubano.

      12 Hariho ibihe abubatse bashobora kwimana ivyo umwe wese akwiye mu mubano w’ababiranye. Ivyo vyoshobora kumera gutyo igihe umugore ari mu bihe bimwebimwe vy’ukwezi canke mu gihe yumva arushe. (Gereranya n’⁠Abalewi 18:19.) Bishobora kumera gutyo kandi igihe umugabo afise ingorane ikomeye ku kazi kandi akumva yavunitse umutima. Ibihe mwene ivyo vy’ukureka igihe gito guha uwo mwubakanye ivyo akwiye biratunganywa neza kuruta mu gihe abubatse bompi baganira uko ibintu vyifashe badakikiriza, maze bakemeranya biciye ku “[g]usezeran[a].” (1 Ab’i Korinto 7:5) Ivyo bizotuma umwe wese mu bubakanye adashika ku vyiyumviro bitari vyo. Ariko rero, mu gihe umugore yimye umugabo wiwe n’ibigirankana canke mu gihe umugabo aretse n’ibigirankana guha umugore wiwe ivyo akwiye mu buryo buranga urukundo, uwo wundi ashobora gushikirwa n’inyosha mbi. Mu bihe mwene ivyo, ingorane zirashobora kuvyuka mu mubano w’ababiranye.

      13. Abakirisu bashobora gute kwihatira kugumana ivyiyumviro bidahumanye?

      13 Cokimwe n’Abakirisu bose, abasavyi b’Imana bubakanye bategerezwa kwirinda amashusho yerekana ivy’ubusambanyi, ayashobora gukwega ivyipfuzo bihumanye kandi vyononekaye. (Ab’i Kolosayi 3:5) Bategerezwa kandi kurinda ivyiyumviro n’ibikorwa vyabo igihe bakorana n’abantu bose badasangiye igitsina. Yezu yagabishije ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.” (Matayo 5:28) Mu gukurikiza impanuro Bibiliya itanga zerekeye igitsina, abubakanye bakwiye kuba bashoboye kwirinda kugwa mu nyosha mbi no kurenga ibigo. Barashobora kubandanya kwinovora ubucuti burangwa umunezero mu mubano w’ababiranye aho usanga ivy’uguhuza igitsina ari ingabirano y’agaciro iva ku watanguje umubano w’ababiranye, ari we Yehova.​—Imigani 5:15-19.

      IMPAMVU BIBILIYA ITANGA YO KWAHUKANA

      14. Ni ibintu nyabaki bibabaje rimwe na rimwe bishika? Kubera iki?

      14 Igishimishije, mu mibano y’ababiranye myinshi y’Abakirisu, ingorane izo ari zo zose zivyuka zirashobora gutorerwa umuti. Ariko rero, hari igihe ivyo bidashoboka. Kubera yuko abantu ari abanyagasembwa kandi bakaba baba mw’isi nyecaha itegekwa na Shetani, imibano y’ababiranye imwimwe irashika aho yosambuka. (1 Yohana 5:19) Abakirisu bakwiye gutunganya gute ibintu mwene ivyo bigoye?

      15. (a) Ni iyihe mpamvu rudende yo mu Vyanditswe yemerera umuntu kwahukana akagira n’uburenganzira bwo gusubira kwabira canke kwabirwa? (b) Ni kuki bamwebamwe bahisemwo kutahukana n’abo bubakanye bahemutse?

      15 Nk’uko vyavuzwe mu Kigabane ca 2 c’iki gitabu, ubusambanyi ni yo mpamvu yonyene yo mu Vyanditswe yemerera umuntu kwahukana akagira uburenganzira bwo gusubira kwabira canke kwabirwa.c (Matayo 19:9) Nimba ufise icemeza gitomoye c’uko uwo mwubakanye yahemutse, aho rero uca uhangana n’ugufata ingingo itoroshe. Mbega muzobandanya kubana canke uzokwahukana? Nta mategeko ariho. Abakirisu bamwebamwe baragiriye ikigongwe baraherezako uwo bubakanye yigaye vy’ukuri, hanyuma uwo mubano urakingirwa, uraheza uragenda neza. Abandi bafashe ingingo yo kutahukana ku bw’ineza y’abana.

      16. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyatumye bamwe bahukana n’abo bubakanye baguye mu caha? (b) Igihe umwe mu bubakanye ataco yiyagiriza afashe ingingo yo kwahukana canke yo kutahukana, ni kubera iki ata muntu n’umwe akwiye kunebagura iyo ngingo yifatiye?

      16 Ku rundi ruhande, ico caha cakozwe gishobora kuba cavuyemwo ugusama inda canke kwandura indwara ifatira mu bihimba vy’irondoka. Canke kumbure abana barakeneye gukingirwa umuvyeyi w’umushurashuzi. Biragaragara ko hariho vyinshi vyo kurimbura imbere yo gufata ingingo. Ariko rero, nimba wamenye ko uwo mwubakanye yaguhemukiye maze mugasubira kurangura amabanga y’abubatse, ico gihe uba ugaragaje yuko wamugiriye ikigongwe kandi ko wipfuza kubandanya kubana na we. Impamvu zo kwahukana ukagira uburenganzira bwo mu Vyanditswe bwo gushobora gusubira kwabira canke kwabirwa ntiziba zikiriho. Nta muntu n’umwe akwiye kukuja mu gutwi no kugerageza kwosha ingingo wofata, eka mbere nta muntu n’umwe akwiye kunebagura ingingo wafashe. Uzotegerezwa kwemera ingaruka z’ingingo wifatiye. “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.”​—Ab’i Galatiya 6:5.

      IMPAMVU Z’UGUTANDUKANA

      17. Nimba ata busambanyi bwahabaye, ni uturimbi nyabaki Ivyanditswe bishingira ugutandukana canke ukwahukana?

      17 Hoba hariho ibintu bishobora gushigikira ugutandukana canke kumbure ukwahukana n’uwo mwubakanye naho nyene atoba yasambanye? Birahari, mugabo muri mwene ico gihe, Umukirisu ntarekuriwe kurondera kuresha uwundi muntu mu ntumbero yo gusubira kwabira canke kwabirwa. (Matayo 5:32) Naho Bibiliya yemera ugutandukana mwene ukwo, iratomora yuko uwo agiye akwiye ‘kutaja kwabirwa ahandi, canke na ho yisubize hamwe n’umugabo wiwe.’ (1 Abakorenti 7:11, UB) Ni ibintu bimwebimwe ibihe birenze urugero bishobora gutuma bisa n’uko vyoba vyiza habaye ugutandukana?

      18, 19. Ni ibihe bimwebimwe ibihe usanga birenze urugero ku buryo bishobora gutuma umwe mu bubakanye arimbura ivyo gutandukana canke kwahukana mu buryo bwemewe n’amategeko, naho nyene adashobora gusubira kwabirwa canke kwabira?

      18 Urabona, urugo rushobora gukena kubera ubunebwe bukabije n’ingeso mbi z’umugabo.d Ashobora gukinisha akamari amahera y’urugo yose canke akayakoresha mu biyayuramutwe canke mu nzoga. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu n’atātunga . . . abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Nimba umugabo mwene uwo yanse guhindura ingendo yiwe, kumbure agafata n’amahera umugore wiwe yironderera akayajana muri za ngeso ziwe mbi, uwo mugore ashobora guhitamwo gutandukana na we mu buryo bwemewe n’amategeko kugira ngo yikingire yongere akingire n’abana biwe.

      19 Ikintu gihuye n’amategeko mwene ico kirashobora kandi kugirwa iyo umwe mu bubatse akarira mugenziwe birenze urugero, kumbure akama amukubita ku buryo amagara mbere n’ubuzima bwiwe vyoba bigeramiwe. Vyongeye, iyo umwe mu bubatse agerageza kwama ahata uwo bubakanye ngo arenge amabwirizwa y’Imana mu buryo bunaka, uwo muri bo ahanamiwe ashobora kandi kurimbura ivyo gutandukana na we, canecane mu gihe bishitse aho usanga ubuzima bwo mu vy’impwemu bugeramiwe. Uwo ageramiwe ashobora kubona yuko uburyo bwonyene bwo “kwumvira Imana kuyirutisha abantu” ari ugutandukana na we mu buryo bwemewe n’amategeko—Ivyakozwe 5:29.

      20. (a) Mu gihe urugo rusambutse, abagenzi bahumuye n’abakurambere bashobora gukora iki, kandi ni igiki badakwiye gukora? (b) Abubakanye ntibakwiye gukoresha ivyo Bibiliya ivuga ku gutandukana no ku kwahukana kugira ngo kibe icitwazo co kugira iki?

      20 Mu bihe vyose vy’ubukazi burenze urugero bw’umwe mu bubakanye, nta muntu n’umwe akwiye guhata uwo mu bubatse adafise ico yiyagiriza ngo atandukane canke ngo agumane na mugenziwe. Naho abagenzi bahumuye n’abakurambere bashobora gutanga imfashanyo n’impanuro bishingiye kuri Bibiliya, ntibashobora kumenya utuntu twose tw’ido n’ido tw’ibiriko biraba hagati y’umugabo n’umugore. Yehova wenyene ni we ashobora kubibona. Birumvikana, umugore w’Umukirisu ntiyoba ariko aratera iteka indinganizo Imana yashizeho y’umubano w’ababiranye, mu gihe yoba akoresheje imvo zidafashe kugira ngo ave mu mubano w’ababiranye. Mugabo nimba abandanya kugeramirwa bimwe bikabije, nta muntu n’umwe akwiye kumunebagura mu gihe ahisemwo gutandukana n’umugabo wiwe. Twovuga nk’ivyo nyene no ku vyerekeye umugabo w’Umukirisu ashaka gutandukana n’umugore wiwe. “Twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.”​—Abaroma 14:10.

      UBURYO UMUBANO WARI WASAMBUTSE WAROKOTSE

      21. Ni ikintu ikihe cabaye cerekana yuko impanuro za Bibiliya zerekeye umubano w’ababiranye ari ngirakamaro?

      21 Rusiya twavuze mu ntango, haheze amezi atatu avanye n’umugabo wiwe yarahuye n’Ivyabona vya Yehova hanyuma atangura kwigana na bo Bibiliya. Rusiya asigura ati: “Naratangaye cane kubona Bibiliya itanga umuti ngirakamaro ku ngorane yanje. Maze indwi imwe gusa ndayiga naciye ubwo nyene nshaka gusubirana n’umugabo wanje. Uyu musi ndashobora kuvuga yuko Yehova azi kurokora imibano iri mu ngorane, kubera yuko inyigisho ziwe zifasha abubatse kwiga uburyo bwo kwubahana. Ivy’uko bamwe bavuga ngo Ivyabona vya Yehova bazana amacakubiri mu ngo, si ivy’ukuri. Ivyanshikiye vyabaye igihushane c’ivyo abantu bavuga.” Rusiya yarize gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwiwe.

      22. Abubakanye bose bakwiye kwizigira iki?

      22 Si akarorero ka Rusiya gusa twovuga. Umubano w’ababiranye ukwiye kuba umuhezagiro, ntukwiye kuba umuzigo. Kugira ngo ivyo bishoboke, Yehova yaratanze isoko ry’impanuro zo mu mubano w’ababiranye nziza kuruta izatanzwe zose, iryo soko rikaba ari Ijambo ryiwe ry’agaciro. Bibiliya irashobora “[gu]ha umutungu ubgenge.” (Zaburi 19:7-11) Yararokoye imibano y’ababiranye myinshi yari mu gusambuka, iranaryohora iyindi myinshi yari ifise ingorane zikomakomeye. Ese abubakanye bose bokwizigira bimwe vyuzuye impanuro Yehova Imana atanga zerekeye umubano w’ababiranye. Mu vy’ukuri, ni ngirakamaro!

      a Izina ryarahinduwe.

      b Bimwebimwe muri ivyo bintu vyavuzwe mu bigabane vy’imbere y’iki.

      c Ijambo rya Bibiliya ryahinduwe ngo “ubusambanyi” ririmwo n’ibikorwa vy’ukurenga ibigo, ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, ukwimarira inambu ku bikoko hamwe n’ibindi bikorwa bitemewe n’amategeko umuntu akora abigabiye akoresheje ibihimba vy’irondoka.

      d Aho ntiharimwo ibihe usanga umugabo naho yoba afise imigabo myiza, adashobora gutunga urugo rwiwe bitumwe n’imvo zitamuturutseko, nk’indwara canke kubura akazi.

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . KWIRINDA UGUSAMBUKA KW’UMUBANO W’ABABIRANYE?

      Umubano w’ababiranye ni isoko ry’umunezero n’amagorwa.​—Imigani 5:18, 19; 1 Ab’i Korinto 7:28.

      Ukutumvikana gukwiye gutorerwa umuti bidatevye.​—Abanyefeso 4:26.

      Mu gihe co kuganira, kwumviriza guhambaye cokimwe no kuvuga.​—Yakobo 1:19.

      Abubatse bakwiye guhana ivyo umwe wese akwiye babigiranye agatima ko kutikunda, n’ikibabarwe.​—1 Ab’i Korinto 7:3-5.

  • Gusazana n’Uwo Mwubakanye
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Kane

      Gusazana n’Uwo Mwubakanye

      1, 2. (a) Ni ibiki bihinduka uko umuntu asaza? (b) Ni igiki catumye abantu bubaha Imana bo mu bihe vya Bibiliya bashira akanyota bageze mu busaza?

      HARI ibintu vyinshi bihinduka uko dusaza. Inguvu zacu ziragabanuka. Wiravye mu cirore usanga uguma ugira iminkanyari, umushatsi wahinduye ibara, eka n’ukuvunguka ukaza uravunguka. Turashobora kuza turibagira. Haraboneka incuti nshasha igihe abana bubatse izabo, be n’igihe habonetse abuzukuru. Kuri bamwebamwe, ugukukuruka mu kazi bibasaba kumenyera ubundi buzima bushasha.

      2 Mu vy’ukuri, ubusaza burashobora kutubera ikigeragezo. (Umusiguzi 12:1-8) Mugabo, rimbura ivy’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya Bibiliya. Naho amaherezo bahitanywe n’urupfu, bari barironkeye ubukerebutsi n’ugutahura, ari na vyo vyabamaze akanyota bageze mu busaza. (Itanguriro 25:8; 35:29; Yobu 12:12; 42:17) None ni igiki cabafashije kuroranirwa bigatuma basaza bahimbawe? Nta nkeka, vyavuye ku kubaho bisunga ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya muri iki gihe.​—Zaburi 119:105; 2 Timoteyo 3:16, 17.

      3. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ku bw’abagabo n’abagore bakuze?

      3 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Tito, abariko barasaza yarabahaye ubuyobozi buroranye. Yanditse ati: “Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana. N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza.” (Tito 2:2, 3) Ushize ku mutima ayo majambo, vyoshobora kugufasha guhangana n’ingorane zizanwa n’ubusaza.

      NUMENYERE UKWISHIRA N’UKWIZANA KW’ABANA BAWE

      4, 5. Abavyeyi benshi bavyakira gute igihe abana babo bavuye i muhira? Kandi ni igiki gifasha bamwebamwe kumenyera ubwo buzima bushasha?

      4 Iyo uruhara umuntu yari afise ruhindutse, bisaba kubimenyera. Ese ukuntu ivyo ari ko bimera igihe abana bakuze basohowe bakaja kwubaka izabo! Ku bavyeyi benshi, ico kiba ari ikintu ca mbere kibibutsa yuko bariko barasaza. Naho abavyeyi baba bahimbawe n’uko abana babo bakuze, kenshi baribaza nimba barakoze ivyo bari bashoboye vyose kugira ngo bategure abana ku bw’igihe bazoba bishira bakizana. Kandi barashobora kubakumbura i muhira.

      5 Birumvikana ko abavyeyi babandanya kurazwa ishinga n’ukumererwa neza kw’abana babo, no mu gihe baba batakiri i muhira iw’abavyeyi. Umukenyezi umwe yavuze ati: “Ese iyaba naza ndumva amakuru yabo kenshi, kugira ngo nsubize umutima mu nda yuko bakomeye! Ivyo vyompimbara koko.” Serugo umwe yigana ati: “Igihe umwigeme wacu yava i muhira, kuvyihanganira vyari bigoye cane. Twumvise hari ikintu kinini kibuze mu rugo iwacu, kuko twahora twama dukorera hamwe akantu kose.” Ni igiki cafashije abo bavyeyi kuvyifatamwo neza igihe abana babo batari bakiri kumwe na bo? Kenshi icabafashije, ni uko bitwararika abandi bantu bakongera bakabafasha.

      6. Ni igiki gifasha kugira ngo ubucuti buri hagati y’abagize urugo bugume bubonwa nk’uko bibereye?

      6 Igihe abana bubatse izabo, uruhara rw’abavyeyi rurahinduka. Mw’ Itanguriro 2:24 havuga hati: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata, [babe] umubiri umwe.” (Ni twe tubihiritse.) Igihe abavyeyi bemera icese ingingo ngenderwako z’Imana zigenga uwuri umutwe zikagenga n’urutonde rwiza, bizobafasha kuguma babona ibintu mu buryo bubereye.​—1 Ab’i Korinto 11:3; 14:33, 40.

      7. Ni inyifato nziza iyihe serugo umwe yatsimbataje igihe abigeme biwe baja kwubaka izabo?

      7 Aho abigeme babiri bamariye kwubaka izabo bakaja kuba ahandi, se na nyina bumvise hari ikintu kinini babuze mu buzima bwabo. Mu ntango, se yumvise ashavuriye abakwe biwe. Mugabo aho azirikaniye kuri ya ngingo ngenderwako yerekeye uwuri umutwe w’urugo, yarabonye yuko abagabo b’abigeme biwe ari bo bari bajejwe guhagarikira ingo zabo. Ni co gituma igihe abigeme biwe bamusaba impanuro, yababaza ico abagabo babo biyumvira, hanyuma agaheza akabashigikira uko ashoboye kwose. Ubu abakwe biwe bamubona nk’umugenzi, kandi barakira neza impanuro ziwe.

      8, 9. Abavyeyi bamwebamwe bahavuye bamenyera gute ukwishira n’ukwizana kw’abana babo bakuze?

      8 Vyogenda gute mu gihe abaherutse kurushinga badashoboye gukora ivyo abavyeyi biyumvira ko ari vyo vyiza, naho nyene ata canditswe boba barenze? Hari umugabo n’umugore bavuze bati: “Twama tubafasha kuraba ukuntu Yehova abona ibintu. Mugabo mu gihe tutemeranije n’ingingo bafashe, turayemera kandi tukabashigikira mbere tukanabaremesha.”

      9 Mu turere tumwetumwe two muri Aziya, hariho ba inarugo bamwe basanga bigoye cane kwemera ko abahungu babo bishira bakizana. Ariko rero, mu gihe bubaha urutonde rwa gikirisu be n’uwuri umutwe, basanga ukutumvikana hagati yabo n’abakazana babo kugabanuka. Umukenyezi umwe w’Umukirisu abona ko ugusohorwa kw’abahungu biwe kwamubereye “isoko ry’ugukenguruka kwama kwiyongera.” Ari n’akanyamuneza ko kubona bashoboye gutunganya ingo zabo. Ivyo vyatumye we n’umugabo wiwe baremururwa umuzigo wo ku mubiri no mu bwenge babwirizwa kwikorera uko bagenda barasaza.

      NIMUNAGURE UBUCUTI BWANYU BWO MU MUBANO W’ABABIRANYE

      Ifoto ku rup. 166

      Uko mugenda musaza, nimukurane amazinda yuko mukundana

      10, 11. Ni impanuro izihe zo mu Vyanditswe zizofasha abantu kwirinda imitego imwimwe iva ku gutangura gusaza?

      10 Abantu bagira inyifato zitandukanye igihe bariko baregereza ubusaza. Abagabo bamwebamwe barambara mu bundi buryo barondera kuboneka nk’abakiri bato. Abagore benshi barahagarikwa umutima n’ibihinduka iyo bageze mu gihe co guca imvyaro. Ikibabaje, abantu bamwebamwe bageze muri iyo myaka barashavuza abo bubakanye, bakanabatera ishari mu kugendana n’abo badasangiye igitsina bakiri bato. Mugabo abagabo b’inararibonye bubaha Imana, “bararoranye mu muzirikanyi,” bakagonda ivyipfuzo bibi. (1 Petero 4:7, NW) Abakenyezi bahumuye na bo nyene baragira akigoro kugira ngo umubano wabo w’abubatse ugume utekaniwe, bivuye ku rukundo bakunda abagabo babo be no ku cipfuzo bafise co guhimbara Yehova.

      11 Biciye ku guhumekerwa, Umwami Lemuweli yaranditse amajambo avuga neza “umugore aroranye” aronsa umugabo wiwe ‘ivyiza atari ibibi, imisi yose y’ukubaho kwiwe.’ Serugo w’Umukirisu ntazobura gushima ukungene umugore wiwe agwa avyuka kugira ngo yihanganire umubabaro wo mu mutima agira mu gihe ageze mu zabukuru. Urukundo umugabo wiwe amukunda ruzotuma ‘amushemagiza.’​—Imigani 31:10, 12, 28.

      12. Abubakanye bashobora gute kuza barakomeza ubucuti bwabo uko imyaka irengana?

      12 Mu gihe ca ya myaka y’igikorwa kinini co kurera abana, wewe n’uwo mwubakanye mushobora kuba mwarashimye kwirengagiza ivyo mwipfuza kugira ngo muronse abana banyu ivyo bakeneye. Bamaze kuva i muhira, haba hageze ko musubira kwitwararika canecane ubuzima bwanyu bw’abubatse. Umunega umwe avuga ati: “Aho mariye gusohora abigeme banje, nasigaye namana n’umugore wanje.” Uwundi munega avuga ati: “Tuguma dushinze ijisho ku magara y’umwumwe wese muri twebwe, kandi tukibukanya ko kunonora umubiri bikenewe.” Kugira ngo ntibumve irungu, we hamwe n’umugore wiwe baza barakira iwabo abandi bantu bo mw’ishengero. Egome, kwereka abandi ko ubababaye birazana imihezagiro. Vyongeye, birahimbara Yehova.​—Ab’i Filipi 2:4; Abaheburayo 13:2, 16.

      13. Ukudahishanya n’ukubwirana ukuri birangura uruhara uruhe uko umugabo n’umugore basazana?

      13 Ntukareke ngo habe umukokwe mu vyerekeye uguseruriranira akari ku mutima hagati yawe n’uwo mwubakanye. Nimuganire mudahishanya. (Imigani 17:27) Umunega umwe avuga ati: “Turakomeza ugutahurana kwacu mu kwitwararika no mu kwubahiriza uwundi.” Umukenyezi wiwe aremeranya na we ati: “Kubera ko dushaje, turashobora gusangirira hamwe akayi, tukayaga, eka tugasenyera ku mugozi umwe.” Kudahishanya no kubwirana ukuri birashobora gufasha kwunga ubucuti bwanyu bwo mu mubano w’ababiranye. Ivyo birawuha ubushobozi bwo guhangana n’ibitero vya Shetani, we arondera gusenyura umubano w’ababiranye.

      NIMUNEZERERERWE ABUZUKURU BANYU

      14. Ni uruhara uruhe biboneka ko inakuru wa Timoteyo yaranguye mu kumurera rukirisu?

      14 Abuzukuru ni bo “gitsibo” c’abageze mu zabukuru. (Imigani 17:6) Ukuba kumwe n’abuzukuru birashobora guhimbara vy’ukuri. Biraha umuntu ingoga kandi bikamweza umutima. Bibiliya iravuga neza ivya Lowisi, uwari inakuru w’umwana w’umuhungu yitwa Timoteyo, ari na we yigishije uwo mwuzukuru wiwe ivyo yemera afashanije na nyina wiwe Ewunike. Uwo musore yakuze azi yuko nyina na inakuru bompi baha agaciro ukuri kwa Bibiliya.​—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

      15. Ku biraba abuzukuru, ni intererano nyabaki y’agaciro ba sekuru na ba inakuru bashobora gutanga? Mugabo ni igiki bakwiye kwirinda?

      15 Ico rero ni ikintu gihambaye ba sekuru na ba inakuru bashobora kugira ico baterereyemwo. Yemwe ba sekuru na ba inakuru, muramaze kwigisha abana banyu ivyerekeye imigambi ya Yehova. Ubu murashobora kubigirira gutyo n’irindi yaruka rizoza! Abana benshi bakiri bato barahimbarwa cane no kwumva ba sekuru na ba inakuru bigana inkuru zo muri Bibiliya. Birumvikana, ntimuca mutwara ibanga ajejwe sebibondo ryo kwigisha ukuri kwa Bibiliya abana biwe. (Gusubira mu Vyagezwe 6:7) Ahubwo, murabunganira. Ese isengesho ryanyu ryoba nka rimwe ry’umwanditsi wa Zaburi rigira riti: “Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.”​—Zaburi 71:18; 78:5, 6.

      16. Ba sekuru na ba inakuru bashobora gute kwirinda kuba inkwezi y’uruhagarara rutsimbatara mu muryango iwabo?

      16 Ikibabaje, ba sekuru na ba inakuru bamwebamwe barashira amajambo menshi cane mu bana batoyi gushika n’aho imitsi iranda hagati yabo n’abana babo bakuze. Ariko rero, ubuntu bwawe buvuye ku mutima bwoshobora kumbure gutuma abuzukuru bawe boroherwa no kukwitura igihe bumva hari ibintu badashaka guhishurira abavyeyi babo. Rimwe na rimwe, abakiri bato bizigira ko kubera ba sekuru na ba inakuru bari n’umutima mwiza bazobashigikira bakarwanya abavyeyi babo. None vyogenda gute? Nukoreshe ubukerebutsi hanyuma uremeshe abuzukuru bawe kwugurukira abavyeyi babo. Urashobora gusigura yuko ivyo bihimbara Yehova. (Abanyefeso 6:1-3) Nimba bikenewe, woshobora kwibwiriza kubahanura ko bomenyesha abavyeyi iyo ngorane hakiri kare. Nturye umunwa mu kuganirira abuzukuru bawe ivyo wagiye uramenya mu myaka n’iyindi. Uvuze udahisha kandi ugacisha aho ukuri kuri birashobora kubagirira akamaro.

      NUMENYERE UKO UGENDA URASAZA

      17. Ni umwiyemezo uwuhe w’umwanditsi wa Zaburi Abakirisu bariko barasaza bakwiye kwigana?

      17 Uko imyaka igenda iriterera, uzosanga udashobora gukora ivyo wahora ukora vyose, canke ivyo ushaka gukora vyose. None umuntu yihanganira ubusaza gute? Mu muzirikanyi wawe, ushobora kwumva umeze nk’umuntu w’imyaka 30, mugabo wiraba gatoyi mu cirore ugasanga bimeze ukundi. Ntucike intege. Umwanditsi wa Zaburi yarazambiye Yehova ati: “Ntunte mu gihe c’ubutāma, ntumpebe mu gihe intege zanje zishize.” Niwishingire kwigana umwiyemezo w’uwo mwanditsi wa Zaburi. Yavuze ati: “Jeho nzokwama nizigira ubudasība, nzokwiyongeranya kugushima.”​—Zaburi 71:9, 14.

      18. Umukirisu ahumuye ashobora gute gutorera akunguko ku gukukuruka?

      18 Benshi bariteguye hakiri kare kugira baze bongereze amashemezo bahora batura Yehova igihe boba bamaze gukukuruka mu kazi. Serugo umwe ubu yakukurutse asigura ati: “Nari narategekanije ico nokora igihe umwigeme wacu yaheza amashure. Nari niyemeje gutangura ubusuku bwo kwigisha bw’igihe cose, kandi nari naragurishije umutahe nari mfise kugira ngo noroherwe no gukorera Yehova ntiziganya. Narasavye Imana ngo inyobore.” Nimba wegereje imyaka yo gukukuruka, nuhumurizwe n’aya majambo yamenyeshejwe n’Umuremyi wacu Ahambaye: “Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka.”​—Yesaya 46:4.

      19. Ni impanuro iyihe itangwa ku bw’abariko barasaza?

      19 Kumenyera ubukukuruke bishobora kuba bitoroshe. Intumwa Paulo yahanuye abatama ngo “boye kurenza urugero.” Ivyo bisaba ukwigumya muri vyose, badatsindwa n’umutima wo kurondera ubuzima bwo kwamikara. Umaze gukukuruka, ushobora mbere no gukenera ikintu wama ukora no kwigumya kuruta uko wahora. Nugire rero vyinshi ukora, ‘urushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko uzi yuko ubutame bwawe atari ubw’ubusa mu Mwami.’ (1 Ab’i Korinto 15:58) Mu bikorwa vyawe nushiremwo gufasha abandi. (2 Ab’i Korinto 6:13) Abakirisu benshi ivyo babigira mu kwamamaza inkuru nziza n’umwete, baravye uko ivyabo vyifashe. Uko ugenda urasaza, nube “[uwu]hangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana.”​—Tito 2:2.

      IGIHE UBUZE UWO MWARI MWUBAKANYE

      20, 21. (a) Muri uru runkwekwe rw’ibintu, ni igiki gitegerezwa guteba kigatandukanya abubakanye? (b) Ana ashobora gute kubera akarorero keza ababuze abo bari bubakanye?

      20 Ni ikintu kibabaje mugabo kibaho, kubona muri uru runkwekwe rw’ibintu abubatse bateba bagatandukanywa n’urupfu. Abakirisu babuze abo bari bubakanye barazi yuko ababo basinziriye, kandi bizigiye yuko bazokwongera kubabona. (Yohana 11:11, 25) Mugabo ukubura ababo ntikubura kubatera intuntu. None uwusigaye yovyifatamwo gute?a

      21 Kwamiza mu muzirikanyi ico umuntu kanaka wo muri Bibiliya yagize, bizogufasha. Uwitwa Ana yapfakaye haciye imyaka indwi gusa yubatse, kandi dusoma inkuru imwerekeye igihe yari afise imyaka 84 y’amavuka. Turashobora kwemera ata gukeka yuko yatuntuye igihe yabura umugabo wiwe. None yavyihanganiye gute? Yarangurira Yehova Imana umurimo mweranda ku rusengero, ijoro n’umutaga. (Luka 2:36-38) Nta nkeka, ubuzima Ana yagize mu murimo ujanye n’ugutakamba bwaramubereye umuti w’intuntu n’irungu yiyumvisemwo amaze gupfakara.

      22. Abagore n’abagabo bamwebamwe bapfakaye bashoboye gute kwihanganira irungu?

      22 Umukenyezi umwe w’imyaka 72 y’amavuka, inyuma y’aho amariye imyaka cumi apfakaye, asigura ati: “Aho urugamba rukomereye kuri jewe, ni uko ntagira umugenzi tuyaga. Umugabo wanje yaranyumviriza neza. Twaraganira ivyerekeye ishengero hamwe n’uruhara tugira mu busuku bwa gikirisu.” Hari uwundi mupfakazi avuga ati: “Naho nyene uko imisi ihera ari ko nibagira ingorane yanje, nasanze ico umuntu akora mu mwanya afise ari co kimufasha kwibagira nya ngorane. Uba ushoboye gufasha abandi.” Umugabo umwe yapfakaye w’imyaka 67 aravyemera, akavuga ati: “Uburyo bwiza igitangaza bwo kwihanganira ugupfakara, ni ugukora ivyo ushoboye vyose mu guhumuriza abandi.”

      UMUSAZA ARAGIRA AGACIRO MU NYONGA Z’IMANA

      23, 24. Bibiliya ihumuriza cane abasaza gute, na canecane abapfakaye?

      23 Naho urupfu rutwara umuntu uwo bari bubakanye, Yehova ntaho yigera ahemuka na gato. Umwami Dawidi wa kera yatereye mu gahogo ati: “Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: n’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.”​—Zaburi 27:4.

      24 Intumwa Paulo ahimiriza ati: “Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.” (1 Timoteyo 5:3) Impanuro ikurikira iryo bwirizwa irerekana yuko abapfakazi bafise izina ryiza ariko batagira incuti za hafi bashobora kuba bari bakeneye imfashanyo y’ivy’umubiri bahabwa n’ishengero. Naho ari ukwo, muri iryo bwirizwa rivuga ngo “wubahe” harimwo iciyumviro co kubaha agaciro. Ese uguhumurizwa abagabo n’abagore bubaha Imana bapfakaye bashobora gukura ku kumenya yuko Yehova abaha agaciro kandi akazobatunga!—Yakobo 1:27.

      25. Ni intumbero iyihe abageze mu zabukuru bashobora kuguma bafise?

      25 Ijambo ry’Imana ryahumetswe rimenyesha riti: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.” (Imigani 16:31; 20:29) Waba wubatse canke utubatse, canke ukaba usigaye wenyene, nubandanye rero gushira umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe. Gutyo uzogira izina ryiza ku Mana ubu, wongere ugire icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi aho imibabaro iva ku busaza itazoba ikiriho.​—Zaburi 37:3-5; Yesaya 65:20.

      a Nimba ushaka kumenya ido n’ido kuri ico kibazo, raba agatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . ABUBAKANYE UKO BAGENDA BARASAZA?

      Abuzukuru ni “[i]gitsibo” c’abasaza.​—Imigani 17:6.

      Ubusaza bushobora kuzana utundi turyo two gukorera Yehova.​—Zaburi 71:9, 14.

      Abageze mu zabukuru baremeshwa “ku[ta]renza urugero.”​—Tito 2:2.

      Ababuze abo bari bubakanye, naho baba batuntuye cane, barashobora kuronka uguhumurizwa muri Bibiliya.​—Yohana 11:11, 25.

      Yehova araha agaciro abageze mu zabukuru b’intahemuka.​—Imigani 16:31.

  • Dutere Iteka Abavyeyi Bacu Bageze mu Zabukuru
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Gatanu

      Dutere Iteka Abavyeyi Bacu Bageze mu Zabukuru

      1. Ni imyenda iyihe dufitiye abavyeyi bacu, kandi dukwiye rero kubabona gute vyongeye tukabagirira iki?

      “WUMVIRE so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.” Iyo ni impanuro yatanzwe n’umugabo w’inkerebutsi wa kera cane. (Imigani 23:22) Kumbure wovuga, uti ‘Ivyo nta vyo nokwigera nubahuka yemwe!’ Aho gukengera abavyeyi bacu, benshi muri twebwe turabumvira urukundo rugera kure. Turemera icese yuko tubafitiye umwenda munini. Ica mbere coco, abavyeyi bacu ni bo batwibarutse. Naho Yehova ari we Soko ry’ubuzima, iyo hataba abavyeyi bacu, ntitwobayeho. Nta kintu na kimwe twoha abavyeyi bacu gifise agaciro nk’ubuzima ubwabwo. Ca rero wiyumvira ukuntu bitanga, ingene bahagarika umutima, amahera basohora, hamwe n’ubwitwararitsi bagira bwuzuye urukundo mu gufasha umwana kuva mu bwana gushika agere mu bigero. Ese rero ukuntu vyumvikana, kuba Ijambo ry’Imana rihanura riti: “[“Utere iteka,” NW] so na nyoko, . . . kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi”!—Abanyefeso 6:2, 3.

      TUMENYE KO HARI IVYO BAKENEYE MU KANYENGETERA

      2. Abana bakuze bashobora gute “kwishura ivyiza” abavyeyi babo?

      2 Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu ati: “Abana cank’abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.” (1 Timoteyo 5:4) Abana bakuze ‘barishura ivyo ivyiza’ abavyeyi babo, ba sekuru be na ba inakuru, mu kwerekana ko babakengurukira ku myaka bamaze babagaragariza urukundo, babakorera, bongera bababungabunga. Uburyo bumwe abana bashobora kubigira, ni mu kwemera icese yuko, cokimwe n’uwundi muntu uwo ari we wese, abageze mu zabukuru bakeneye gukundwa no guhumurizwa, kenshi mbere usanga ari vyo bakeneye rwose. Cokimwe na twebwe twese, barakeneye kwiyumvamwo ko bahabwa agaciro. Barakeneye kwiyumvamwo yuko ubuzima bwabo buri n’ico bumaze.

      3. Dushobora gute gutera iteka abavyeyi, ba sogokuru na ba nyogokuru?

      3 Turashobora rero gutera iteka abavyeyi bacu, ba sogokuru na ba nyogokuru, mu kubamenyesha yuko tubakunda. (1 Ab’i Korinto 16:14) Nimba abavyeyi bacu tutabana, dukwiye kwibuka yuko iyo bumvise amakuru yacu bishobora kubaremesha cane. Agakete karyoshe, kubākura kuri telefone, canke kubagendera, birashobora kubongerereza umunezero. Umutamakazi umwe yitwa Miyo wo mu Buyapani, igihe yari afise imyaka 82 y’amavuka, yanditse ati: “Umwigeme wanje [umugabo wiwe akaba ari umusuku w’ingenzi] ambwira ati: ‘Ma, ndakwinginze “tujane.” ’ Arandungikira urutonde rwabo rw’uturere bazogendera, bakanampa inomero za telefone z’aho noshobora kubasanga ku ndwi ku ndwi. Ndashobora kuzingurura ikarata ndondabihugu yanje nkavuga nti: ‘Ubu bari aha!’ Nantaryo ndakengurukira Yehova kubw’umuhezagiro yampaye wo kugira umwana nk’uwo.”

      TUBAFASHISHE IBINTU BAKENEYE VY’UMUBIRI

      4. Umugenzo wo mw’idini y’Abayuda waremesheje gute kuba ingumyi ku bavyeyi bageze mu zabukuru?

      4 Mbega gutera iteka abavyeyi vyoba bisaba kandi kubaronsa ivyo bakeneye vy’umubiri? Egome. Kenshi ni co bisaba. Mu gihe ca Yezu, indongozi z’idini y’Abayuda zarashigikira umugenzo w’uko iyo umuntu yavuze yuko amahera yiwe canke ikintu atunze ari ‘ivyo azoshikanira Imana,’ ngo yaba akuweko ibanga ryo kubikoresha mu kubungabunga abavyeyi. (Matayo 15:3-6) Ewe kuntu bari ingumyi! Mu vy’ukuri, izo ndongozi z’idini wasanga ziremesha abantu kudatera iteka abavyeyi babo, ahubwo zikabaremesha kubaraba irarirari mu kubima ivyo bakeneye, kubera ubwikunzi. Ntitukigere tugira ikintu nk’ico!—Gusubira mu Vyagezwe 27:16.

      5. Naho haba imfashanyo zitangwa na Leta mu bihugu bimwebimwe, ni kuki gutera iteka abavyeyi rimwe na rimwe harimwo kubaha imfashanyo y’amahera?

      5 Mu bihugu vyinshi muri iki gihe, hariho imigambi yo gufasha abatishoboye yegamiye Leta usanga ironsa abageze mu zabukuru ivyo bakeneye vy’umubiri, nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Vyongeye, abageze mu zabukuru ubwabo bishobora kuba vyarabakundiye kugira utwo biziganiriza kubw’igihe bobaye bashaje. Mugabo mu gihe izo mfashanyo ziheze canke bikaboneka ko zidahagije, abana baratera iteka abavyeyi babo mu gukora ivyo bashoboye kugira ngo baronse abavyeyi ivyo bakeneye. Ubiravye, kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru ni icemeza ko umuntu ayobokera Imana, ni ukuvuga ko ayobokera Yehova Imana we yatanguje ivy’urugo.

      URUKUNDO N’UKWITANGA

      6. Ni indinganizo izihe z’ivy’ubuzima bamwebamwe bagize kugira ngo biteho ivyo abavyeyi babo bakeneye?

      6 Abana bakuze benshi barashoboye kwitwararika ivyo abavyeyi babo b’ibimuga bakeneye, bakabigirana urukundo n’umutima wo kwitanga. Bamwe baratwaye mu ngo iwabo abavyeyi, canke bimukira hafi yabo. Abandi barimutse bimukana n’abavyeyi babo. Kenshi mwene izo ndinganizo zarabereye umuhezagiro abavyeyi n’abana nyene.

      7. Ni kuki ari vyiza kutihutagiza gufata ingingo ku biraba abavyeyi bageze mu zabukuru?

      7 Mugabo rimwe na rimwe, mwene ukwo kwimuka ntikuvamwo ivyiza. Uti kuki? Kumbure kubera ko ingingo ziba zafashwe gihutihuti, canke zigafatwa zishingiye gusa ku kanyengetera k’umuntu. Bibiliya iratugabisha n’ubukerebutsi iti: “Umunyamakenga agenda agavye.” (Imigani 14:15) Nk’akarorero, dufate yuko nyoko wawe ageze mu zabukuru bimugora kwibana wenyene, hanyuma ukaba wiyumvira yuko yotora akoyoko ari uko aje kuba iwawe. Urimbuye intambwe zawe ukoresheje ubukerebutsi, woshobora kurimbura ibikurikira: Ivyo akeneye koko ni ibiki? Hoba hariho amashirahamwe yegamiye Leta canke atayegamiye atanga ubundi buryo bushoboka bwomufasha? Yoba ashaka kwimuka? Nimba abishaka, hoba hari ico ubuzima bwiwe buzoba niyimuka? Yoba azobwirizwa guheba abagenzi? Ivyo vyoba hari ico bizomugira mu kanyengetera? Ivyo woba urabiganira na we? Mwene ukwo kwimuka hoba hari ico kwokugira wewe, uwo mwubakanye canke abana bawe? Nimba nyoko wawe akeneye uwumuraba, azorabwa na nde? Hoba hari abandi mwofadikanya iryo banga? Ivyo bintu woba warabiganiriye n’abo vyega bose?

      8. Ni bande woshobora kubaza igihe ufata ingingo y’ukuntu wofasha abavyeyi bawe bageze mu zabukuru?

      8 Kubera ko ibanga ryo kubabungabunga riraba abana bose bo mu rugo, vyoshobora kuba biranga ubukerebutsi kugira inama y’umuryango kugira ngo bose babigiremwo uruhara mu gufata ingingo. Kuganira n’abakurambere bo mw’ishengero ry’Abakirisu canke n’abagenzi bahanganye n’iyo ngorane nyene, vyoshobora gufasha. Bibiliya ituburira iti: “Ahatagira inama imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera.”​—Imigani 15:22.

      NUGIRE IMPUHWE KANDI UTAHURE

      9, 10. (a) Naho abageze mu zabukuru bagenda barasaza, bakwiye kwubahirizwa gute? (b) Naho umwana yotera intambwe izihe ku bw’abavyeyi biwe, ni igiki akwiye kwama abagirira?

      9 Gutera iteka abavyeyi bacu bageze mu zabukuru bisaba kugira impuhwe no gutahura. Kubera ko ubusaza buzana amarushwa atoroshe, abageze mu zabukuru bashobora gusanga biza birarushiriza kubagora gutambuka, gufungura, no kwibuka. Bashobora gukenera icobafasha. Kenshi abana bararazwa ishinga n’ugukingira abavyeyi babo, bakagerageza kubaha ubuyobozi. Mugabo abageze mu zabukuru ni abantu bakuze bamaze ubuzima bwabo bwose bagwiza ubukerebutsi n’ubumenyi bw’utuntu n’utundi, bibako bongera bifatira ingingo. Akaranga kabo hamwe n’icubahiro cabo bishobora kuba bishingiye ku ruhara rwabo rw’abavyeyi n’abantu bakuze. Abavyeyi bibaza yuko bategerezwa kurekera ubuzima bwabo mu minwe y’abana babo, boshobora kuzovunika umutima canke bakaraka. Bamwe barababazwa n’ivyo babona ko umengo ni ukurondera kubaka ukwishira n’ukwizana kwabo, no kubirwanya bakabirwanya.

      10 Nta muti woroshe uriho kuri izo ngorane, mugabo vyoba biranga ubuntu uhaye abavyeyi bageze mu zabukuru uburyo bwo kwitunganiriza ivyabo no kwifatira ingingo uko bishoboka kwose. Ntibiranga ubukerebutsi guhitiramwo abavyeyi icobabera ciza mutabanje kubiganira. Ubusaza bushobora kuba bwabatakarije vyinshi. Nubareke bakoreshe umwidegemvyo bagisigaranye. Ushobora gusanga uko ugerageza kureka gucungera ubuzima bw’abavyeyi bawe ariko ubucuti bwawe na bo buzorushiriza kuba bwiza. Bazorushiriza guhimbarwa, kandi nawe ni kwo kw’ukwo. Naho vyokenerwa ko ukovya ku bintu bimwebimwe ku neza yabo, gutera iteka abavyeyi bawe bisaba ko ubaha iteka n’icubahiro bakwiriye. Ijambo ry’Imana rihanura riti: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.”​—Abalewi 19:32.

      NITUGUMANE AGATIMA KABEREYE

      11-13. Naho imigenderanire umwana akuze afitaniye n’abavyeyi yoba itari myiza muri kahise, ashobora gute kurwana urugamba rwo kubabungabunga mu busaza bwabo?

      11 Rimwe na rimwe ingorane abageze mu bigero bahura na yo mu vyo gutera iteka abavyeyi babo bageze mu zabukuru, ni iyijanye n’imigenderanire bari bafitaniye n’abavyeyi babo bakiri abana. Kumbure so wawe nta gishika n’urukundo yari afise, nyoko wawe na we akaba umuntu yiganza kandi w’imburakigongwe. Ushobora kuba ucumva umujinya, ishavu, canke ukumva ubabaye kubera ko batari abavyeyi bameze nk’uko wavyipfuza. None woba ushobora kurengera mwene izo nyiyumvo?a

      12 Umugabo umwe yitwa Basse yakuriye muri Finilande yigana ibi: “Umugabo wa mawe yari yahoze mu gisoda ca Hitler mu Budagi bw’Abanazi. Yashavura ningoga, ico gihe agaca aba nk’igikoko. Yarakubita mawe kenshi, akamukubitira mu maso yanje. Igihe kimwe yari yanshavuriye, azinga umukaba wiwe maze ampushuza umutwe wawo mu maso. Uwo mukaba warambabaje gushika aho nsigara nigonyonzorera ku buriri.”

      13 Ariko ntiyakora ivyo bibi gusa. Basse yongerako ati: “Naho yari ameze ukwo, yarakora atiziganya mu kubungabunga abo mu rugo mu vyo bakeneye vy’umubiri. Ntiyigeze angirira igishika ca kivyeyi, mugabo nari nzi ko ku mutima yari yarababaye. Nyina wiwe yari yamwomoye kuva akiri agahungu gatoyi. Yakuze arwana, aja kwinjira mu ntambara ari umusore. Narashobora kumutahura gatoyi, kandi sinamuraba ribi. Aho mariye gukura, narashimye kumufasha uko nshobora kwose gushika ku gupfa kwiwe. Ntivyari vyoroshe, mugabo narakoze ivyo nshobora. Naragerageje kumubera umwana mwiza gushika kw’iherezo, kandi niyumvira yuko yamfata ukwo.”

      14. Ni icanditswe ikihe gikora mu ngorane zo mu rugo zose, harimwo n’izivyuka mu gihe co kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru?

      14 Mu ngorane zo mu rugo, cokimwe no mu zindi nyene, iyi mpanuro ya Bibiliya irakora: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.”​—Ab’i Kolosayi 3:12, 13.

      UWUBABUNGABUNGA NA WENE ARAKWIYE KUGABA

      15. Ni kuki kubungabunga abavyeyi rimwe na rimwe usanga biruhije?

      15 Kwitwararika umuvyeyi w’ikimuga ni igikorwa kigoye gisaba udukorwa twinshi, ni ukwikorera ibanga rinini, risaba n’umwanya muremure. Mugabo ahagoye cane ni mu vy’akanyengetera. Biraruhije kubona abavyeyi bawe bagenda baratakaza amagara, ubwenge, n’ukwishira n’ukwizana kwabo. Uwitwa Sandy wo muri Porto Rico yigana ati: “Mawe yari we nkingi y’urugo rwacu. Kumubungabunga vyari bigoye cane. Ubwa mbere yatanguye gucumbagira; maze yarakeneye ikibando agenderako, hanyuma akenera icuma c’ukuguru gituma ahonyora, hakurikira ikinga ry’ibimuga. Mu nyuma y’ivyo, ibintu vyarunyutse gushika aho asandabiye. Yari yagwaye kanseri yo mw’igufa, akaba yakenera kwitwararikwa umwanya wose, ijoro n’umutaga. Twaramwuhagira, tukamugaburira, eka tukamusomera. Vyari bigoye cane, na canecane mu vy’akanyengetera. Igihe natahura yuko mawe yari agiye gupfa, nararize kuko naramukunda cane.”

      16, 17. Ni impanuro iyihe ishobora gufasha nyene kubungabunga uwugeze mu zabukuru kuguma abona ibintu ku rugero?

      16 Mu gihe nawe usanze ibintu bigoye nk’ukwo, wobikika gute? Kwumviriza Yehova mu gusoma Bibiliya no mu kuganira na we biciye mw’isengesho bizogufasha rwose. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Mu buryo ufungura, raba neza ko ufungura imfungurwa zirimwo ivya ngombwa vyose, kandi ugerageze gusinzira bikwiye. Ivyo ubigize, uzorushiriza kworoherwa no kubungabunga uwawe, haba mu vy’akanyengetera no ku mubiri. Kumbure urashobora kuza urafata akanya ukaruhuka ivyo bikorwa wamamwo vya misi yose. No mu gihe nyene gufata ikiruhuko vyoba bidashoboka, inzira y’ubukerebutsi ni uko wotegekanya umwanya wo kwisamaza. Kugira ngo uronke akanya ko kubiruhuka, hari aho woshobora kurondera uwundi muntu asigarana uwo muvyeyi wawe yirwariye.

      17 Akatari gake birashika ko uwo muntu akuze amubungabunga yitega gukora ivyo adashobora. Mugabo ntiwiyagirize ku vyo udashoboye gukora. Mu bihe bimwebimwe, bishobora gukenerwa ko umuntu wawe umushira mu bigo bijejwe kurera abageze mu zabukuru. Nimba ari wewe umubungabunga, niwishingire gukora ivyo ushoboye. Utegerezwa kuronsa abavyeyi bawe ivyo bakeneye, ariko kandi utibagiye n’abana bawe, uwo mwubakanye, utiyibagiye na wewe ubwawe.

      UBUSHOBOZI BURENGEYE UBUSANZWE

      18, 19. Ni isezerano irihe ry’ukudushigikira Yehova yatanze, kandi ni ivyabaye ibihe vyerekana yuko atihindukiza mw’ijambo?

      18 Biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova, ku bw’urukundo rwiwe, aratanga inyobozo zishobora gufasha cane umuntu mu vyo kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru. Mugabo iyo si yo mfashanyo yonyene atanga. Umwanditsi wa Zaburi ahumekewe, yanditse ati: “[Yehova] aba hafi y’abamwambaza bose . . . azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.” Yehova azokiza, ni ukuvuga azozigama abizigirwa biwe no mu ngorane zikomeye cane gute.​—Zaburi 145:18, 19.

      19 Myrna wo muri Filipine ivyo yaravyiboneye igihe yabungabunga nyina wiwe, uwari yacitse nk’ikimuga kubera indwara yo gucika imitsi yo mu bwonko. Myrna yandika ati: “Nta kintu kiruhije nko kubona uwawe asinzikara, adashobora kukubwira aho ababara. Vyasa no kumubona asoma nturi buhorobuhoro, kandi ata na kimwe nashobora kugira. Kenshi narapfukama nkabwira Yehova ukuntu binduhije. Narasemerera nka kumwe kwa Dawidi, uwazambiye Yehova ngo ashire amosozi yiwe mw’icupa hanyuma aze amwibuke. [Zaburi 56:8] Kandi nk’uko Yehova yasezeranye, yarampaye inguvu nari nkeneye. ‘Yehova yambereye inkingi.’ ”​—Zaburi 18:18.

      20. Ni imihango iyihe Bibiliya itanga ifasha bene kubungabunga uwugeze mu zabukuru kugumana icizigiro, naho nyene uwo musaza yopfa?

      20 Bivugwa yuko kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru bimeze nk’ “igitito giherana n’uwo kivuga.” Naho umuntu yogira akigoro kangana iki ko kubungabunga abageze mu zabukuru, barashobora gupfa nk’uko vyagendeye nyina wa Myrna. Mugabo abizigiye Yehova barazi yuko urupfu atari ryo herezo rya vyose. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mfise ivyizigiro ku Mana . . . , yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Ababuze abavyeyi babo bari bageze mu zabukuru, barahumurizwa n’icizigiro c’izuka hamwe na rya sezerano ry’uko hazobaho isi nshasha y’agahimbare izoba yatunganijwe n’Imana. Muri iyo si nshasha, “urupfu ntiruzoba rukiriho.”​—Ivyahishuriwe 21:4.

      21. Ni ivyiza ibihe biva mu gutera iteka abavyeyi bageze mu zabukuru?

      21 Abasavyi b’Imana barubahiriza cane abavyeyi babo, naho nyene bano boba bashaje. (Imigani 23:22-24) Barabatera iteka. Mu kubigenza gutyo, baribonera ikintu umugani umwe wahumetswe uvuga, uti: “So na nyoko ni banezerwe, nyoko yakuvyaye n’ahimbarwe.” (Imigani 23:25) Kandi n’igihambaye kuruta vyose, abatera iteka abavyeyi babo bageze mu zabukuru na bo nyene barahimbara Yehova Imana kandi bakamutera iteka.

      a Aha ntituriko tuvuga igihe abavyeyi batwaza umwana igitugu canke bakariramwo mbege ngo ni uko abizigira, bakamukorera ibisa n’ubugizi bwa nabi.

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE KUDUFASHA . . . GUTERA ITEKA ABAVYEYI BACU BAGEZE MU ZABUKURU?

      Dukwiye kwishura ivyiza abavyeyi, ba sogokuru na ba nyogokuru.​—1 Timoteyo 5:4.

      Ivyo dukora vyose dukwiye kubikorana urukundo.​—1 Ab’i Korinto 16:14.

      Ingingo zihambaye ntizikwiye kwigera zifatwa gihutihuti.​—Imigani 14:15.

      Abavyeyi bageze mu zabukuru, naho boba barwaye kandi bakaba ari magaramake, bategerezwa kwubahwa.​—Abalewi 19:32.

      Ntituzokwama nantaryo twiteze gusaza no gupfa.​—Ivyahishuriwe 21:4.

  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • Ikigabane ca Cumi na Gatandatu

      Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera

      1. Umugambi Yehova yari afitiye urugo wari uwuhe?

      IGIHE Yehova yahuza Adamu na Eva mu mubano w’ababiranye, Adamu yaraseruye umunezero afise mu kuvuga amajambo ya mbere aryoshe yanditswe mu Giheburayo. (Itanguriro 2:22, 23) Ariko rero, ico Umuremyi yari afise mu muzirikanyi ntikwari ugutuma abana biwe b’abantu baryoherwa vyonyene. Yashaka ko abubatse hamwe n’ingo bakora ivyo agomba. Yabwiye umugabo n’umugore ba mbere ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Ese ukuntu cari igikorwa gihambaye kandi kimara akanyota! Ese ukuntu Adamu na Eva be n’uruvyaro rwabo bari guhimbarwa iyo bakora ivyo Yehova agomba bakagamburuka muri vyose!

      2, 3. Ingo zishobora gute kugira agahimbare ntangere muri iki gihe?

      2 No muri iki gihe nyene, ingo ziragira agahimbare ntangere mu gihe abazigize bafatanye mu nda mu gukora ivyo Imana igomba. Intumwa Paulo yanditse ati: “Kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza.” (1 Timoteyo 4:8) Urugo rubaho ruyobokera Imana kandi rugakurikira ubuyobozi bwa Yehova nk’uko buri muri Bibiliya ruragira agahimbare mu “bu[zima] bga none.” (Zaburi 1:1-3; 119:105; 2 Timoteyo 3:16) Naho umuntu umwe wo mu rugo yoba ari we gusa akurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ibintu biragenda neza kuruta mu gihe ata n’umwe muri rwo yoba azikurikiza.

      3 Iki gitabu cavuze ingingo ngenderwako nyinshi zo muri Bibiliya zifasha kugira ngo mu rugo habe agahimbare. Kumbure wabonye yuko zimwezimwe muri zo ziguma zigaruka muri iki gitabu cose. Ni kubera iki? Ni kubera yuko zerekana ukuntu ukuri gufise ububasha gukora ku neza ya bose mu mice itandukanye y’ubuzima bwo mu rugo. Urugo rwihatira gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako za Bibiliya rusanga ukuyobokera Imana ‘gufise isezerano ry’ubuzima bwa none’ koko. Reka dusubire turabe zine muri izo ngingo ngenderwako zihambaye.

      AGACIRO K’UKWIGUMYA

      4. Ni kuki ukwigumya ari ikintu gihambaye mu mubano w’ababiranye?

      4 Umwami Salomo yavuze ati: “Umuntu atītāngīra mu mutima ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.” (Imigani 25:28; 29:11) ‘Kwitangira mu mutima,’ ni ukuvuga kwigumya, ni ikintu gihambaye ku bashaka umubano urimwo agahimbare. Kureka ugatwarwa n’akanyengetera konona ibintu, nk’uburake canke ukwipfuza ubushegabo, bizokwica ibintu vyosaba imyaka kugira bisubizwe mu buryo, nimba vyonashoboka hoho.

      5. Umuntu w’umunyagasembwa ashobora gute gutsimbataza ukwigumya, hanyuma bikavamwo ivyiza ibihe?

      5 Birumvikana, nta wukomoka kuri Adamu ashobora gukontorora neza umubiri wiwe w’umunyagasembwa. (Abaroma 7:21, 22) Mugabo ukwigumya ni icamwa c’impwemu. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ni co gituma impwemu y’Imana izokwama muri twebwe ukwigumya nimba dusaba Imana iyo kamere, nimba dukurikiza impanuro ibereye dusanga mu Vyanditswe, nimba kandi twifatanya n’abandi bayigaragaza, tukirinda abatayigaragaza. (Zaburi 119:100, 101, 130; Imigani 13:20; 1 Petero 4:7) Mwene iyo ngendo izodufasha ‘guhunga ubusambanyi,’ no mu gihe twoba twohejwe nabi. (1 Ab’i Korinto 6:18) Tuzokwamirira kure ubukazi vyongeye tuzibukire canke dutsinde akaborerwe. Eka mbere n’igihe hari abadusomborokeje canke tugahura n’ingorane, tuzobitunganya dutekereje. Ese twese, harimwo n’abana, twokwiga gutsimbataza ico camwa gihambaye c’impwemu.​—Zaburi 119:1, 2.

      IVY’UWURI UMUTWE TUBIBONE NK’UKO BIBEREYE

      6. (a) Ni urutonde uruhe Imana yashinze rwerekeye ukuba umutwe? (b) Umugabo ategerezwa kwibuka iki nimba ashaka kuzanira agahimbare urugo rwiwe?

      6 Ingingo ngenderwako ihambaye igira kabiri ni ukwemera icese uwuri umutwe. Paulo yaradondoye urutonde rw’ibintu rubereye igihe yavuga ati: “Ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Ivyo bisigura yuko umugabo ari we aja imbere mu rugo, umugore wiwe akamushigikira adahemuka, abana na bo bakagamburukira abavyeyi babo. (Abanyefeso 5:22-25, 28-33; 6:1-4) Urabona mugabo yuko ivyo kuba umutwe bizana agahimbare igihe gusa bigizwe mu buryo bubereye. Abagabo bayobokera Imana barazi yuko ukuba Umutwe atari ugutwaza igitugu. Barigana Yezu, we Mutwe wabo. Naho Yezu ari we “mutwe . . . wo gusumba vyose,” “[ntiyaje] gukorerwa, atar’ugukorera abandi.” (Abanyefeso 1:22; Matayo 20:28) Mu buryo nk’ubwo nyene, umugabo w’Umukirisu ntakoresha ubukuru bwiwe ku bw’inyungu yiwe, ahubwo ku neza y’umugore wiwe n’abana biwe.​—1 Ab’i Korinto 13:4, 5.

      7. Ni ingingo ngenderwako izihe zo mu Vyanditswe zizofasha umugore gushitsa uruhara yajejwe n’Imana mu rugo?

      7 Ku ruhande rwiwe, umugore ayobokera Imana ntahiganwa n’umugabo wiwe canke ngo arondere kumuganza. Arahimbarwa no kumushigikira be no gukorana na we. Bibiliya rimwe na rimwe iravuga ko umugore “afise ina we” ari we mugabo wiwe, bigaca vyerekana neza yuko umugabo ari we mutwe wiwe. (Itanguriro 20:3) Biciye mu mubano w’ababiranye, umugore aganzwa n’ “[i]bwirizwa ry’umugabo wiwe.” (Abaromani 7:2, UB) Ico gihe nyene, Bibiliya yita umugore “umufasha” ikongera ikamwita “umwunganizi.” (Itanguriro 2:20, NW) Arazana kamere n’ubuhanga umugabo wiwe adafise, kandi akamushigikira nk’uko abikeneye. (Imigani 31:10-31) Bibiliya kandi iravuga yuko umugore ari “umugenzi,” uwukorana n’umugabo wiwe basenyeye ku mugozi umwe. (Malaki 2:14) Izo ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zirafasha umugabo n’umugore gutegera ikibanza c’umwumwe wese muri bo, no gufatana uwundi icubahiro n’iteka bibereye.

      ‘NIWIHUTIRE KWUMVA’

      8, 9. Sigura ingingo ngenderwako zimwezimwe zizofasha abari mu rugo bose kuryohora ubuhanga bwabo bwo guseruriranira akari ku mutima.

      8 Muri iki gitabu ivy’uko uguseruriranira akari ku mutima bikenewe birashimikwa cane. Kubera iki? Kubera ko ibintu bigenda neza kuruta igihe abantu baganira kandi umwe agatega ugutwi uwundi vy’ukuri. Birashimikwako kenshi yuko uguseruriranira akari ku mutima ari uguhanahana ikiyago. Umwigishwa Yakobo yarabiseruye muri ubu buryo: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga.”​—Yakobo 1:19.

      9 Birahambaye kandi yuko tugaba ku kuntu tuvuga. Amajambo y’ukuryagagurana, y’ugutongana canke y’ugutora amahinyu gukaze, ntatuma uguseruriranira akari ku mutima kugenda neza. (Imigani 15:1; 21:9; 29:11, 20) No mu gihe ivyo tuvuga vyoba ari vyo, nimba tubivuze mu buryo bubuzemwo ikigongwe, mu buryo bw’ubwibone canke butagira igishika, bishobora gukora inabi nini kuruta ineza. Imvugo zacu zikwiye kuba ziryoshe, “zirunzwe umunyu.” (Ab’i Kolosayi 4:6) Amajambo tuvuga akwiye kuba ameze “nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.” (Imigani 25:11) Ingo ziga guseruriranira akari ku mutima neza zarateye intambwe ihambaye mu vyo gushikira agahimbare.

      URUHARA RUHAMBAYE RW’URUKUNDO

      10. Ni urukundo bwoko ki ruhambaye mu mubano w’ababiranye?

      10 Ijambo “urukundo” riraseruka kenshi muri iki gitabu cose. Woba wibuka ubwoko bw’urukundo rwavuzwe canecane? Ni ivy’ukuri yuko urukundo rw’umubiri (eʹros mu Kigiriki) rurangura uruhara ruhambaye mu mubano w’ababiranye, kandi ko mu mibano iroranirwa, igishika kigera kure hamwe n’ubugenzi (phi·liʹa mu Kigiriki) bitsimbatara hagati y’umugabo n’umugore. Mugabo uruhambaye kuruta, ni urukundo ruvugwa mw’ijambo ry’Ikigiriki a·gaʹpe. Urwo ni urukundo dutsimbatariza Yehova, Yezu hamwe na bagenzi bacu. (Matayo 22:37-39) Ni urukundo Yehova agirira abantu. (Yohana 3:16) Ese ukuntu ari igitangaza kuba dushobora kugaragariza mwene urwo rukundo uwo twubakanye be n’abana bacu!​—1 Yohana 4:19.

      11. Urukundo rukora gute ku neza y’umubano w’ababiranye?

      11 Mu mubano w’ababiranye, urwo rukundo ruri hejuru mu vy’ukuri ni “umugozi utagira agasembwa wunga ubumwe.” (Ab’i Kolosayi 3:14, NW) Rurafataniriza hamwe umugabo n’umugore, kandi rugatuma bashaka gukora ivyobera vyiza umwumwe wese muri bo be n’abana babo. Igihe ingo zihanganye n’ingorane, urukundo rurabafasha kubitunganya bafatanye mu nda. Uko umugabo n’umugore basaza, urukundo rurabafasha gushigikirana no kubandanya bashimana. “Urukundo . . . ntirurondera ivyarwo . . . rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. “Urukundo nta ho rushira.”​—1 Ab’i Korinto 13:4-8.

      12. Ni kuki iyo abubatse bakunda Imana biheza bigakomeza umubano wabo?

      12 Ubumwe bw’ababiranye burakomera na canecane igihe butagumijwe gusa n’urukundo ruri hagati y’abubakanye, ahubwo canecane igihe bugumijwe n’ugukunda Yehova. (Umusiguzi 4:9-12) Kubera iki? Erega intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo.” (1 Yohana 5:3) Gutyo, umugabo n’umugore bakwiye kumenyereza abana babo mu vyo kuyobokera Imana, atari gusa kubera ko babakunda cane, mugabo kubera ko ari ibwirizwa rya Yehova. (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Bakwiye kwamirira kure ubushegabo atari gusa kubera ko bakundana, mugabo canecane kubera ko bakunda Yehova, we ‘azocirako iteka abashakanyi n’abasambanyi.’ (Abaheburayo 13:4) N’iyo umwe mu bubakanye yoba atera ingorane zikomakomeye mu mubano, urukundo bakunda Yehova ruzotuma uwundi abandanya gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Harahiriwe vy’ukuri ingo aho urukundo abazigize bafitaniye, ruba rugumijwe n’urukundo bakunda Yehova!

      URUGO RUKORA UKUGOMBA KW’IMANA

      13. Kwiyemeza gukora ukugomba kw’Imana bizofasha abantu gute kugumiza amaso ku bintu bihambaye vy’ukuri?

      13 Ubuzima bwose bw’Umukirisu bushingiye ku gukora ivyo Imana igomba. (Zaburi 143:10) Ico ni co ukuyobokera Imana gusigura vy’ukuri. Gukora ivyo Imana igomba birafasha ingo kugumiza amaso ku bintu bihambaye koko. (Ab’i Filipi 1:9, 10) Nk’akarorero, Yezu yatuburiye ati: “Naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe. Kand’abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.” (Matayo 10:35, 36) Nk’uko iyo mburizi ya Yezu yari yarabivuze, benshi mu bayoboke biwe barahamwa n’abo mu rugo. Ese ukuntu ari ibintu biteye umubabaro! Mugabo ubucuti bw’abo mu rugo ntibukwiye kugirwa ubuhambaye kuruta urukundo dukunda Yehova Imana na Yezu Kirisitu. (Matayo 10:37-39) Mu gihe umuntu yihanganye n’aho yoba arwanywa n’abo mu rugo, bene kumurwanya boshobora guhindura igihe babonye ivyiza biva ku kuyobokera Imana. (1 Ab’i Korinto 7:12-16; 1 Petero 3:1, 2) No mu gihe batohindura, nta vyiza biramba umuntu ashobora kuronka aretse gukorera Imana kubera ukurwanywa.

      14. Icipfuzo co gukora ukugomba kw’Imana kizofasha gute abavyeyi gukora ku neza nya neza y’abana babo?

      14 Gukora ivyo Imana igomba kurafasha abavyeyi gufata ingingo zigororotse. Nk’akarorero, mu bibano bimwebimwe, abavyeyi basa n’abashaka kubona abana nk’umutahe, hanyuma bakizigira ko abana babo ari bo bazobabungabunga mu busaza. Naho ari vyiza kandi bibereye ko abana bakuze babungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru, kurimbura ibintu mwene gutyo ntibikwiye gutuma abavyeyi berekeza abana babo ku kubaho bironderera amaronko. Abavyeyi nta ciza boba bagiriye abana babo mu gihe bobarera babatera guha agaciro amatungo kuruta ibintu vy’impwemu.​—1 Timoteyo 6:9.

      15. Ni mu buryo ubuhe nyina wa Timoteyo ari we Ewunike yabaye akarorero keza ntangere k’umuvyeyi akora ivyo Imana igomba?

      15 Akarorero keza muri ivyo ni Ewunike, nyina w’umugenzi wa Paulo yari akiri muto, ari we Timoteyo. (2 Timoteyo 1:5) Naho Ewunike yari yubakanye n’umugabo atizeye, we hamwe na inakuru wa Timoteyo ari we Lowisi, bararoraniwe mu kurera Timoteyo kugira ngo akurikirane ukuyobokera Imana. (2 Timoteyo 3:14, 15) Igihe Timoteyo yari akuze bihagije, Ewunike yaramuretse arava i muhira, maze atangura igikorwa co kwamamaza Ubwami, aherekeza Paulo mu bumisiyonari. (Ivyakozwe 16:1-5) Ese akanyamuneza ategerezwa kuba yaragize igihe umuhungu wiwe yacika umumisiyonari aboneka! Ukuyobokera Imana kwiwe amaze gukura kwarerekanye ingaruka nziza y’indero yahawe mu bwana. Nta gukeka, Ewunike yaramazwe akanyota aranagira umunezero mu kwumva raporo z’ubusuku Timoteyo arangura adahemuka, naho nyene ashobora kuba yaramukumbura i muhira.​—Ab’i Filipi 2:19, 20.

      URUGO NA KAZOZA KANYU

      16. Bwa muhungu, ni ubwitwararitsi ubuhe Yezu yagaragaje, mugabo intumbero yiwe nyamukuru yari iyihe?

      16 Yezu yari yarerewe mu rugo ruyobokera Imana, kandi aho akuriye yaragaragaje ubwitwararitsi bubereye umuhungu akwiye kugirira nyina wiwe. (Luka 2:51, 52; Yonana 19:26) Ariko rero, intumbero nyamukuru Yezu yari afise kwari ugushitsa ukugomba kw’Imana, kandi kuri we muri ivyo harimwo ukwugururira abantu inzira yo kuzokwinovora ubuzima budahera. Ivyo yabigize igihe yatanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bubere incungu abantu b’abanyagasembwa.​—Mariko 10:45; Yohana 5:28, 29.

      17. Ni ivyizigiro vyiza agahore ibihe ubuzima Yezu yagize adahemuka bwugururiye abakora ivyo Imana igomba?

      17 Yezu amaze gupfa, Yehova yaramuzuriye ubuzima bwo mw’ijuru hanyuma amuha ubukuru buhambaye, amaherezo aramwimika ngo abe Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. (Matayo 28:18; Abaroma 14:9; Ivyahishuriwe 11:15) Inkuka ya Yezu yatumye bishoboka ko abantu bamwebamwe batorwa ngo bazoganze kumwe na we muri ubwo Bwami. Vyongeye yarugururiye inzira abantu basigaye b’imitima igororotse, kugira bazokwibereho batagira agasembwa kw’isi izoba yasubiye kugirwa iparadizo. (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 4; 21:3-5; 22:1-4) Kamwe mu duteka duhambaye twebwe twatewe muri iki gihe, ni ukubwira bagenzi bacu iyo nkuru nziza y’agahore.​—Matayo 24:14.

      18. Ingo be n’abantu umwumwe ukwiwe bibukijwe iki, kandi baremeshwa iki?

      18 Nk’uko intumwa Paulo yavyerekanye, kubaho umuntu ayobokera Imana birazana isezerano ry’uko abantu bashobora kuzoragwa iyo mihezagiro mu buzima “buzoza.” Nta gukeka, iyo ni yo nzira nziza kuruta izindi yo kuronka agahimbare! Niwibuke ko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17) Ni co gituma waba uri umwana canke umuvyeyi, umugabo canke umugore, umuntu akuze yibana afise canke adafise abana, niwihatire gukora ivyo Imana igomba. No mu gihe woba uremerewe canke uhanzwe n’ingorane za ruhasha, ntiwigere wibagira yuko uri umusavyi w’Imana nzima. Gutyo, ivyo ukora birazanira umunezero Yehova. (Imigani 27:11) Kandi, ese ukuntu wigenza kwokuviramwo agahimbare ubu no mu buzima budahera bwo mw’isi nshasha igiye kuza!

      IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . URUGO RWANYU KUGIRA AGAHIMBARE?

      Ukwigumya kurashobora gutsimbatazwa.​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

      Igihe umugabo n’umugore babona ivy’uwuri umutwe nk’uko bibereye, baba bompi barondera ineza y’abo mu rugo.​—Abanyefeso 5:22-25, 28-33; 6:4.

      Mu guseruriranira akari ku mutima harimwo ukwumviriza uwundi.​—Yakobo 1:19.

      Ugukunda Yehova kuzogumya umubano w’abubatse.​—1 Yohana 5:3.

      Gukora ukugomba kw’Imana ni yo ntumbero ihambaye rwose ku bagize urugo.​—Zaburi 143:10; 1 Timoteyo 4:8.

      INGABIRE Y’UBWIREBANGE

      Si bose bubaka izabo. Kandi si abubatse bose bahitamwo kwibaruka ibibondo. Yezu yari umwirebange (umusiribateri), kandi ubwirebange yavuze ko ari ingabire igihe ari “kubg’ubgami bgo mw ijuru.” (Matayo 19:11, 12) Intumwa Paulo na we nyene yahisemwo kutubaka. Yavuze ubwirebange n’ukwubaka ko vyompi ari ‘ingabire.’ (1 Ab’i Korinto 7:7, 8, 25-28) Ku bw’ico rero, naho iki gitabu ahanini kivuga ibintu bijanye n’umubano w’ababiranye hamwe n’ukurera abana, ntidukwiye kwibagira imihezagiro n’impera bishobora kuzanwa n’ukuguma umuntu ari umwirebange, canke imihezagiro n’impera bizanwa n’ukwubaka urugo mugabo ugahitamwo kutavyara.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika