“None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”
“None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu?”—MAT. 24:45.
1, 2. Ni umuhora uwuhe Yezu ariko arakoresha mu kutugaburira muri iki gihe, kandi ni kubera iki bihambaye ko tumenya uwo muhora?
“BAVUKANYI, sinoshobora guharura incuro mwampaye ibiganiro vyarimwo ivyo nari nkeneye igihe nari ndabikeneye cane.” Ukwo ni ko mushiki wacu umwe yaseruye ugukenguruka kwiwe mw’ikete yandikiye abavukanyi bakorera ku cicaro gikuru cacu. Woba nawe wiyumva nka we? Benshi muri twebwe ni ko twiyumva. Ivyo none vyoba bikwiye kudutangaza? Ihibambewe!
2 Ibifungurwa vyo mu vy’impwemu turonka ku gihe kibereye ni ikimenyamenya c’uko Yezu, we Mutwe w’ishengero, ariko arashitsa umuhango yatanze wo kutugaburira. None atugaburira abicishije kuri bande? Igihe yatanga ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, yavuze ko yokoresheje “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo ahe abakozi biwe bo mu nzu “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye.”a (Soma Matayo 24:45-47.) Uwo mushumba w’umwizigirwa ni wo muhora Yezu ariko arakoresha mu kugaburira abayoboke biwe b’ukuri muri iki gihe c’iherezo. Birahambaye ko tumenya uwo mushumba w’umwizigirwa. Ukumererwa neza kwacu mu vy’impwemu be n’ubucuti dufitaniye n’Imana bihagaze kuri uwo muhora.—Mat. 4:4; Yoh. 17:3.
3. Ibisohokayandikiro vyacu vyavuze iki ku bijanye na ca kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa?
3 Dukwiye gutahura gute none ico kigereranyo ca Yezu cerekeye umushumba w’umwizigirwa? Kera, ibisohokayandikiro vyacu vyavuze ibikurikira: Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Yezu yarashinze umushumba w’umwizigirwa abakozi biwe bo mu nzu. Uwo mushumba agereranya abakirisu bose barobanuwe bari kw’isi uko bagize umugwi mu gihe ico ari co cose kuva ico gihe. Abo bakozi bo mu nzu berekeza kuri abo barobanuwe nyene umwe wese ku giti ciwe. Mu 1919, Yezu yarajeje uwo mushumba w’umwizigirwa “ivyo atunze vyose,” ni ukuvuga ibintu vyiwe vyose biri kw’isi biteza imbere Ubwami. Ariko rero, igihe twasubira gusuzuma ico kintu twitonze tukongera tukakizirikanako tubijanisha n’isengesho, twarabonye ko dukeneye kugira ico turyohoye ku kuntu twahora dutahura ayo majambo ya Yezu yerekeye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. (Imig. 4:18) Nimuze twihweze ico kigereranyo be n’ukuntu kitwerekeye, twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi.
ICO KIGERERANYO KIRANGUKA RYARI?
4-6. Ni kubera iki twoshika ku ciyumviro c’uko ca kigereranyo ca Yezu cerekeye umushumba w’umwizigirwa catanguye kuranguka inyuma gusa y’umwaka wa 1914?
4 Amajambo akikuje ico kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yerekana yuko kitatanguye kuranguka kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., ahubwo catanguye kuranguka muri iki gihe c’iherezo. Nimuze turabe ukuntu Ivyanditswe bidushikana kuri ico ciyumviro.
5 Ico kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa kiri mu bigize ubuhanuzi bwa Yezu bujanye n’ “ikimenyetso c’ukuhaba kw[i]we n’ic’insozero y’ivy’isi.” (Mat. 24:3) Igice ca mbere c’ubwo buhanuzi, icanditswe muri Matayo 24:4-22, gifise amaranguka abiri. Irya mbere ryabaye mu myaka yo guhera mu 33 G.C. gushika mu 70 G.C., irya kabiri na ryo riba muri iki gihe cacu mu buryo bwagutse kuruta. Ivyo none vyoba bisobanura yuko amajambo ya Yezu yerekeye umushumba w’umwizigirwa na yo nyene yogize amaranguka abiri? Oya.
6 Guhera ku majambo yanditse muri Matayo 24:29, Yezu yibanze ku bintu vyobaye mu gihe cacu. (Soma Matayo 24:30, 42, 44.) Igihe yavuga ibizoba mu gihe ca ya makuba akomeye, yavuze yuko abantu “bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru.” Maze, akoresheje amajambo agenewe abobaye bariho mu misi ya nyuma, yabahimirije kuguma barikanuye, ati: “[Ntimu]zi umusi Umukama wanyu azozirako,” avuga kandi ati: “Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”b Igihe Yezu yariko aravuga ivyo bintu, ni ukuvuga ivyobaye mu misi ya nyuma, ni ho yigana ca kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa. Twoshobora rero gushika ku ciyumviro c’uko ivyo yavuze ku bijanye n’uwo mushumba w’umwizigirwa vyatanguye kuranguka inyuma gusa y’aho imisi ya nyuma itanguriye mu 1914. Ico ciyumviro dushitseko kirumvikana. Uti kubera iki?
7. Ni ikibazo gihambaye ikihe cavyutse igihe igihe c’iyimbura catangura, kandi kubera iki?
7 Zirikana gatoyi kuri iki kibazo: “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?” Mu kinjana ca mbere, nta mvo n’imwe yari ihari yo kubaza ico kibazo. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, intumwa zarakora ibitangaro eka mbere n’abandi bakaronka ingabirano zo gukora ibitangaro biciye kuri zo bwa kimenyamenya c’uko Imana izishigikiye. (Ivyak. 5:12) Wumva none hari uwari akeneye kubaza uwagenywe vy’ukuri na Kristu kugira ngo aje imbere abandi? Ariko rero mu 1914, ibintu vyari bitandukanye no muri ico gihe. Igihe c’iyimbura catanguye muri uwo mwaka. Igihe co gutandukanya icatsi kibi n’ingano cari cashitse. (Mat. 13:36-43) Igihe ikiringo c’iyimbura catangura, haravyutse ikibazo gihambaye: Ko abiyita abakirisu benshi bavuga ko ari abayoboke b’ukuri ba Yezu, ingano ari bo bakirisu barobanuwe, zari kumenyekana gute? Ca kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa caratanze inyishu. Abayoboke ba Kristu barobanuwe bobaye abariko baragaburirwa neza mu buryo bw’impwemu.
UMUSHUMBA W’UMWIZIGIRWA KANDI W’UBWENGE NI NDE?
8. Ni kubera iki bibereye ko umushumba w’umwizigirwa agirwa n’abakirisu barobanuwe?
8 Uwo mushumba w’umwizigirwa ategerezwa kuba agizwe n’abakirisu barobanuwe bari kw’isi. Abo bakirisu bitwa “ubuherezi bwa cami” bakaba barashinzwe igikorwa co “ ‘kumenyesha hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wayo w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9) Birabereye rero ko abagize ubwo “buherezi bwa cami” bagira uruhara mu kwigisha ukuri abo basangiye ukwemera.—Mal. 2:7; Ivyah. 12:17.
9. Abakirisu barobanuwe bose boba bagize wa mushumba w’umwizigirwa? Sigura.
9 Abarobanuwe bose bari kw’isi boba bagize umushumba w’umwizigirwa? Oya. Ikizwi coco ni uko abarobanuwe bose batagira uruhara mu bijanye no guha ibifungurwa vyo mu vy’impwemu abo basangiye ukwemera bo kw’isi yose. Muri izo ngano harimwo abavukanyi barobanuwe boshobora kuba ari abakozi b’ishengero canke abakurambere mu mashengero barimwo. Barigisha inzu ku nzu no mu mashengero barimwo bakongera bagashigikira badahemuka ubuyobozi buva ku cicaro gikuru. Mugabo ntibagira uruhara mu bijanye no guha ibifungurwa vyo mu vy’impwemu umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Mu barobanuwe harimwo kandi bashiki bacu bicisha bugufi, batokwigera bagerageza kwigisha mw’ishengero.—1 Kor. 11:3; 14:34.
10. Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ni nde?
10 None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge? Mu buryo buhuye na ca citegererezo ca Yezu co kugaburira benshi biciye kuri bake, uwo mushumba agizwe n’umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe bagira uruhara ata handi biciye mu bijanye no gutegura be no gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu. Mu kiringo cose c’imisi ya nyuma, abavukanyi barobanuwe bagize umushumba w’umwizigirwa barakoreye hamwe ku cicaro gikuru. Haraciye imyaka mirongo uwo mushumba ari Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, urabona ko ijambo “umushumba” rikoreshwa muri ca kigereranyo ca Yezu riri mu rudende, bikaba vyumvikana yuko ari umushumba agizwe n’umugwi w’abantu. Ku bw’ivyo, ingingo zifatwa n’iyo Nama Nyobozi, zifatwa n’abayigize bose.
ABAKOZI BO MU NZU NI BANDE?
11, 12. (a) Ni ibintu bibiri ibihe wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ashingwa? (b) Ni ryari Yezu yashinze wa mushumba w’umwizigirwa abakozi biwe bo mu nzu, kandi ni bande yacaguye?
11 Biri n’ico bivuze kubona muri ico kigereranyo ca Yezu, umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ashingwa ibintu bibiri bitandukanye. Ubwa mbere ashingwa abakozi bo mu nzu; ubwa kabiri akazezwa ivyo shebuja atunze vyose. Kubera ko ico kigereranyo kiranguka muri iki gihe c’iherezo gusa, ivyo bintu vyompi yobwirijwe kubishingwa Yezu amaze kuba Umwami mu 1914.
12 Ni ryari none Yezu yashinze uwo mushumba w’umwizigirwa abakozi biwe bo mu nzu? Kugira ngo twishure ico kibazo, turakeneye gusubira inyuma mu 1914, igihe ikiringo c’iyimbura catangura. Nk’uko twamaze kubibona, ico gihe imigwi myinshi yavuga ko ari abakirisu. Ni umugwi uwuhe none Yezu yocaguyemwo uwo mushumba w’umwizigirwa maze akamugena? Ico kibazo cishuwe inyuma y’aho we na Se wiwe baziye gusuzuma urusengero, runo rukaba ari indinganizo yo mu vy’impwemu ijanye no gusenga, kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919.c (Mal. 3:1) Barahimbawe n’umugwi muto w’Abatohoji ba Bibiliya b’intahemuka berekana ko umutima wabo wari kumwe na Yehova be n’Ijambo ryiwe. Ariko ntiwumve, bari bakenewe gutyororwa, kandi baravyakiriye neza bicishije bugufi mu kiringo kigufi c’ukugeragezwa n’ugutyororwa. (Mal. 3:2-4) Abo Batohoji ba Bibiliya b’abizigirwa bari abakirisu b’ukuri bagereranywa n’ingano. Mu 1919, igihe co gusubira kugira umwete mu vy’impwemu, Yezu yaracaguye muri bo abavukanyi barobanuwe babishoboye kugira ngo babe umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge maze abashinga abakozi biwe bo mu nzu.
13. Abakozi bo mu nzu bagizwe na bande, kandi kubera iki?
13 None abo bakozi bo mu nzu ni bande? Tubivuze muri make, ni abagaburirwa. Mu ntango y’imisi ya nyuma, abo bakozi bo mu nzu bose bari abarobanuwe. Mu nyuma, muri abo bakozi bo mu nzu haragiyemwo n’isinzi rinini ry’izindi ntama. Ubu abagize izindi ntama ni bo benshi muri bwa “busho bumwe” buyobowe na Kristu. (Yoh. 10:16) Iyo migwi yompi irungukira ku bifungurwa bimwe vyo mu vy’impwemu bitangwa ku gihe kibereye na wa mushumba w’umwizigirwa. Tuvuge iki ku vyerekeye abagize Inama Nyobozi bagize umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge muri iki gihe? Abo bavukanyi na bo nyene barakeneye kugaburirwa mu buryo bw’impwemu. Ni co gituma bemera bicishije bugufi yuko na bo nyene, umwumwe wese ku giti ciwe, ari abakozi bo mu nzu cokimwe n’abandi bayoboke b’ukuri ba Yezu bose.
Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, twese turi abakozi bo mu nzu kandi turakeneye ibifungurwa vyo mu vy’impwemu bimwe ku gihe kibereye
14. (a) Umushumba w’umwizigirwa ajejwe ibanga irihe, kandi muri iryo banga harimwo ibiki? (b) Ni ingabisho iyihe Yezu yahaye uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge? (Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Uwo mushumba mubi niyaramuka . . . ”)
14 Yezu yarashinze ibanga rihambaye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Mu bihe vya Bibiliya, umushumba w’umwizigirwa ari we mubwiriza w’umwizigirwa ni we yahagarikira ivyo mu rugo. (Luka 12:42) Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ajejwe rero ibanga ryo guhagarikira urugo rw’abizera. Iryo banga ririmwo uguhagarikira amatungo, igikorwa co kwamamaza, porogarama z’amateraniro n’amahwaniro, be n’isohorwa ry’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bikoreshwa mu busuku bwo mu ndimiro, mu kwiyigisha no mu kwigisha ishengero. Abakozi bo mu nzu barungukira ku ntunganyo zose zo mu vy’impwemu zishirwaho n’uwo mushumba agizwe n’umugwi w’abantu.
NI RYARI AZEZWA IVYO SHEBUJA ATUNZE VYOSE?
15, 16. Ni ryari Yezu azeza umushumba w’umwizigirwa ivyo atunze vyose?
15 Ni ryari Yezu azeza uwo mushumba ca kintu kigira kabiri, ico na co kikaba ari “ivyo atunze vyose”? Yezu yavuze ati: “Hahiriwe uwo mushumba shebuja niyashika [ijambo ku rindi, “niyaza”] azosanga ariko akora atyo! Ni ukuri ndabibabwiye: Azomuzeza ivyo atunze vyose.” (Mat. 24:46, 47) Urabona ko Yezu azeza uwo mushumba ico kintu kigira kabiri amaze gushika agasanga “ariko akora atyo,” ni ukuvuga ariko aratanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu adahemuka. Ku bw’ivyo, ivyo bintu bibiri ntiyobimujeje mu gihe kimwe. Kugira ngo dutahure ukuntu be n’igihe Yezu azeza uwo mushumba ivyo atunze vyose, turakeneye kumenya ibintu bibiri: ashika ryari kandi mu vyo atunze harimwo n’iki?
16 None Yezu ashika ryari? Inyishu tuyisanga mu majambo akikuje ico canditswe. Niwibuke yuko igihe imirongo y’imbere y’ico canditswe ivuga ko Yezu “aza,” iryo jambo ryerekeza ku gihe aza guca no gushitsa urubanza kw’iherezo ry’ivy’iyi si.d (Mat. 24:30, 42, 44) Ku bw’ivyo, ‘ugushika’ ari kwo ‘kuza’ kwa Yezu kuvugwa muri ico kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa kuba mu gihe ca ya makuba akomeye.
17. Mu vyo Yezu atunze harimwo n’iki?
17 None mu “vyo [Yezu] atunze vyose” harimwo n’iki? Yezu ntiyerekanye ico ijambo “vyose” ryerekezako, nk’aho ivyo atunze vyoba ari ivyo kw’isi gusa. Nkako, Yezu arafise ububasha bwinshi mw’ijuru. Yavuze ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” (Mat. 28:18; Ef. 1:20-23) Mu vyo atunze ubu harimwo Ubwami arongoye ari Mesiya, ubwabaye ubwiwe kuva mu 1914 akaba kandi azobusangira n’abayoboke biwe barobanuwe.—Ivyah. 11:15.
18. Ni kubera iki Yezu azohimbarwa no kuzeza wa mushumba ivyo atunze vyose?
18 Turavye ivyo duhejeje kwihweza, dushobora gushika ku ciyumviro ikihe? Yezu niyaza guca urubanza mu gihe ca ya makuba akomeye, azosanga wa mushumba w’umwizigirwa amaze igihe aha abakozi bo mu nzu ibifungurwa vyo mu vy’impwemu ku gihe kibereye, adahemuka. Yezu azoca ahimbarwa no kumuzeza ca kintu kigira kabiri, ico na co kikaba ari ivyo atunze vyose. Abagize umushumba w’umwizigirwa bazozezwa ico kintu nibaronka impembo yabo yo mw’ijuru, mu gufadikanya na Kristu kuganza.
19. Umushumba w’umwizigirwa yoba azoronka impembo mw’ijuru iruta iyo abandi barobanuwe bazoronka? Sigura.
19 Uwo mushumba w’umwizigirwa yoba azoronka impembo mw’ijuru iruta iyo abandi barobanuwe bazoronka? Oya. Impembo yasezeraniwe umugwi mutoyi mu gihe kinaka amaherezo yoshobora guhabwa n’abandi. Nk’akarorero, rimbura ivyo Yezu yabwiye za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka buca apfa. (Soma Luka 22:28-30.) Yasezeraniye uwo mugwi mutoyi w’abagabo yuko impembo nziza yari ibarindiriye kubera babaye abizigirwa. Bofadikanije na we kuganza. Mugabo haciye imyaka, yarerekanye ko bamwe 144.000 bose bazokwicara ku ntebe z’ubwami bagafadikanya na we kuganza. (Ivyah. 1:1; 3:21) Muri ubwo buryo nyene, nk’uko bivugwa muri Matayo 24:47, yasezeranye ko umugwi mutoyi w’abagabo, abo na bo bakaba ari abavukanyi barobanuwe bagize umushumba w’umwizigirwa, bazozezwa ivyo atunze vyose. Ku bwa ngingo, bamwe 144.000 bose bazofadikanya na we igihe azoba ariko arakoresha ububasha bwinshi afise mw’ijuru.—Ivyah. 20:4, 6.
Bamwe 144.000 bose bazofadikanya na Yezu igihe azoba ariko arakoresha ububasha bwinshi afise mw’ijuru(Raba ingingo ya 19)
20. Ni kubera iki Yezu yagenye umushumba w’umwizigirwa, kandi wiyemeje iki?
20 Yezu abicishije ku mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, ariko arakurikiza ca citegererezo yashiraho mu kinjana ca mbere, ico na co kikaba ari ukugaburira benshi biciye kuri bake. Yezu yagenye uwo mushumba w’umwizigirwa kugira ngo yiyemeze neza ko abayoboke biwe b’ukuri, baba abarobanuwe canke izindi ntama, bobandanije kuronka ibifungurwa vyo mu vy’impwemu ku gihe kibereye mu gihe cose c’imisi ya nyuma. Nimuze twiyemeze kwerekana ko dukenguruka mu gushigikira tudahemuka abavukanyi barobanuwe bagize umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.—Heb. 13:7, 17.
a Ingingo ya 2: Mu gihe c’imbere y’aho, Yezu yariganye ikigereranyo gisa n’ico, akaba yavuze ko uwo “mushumba” ari “umubwiriza,” “abakozi bo mu nzu” na bo bakaba “umugwi w’abasuku biwe.”—Luka 12:42-44.
b Ingingo ya 6: ‘Ukuza’ (mu kigiriki, erʹkho·mai) kwa Kristu kuratandukanye n’“ukuhaba” kwiwe (pa·rou·siʹa). Ukuhaba kwiwe kutaboneka gutangura imbere y’uko aza guca urubanza.
c Ingingo ya 12: Raba ikiganiro kivuga ngo: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose,” kiri muri iki kinyamakuru, urupapuro rwa 10-12, ingingo ya 5-8.
d Ingingo ya 16: Raba ikiganiro kivuga ngo “Tubwire: Ivyo bizoba ryari?” kiri muri iki kinyamakuru, urupapuro rwa 7-8, ingingo ya 14-18.