Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Intumbero: Kumenyereza abamamaji kugira babe abamamaji n’abigisha kirumara b’inkuru nziza.
Ikiringo rimara: Rirabandanya.
Aho ribera: Ku Ngoro y’Ubwami y’aho uba.
Ibisabwa: Abo bose bifatanya n’ishengero badahorereza, bakaba bemera inyigisho zo muri Bibiliya, kandi bakaba babaho bisunga ingingo ngenderwako za gikirisu, bararijamwo.
Ingene barijamwo: Umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ni we yandika abanyeshure.
Sharon, uno akaba yaramugaye bivuye ku ndwara yo mu bwonko (“Sclérose latérale amyotrophique”), avuga ati: “Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryaranyigishije kugira ubushakashatsi no gushikiriza amakuru mu buryo bwumvikana. Narize kandi kwitwararika ivyo abandi bakeneye mu vy’impwemu aho kwitwararika gusa ivyanje.”
Arnie, akaba amaze igihe kirekire ari umucungezi w’ingenzi, avuga ati: “Nakuze ngigimiza kandi vyarangora kurabana n’abandi. Iryo shure ryaramfashije kwiyizigira no kubona ko hari ico maze. Ndabifashijwemwo na Yehova biciye kuri ukwo kumenyerezwa, narize guturura no kwitunira ku vyo ndiko ndakora. Ndakenguruka cane kuba mfise ubushobozi bwo gushemeza Imana mw’ishengero no mu busuku ndangura.”
Ishure ry’Abanyabeteli bashasha
Intumbero: Gufasha Abanyabeteli bashasha kuroranirwa mu murimo barangura.
Ikiringo rimara: Iminuta 45 ku ndwi mu kiringo c’indwi 16.
Aho ribera: Kuri Beteli.
Ibisabwa: Kuba uri Umunyabeteli canke uri uwitanze gufasha yemerewe gukorera kuri Beteli mu kiringo c’umwaka canke urenga.
Ingene barijamwo: Abo mu bagize umuryango wa Beteli bashasha baca barijamwo.
Demetrius, akaba yitavye iryo shure mu myaka ya 1980, avuga ati: “Ivyo vyigwa vyaratumye ndyohora utumenyero twanje two kwiyigisha ryongera riramfasha kwitegurira kumara igihe kirekire nkorera kuri Beteli. Abigisha, ukuntu ivyo vyigwa vyari bitunganijwe hamwe n’impanuro ngirakamaro twahawe, vyaranjijuye ko Yehova anyitwararika abigiranye urukundo be n’uko yipfuza kumfasha kuroranirwa mu gikorwa ndangurira kuri Beteli.”
Kaitlyn avuga ati: “Narafashijwe kwitwararika cane ikintu gihambaye kuruta ibindi, na co kikaba ari ukuba umuntu akomeye mu vy’impwemu. Ishure ry’Abanyabeteli bashasha ryaratumye ndushiriza gutahura no gukengurukira Yehova, be no guha agaciro inzu yiwe n’ishirahamwe ryiwe.”
Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami
Intumbero: Kumenyereza abacungezi b’ingenzi, abakurambere, rimwe na rimwe n’abakozi b’ishengero, kurangura amabanga bajejwe ajanye n’ubucungezi be n’ugutunganya ibintu. (Ivyak. 20:28) Ukuntu ivy’amashengero vyifashe, ibintu bikunda gukorwa muri yo be n’ivyo akeneye mu buryo bwihuta, birihwezwa. Iryo shure riba uko haciye imyaka mikeyi, bishinzwe n’Inama Nyobozi.
Ikiringo rimara: Mu myaka ya vuba, ryagiye riramara kuva ku misi ibiri gushika ku misi ibiri n’igice ku bacungezi b’ingezi, umusi umwe n’igice ku bakurambere be n’umusi umwe ku bakozi b’ishengero.
Aho ribera: Rikunze kubera ku Ngoro y’Ubwami canke ku Ngoro y’amateraniro.
Ibisabwa: Kuba uri umucungezi w’ingenzi, umukurambere canke umukozi w’ishengero.
Ingene barijamwo: Abakurambere n’abakozi b’ishengero baratumirwa n’umucungezi w’umuzunguruko. Ibiro vy’ishami biratumira abacungezi b’ingenzi.
“Naho iryo shure riba ririmwo ivyigwa vyinshi mugabo bitangwa mu mwanya muto, rirafasha abakurambere kugumana umunezero no ‘kuba abagabo’ mu murimo wa Yehova. Abakurambere bashasha be n’abamaze igihe bariga kuragira intama neza no kwunga ubumwe neza ‘mu ciyumviro kimwe.’”—Quinn (aho hepfo).
“Ukwo kumenyerezwa kwaratweretse ko dukwiye kurushiriza gutahura ibintu bijanye n’ivy’impwemu, kuratugabisha ku bijanye n’ingeramizi kanaka kwongera kuratugira inama ngirakamaro zodufasha kwitwararika ubusho. Ese ukuntu biranga ubuntu kuba Yehova adufasha.”—Michael.
Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi
Intumbero: Gufasha abatsimvyi ‘kurangura ubusuku bwabo bimwe bishitse.’—2 Tim. 4:5.
Ikiringo rimara: Indwi zibiri.
Aho ribera: Hashingwa n’ibiro vy’ishami; rikunze kubera ku Ngoro y’Ubwami.
Ibisabwa: Kuba umaze umwaka umwe canke urenga uri umutsimvyi asanzwe.
Ingene barijamwo: Abatsimvyi bose bakwije ibisabwa vyo kurijamwo barashirwa ku rutonde maze bakabimenyeshwa n’umucungezi wabo w’umuzunguruko. Lily (iburyo) avuga ati: “Iryo shure ryaramfashije kunyinyana n’ingorane ngira mu busuku no mu buzima bwanje. Nararyohoye cane ukuntu niga, ukuntu nigisha be n’ukuntu nkoresha Bibiliya. Nditeguriye neza gufasha abandi, gushigikira abakurambere no kugira ico nterereye kw’iyongerekana ry’ishengero.”
Brenda, akaba yitavye iryo shure incuro zibiri, avuga ati: “Ryaramfashije gucokera rwose mu bintu vy’impwemu, gutsimbataza ijwi ryiza ryo mu mutima no kwitwararika ivyo gufasha abandi. Biragaragara ko Yehova atanga cane!”
Ishure ry’abakurambere b’ishengero
Intumbero: Gufasha abakurambere kurangura amabanga bajejwe mw’ishengero no kwikomeza mu vy’impwemu.
Ikiringo rimara: Imisi itanu.
Aho ribera: Hashingwa n’ibiro vy’ishami; rikunze kubera ku Ngoro y’Ubwami canke ku Ngoro y’amateraniro.
Ibisabwa: Kuba uri umukurambere yagenywe.
Ingene barijamwo: Ibiro vy’ishami biratumira abakurambere.
Raba ivyo bamwebamwe mu bitavye iryo shure mu mugwi ugira 92 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga:
“Iryo shure ryarangiriye akamaro cane, riramfasha kwisuzuma no kubona ukuntu nokwitwararika intama za Yehova.”
“Nditeguriye kurushiriza kuremesha bose mu gushimika ku vyiyumviro nyamukuru biri mu Vyanditswe.”
“Nzokwama nkoresha ukwo kumenyerezwa ubuzima bwanje bwose.”
Ishure ry’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo
Intumbero: Gufasha abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara kugira barushirize kuba kirumara mu gufasha amashengero uko “bakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.”—1 Tim. 5:17; 1 Pet. 5:2, 3.
Ikiringo rimara: Amezi abiri.
Aho ribera: Hashingwa n’ibiro vy’ishami.
Ibisabwa: Umuvukanyi ategerezwa kuba ari umucungezi w’umuzunguruko canke w’intara.
Ingene barijamwo: Ibiro vy’ishami biratumira abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo.
“Twararushirije gutahura ukuntu Yezu ari umutwe w’ishirahamwe rya Yehova. Twarabonye ko bikenewe yuko turemesha abavukanyi dusukurira tukongera tugakomeza ubumwe mw’ishengero rimwerimwe ryose. Ivyo vyigwa vyaratumye turushiriza gutahura yuko naho umucungezi w’ingenzi atanga impanuro canke mbere bigashika agakosora, intumbero nyamukuru aba afise ni ugufasha abavukanyi kubona yuko Yehova abakunda.”—Joel, uwitavye iryo shure mu mugwi wa mbere mu 1999.
Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse
Intumbero: Gutegura abakurambere n’abakozi b’ishengero batubatse kugira ngo barangure amabanga yiyongereye mw’ishirahamwe rya Yehova. Benshi mu basohoka iryo shure barungikwa gukorera aho ari ho hose hari inkenero mu gihugu cabo. Abandi boshobora kurungikwa gukorera mu kindi gihugu mu gihe bitanze ngo bajeyo. Abasohoka iryo shure bamwebamwe boshobora gusukura ari abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito kugira ngo batanguze bongere bagure igikorwa mu turere turi iyo catawe.
Ikiringo rimara: Amezi abiri.
Aho ribera: Hashingwa n’ibiro vy’ishami; rikunze kubera ku Ngoro y’Ubwami canke ku Ngoro y’amateraniro.
Ibisabwa: Kuba uri umuvukanyi atubatse afise imyaka iri hagati ya 23 na 62 kandi afise amagara meza kandi yipfuza gukorera aho ari ho hose hakenewe abamamaji kuruta ahandi. (Mrk. 10:29, 30) Utegerezwa kuba umaze n’imiburiburi imyaka ibiri uri umutsimvyi asanzwe ukaba kandi umaze n’imiburiburi imyaka ibiri ikurikirana uri umukurambere canke umukozi w’ishengero.
Ingene barijamwo: Haragirwa inama kw’iteraniro ry’umuzunguruko kugira ngo abipfuza kuryitaba baronswe amakuru aryerekeye.
Rick, akaba yitavye iryo shure mu mugwi ugira 23 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Gukurikirana ivyo vyigwa ndavyitondeye vyaratumye impwemu ya Yehova igira ivyo ihinduye imbere muri jewe. Igihe Yehova agushinze igikorwa, aragushigikira muri co. Naratahuye ko ninitwararika gukora ivyo Imana igomba aho kwitwararika ivyanje, izonkomeza.”
Andreas, akaba akorera mu Budagi, avuga ati: “Narashoboye gutahura yuko uburyo ishirahamwe ry’Imana rikora muri iki gihe ari nk’igitangaro. Ukwo kumenyerezwa kwaramfashije kwitegurira igikorwa kindindiriye. N’ikindi kandi, uburorero bwinshi bwo muri Bibiliya bwaranyigishije uku kuri kw’ishimikiro: Gusukurira abavukanyi banje na Yehova bituma ngira agahimbare nyakuri.”
Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye
Intumbero: Kumenyereza mu buryo budasanzwe abubakanye kugira ngo barushirize gukoreshwa bimwe bishitse na Yehova be n’ishirahamwe ryiwe. Benshi mu basohoka iryo shure barungikwa gukorera ahakenewe abamamaji kuruta ahandi mu gihugu cabo. Birashika bamwebamwe bakarungikwa gukorera mu kindi gihugu mu gihe bitanze ngo bajeyo. Abasohoka iryo shure boshobora gukora ari abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito kugira ngo batanguze bongere bagure igikorwa mu turere turi iyo catawe.
Ikiringo rimara: Amezi abiri.
Aho ribera: Iryo shure ribera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi guhera muri Nyakanga 2012 rizobera no mu vyibare vy’amashami yacaguwe yo hirya no hino kw’isi, akenshi rikazobera ku Ngoro y’Ubwami canke ku Ngoro y’amateraniro.
Ibisabwa: Kuba muri abubakanye bafise imyaka iri hagati ya 25 na 50, bafise amagara meza, bashobora kuja gukorera aho bikenewe kuruta ahandi kandi bafise agatima ko kuvuga ngo: “Ndi hano! Ntuma.” (Yes. 6:8) Mutegerezwa kuba mumaze n’imiburiburi imyaka ibiri mwubakanye kandi mumaze n’imiburiburi imyaka ibiri ikurikirana mu murimo w’igihe cose. Umugabo ategerezwa kuba amaze n’imiburiburi imyaka ibiri ikurikirana ari umukurambere canke umukozi w’ishengero.
Ingene barijamwo: Haragirwa inama kw’ihwaniro ry’intara kugira ngo abipfuza kuryitaba bahabwe amakuru aryerekeye. Nimba ata nama ibaye ku mahwaniro mu gihugu iwanyu kandi mukaba mwipfuza kuryitaba, mwoshobora kwandikira ibiro vy’ishami vyo mu gihugu mubamwo kugira bibaronse ayandi makuru.
—Eric na Corina (aho hepfo), abitavye iryo shure mu mugwi wa mbere mu 2011.
Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi
Intumbero: Kumenyereza abanyeshure gusukura ari abamisiyonari bakorera mu ndimiro mu turere tubamwo abantu benshi, kubamenyereza kuba abacungezi b’ingenzi canke Abanyabeteli. Intumbero ni iyo gukomeza no gutsimbataza indimiro hamwe n’ibijanye no gutunganya amashami.
Ikiringo rimara: Amezi atanu.
Aho ribera: Ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson i New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibisabwa: Kuba muri abubakanye basanzwe bari mu muce kanaka w’umurimo udasanzwe w’igihe cose, ni ukuvuga abamisiyonari bakorera mu ndimiro bataritaba iryo shure, abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi canke Abanyabeteli. Mutegerezwa kuba mumaze n’imiburiburi imyaka itatu ikurikirana mukorana muri uwo murimo. Mutegerezwa kuba muzi kuvuga neza icongereza, kugisoma neza no kucandika neza.
Ingene barijamwo: Ibiro vy’ishami vyoshobora gusaba abubakanye kwuzuza urukaratasi rwo kubisaba.
Lade na Monique bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ubu bakorera muri Afrika. Lade avuga ati: “Ishure rya Gileyadi ryaradufashije kwitegurira kuja aho ari hose kw’isi, tugakura amaboko mu mpuzu maze tugakorana n’abavukanyi bacu twikundira.”
Monique yongerako ati: “Igihe nshize mu ngiro ivyo nize mw’Ijambo ry’Imana, ndagira umunezero mwinshi mu gikorwa ndangura. Mbona ko uwo munezero ari ikindi kimenyamenya c’urukundo rwa Yehova.”
Ishure ry’abagize komite y’ishami n’abakenyezi babo
Intumbero: Gufasha abari mu Makomite y’amashami kugira bahagarikire Amabeteli, bitwararike ivy’umurimo biraba amashengero, bongere bahagarikire imizunguruko n’intara. Bariga kandi ibijanye no guhindura ibitabu, kubicapura no kubirungika.
Ikiringo rimara: Amezi abiri.
Aho ribera: Ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson i New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibisabwa: Umuvukanyi ategerezwa kuba ari muri Komite y’ishami canke y’igihugu kibure akaba azoja muri ayo mabanga.
Ingene barijamwo: Inama Nyobozi iratumira abavukanyi n’abakenyezi babo.
Lowell na Cara, abitavye iryo shure mu mugwi ugira 25, bakorera muri Nijeriya. Lowell avuga ati: “Naribukijwe yuko naho noba mfise vyinshi nkora gute canke nkaba nashinzwe igikorwa kimeze gute, ikintu gituma Yehova ahimbarwa ari uko umuntu aba akomeye mu vy’impwemu. Ivyo vyigwa vyaratweretse kandi yuko mu kuntu dufata abandi, dutegerezwa kwigana urukundo Yehova agaragariza abasavyi biwe.”
Cara yongerako ati: “Ikintu kimwe nazirikanye ni iki: Nimba ntashobora gusigura ikintu mu buryo gishoka cumvikana, ntegerezwa kubanza kuciga imbere y’uko ngerageza kucigisha abandi.”