ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Urusengero rwo mu vy’Impwemu Ruhambaye Rwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi—1996 | 1 Mukakaro
    • Urusengero rwo mu vy’Impwemu Ruhambaye Rwa Yehova

      “Dufise umuherezi mukuru ameze artyo, . . . akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n[a Yehova, “NW”] atar’abantu.”—ABAHEBURAYO 8:1, 2.

      1. Ni intunganyo ndangarukundo nki Imana yagiriye ubwoko-muntu banyavyaha?

      YEHOVA IMANA, bivuye ku rukundo rwiwe ruhambaye afitiye ubwoko-muntu, yaratanze inkuka kugirango akureho ivyaha vy’isi. (Yohana 1:29; 3:16) Vyasavye kwimura ubuzima bw’Umwana mfura wiwe kuva mw ijuru kuja mu nda y’umuyudakazi w’isugi yitwa Mariya. Umumarayika wa Yehova yarasiguriye Mariya atomora yuko nya kibondo yosamye ‘cokwiswe uwera, Umwana w’Imana.’ (Luka 1:34, 35) Yozefu, uwari yareheje Mariya, yarabariwe ivyerekeye isamwa rya Yezu ku gitangaro, yongera arabwirwa ko uwo “[yokijije] abantu biwe ivyaha vyabo.”—Matayo 1:20, 21.

      2. Yezu yagize iki igihe yari amaze imyaka nka 30 y’amavuka, kandi kwari ukubera iki?

      2 Uko Yezu yakura, ategerezwa kuba yarategereye bimwebimwe muri ivyo birukuri vyerekeye ivuka ryiwe ryo ku gitangaro. Yari azi ko Se wiwe wo mw ijuru amufitiye umurimo nkizabuzima yokoze kw isi. Nuko, Yezu aho abereye umugabo w’ingerabigero w’imyaka nka 30 y’amavuka, yaraje kuri Yohani umumenyeshakazoza w’Imana, ngo abatizwe mu Ruzi Yorodani.—Mariko 1:9; Luka 3:23.

      3. (a) Yezu yashatse kuvuga iki muri ya majambo ngo “Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye”? (b) Ni akarorero kiserukije akahe Yezu yashiriyeho abashaka bose gucika abayoboke biwe?

      3 Yezu yariko arazamba igihe c’ibatisimu yiwe. (Luka 3:21) Birumvikana, yariko yirabishako ubwiwe Zaburi 40:6-8, nk’uko mu nyuma vyerekanywe n’umuposolo Paulo: “Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, ariko wanteguriye umubiri.” (Abaheburayo 10:5) Gutyo, Yezu yararanze yuko yari azi ko Imana ‘itagomvye’ ko ibimazi vy’ibitungwa bibandanya gushikanwa, ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Mu gishingo cavyo, yarabonye ko Imana yari yamuteguriye umubiri wa kimuntu ukemutse, ari wo Yezu, ngo utangwe bwa kimazi. Ivyo vyokuyeho inkenero iyo ari yo yose yindi y’ugutanga ibimazi vy’ibitungwa. Mu kuranga icipfuzo mvamutima yari afise c’ukworohera igomba ry’Imana, Yezu yarabandanije kuzamba atya: “Ehe ndaje, (mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) nzanywe no gukora [igomba ryawe, NW], Mana.” (Abaheburayo 10:7) Mbega akarorero k’akumiza karanga uburindutsi n’ubwibande ntīkunda Yezu yashizeho uwo musi, agashiriyeho abocitse abayoboke biwe mu nyuma bose!—Mariko 8:34.

      4. Imana yaranze gute ko ishimye ukwishikana kwa Yezu?

      4 Imana yoba yararanze ko ishimye izambo Yezu atuye ry’ibatisimu? Reka umwe mu baposolo bacaguwe ba Yezu aduhe inyishu: “Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona [im]pwemu [y]’Imana, [i]manuka [i]sa n’inuma, [i]mugwako. Buno rer’ijwi riva mw ijuru, rit’Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.”—Matayo 3:16, 17; Luka 3:21, 22.

      5. Ni igiki cagereranywa n’igicaniro bucaniro c’urusengero?

      5 Ivy’uko Imana yemeye ugushikanwa kw’umubiri wa Yezu ngo ube inkuka, mu nyuro y’ivy’impwemu vyasigura yuko igicaniro gihambaye gusumba ico mu rusengero rw’i Yeruzalemu caragiye mu kibanza ca mbere. Igicaniro bucaniro aho ibitungwa vyatangirwako ibimazi cari igitutu c’igicaniro co mu vy’impwemu kikaba mu vy’ukuri ari co cari ‘igomba’ ry’Imana, ari yo ntondeko y’ukugira ubuzima bwa kimuntu bwa Yezu bwemerwe ko ari inkuka. (Abaheburayo 10:10) Ni co gituma umuposolo Paulo yubahutse kwandikira Abakirisu bagenziwe ati: “Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema [canke, rwa rusengero] batemererwa kurīrako.” (Abaheburayo 13:10) Mu yandi majambo, Abakirisu nyakuri barungukira ku nkuka mpongeravyaha ya rutura, iyo abaherezi bayuda benshi bashibuye.

      6. (a) Ni igiki cagiye mu kibanza ca mbere igihe c’ibatisimu ya Yezu? (b) Izina-cubahiro ngo Mesiya, canke Kirisitu, risobanura iki?

      6 Ugusīgwa impwemu yera kwa Yezu kwasobanura yuko Imana ico gihe yari izanye intondeko yayo yose uko ingana y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu, Yezu akaba ari we asukura bwa Muherezi Mukuru. (Ivyakozwe n’intumwa 10:38; Abaheburayo 5:5) Umuyoboke Luka yarahumekewe ngo adome ku mwaka wabereyeko ico gishikiragihe c’akamarampaka yuko hari mu “mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma.” (Luka 3:1-3) Uwo uhwana n’umwaka wa 29 G.C.—neza na neza amayinga 69 y’imyaka, canke imyaka 483, guhera igihe Umwami Aritazeruzi yari yatangiyeko imbwirizo y’uko impome za Yeruzalemu zisubira kwubakwa. (Nehemiya 2:1, 5-8) Dukurikije ibimenyeshakazoza, “Mesiya Segaba” yoserutse muri uwo mwaka wari waravuzwe. (Daniyeli 9:25) Abayuda benshi biboneka ko ivyo bari babizi. Luka ashikiriza inkuru y’uko “abantu bāri barorereye ibizoba” ku vyerekeye iseruka rya Mesiya, canke Kirisitu, amazina-cubahiro ava mu majambo y’igiheburayo n’ikigiriki afise insobanuro imwe nyene, “uwasîzwe.”—Luka 3:15.

      7. (a) Imana yasîze ryari ‘Ahera Cane,’ kandi ivyo vyasiguye iki? (b) Ni ibindi biki vyashikiye Yezu igihe c’ibatisimu yiwe?

      7 Igihe c’ukubatizwa kwa Yezu, ubutûro bwo mw ijuru bw’Imana bwari busīzwe, ni kwo gushirwa ku ruhande, buba ‘Ahera Cane’ mu ntondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye. (Daniyeli 9:24) “Ihema nyakuri [canke, urusengero], [i]ryashizweho n[a Yehova, NW], atar’abantu,” ryari rigiye mu bukabazi. (Abaheburayo 8:2) Kandi, biciye mu kubatirishwa amazi n’impwemu kwiwe, uwo mugabo Yezu Kirisitu yari avutse ubwa kabiri nk’Umwana w’Imana wo mu vy’impwemu. (Gereranya na Yohana 3:3.) Ivyo vyasobanura yuko Imana, mu gihe gikwiriye, yosubiye guhamagarira Umwana wayo ubuzima bwo mw ijuru, aho yosukuriye iburyo bwa Se wiwe nk’Umwami n’Umuherezi Mukuru “ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.”—Abaheburayo 6:20; Zaburi 110:1, 4.

      Ahera Cane ho mw Ijuru

      8. Buno ni imboneko nshasha izihe intebe-bwami y’Imana yagize mw ijuru?

      8 Ku musi w’ukubatizwa kwa Yezu, intebe-bwami yo mw ijuru y’Imana yari ishikiriye imboneko nshasha. Ishingwa ry’inkuka ya kimuntu ikemutse y’ugutangako impongano y’ivyaha vy’isi ryarakomeje ubweranda bw’Imana, ributandukanya n’ubukorecaha bw’umuntu. Ikigongwe c’Imana cari kandi giseruwe mu buryo bw’uko buno yari aranze ubugombe afise bw’ugutururuzwa, canke guhongwa. Gutyo, intebe-bwami y’Imana yo mw ijuru yari icitse nk’icumba c’indani c’urusengero, aho umuherezi mukuru yǐnjira rimwe mu mwaka afise amaraso y’igitungwa kugira ahongere ivyaha mu mburyo bw’ikirorezo.

      9. (a) Ca gihuzu cari hagati y’Ahera n’Ahera Cane cagereranya iki? (b) Yezu yinjiye gute hirya y’igihuzu c’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana?

      9 Igihuzu cagabura Ahera n’Ahera Cane cagereranya umubiri w’inyama wa Yezu. (Abaheburayo 10:19, 20) Ni wo wari igitangīro cagumya Yezu ngo ntiyinjire aho Yehova ari igihe uwo Yezu yari umuntu kw isi. (1 Ab’i Korinto 15:50) Igihe Yezu yapfa, “igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero [catantamutsemwo] kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi.” (Matayo 27:51) Ivyo vyabaye indorêrwa yerekana yuko igitangīro cabuza Yezu kwinjira mw ijuru buno cari gikuweho. Inyuma y’imisi itatu, Yehova Imana yarakoze igitangaro ciserukije. Yaravyuye Yezu mu bapfuye, atari umuntu apfa w’umubiri n’amaraso, ariko ari ikiremwa c’impwemu c’ubuninahazwa “[c]amah’ibihe bidashira.” (Abaheburayo 7:24) Haciye imisi mirongwine, Yezu yaruriye mw ijuru hanyuma yinjira ‘Ahera Cane’ nyakuri, ngo “aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.”—Abaheburayo 9:24.

      10. (a) Ni ibiki vyashitse Yezu amaze gushikana kwa Se wiwe agaciro k’inkuka yiwe? (b) Ugusigwa impwemu yera kwasobanura iki ku bayoboke ba Kirisitu?

      10 Imana yoba yaremeye agaciro k’amaraso yasheshwe ya Yezu bwa mpongano y’ivyaha vy’isi? Si ivy’imbeshere yarayemeye. Igihinyuza c’ivyo caje neza na neza imisi 50 inyuma y’izuka rya Yezu, ku musi mukuru wa Pentekote. Impwemu yera y’Imana yarasukiriwe ku bayoboke 120 ba Yezu batororokaniye hamwe i Yeruzalemu. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1, 4, 33) Nk’uko vyabaye ku Muherezi Mukuru wabo Yezu Kirisitu, buno bari basīzwe ngo basukure bagize ‘ubuherezi bweranda, ngo batange inkuka mu vy’impwemu’ munsi y’intondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rw’Imana. (1 Petero 2:5) Ikindi kandi, abo basīzwe bǎgize ihanga rishasha, “ihanga ryera,” Isirayeli yo mu vy’impwemu. Gutyo rero, amamenyeshakazoza yose y’ibintu vyiza vyerekeye Isirayeli, nka wa muhango w’ “isezerano risha” ryanditse muri Yeremiya 31:31, yokwerekeye ikorane ry’Abakirisu basīzwe, ari bo “Bisirayeli b’Imana” nyabo.—1 Petero 2:9; Ab’i Galatiya 6:16.

      Izindi Mboneko z’Urusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Imana

      11, 12. (a) Ni igiki cagereranywa n’ikigo c’ubuherezi mu vyerekeye Yezu, kandi ico ni igiki mu vyerekeye abakurikizi biwe basīzwe? (b) Ya mazi yo mu kigārigāri yagereranya iki, kandi ariko akoreshwa mu buryo ki?

      11 Naho nyene Ahera Cane hǎgereranya “mw ijuru ubgaho,” aho Imana ivyagiye, izindi mboneko zose z’urusengero rwo mu vy’impwemu rwa Yehova zerekeye ibintu vyo kw isi. (Abaheburayo 9:24) Mu rusengero rw’i Yeruzalemu, hariho ikigo c’indani c’ubuherezi, kirimwo igicaniro gitangirwako ibimazi hamwe n’ikigārigāri kinini c’amazi abaherezi bǎkoresha ngo bityorore imbere y’uko bakora ubusuku bweranda. None ivyo bintu bigereranya iki mu ntondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana?

      12 Mu biraba Yezu Kirisitu, ca kigo c’idani c’ubuherezi cagereranya ubumeremere ntacaha bwiwe, we yari Umwana w’Imana wa kimuntu akemutse. Biciye mu gutumikisha ukwizera inkuka ya Yezu, abakurikizi basīzwe ba Kirisitu baritwa ko ari intungane. Gutyo, Imana irashobora neza gukorana na bo nka kumwe boba ari bantagiricaha. (Abaroma 5:1; 8:1, 33) Nuko rero, ico kigo kandi kigereranya ubumeremere butunganye bwa kimuntu bw’inshirweko, ubwo abaharurwa umwumwe bo mu buherezi bweranda binovora imbere y’Imana. Ubwo nyene kandi, Abakirisu basīzwe baracari banyamakemwa bakaba banashikirwa n’ugukora icaha. Ca kigārigāri c’amazi co mu kigo, kigereranya Ijambo ry’Imana, iryo Umuherezi Mukuru akoresha mu gutyorora bukebuke ubuherezi bweranda. Mu kworohera uwo mwandamo w’ivy’ubutyorozi, barashikiriye inseruko bwizantangere itera ikuzo Imana kandi inakwega abo hanze bakaza ku nsengo yiwe ityorotse.—Abanyefeso 5:25, 26; gereranya na Malaki 3:1-3.

      Ha Hera

      13, 14. (a) Ahera h’urusengero hagereranya iki mu vyerekeye Yezu hamwe n’abakurikizi biwe basīzwe? (b) Ca giterekwako amatara c’inzahabu kigereranya iki?

      13 Icumba ca mbere ca nya rusengero kigereranya ubumeremere bwa rutura kuruta ubwo muri ca kigo. Mu vyerekeye wa muntu ntamakemwa Yezu Kirisitu, kigereranya ivukabusha ryiwe bwa Mwana w’Imana wo mu vy’impwemu agenewe gusubira ku buzima bwo mw ijuru. Abo bakurikizi basīzwe, bamaze kwaturwa ko ari intungane hishimikijwe ukwizera kwabo amaraso yasesetse ya Kirisitu, baribonera kandi n’iryo kora ridasanzwe ry’impwemu y’Imana. (Abaroma 8:14-17) Biciye mu ‘mazi [ni kuvuga ukubatizwa kwabo] no ku mpwemu,’ baba ‘bavyawe ubwa kabiri’ bakaba abana b’Imana bo mu vy’impwemu. Bari ukwo, baragira icizigiro c’ukuzurirwa ubuzima bwo mw ijuru ari abana b’Imana, bagapfa gusa kuguma ari abizerwa gushika ku gupfa.—Yohana 3:5, 7; Ivyahishuriwe Yohana 2:10.

      14 Abaherezi bǎsukurira indani y’Ahera h’urusengero rwo kw isi ntibǎbonwa n’abasenzi bari ku ruhande rwo hanze y’urusengero. Ni nk’ukwo nyene, Abakirisu basīzwe bararonka ubumeremere bwo mu vy’impwemu butaronkwako canke budatahurwa vyuzuye n’abenshi mu basenzi b’Imana, abari n’icizigiro c’ukubaho ubudashira kw isi y’iparadizo. Ca giterekwako amatara c’inzahabu co mw itaberenakulo kigereranya ubumeremere bubonesherejwe bw’Abakirisu basīzwe. Ubukabazi bw’impwemu yera y’Imana, nka kumwe kw’amavuta muri ya matara, burashwarika umuco kuri Bibiliya. Itahura Abakirisu bahakǔra ntibaryigumizako. Baragamburukira Yezu nyabuna, we yavuze ati: “Mur’umuco w’isi. . . . umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.”—Matayo 5:14, 16.

      15. Ni igiki kigereranywa na ya mitsima yo ku meza y’imitsima y’ibiterekērwa?

      15 Kugira Abakirisu basīzwe bagume muri ubwo bumeremere bubonesherejwe, bategerezwa gufungura ubudahorereza ku bigereranywa na ya mitsima yarí ku meza y’imitsima y’ibiterekērwa. Isôko rya mbere na mbere bakurako imfungurwa zo mu vy’impwemu ni Ijambo ry’Imana, iryo bihatira gusoma no kuzirikana misiyose. Yezu kandi yarasezeranye kubaronsa ‘imfungurwa igihe kigeze’ biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Uwo “mushumba” ni inama yose uko ingana y’Abakirisu basīzwe bari kw isi ku gihe kinaka ico ari co cose. Kirisitu yarakoresheje iyo nama yasîzwe kugira yamamaze amabwirwa yerekeye itaha ry’amamenyeshakazoza ya Bibiliya no kugira atange ubuyobozi buhuye n’igihe mu vyerekeye ikurikizwa ry’ingingo zo muri Bibiliya mu buzima bwa misiyose bwo mu gihe ca none. Kubera ico, Abakirisu basīzwe barafungura bakenguruka kuri ivyo bironswa vyo mu vy’impwemu. Ariko rero ugutungwa kw’ubuzima bwabo bwo mu vy’impwemu kuva ku biruta ukwinjiza ubumenyi bwerekeye Imana mu mizirikanyi no mu mitima yabo. Yezu yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” (Yohana 4:34) Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu basīzwe barumva bashize akanyota mu kwita ku gukora misiyose igomba ry’Imana ryahishuwe.

      16. Ni igiki kigereranywa n’ubusuku bwo ku gicaniro c’imibavu?

      16 Mu gitondo no ku mugoroba, umuherezi yarashikanira Imana imibavu ku gicaniro c’imibavu Ahera. Ubwo nyene, abasenzi batari mu buherezi bǎrazamba Imana igihe bahagaze mu bigo vyo hanze y’urusengero. (Luka 1:8-10) “Imibavu,” ni Bibiliya isigura, “ni yo gusenga kw’abera.” (Ivyahishuriwe Yohana 5:8) “Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu,” vyanditswe n’umunyazaburi Dawidi. (Zaburi 141:2) Abakirisu basīzwe na bo nyene baraha agaciro agateka batewe k’ukwegera Imana mw izambo baciye kuri Yezu Kirisitu. Amazambo aturanywe ubwira ahwehwera ava ku mutima ameze nk’imibavu ihumera neza. Abakirisu basīzwe kandi barashemeza Imana mu bundi buryo, bakoresheje iminwa yabo mu kwigisha abandi. Ukurindirako kwabo imbere y’amagume hamwe n’ukutadohoka kwabo iyo bari munsi y’ikigeragezo, ni vyo canecane biryohera Imana.—1 Petero 2:20, 21.

      17. Ni ibiki vyarimwo mw itaha ry’ikigereranyo menyeshakazoza cǎtanzwe n’iyinjira rya mbere ry’umuherezi mukuru aja Ahera Cane ku Musi w’Impongano?

      17 Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru wa Isirayeli yabwirizwa kwinjira Ahera Cane agaturira imibavu ku cotezo c’inzahabu kirimwo amakara abengagira umuriro. Ivyo vyategerezwa kugirwa imbere y’uko azanayo amaraso y’ugutangako amashikanwa y’ivyaha. Mw itaha ry’ico kigereranyo menyeshakazoza, wa mugabo Yezu yaragumije ukutadohoka kuri Yehova Imana kwumije imbere y’uko ashikana ubuzima bwiwe nk’inkuka imwe iramba, itangiwe ivyaha vyacu. Gutyo yarerekanye neza yuko umuntu akemutse yoshoboye kugumya ukutadohoka ku Mana kwiwe naho umukazo Shetani yomuzanako wobaye umeze ute. (Imigani 27:11) Igihe yashirwako agasuzumisho, Yezu yarakoresheje izambo “atakamba cane arira, kand[i yarumviwe] kubgo kuyubaha kwiwe.” (Abaheburayo 5:7) Muri ubwo buryo, yaraninahaje Yehova ko ari we atunganye akaba na Segaba abifitiye uburenganzira mw ihangāre. Imana yarahemvye Yezu mu kumuzura mu bǎpfuye ikamushira mu buzima bwo mw ijuru budapfa. Muri ico kibanza kiri hejuru, Yezu arashira ikebu ku mpamvu nzaruhande y’ukuza kwiwe kw isi, ari kwo gusubirisha hamwe n’Imana abantu banyavyaha.—Abaheburayo 4:14-16.

      Bwa Bwiza Buhambaye Kuruta bw’Urusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Imana

      18. Yehova yazanye gute ubwiza bwiserukije ku rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu?

      18 “Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere,” ni vyo Yehova yavuze imbere y’igihe. (Hagayi 2:9) Igihe Yehova yazura Yezu ngo abe Umwami n’Umuherezi Mukuru adapfa, Yehova yarazanye ubwiza bwiserukije ku rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu. Yezu ubu arashoboye kuzana ‘agakiza kadashira ku bamugamburukira bose.’ (Abaheburayo 5:9) Abǎbaye aba mbere mu kuranga ubwo bugamburutsi bari ba bayoboke 120 bǎronka impwemu yera kuri Pentekote mu 33 G.C. Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana caravuze imbere y’igihe yuko abo bana ba Isirayeli bo mu vy’impwemu amaherezo boshitse ku gitigiri c’144 000. (Ivyahishuriwe Yohana 7:4) Benshi muri bo aho bapfiriye, barinze kuryama mu mva ubwoko-muntu busangiye, batagira ubwenge, barindira igihe Yezu yobaye ari ho ari, mu bubasha bwiwe bw’umwami. Urukurikirane-bihe ruri muri Daniyeli 4:10-17, 20-27 rutunga urutoke ku 1914 ko ari co gihe Yezu yotanguriyeko gutegeka hagati y’abansi biwe. (Zaburi 110:2) Imyaka mirongo imbere yaho, Abakirisu basīzwe uwo mwaka barawurorereye bakaramutse. Ya ntambara ya mbere y’isi yose hamwe n’ivyago vyayiherekeje vyashikiye ubwoko-muntu, vyaratanze igihinyuza c’uko Yezu yari yimitswe bimwe bitari ivy’imbeshere, aba Umwami, mu 1914. (Matayo 24:3, 7, 8) Haciye gatoyi, igihe kimaze gushika c’uko “urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana,” Yezu yoshikije wa muhango yari yahaye abayoboke basīzwe biwe bari bagiye mw itiro ry’urupfu: “Nzogaruka kubajana i wanje.”—1 Petero 4:17; Yohana 14:3.

      19. Amasigarira ya bamwe 144 000 azoshobora gute gushikira Ahera Cane ho mw ijuru?

      19 Nya baharurwa 144 000 ba bwa buherezi bweranda bose ntibaradomwako ikimenyetso ubwa nyuma ngo begeranirizwe mu muhira wabo wo mw ijuru. Amasigarira yabo baracari kw isi mu bumeremere bwo mu vy’impwemu bugereranywa n’Ahera, abatandukanywa n’aho Imana iri hera n’“igihuzu” ari co gitangirizo, ni ukuvuga imibiri yabo y’inyama. Iyo abo bapfuye bari mu bwizerwe, mu kanya barazurirwa kuba ibiremwa vy’impwemu bidapfa kugira biyunge ku bo mu 144 000 bamaze gushika mw ijuru.—1 Ab’i Korinto 15:51-53.

      20. Ni umurimo uhambaye uwuhe abasigaye bo muri bwa buherezi bweranda bariko barangura muri iki gihe, na wo ukavamwo iki?

      20 Ko abaherezi benshi basukurira hamwe n’Umuherezi Mukuru ahambaye mw ijuru, urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana rwararonse ubundi bwiza rwongewe. Mu kurindira, abasigaye bo mu buherezi bweranda bariko barangura umurimo w’agaciro kw isi. Biciye mu bukwiririji bwabo, Imana iriko ‘irahindisha agashitsi amahanga yose’ ikoresheje inseruro z’urubanza rwayo, nk’uko vyavuzwe imbere y’igihe muri Hagayi 2:7. Ico gihe nyene, amamiliyoni y’abasenzi badondorwa ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” bariko bararindiga binjira mu bigo vyo kw isi vy’urusengero rwa Yehova. None abo bafise ikibanza giki mu ntondeko Imana yashizeho y’ivy’ugusenga, kandi ni ubwiza buki bwo muri kazoza dushobora kwitega ku rusengero rwo mu vy’impwemu rwayo ruhambaye? Ivyo bibazo ni vyo bigiye guhwebuzwa mu mutagi ukurikira.

      Ibibazo vy’Isubiramwo

      ◻ Ni akarorero nyabaki kiserukije Yezu yashizeho mu 29 G.C.?

      ◻ Ni intondeko nki yatanguye gukora mu 29 G.C.?

      ◻ Ni igiki kigereranywa n’Ahera hamwe n’Ahera Cane?

      ◻ Rwa rusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rwaninahajwe gute?

  • Intsinzi y’Insengo y’Ukuri Iri Hafi
    Umunara w’Inderetsi—1996 | 1 Mukakaro
    • Intsinzi y’Insengo y’Ukuri Iri Hafi

      “[Yehova, “NW”] azoba Umwami aganza isi yose.”—ZEKARIYA 14:9.

      1. Ni ibiki vyabaye ku Bakirisu basīzwe mu gihe c’Intambara ya I y’Isi yose, kandi ivyo vyari vyaramenyeshejwe gute?

      MURI ya ntambara ya mbere y’isi yose, Abakirisu basīzwe baracumukujwe n’amagume hamwe n’ugupfungwa, mu maboko y’amahanga yari mu ntambara. Inkuka z’ishemezo baha Yehova zaratangīriwe bimwe bikomeye, bakorokera mu buhabishwe bwo mu vy’impwemu. Ivyo vyose vyari vyaravuzwe imbere y’igihe muri Zekariya 14:2, ahadondora igitero amahanga yose yoteye Yeruzalemu. Igisagara kivugwa muri iryo rimenyeshakazoza ni “Yerusalemu ho mw ijuru,” Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru hakaba kandi ahari “intebe y’Imana n[’iy]a wa Mwagazi.” (Abaheburayo 12:22, 28; 13:14; Ivyahishuriwe Yohana 22:3) Abasīzwe b’Imana bari kw isi ni bo bǎserukira ico gisagara. Abizerwa muri bo bararokotse nya gitero, baranka kwemera kwangazwa ngo ‘bave muri nya gisagara.’a

      2, 3. (a) Insengo ya Yehova yatsinze gute mu 1919? (b) Kuva mu 1935, ni insanzuruko nyabaki yahabaye?

      2 Mu 1919, abasīzwe b’abizerwa bari bidegembeshejwe barava mu buhabishwe bǎrimwo, buno nyene baca baboneraho kutagisha ikiringo c’impore cakurikiye intambara. Nk’abambasaderi ba Yeruzalemu ho mw ijuru, baracakiye ako kanyonza ruheta kugira bakwiririze inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kandi basahirize mu vy’ugutororokanya abaharurwa b’indangiza bo muri bamwe 144 000. (Matayo 24:14; 2 Ab’i Korinto 5:20) Mu 1931 barakiriye rya zina ribereye ryo mu Vyanditswe, Ivyabona vya Yehova.—Yesaya 43:10, 12.

      3 Kuva ubwo, Ivyabona basīzwe b’Imana ntibigeze baraba inyuma. Eka mbere na Hitler hamwe n’umwungunganyo wiwe w’ivy’intambara wa kinazi ntiyashoboye kubacecekesha. Naho hǎri uruhamo kw isi yose, umurimo wabo warâmye ivyamwa mw isi yose. Na canecane guhera mu mwaka w’1935, bariyunzweko n’“ishengero ryinshi” ryo mu mahanga yose, iryavuzwe imbere y’igihe mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Abo na bo nyene ni Abakirisu biyeguye bakabatizwa, kandi bakaba “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi,” Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 14) Ariko rero, abo si abasīzwe bafise icizigiro c’ubuzima bwo mw ijuru. Icizigiro cabo ni ic’ugutorana ico Adamu na Eva batakaje, ni co buzima bwa kimuntu bukemutse bwo kw isi y’iparadizo. (Zaburi 37:29; Matayo 25:34) Muri iki gihe, iryo shengero ryinshi baharurwa mu bugingo burenga imiliyoni zitanu. Insengo y’ukuri ya Yehova iriko iratsinda, ariko intsinzi ndangiza yayo ni iyizoza.

      Abanyamahanga mu Rusengero rwo mu vy’Impwemu rw’Imana

      4, 5. (a) Ni hehe rya shengero ryinshi risengera Yehova? (b) Ni uduteka nyabaki binovora, kandi ivyo bikaba ari itaha ry’irimenyeshakazoza irihe?

      4 Nk’uko vyari vyaravuzwe imbere y’igihe, ishengero ryinshi ‘bariko basenga Imana ku murango no mw ijoro mu rusengero rwayo.’ (Ivyahishuriwe Yohana 7:15, ivyanditswe amaja epfo, NW) Kubera ko batari Abisirayeli baherezi bo mu vy’impwemu, Yohani bisa n’uko yababonye bahagaze mu rusengero mu kigo co hanze c’Abanyamahanga. (1 Petero 2:5) Ese ukuntu urusengero rwo mu vy’impwemu rwa Yehova rwacitse urw’ubwiza, ibigo vyarwo bikuzuzwa iryo sinzi rinini ririko rimushemeza riri kumwe n’amasigarira ya Isirayeli yo mu vy’impwemu!

      5 Ishengero ryinshi ntibasukurira Imana mu bumeremere bwǎgereranywa n’ikigo c’ubuherezi cari indani. Ntibāturwa ko ari intungane kugira ngo babe abana barerano b’Imana, bo mu vy’impwemu. (Abaroma 8:1, 15) Naho ari uko, biciye mu gutumikisha ukwizera incungu ya Yezu, bafise impagararo ihumanutse imbere ya Yehova. Bāturwa ko ari intungane kugira babe abakunzi biwe. (Gereranya na Yakobo 2:21, 23.) Na bo nyene baraterwa agateka k’ugushikana amashikanwa yemerwa ku gicaniro co mu vy’impwemu c’Imana. Gutyo, muri iryo shengero rinini, irimenyeshakazoza ryo muri Yesaya 56:6, 7 ririko riragira itaha ry’ubwiza: “Abanyamahanga bīfatanya nanje [Yehova] kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, . . . nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.”

      6. (a) Ni ibimazi bwoko ki abanyamahanga bashikana? (b) Ca kigārigāri c’amazi co mu kigo c’ubuherezi kibibutsa iki?

      6 Mu bimazi abo banyamahanga bashikana harimwo “imbuto z’iminwa [nka ya mashikanwa y’intete zisyeye neza] ishima izina [ry’Imana]” no ‘kugira neza no gusangira ibintu n’abandi.’ (Abaheburayo 13:15, 16) Ca kigārigāri kinini c’amazi abaherezi bǎbwirizwa gukoresha kugira biyuhagire, ni inyibutsa ihambaye kandi kuri abo banyamahanga. Na bo nyene bategerezwa kwemera guhumanurwa mu vy’impwemu no mu vy’imero runtu uko Ijambo ry’Imana bukebuke riguma rigirwa irirongorotse kuri bo.

      Ha Hera n’Ibihashizwe

      7. (a) Rya shengero ryinshi babona gute uduteka ubuherezi bweranda bwatewe? (b) Ni utundi duteka nyabaki tw’inyongera bamwe mu banyamahanga baronse?

      7 Ha Hera n’ibihashizwe hoba hari insobanuro bifise kuri iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga? Urabona, ntibazigera bamera nk’uko vyagereranywa n’Ahera. Ntibavuka ubwa kabiri ngo babe abana bo mu vy’impwemu bafise ubwenegihugu bwo mw ijuru. Ivyo none vyoba bituma bumva babaye abanyanzigo canke abanohotsi? Oya. Ahubwo, baranezerwa mu gateka batewe k’ugushigikira ya masigarira ya bamwe 144 000, kandi barerekana inkenguruko ngerabwina kubera intēgo Imana ifise mu kwakira abo bana bo mu vy’impwemu bazosangira na Kirisitu mu vy’ukuduza ubwoko-muntu ku bukemuke. Kandi, iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga barakunda cane ubuntu badakwiriye buhambaye Imana yabagiriye mu kubaha icizigiro c’ubuzima budashira bwo kw isi mw Iparadizo. Bamwe muri abo banyamahanga, nka ba Banetinimu ba kera, bǎratewe agateka mu vy’ubucungezi mu gusahiriza ubuherezi bweranda.b (Yesaya 61:5) Muri abo, Yezu aragenamwo “abaganwa mu gihugu cose.”—Zaburi 45:16.

      8, 9. Ni inyungu nki rya shengero ryinshi rikura mu kwihweza ivyari bishizwe Ahera?

      8 Iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga naho batazigera binjira Ahera ngereranywa, baregenya ivyigwa binyagaciro mu bihashizwe. Nk’uko nyene igiterekwako amatara cari gikeneye kwama gisukīrwamwo amavuta, ni ko abo banyamahanga bakeneye impwemu yera kugira ibafashe bategere ibintu-kuri bija biraboneka bukebuke biva mw Ijambo ry’Imana, ibicishwa kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ikindi, impwemu y’Imana irabafasha kwishura ubu butumire: “[Im]pwemu bo na wa mugeni [ya masigarira yasîzwe] barahamagara, bati Ngwino. Kand’uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’[ubuzima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:17) Ca giterekwako amatara rero ni inyibutsa kuri rya shengero ryinshi y’ibango bajejwe ry’ukurasa umuco nk’Abakirisu n’ukuzibukira ikintu cose, agatima kose, iciyumviro cose, ijambo ryose canke igikorwa vyohava bituntuza impwemu yera y’Imana.—Abanyefeso 4:30.

      9 Ya meza y’imitsima y’ibiterekērwa iributsa ishengero ryinshi yuko kugira bagume bafise amagara meza mu vy’impwemu, bategerezwa kurya ku mfungurwa z’ivy’impwemu ziva muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 4:4) Ca gicaniro c’imibavu kibibutsa akamaro k’ugusenga Yehova n’ubwira kugira abafashe babone kugumya ukutadohoka kwabo. (Luka 21:36) Amasengesho yabo akwiye kuba arimwo inseruro mvamutima z’ishemezo n’ikurabwatsi. (Zaburi 106:1) Ca gicaniro c’imibavu kandi kirabibutsa ko ari ngombwa ngo bashemeze Imana mu bundi buryo, biciye nko mu kuririmba n’umutima wose indirimbo z’Ubwami ku mahwaniro makirisu no mu kwitegura neza kwabo ngo bagire mu buryo kirumara ‘ukumenyesha bose gutomoye bárondera agakiza.’—Abaroma 10:10.

      Intsinzi Irumye y’Insengo y’Ukuri

      10. (a) Dushobora kuraba imbere ku kizigizigi ruheta nyabaki? (b) Ni insanzuruko nyabaki itegerezwa kubanza kuhaba?

      10 Muri iki gihe, “amoko menshi” avuye mu mahanga yose ariko asendanisha aza ku nzu ya Yehova y’ugusengeramwo. (Yesaya 2:2, 3) Mu Vyahishuriwe Yohana 15:4 ivyo haravyemeza, hakavuga icese hati: “Ni nde atazogutinya ga [Yehova, NW], cank’atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.” Zekariya ikigabane ca 14 haradondora ibikurikira. Muri kazoza kimirije, ka gatima kabi k’abenshi mu bantu bo kw isi kazoshikira igihe-gaheta nibatororokana ubwa nyuma ngo barwanye Yeruzalemu—abaserukizi bo kw isi ba Yeruzalemu ho mw ijuru. Maze Yehova azova hasi. Nk’Imana-Ndwanantambara, “azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga” yubahutse kugira ico gitero.—Zekariya 14:2, 3.

      11, 12. (a) Yehova azokwishura ate igitero nkwirahose kigiye kuza ku basenzi bo mu rusengero rwiwe? (b) Intambara y’Imana izovamwo iki?

      11 “Iki ni co cago [Yehova, NW] azotēza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu: inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo, n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo. Kur’uwo musi [Yehova, NW] azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.”—Zekariya 14:12, 13.

      12 Ico cago, caba icago bwago canke ic’ikigereranyo, tubwirizwa kuzorindira tukaraba. Ariko rero, hari ikintu kimwe tuzi tudakēka. Abansi b’Imana nibakura umuriri bagiye kugira igitero nkwirahose ku basuku ba Yehova, bazohagarikwa n’amerekano nterakoba y’ububasha nshoboravyose bw’Imana. Iminwa yabo izocecekeshwa. Bizomera nk’uko indimi zabo z’agasomborotso zoba zaboze. Ihangiro bungiyeko ubumwe rizocika iritovye mu mbono yabo, nka kumwe amaso yabo yoba yaboze. Ububasha bwabo bw’umubiri, ubwabakomeza ngo bagire nya gitero, buzopfumpfumirana. Mu rudabangane, bazosūmirana bacincane bimwe bikomeye. Gutyo abansi b’Imana bose bo kw isi bazoba bakukumuwe. Amaherezo, amahanga yose azoba yagondojwe ku nguvu ngo yemere icese ububesegaba bwa Yehova mw ihangāre. Iri rimenyeshakazoza rizotaha: “[Yehova, NW] azoba Umwami aganza isi yose.” (Zekariya 14:9) Mu nyuma y’ivyo, Shetani n’amademo yiwe bazodadwa igihe ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu izotangurana n’imihezagiro myinshi ibikiwe ubwoko-muntu.—Ivyahishuriwe Yohana 20:1, 2; 21:3, 4.

      Izuka ryo kw Isi

      13. Abari “[a]masigarira bo mu mahanga yose” ni bande?

      13 Irimenyeshakazoza ryo muri Zekariya rirabandanya mu kigabane ca 14, umurongo wa 16, riti: “Maz’umuntu wese wo mu masigarira yo mu mahanga yose yateye i Yerusalemu azodūga uk’umwaka utashe [kwunamira] Umwami [Yehova, NW] Nyen’ingabo no kumara imisi mikuru y’insago.” Dukurikije Bibiliya, abantu bose bazima muri iki gihe babandanya kubaho gushika ku muhero w’uru runkwekwe nkorakibi kandi bacirwa urw’uko ari abansi b’insengo y’ukuri bazoshikirwa n’“[ugu]hanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira.” (2 Ab’i Tesalonike 1:7-9; raba kandi Matayo 25:31-33, 46.) Ntibazogira izuka. Bisa rero n’uko muri ayo “masigarira” harimwo abaharurwa bo mu mahanga bǎpfuye imbere y’intambara ndangiza y’Imana, kandi kuri bo hariho icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’izuka. “Igihe kija kuza,” ni vyo Yezu yasezeranye, “ah’abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira [ubuzima, NW], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.”—Yohana 5:28, 29.

      14. (a) Abazutse bategerezwa kuzogira iki ngo baronke ubuzima budashira? (b) Ni ibiki bizoshikira abo bose banka kwiyegurira Yehova ngo bamogorere insengo y’ukuri?

      14 Abo bazutse bose bategerezwa gukora ikintu kugira izuka ryabo ribabere iry’ubuzima, ntiribe iry’urubanza rubi. Bategerezwa kuza mu bigo vyo kw isi vy’urusengero rwa Yehova bakunama mu buryo bw’ukwiyegurira Imana biciye muri Yezu Kirisitu. Abazutse abo ari bo bose banka kugira ivyo, bazocumukuzwa n’icago nka kimwe nyene kizoshikira amahanga yo mu gihe ca none. (Zekariya 14:18) Ni nde azi igitigiri c’abazutse bazokwiyunga n’urweze kw ishengero ryinshi, mu guhimbaza Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago? Nta mazinda, hazoba hari benshi, kandi urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rwa Yehova ruzohava mbere rucike urw’ubwiza birushirije!

      Wa Musi Mukuru Ngereranywa w’Insago

      15. (a) Imice yiserukije imwimwe y’Umusi Mukuru w’Insago wagirwa n’Abisirayeli kera ni iyihe? (b) Ni kubera iki imasa 70 zashikanwa mu gihe c’uwo musi mukuru?

      15 Buri mwaka, Isirayeli ya kera yasabwa guhimbaza Umusi Mukuru w’Insago. Wamara iyinga rimwe, ukaba waza kw isozero ry’itororokanywa ry’umwimbu. Cari igihe c’umunezero n’ikurabwatsi. Mu gihe iryo yinga ryamara, bǎbwirizwa kuba mu bwikingo maragihe busakawe n’amababi y’ibiti, canecane amashami y’ibigazi. Uwo musi mukuru wǐbutsa Isirayeli ukugene Imana yakijije ba sekuruza babo ibakuye mu Misiri n’ukuntu yababungabunze bába mu nsago igihe bǎmara imyaka nka 40 bagendagenda mu bugaragwa gushika bashikire Igihugu c’Isezerano. (Abalewi 23:39-43) Mu kiringo ca nya musi mukuru, imasa 70 zaratangwako inkuka ku gicaniro c’urusengero. Nk’uko bigaragara, uwo muce wa nya musi mukuru wamenyesha kazoza ku vyerekeye umurimo nkizabuzima ukemutse kandi urumye waranguwe na Yezu Kirisitu. Inyungu ziva kuri iyo nkuka yiwe y’incungu amaherezo zizokwisēsa ku bakomoke ntaharurwa bo kuri ya miryango 70 y’ubwoko-muntu yakomotse kuri Nowa.—Itanguriro 10:1-29; Guharūra 29:12-34; Matayo 20:28.

      16, 17. (a) Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago wǎnzitse ryari, kandi washishikaye gute? (b) Rya shengero ryinshi bajamwo bate muri iryo himbaza?

      16 Gutyo rero Umusi Mukuru w’Insago wa kera watunga urutoke kw itororokanywa riteye umunezero ry’abanyavyaha bacunguwe ngo baze mu rusengero ruhambaye rwo mu vy’impwemu rwa Yehova. Icagereranywa n’uwo musi mukuru catanguye kuri Pentekote mu 33 G.C., gitangurana n’iyanzikwa ry’itororokanywa riteye umunezero ry’Abisirayeli bo mu vy’impwemu ngo bagire ikorane ry’Abakirisu. (Ivyakozwe n’intumwa 2:41, 46, 47) Abo basīzwe baratahuye ivy’uko bǎri “ingenzi” mw isi ya Shetani, kuko mu vy’ukuri, aho bafise “[ubwenegihugu, NW] ni mw ijuru.” (1 Petero 2:11; Ab’i Filipi 3:20) Uwo musi mukuru uteye umunezero waramaze igihe gitoyi utwikiriwe n’ubuhuni bwavuyemwo ishirwaho ry’Ubukirisu-bwitirano. (2 Ab’i Tesalonike 2:1-3) Ariko rero, uwo musi mukuru waravuguruwe mu 1919 n’itororokanywa riteye umunezero ry’abaharurwa ba nyuma bo muri ba Bisirayeli bo mu vy’impwemu 144 000, rikurikirwa na rimwe ry’ishengero ryinshi riva mu mahanga yose ryo mu Vyahishuriwe Yohana 7:9.

      17 Nya shengero ryinshi badondorwa nk’abafise amashami y’ibigazi mu minwe, ari na vyo vyerekana ko na bo nyene ari abahimbaji banyamunezero b’Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago. Uko ari Abakirisu biyeguye, barajamwo n’umunezero muri wa murimo w’ugutororokaniriza abasenzi bandi mu rusengero rwa Yehova. Ikindi kandi, kubera ko ari abanyavyaha, baratahura ko ata marenganzira y’ubucumbitsi bw’intahava bafise kw isi. Abo, hamwe n’abazozuka, bategerezwa kuzoguma batumikisha ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu kugeza aho bashikira ubukemuke bwa kimuntu kw iherezo rya ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu.—Ivyahishuriwe Yohana 20:5.

      18. (a) Ni ibiki bizoshika kw iherezo rya ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Yezu Kirisitu? (b) Insengo y’ukuri amaherezo izotsinda gute?

      18 Gutyo, abasenzi b’Imana kw isi bazoguma imbere yayo bari mu bukemuke bwa kimuntu batirirwa barakenera ubuherezi bwo mw ijuru. Igihe kizoba caje aho Yezu Kirisitu “azoshikiriza Imana ubgami, ni yo [Se].” (1 Ab’i Korinto 15:24) Shetani azorekurwa “[a]mare igihe gito” kugira asuzume abantu iyo bava bakagera bǎkemuwe. Abo ari bo bose batazoba abizerwa bazorandurwa ubudashira, baranduranwe na Shetani hamwe n’amademo yiwe. Abazoguma ari abizerwa bazohabwa ubuzima budashira. Bazocika abacumbitsi b’intahava mw Iparadizo yo kw isi. Gutyo wa Musi Mukuru ngereranywa w’Insago uzoba waje kw isozero ry’ubuninahazwa, ritunganiwe. Insengo y’ukuri izoba yatsinze, ngo biheshe Yehova ubuninahazwa budashira, ubwoko-muntu nabwo ubuhirwe buhoraho.—Ivyahishuriwe Yohana 20:3, 7-10, 14, 15.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika