ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 52
  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni igiki gituma ubuzima bugira insobanuro nyakuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 52

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Inyishu Bibiliya itanga

Ikibazo kijanye n’intumbero y’ubuzima coshobora kubazwa mu bundi buryo, nk’akarorero ngo Kubera iki turiho? Canke ngo Ubuzima bwanje bwoba bufise intumbero? Bibiliya yerekana ko intumbero y’ubuzima bwacu ari ukugiranira ubucuti n’Imana. Rimbura uku kuri kw’ishimikiro Bibiliya ihishura.

  • Imana ni yo yaturemye. Bibiliya igira iti: ‘Imana ni yo yaduhinguye, si twebwe ubwacu.’​—Zaburi 100:3; Ivyahishuwe 4:11.

  • Ibintu vyose Imana yaremye, ushizemwo na twebwe, yabiremye ku bw’umugambi kanaka.—Yesaya 45:18.

  • Imana yaturemye turi abantu “bakeneye ivy’impwemu,” aho hakaba harimwo n’icipfuzo co kumenya intumbero y’ubuzima. (Matayo 5:3) Ishaka ko duhaza ico cipfuzo.—Zaburi 145:16.

  • Turironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu mu kugiriranira ubugenzi n’Imana. Naho hari ababona ko badashobora kugiriranira ubugenzi n’Imana, Bibiliya ituremesha iti: “Mwiyegereze Imana na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8; 2:23.

  • Kugira ngo tube abagenzi b’Imana, dutegerezwa kubaho twisunga umugambi idufitiye. Bibiliya iravuga uwo mugambi mu Musiguzi 12:13: “Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.”

  • Muri kazoza tuzokwungukira bimwe bishitse ku mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango niyakuraho imibabaro maze igaha ubuzima budashira abagenzi bayo, ni ukuvuga abayisenga.—Zaburi 37:10, 11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika