ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 29 rup. 181-rup. 185 ing. 2
  • Ijwi Rimeze Neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijwi Rimeze Neza
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kuvuga Amajambo mu Buryo Butomoye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwiyubare ‘ntiwumvirize ijwi ry’ab’ahandi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 29 rup. 181-rup. 185 ing. 2

ICIGWA CA 29

Ijwi Rimeze Neza

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nuryohore ijwi ryawe, atari mu kwigana uwundi muntu ariko mu guhema neza be no mu kworosha imitsi yaranze.

Ni Kuki Bihambaye?

Ijwi rimeze neza rirafasha abandi kuruhuka no kugutega amatwi banezerewe. Ijwi rimeze nabi rirabisha ikiganiro, kandi rishobora gutesha umutwe umushikirizansiguro be n’abumviriza.

ICOSHA abantu canecane si ibivugwa gusa, ahubwo kandi baroshwa n’uburyo bivugwa. Mbega none mu gihe umuntu ariko arakuvugisha n’ijwi rihimbaye, riranga igishika, rya kigenzi kandi riranga ubugwaneza, si ivy’ukuri yuko urushiriza kugira umunezero ukumva ushaka kwumviriza kuruta igihe ijwi ryiwe ritarimwo inyiyumvo canke ari iry’ugukankama?

Gutsimbataza ijwi rimeze neza si ikibazo gusa c’uburyo ijwi rikora. Birashobora no kujamwo kamere umuntu afise. Uko umuntu atera imbere mu bumenyi bw’ukuri kwa Bibiliya be no mu kubushira mu ngiro, amahinduka arigaragaza mu buryo avuga. Kamere ziva ku Mana nk’urukundo, umunezero be n’ubugwaneza ziragaragarira mw’ijwi ryiwe. (Gal. 5:22, 23) Igihe yiyumvamwo ko ababaye abandi vy’ukuri, ijwi ryiwe rirabigaragaza. Igihe ugushima gusubiriye agatima ko kwama yidoga, amajambo avuga be n’ijwi akoresha birabigaragaza. (Int. 3:39-42; 1 Tim. 1:12; Yuda 16) No mu gihe nyene udategera ururimi ruriko ruravugwa, mu gihe hari umuntu avuganye ubwishime, ukwinubana, ukunebagurana be n’ugutata, uwundi muntu na we akavugana ukwicisha bugufi, ukwihangana, ubugwaneza be n’urukundo, ntibikugora kumenya aho batandukaniye.

Mu bihe bimwebimwe ijwi ridakwegera rishobora kuba ryatumwe n’indwara yononye amarakaraka, canke bukaba ari ubumuga warazwe bw’umubiri. Mwene ivyo bintu vyoshobora kuba bikomeye ku buryo bitazokosorwa ngo bihere muri iki gihe. Ariko rero, mu bisanzwe kwiga gukoresha neza ibihimba vy’umubiri bidufasha kuvuga bishobora gutuma turushiriza kuvuga neza.

Ubwa mbere na mbere birahambaye gutahura yuko ibiranga ijwi usanga bitandukanye ku bantu. Intumbero yawe ntikwiye kuba iyo gutsimbataza ijwi rimeze nk’iry’uwundi muntu. Ahubwo, nutsimbataze ubushobozi bw’ijwi ryawe bwite, hamwe n’ibintu vyiza biriranga. None ni igiki gishobora kugufasha kubigira? Hariho uburyo bubiri ntahara.

Hema Neza. Kugira ngo bigende neza igihe ukoresha ijwi ryawe, urakeneye impemu zihagije hamwe no guhema neza. Atari uko biri, ijwi ryawe rishobora kwumvikana nk’irigoyagoya, n’uburyo ushikiriza insiguro yawe bugahava bugenda buracikagurika.

Igihimba kinini kuruta c’amahaha ntikiri hejuru y’igikiriza; ico gihimba kiboneka gusa ko ari kinini kubera amagufa y’ibitugu. Ahubwo amahaha yaguka cane hejuru y’impababo, kino kikaba ari igihimba kigize urugabano rutandukanya igikiriza n’inda. Impababo ifashe ku magufa y’imbavu zo hepfo.

Iyo wujuje gusa igihimba co hejuru c’amahaha yawe igihe ukweze impemu, zino mpemu ntiziteba guhera. Ijwi ryawe nta nguvu rigira, kandi ntuzoteba kuruha. Kugira ngo uheme neza, birakenewe ko wicara canke uhagarara ugororotse kandi ibitugu vyawe ukabigumiza inyuma. Nugire akigoro gakomeye kugira ngo wirinde kugārūra igihimba co hejuru gusa c’igikiriza igihe ukwega impemu ngo uvuge. Nubanze wuzuze igice c’epfo c’amahaha. Igihe ico gice cuzuye, igice c’epfo c’imbavu kiraheza kikagaruka ku ruhande. Muri ico gihe nyene, impababo iramanuka, ikigizayo bukebuke umushishito n’amara, ku buryo wumva umukanda (umukaba) wawe udwega, canke ikindi kintu wambarira ku nda. Mugabo amahaha ntaba mu nda; ari mu gikono kigizwe n’imbavu. Kugira ngo uvyirabire, shira ibiganza ku ruhande rumwe rwose rw’igice c’epfo c’igikono kigize imbavu zawe. Ubu naho nuheme ushikana. Nimba uriko urahema mu buryo bubereye, ntuhotsa inda yawe wongera uduza ibitugu. Ahubwo, wumva imbavu zaguka gatoyi zongera zihoka bukebuke.

Ubukurikira, niwimenyereze gusohora impemu. Ntupfishe ubusa impemu zawe mu kuzisohora ningoga na ningoga. Zirekure buhorobuhoro. Ntugerageze kuzitangira mu kuzinigira mu muhogo. Ivyo vyotuma ijwi rica ryumvikana nk’irikweguruye canke nk’iriduga cane bidasanzwe. Inguvu zivuye mu mitsi yo mu nda be n’izivuye mu mitsi yo hagati y’utugufa tw’imbavu zirasohora impemu, mu gihe impababo ifasha kuzisohora ningoga.

Ibicapo ku rup. 183

Nk’uko nyene umwirutsi yimenyereza kugira ngo aje mw’isiganwa, ni ko n’umushikirizansiguro ashobora gutsimbataza uguhema neza biciye ku kwimenyereza. Nuhagarare ugororotse ibitugu biri inyuma, uheme kugira ngo wuzuze impemu igihimba c’epfo c’amahaha, maze kw’ihema rimwerimwe ryose uze urarekura impemu bukebuke, uharura gushika kuri kenshi gashoboka buhorobuhoro kandi worohewe. Maze niwimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana igihe uhema muri ubwo buryo nyene.

Niworoshe Imitsi Iranze. Ikindi kintu ntahara kugira ngo ijwi rimere neza ni ukwumva worohewe! Biratangaje vy’ukuri kubona ingene ushobora kuryohora biciye ku kwiga kwumva worohewe igihe uriko uravuga. Ubwenge hamwe n’umutumba bitegerezwa kworoshwa, kubera ko kutagira umutima mu nda bituma imitsi iranda.

Niworoshe mu bwenge mu kubona ibintu mu buryo bubereye ku bijanye n’abakwumviriza. Nimba bano ari abantu muhora muhura uri mu busuku bwo mu ndimiro, ibuka yuko naho nyene woba umaze amezi makeyi wiga Bibiliya, uzi ibintu vy’agaciro ushobora kubabwira vyerekeye umugambi wa Yehova. Kandi uriko urabagendera kubera ko bakeneye gufashwa, baba babitahura canke batabitahura. Ku rundi ruhande, nimba uriko uvugira mu Ngoro y’Ubwami, benshi mu bakwumviriza ni abasavyi ba Yehova. Ni abagenzi bawe, kandi bashaka ko bikugendera neza. Nta bandi bantu na bamwe kw’isi uzosanga bavugira imbere y’abantu mwene abo b’abagenzi kandi barangwa n’urukundo.

Niworoshe imitsi y’umuhogo mu kuyitwararika cane be no mu gutuma itaranda ubishizeko umutima. Uribuka yuko utugozi twawe tw’ijwi turangīra igihe impemu ziduhusheko. Ijwi rirahinduka uko imitsi y’umuhogo iranze canke yorohewe, nk’uko nyene ijwi ry’umurya w’igitari canke umurya w’inanga rihinduka igihe unangiriye canke unanguruwe. Igihe woroheje utugozi twawe tw’ijwi, ijwi riramanuka. Kworosha imitsi y’umuhogo biranafasha gutuma inzira y’impemu iguma yuguruye, kandi ivyo bizogira ico bikoze kiboneka ku kumera neza kw’ijwi ryawe.

Niworoshe umutumba wawe wose: amavi, amaboko, ibitugu, izosi. Ivyo bizoterera agacumu k’ubumwe ku gusāmirira gukenewe kwoha ijwi ryawe ubushobozi bwo gushika kure. Ugusāmirira kw’ijwi kuboneka igihe umutumba wose ukora bwa gisohorajwi, mugabo ivyo bizibirwa n’ukutagira umutima mu nda. Ijwi, irihingurirwa mu marakaraka ntirisamirira mu mihora y’izuru gusa, ahubwo rirasamirira kandi mu gikaraza, ku menyo, mu magage be no mu mazuru. Ivyo vyose birashobora guterera agacumu k’ubumwe ku gutuma ijwi risamirana neza. Mu gihe ushize ibintu biremereye ku nda y’igitari, ijwi rirapfanirana; inda y’igitari itegerezwa kuba yidegemvya kugira ngo isamirize ijwi neza. Ukwo ni ko bimera no ku nyubako z’amagufa y’umubiri wacu, na zo zikaba zifashwe cane n’imitsi. Ukoresheje ugusamirira kw’ijwi, bizotuma ushobora guhindagura ijwi ryawe neza wongere userure inyiyumvo zitandukanye. Uzoshobora gushikira abantu benshi bumviriza utarinze gukwegurura ijwi.

UKUNTU IJWI RIBONEKA

Ishimikiro ry’amajwi yose ni zirya mpemu usunika zikaduga zivuye mu mahaha. Amahaha akora bwa muvuba usunikira impemu mu muhogo w’impemu, hanyuma zikinjira mu marakaraka ari ko kumba k’ijwi, ako kakaba kari hagati y’umuhogo wawe. Hagati mu kumba kawe k’ijwi, ku mpande zirabana, hariyo utuzingo tubiri dutoduto tw’imitsi twitwa utugozi tw’ijwi. Utwo ni two tuntu nyamukuru duhingura ijwi. Utwo tuzingo tw’imitsi turugurura kandi tukugara inzira y’impemu ica mu marakaraka kugira ngo impemu zinjire zongere zisohoke, no kugira ngo tubuze ibintu bidakenewe vyoye kwinjira mu mahaha. Mu guhema gusanzwe nta jwi ryumvikana igihe impemu zihushe ku tugozi tw’ijwi. Mugabo igihe umuntu ashatse kuvuga, imitsi irakwega twa tugozi tw’ijwi, maze tuno tukarangīra iyo impemu zo mu mahaha zisunitswe zikaducako. Ivyo bivamwo ijwi.

Uko nya tugozi tw’ijwi dukweguka cane, ni ko turushiriza kurangīra, kandi ni ko amajwi asohoka arushiriza kuba ayo hejuru. Ku rundi ruhande, uko nya tugozi turushiriza kworoshwa, ni ko amajwi arushiriza kuba ayo hasi. Iyo agapfunda k’ijwi kavuye mu marakaraka, kinjira mu gihimba ca ruguru c’umuhogo. Mu nyuma gaca mu kanwa be no mu mihora y’izuru. Hariho utundi tujwi tugenda turiyongerako tugahindura, tukaryohora kandi tukongereza rya jwi ryo mu ntango. Amagage hamwe n’ururimi, amenyo, iminwa be n’imibangabanga birafatanya mu kugabura twa dupfunda tw’ijwi turangīra, bigaca bivamwo imvugo yumvikana.

Ijwi ry’umuntu ni igitangaza, akaba ata gicurarangisho cakozwe n’umuntu kirishikira mu vyo guhindagura. Rirafise ubushobozi bwo guserura inyiyumvo be n’akanyengetera, rwaba urukundo rurangwa n’ikibabarwe n’ubugwaneza canke urwanko rurangwa n’ugukara. Igihe ijwi ritsimbatajwe kandi rikamenyerezwa neza, rishobora kudogagira amanuta (amajwi) yose riduga, gushika ku ncuro zitatu. Kandi ico rishobora kuvamwo si amajwi aryoheye ugutwi gusa, riravamwo kandi uburyo bw’ukuvuga bukora ku mutima.

KURENGERA INGORANE ZINAKA

Ijwi rigoyagoya. Ijwi ryoroshe si ukuvuga ko riba rigoyagoya. Iyo rigizwe n’utujwitujwi turyoshe, abandi barashobora kuryumviriza baryohewe. Mugabo kugira ngo ijwi ryumvikane neza, ritegerezwa kuba rinini bihagije.

Kugira ngo uryohore ubukomezi bw’ijwi ryawe, urakeneye kuryohora umusāmīro waryo. Ivyo bisaba kwiga kworosha umutumba wawe wose, mu buryo bwavuzwe muri iki cigwa. Woroheje umutumba wawe ubikuye ku mutima kandi ukaza uramenyereza ijwi mu kuyingira, birashobora gufasha. Iminwa ikwiye kuba gusa ikoranako buhorobuhoro, ntifyondane cane. Uko uyingira, niwumvirize ukurangīra kwumvikanira mu mutwe no mu gikiriza.

Rimwerimwe ijwi rirumvikana ko ridahagije canke nk’irikweguruye, kubera yuko umuntu atamerewe neza canke kubera atasinziriye agatiro gahagije. Uko biboneka, mu gihe ivyo bintu bigenze neza, ijwi riramera neza.

Ijwi ryo hejuru cane kurenza. Gukwega cane utugozi tw’ijwi biratuma ijwi rivugira hejuru. Ijwi rivugira hejuru rituma abumviriza bahata mu kwumviriza. Biciye ku kworosha imitsi y’umuhogo kugira ngo ugabanye umunangiro w’utugozi tw’ijwi, urashobora kumanura ijwi. Nubigire ubikuye ku mutima, uvyimenyereze mu kiyago ca misi yose. Uguhema ushikana na vyo nyene birafasha.

Ijwi rivugira mu mazuru. Rimwe na rimwe iyo ngorane iraterwa n’ukuziba kw’amazuru, mugabo kenshi si uko vyama bimeze. Rimwerimwe iyo umuntu yaranze imitsi y’umuhogo be n’iy’umunwa, arazibira imyenge y’izuru ku buryo impemu zidashobora kuhaca zorohewe. Ivyo bituma mu mazuru harangīra. Kugira ngo wirinde ivyo, urakeneye kwumva worohewe.

Ijwi rikaze. Ijwi mwene iryo ntiriremesha uguhanahana ivyiyumviro kwa kigenzi. Rishobora gukanga abandi.

Mu bihe bimwebimwe, ikintu c’ishimikiro kiba gikenewe ni akigoro kabandanya ko guhindura kamere yawe. (Kol. 3:8, 12) Nimba ivyo warabigize, gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’uburyo ijwi rikora birashobora gufasha. Niworoshe umuhogo n’imibangabanga. Ivyo bizotuma ijwi riba iriryoheye ugutwi, kandi bizoririnda guhinduka igihe umuntu arihata ngo risohokane mu menyo.

UBURYO BWO KURYOHORA

  • Nutsimbataze kamere za gikirisu.

  • Niwimenyereze guhema neza, mu kwuzuza impemu igihimba c’epfo c’amahaha.

  • Igihe uriko uravuga, niworoshe imitsi, umuhogo, izosi, ibitugu, umutumba wawe wose.

IMYIMENYEREZO: (1) Niwimenyereze guhema ku buryo wuzuza impemu igihimba c’epfo c’amahaha mu kiringo c’iminuta mikeyi ku musi ku musi, ivyo ubigire mu ndwi yose. (2) N’imiburiburi rimwe ku musi ukabigira mu mushamvu, niworoshe imitsi y’umuhogo wawe ubishizeko umutima, igihe uvuga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika