ICIGWA CA 29
Ijwi Rimeze Neza
ICOSHA abantu canecane si ibivugwa gusa, ahubwo kandi baroshwa n’uburyo bivugwa. Mbega none mu gihe umuntu ariko arakuvugisha n’ijwi rihimbaye, riranga igishika, rya kigenzi kandi riranga ubugwaneza, si ivy’ukuri yuko urushiriza kugira umunezero ukumva ushaka kwumviriza kuruta igihe ijwi ryiwe ritarimwo inyiyumvo canke ari iry’ugukankama?
Gutsimbataza ijwi rimeze neza si ikibazo gusa c’uburyo ijwi rikora. Birashobora no kujamwo kamere umuntu afise. Uko umuntu atera imbere mu bumenyi bw’ukuri kwa Bibiliya be no mu kubushira mu ngiro, amahinduka arigaragaza mu buryo avuga. Kamere ziva ku Mana nk’urukundo, umunezero be n’ubugwaneza ziragaragarira mw’ijwi ryiwe. (Gal. 5:22, 23) Igihe yiyumvamwo ko ababaye abandi vy’ukuri, ijwi ryiwe rirabigaragaza. Igihe ugushima gusubiriye agatima ko kwama yidoga, amajambo avuga be n’ijwi akoresha birabigaragaza. (Int. 3:39-42; 1 Tim. 1:12; Yuda 16) No mu gihe nyene udategera ururimi ruriko ruravugwa, mu gihe hari umuntu avuganye ubwishime, ukwinubana, ukunebagurana be n’ugutata, uwundi muntu na we akavugana ukwicisha bugufi, ukwihangana, ubugwaneza be n’urukundo, ntibikugora kumenya aho batandukaniye.
Mu bihe bimwebimwe ijwi ridakwegera rishobora kuba ryatumwe n’indwara yononye amarakaraka, canke bukaba ari ubumuga warazwe bw’umubiri. Mwene ivyo bintu vyoshobora kuba bikomeye ku buryo bitazokosorwa ngo bihere muri iki gihe. Ariko rero, mu bisanzwe kwiga gukoresha neza ibihimba vy’umubiri bidufasha kuvuga bishobora gutuma turushiriza kuvuga neza.
Ubwa mbere na mbere birahambaye gutahura yuko ibiranga ijwi usanga bitandukanye ku bantu. Intumbero yawe ntikwiye kuba iyo gutsimbataza ijwi rimeze nk’iry’uwundi muntu. Ahubwo, nutsimbataze ubushobozi bw’ijwi ryawe bwite, hamwe n’ibintu vyiza biriranga. None ni igiki gishobora kugufasha kubigira? Hariho uburyo bubiri ntahara.
Hema Neza. Kugira ngo bigende neza igihe ukoresha ijwi ryawe, urakeneye impemu zihagije hamwe no guhema neza. Atari uko biri, ijwi ryawe rishobora kwumvikana nk’irigoyagoya, n’uburyo ushikiriza insiguro yawe bugahava bugenda buracikagurika.
Igihimba kinini kuruta c’amahaha ntikiri hejuru y’igikiriza; ico gihimba kiboneka gusa ko ari kinini kubera amagufa y’ibitugu. Ahubwo amahaha yaguka cane hejuru y’impababo, kino kikaba ari igihimba kigize urugabano rutandukanya igikiriza n’inda. Impababo ifashe ku magufa y’imbavu zo hepfo.
Iyo wujuje gusa igihimba co hejuru c’amahaha yawe igihe ukweze impemu, zino mpemu ntiziteba guhera. Ijwi ryawe nta nguvu rigira, kandi ntuzoteba kuruha. Kugira ngo uheme neza, birakenewe ko wicara canke uhagarara ugororotse kandi ibitugu vyawe ukabigumiza inyuma. Nugire akigoro gakomeye kugira ngo wirinde kugārūra igihimba co hejuru gusa c’igikiriza igihe ukwega impemu ngo uvuge. Nubanze wuzuze igice c’epfo c’amahaha. Igihe ico gice cuzuye, igice c’epfo c’imbavu kiraheza kikagaruka ku ruhande. Muri ico gihe nyene, impababo iramanuka, ikigizayo bukebuke umushishito n’amara, ku buryo wumva umukanda (umukaba) wawe udwega, canke ikindi kintu wambarira ku nda. Mugabo amahaha ntaba mu nda; ari mu gikono kigizwe n’imbavu. Kugira ngo uvyirabire, shira ibiganza ku ruhande rumwe rwose rw’igice c’epfo c’igikono kigize imbavu zawe. Ubu naho nuheme ushikana. Nimba uriko urahema mu buryo bubereye, ntuhotsa inda yawe wongera uduza ibitugu. Ahubwo, wumva imbavu zaguka gatoyi zongera zihoka bukebuke.
Ubukurikira, niwimenyereze gusohora impemu. Ntupfishe ubusa impemu zawe mu kuzisohora ningoga na ningoga. Zirekure buhorobuhoro. Ntugerageze kuzitangira mu kuzinigira mu muhogo. Ivyo vyotuma ijwi rica ryumvikana nk’irikweguruye canke nk’iriduga cane bidasanzwe. Inguvu zivuye mu mitsi yo mu nda be n’izivuye mu mitsi yo hagati y’utugufa tw’imbavu zirasohora impemu, mu gihe impababo ifasha kuzisohora ningoga.
Nk’uko nyene umwirutsi yimenyereza kugira ngo aje mw’isiganwa, ni ko n’umushikirizansiguro ashobora gutsimbataza uguhema neza biciye ku kwimenyereza. Nuhagarare ugororotse ibitugu biri inyuma, uheme kugira ngo wuzuze impemu igihimba c’epfo c’amahaha, maze kw’ihema rimwerimwe ryose uze urarekura impemu bukebuke, uharura gushika kuri kenshi gashoboka buhorobuhoro kandi worohewe. Maze niwimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana igihe uhema muri ubwo buryo nyene.
Niworoshe Imitsi Iranze. Ikindi kintu ntahara kugira ngo ijwi rimere neza ni ukwumva worohewe! Biratangaje vy’ukuri kubona ingene ushobora kuryohora biciye ku kwiga kwumva worohewe igihe uriko uravuga. Ubwenge hamwe n’umutumba bitegerezwa kworoshwa, kubera ko kutagira umutima mu nda bituma imitsi iranda.
Niworoshe mu bwenge mu kubona ibintu mu buryo bubereye ku bijanye n’abakwumviriza. Nimba bano ari abantu muhora muhura uri mu busuku bwo mu ndimiro, ibuka yuko naho nyene woba umaze amezi makeyi wiga Bibiliya, uzi ibintu vy’agaciro ushobora kubabwira vyerekeye umugambi wa Yehova. Kandi uriko urabagendera kubera ko bakeneye gufashwa, baba babitahura canke batabitahura. Ku rundi ruhande, nimba uriko uvugira mu Ngoro y’Ubwami, benshi mu bakwumviriza ni abasavyi ba Yehova. Ni abagenzi bawe, kandi bashaka ko bikugendera neza. Nta bandi bantu na bamwe kw’isi uzosanga bavugira imbere y’abantu mwene abo b’abagenzi kandi barangwa n’urukundo.
Niworoshe imitsi y’umuhogo mu kuyitwararika cane be no mu gutuma itaranda ubishizeko umutima. Uribuka yuko utugozi twawe tw’ijwi turangīra igihe impemu ziduhusheko. Ijwi rirahinduka uko imitsi y’umuhogo iranze canke yorohewe, nk’uko nyene ijwi ry’umurya w’igitari canke umurya w’inanga rihinduka igihe unangiriye canke unanguruwe. Igihe woroheje utugozi twawe tw’ijwi, ijwi riramanuka. Kworosha imitsi y’umuhogo biranafasha gutuma inzira y’impemu iguma yuguruye, kandi ivyo bizogira ico bikoze kiboneka ku kumera neza kw’ijwi ryawe.
Niworoshe umutumba wawe wose: amavi, amaboko, ibitugu, izosi. Ivyo bizoterera agacumu k’ubumwe ku gusāmirira gukenewe kwoha ijwi ryawe ubushobozi bwo gushika kure. Ugusāmirira kw’ijwi kuboneka igihe umutumba wose ukora bwa gisohorajwi, mugabo ivyo bizibirwa n’ukutagira umutima mu nda. Ijwi, irihingurirwa mu marakaraka ntirisamirira mu mihora y’izuru gusa, ahubwo rirasamirira kandi mu gikaraza, ku menyo, mu magage be no mu mazuru. Ivyo vyose birashobora guterera agacumu k’ubumwe ku gutuma ijwi risamirana neza. Mu gihe ushize ibintu biremereye ku nda y’igitari, ijwi rirapfanirana; inda y’igitari itegerezwa kuba yidegemvya kugira ngo isamirize ijwi neza. Ukwo ni ko bimera no ku nyubako z’amagufa y’umubiri wacu, na zo zikaba zifashwe cane n’imitsi. Ukoresheje ugusamirira kw’ijwi, bizotuma ushobora guhindagura ijwi ryawe neza wongere userure inyiyumvo zitandukanye. Uzoshobora gushikira abantu benshi bumviriza utarinze gukwegurura ijwi.