ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp1 ikig. 32 rup. 228-234
  • Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uko wovyifatamwo
  • Nugire uwo uvyiganira
  • Gufatwa ku nguvu: Ni ibiki nkwiye kumenya?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana
    Urwaruka ruribaza
  • Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 1: Ivyo umuntu yokora kugira yikingire
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene twohumuriza abakorewe amabi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
yp1 ikig. 32 rup. 228-234

IKIGABANE CA 32

Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?

Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni barafatwa ku nguvu canke bagakorerwa ayandi mabi mu vy’igitsina, kandi amatohoza yagizwe yerekana ko abakiri bato ari bo canecane babangamiwe. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bigereranywa yuko hafi ica kabiri c’abafatwa ku nguvu bose ari abatarashikana imyaka 18. Kubera ko ubwo bubisha bwiraye, birahambaye rwose ko wihweza iki kiganiro.

“Yarancakiye, kerakera aba yankubise hasi, sinamenya n’ivyo ari vyo. Nta ko ntagize ngo ndamurwanye. Narasokoroye akagopo karimwo vya vyuka bikoroza amosozi, aca aragakubita gatarikira nka hariya. Naragerageje gukoma induru, ijwi riranka gusohoka. Naramusunitse, ndamutera imigere, ndamudidagura, ndamuharatura ivyara, nza numva ancumise imbugita. Inguvu zose nagiye numva ziheze.”—Annette.

ABABISHA nk’abo baruzuye muri iki gihe, kandi barondera canecane abakiri bato. Nk’ukwo kwa Annette, abakiri bato bamwebamwe ayo mabi bayakorerwa n’umuntu batazi. Abandi na bo bayakorerwa n’umubanyi. Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Natalie. Igihe yari afise imyaka 10 gusa, yarafashwe ku nguvu n’umuhungu w’umuyabaga w’umubanyi. Avuga ati: “Naragize ubwoba cane n’ibimaramare vyinshi ku buryo ata n’umwe nashotse ndabibwira.”

Hari abakiri bato benshi bakorewe amabi n’umuntu wo mu muryango. Umugore umwe yitwa Carmen avuga ati: “Kuva mfise imyaka 5 gushika nshikanye imyaka 12, narakorewe amabi mu vy’igitsina na dawe. Nahavuye ndamuhangara ndabimubaza igihe nari mfise imyaka 20. Yaransavye imbabazi, ariko haciye amezi makeyi aca aranyirukana muhira.”

Gukorerwa amabi mu vy’igitsina n’umubanyi, umugenzi canke umuntu wo mu muryango, biriraye rwose muri iki gihe.a Ariko gukorera amabi abakiri bato si ikintu gishasha. Iyo ngeso igayitse yariho no mu gihe Bibiliya yariko irandikwa. (Yoweli 3:3; Matayo 2:16) Ubu tubayeho mu bihe bitoroshe. Abantu benshi ‘ntibiyumvamwo ababo,’ kandi biramenyerewe ko abakobwa (mbere n’abahungu) bakorerwa amabi mu vy’igitsina. (2 Timoteyo 3:1-3) Naho ata buryo bwo kwikingira ijana kw’ijana buhari, hari vyinshi wokora ngo wikingire. Rimbura izi nama zikurikira:

Nugende ugavye. Igihe uriko uratembera hanze, numenye ibiba irya n’ino yawe. Ibibanza bimwebimwe usanga bizwi ko birimwo akaga, canecane mw’ijoro. Uko bishoboka kwose, niwirinde ivyo bibanza canke na ho igihe uciye aho hantu witwararike kutaba uri wenyene.—Imigani 27:12.

Ntutume bakwiyumvirako ibindi. Niwirinde kwiyegereza cane abo mudasangiye igitsina canke kwambara mu buryo bukabura inambu y’umubiri. Ivyo vyotuma abandi biyumvira ko ushaka uwo muryamana, canke ko n’imiburiburi utovyanka hagize uwubigusaba.—1 Timoteyo 2:9, 10.

Nimuganire ku turimbi ntarengwa. Nimba hari uwo muriko muragenderanira ku bwo kureshanya, nimuganire inyifato ibereye mwogira n’iyitabereye mwokwirinda.b Mumaze gushinga uturimbi, ntiwishire mu bintu vyohava bituma ufatwa ku nguvu.—Imigani 13:10.

Ntutinye kuvuga. Nta kibi kiri mu kuvuga ushikamye uti: “Ntukorwe!” canke uti: “Nkurako ukuboko!” Ntugire ubwoba ngo uwo muhungu mukundana yohava aguheba. Niyaguheba kubera ico kintu, azoba atari rwawe! Nakare, ukwiriye umugabo nyawe, umugabo yubaha umubiri wawe n’ingingo ngenderwako wisunga.c

Niwiyubare igihe uri kuri Internet. Ntiwigere utanga amakuru akwerekeye canke ngo ushire kuri Internet amafoto yerekana aho umuntu yogutora.d Uronse ubutumwa buvuga ivy’igitsina mu buryo bweruye, akenshi inyishu nziza ni ukutishura. Kwinumira bituma benshi mu barondera kuri Internet abo bashurashuza ata co bashikako.

Izo ngingo duhejeje kuvuga zirashobora gutuma utabangamirwa cane. (Imigani 22:3) Ariko tuvugishije ukuri, hari aho bitokwama bishoboka ko wikingira ijana kw’ijana. Nk’akarorero, hari aho utokwama uronka uwo mujana canke ngo wame wirinda ibibanza biteye akaga. Woshobora mbere no kuba uba mu karere gateye akaga.

Ufatiye ku bintu bibabaje vyagushikiye, ushobora kuba uzi ko ibintu bibi bishobora kugushikira naho wokora ibishoboka vyose ngo wirinde ingorane. Nka kumwe kwa Annette twavuga, hashobora kuba hari uwakwubiriye akakurusha inguvu. Canke na ho nka kumwe kwa Carmen, ushobora kuba wakorewe amabi ukiri umwana, gutyo ukaba ata co wari ushoboye gukora canke ukaba utanatahura neza ivyariko biraba. Wovyifatamwo gute nimba wiyagiriza cane nk’uko bikunze gushikira abakorewe amabi mu vy’igitsina?

Uko wovyifatamwo

Annette araciyagiriza ku bijanye n’ivyabaye. Avuga ati: “Numva niyanka rwose. Ivyabaye iryo joro biguma bingaruka mu bwenge. Mbona umengo nari kugerageza kumurwanya kuruta uko nabigize. Ico nzi co ni uko aho mariye gucumitwa imbugita, naciye ntekerwa n’ubwoba. Nta kindi nari gukora, mugabo numva umengo nari nkwiye gukora n’ibindi.”

Natalie na we nyene ariyagiriza. Avuga ati: “Sinari nkwiye kumwizigira ukuraho. Abavyeyi banje bari barashizeho itegeko ry’uko twe na mwene wacu dutegerezwa kugumana igihe turiko turakinira hanze, ariko narabirenzeko. Mbona rero ko nahaye uwo mubanyi wanje akaryo ko kungirira nabi. Ivyabaye vyarababaje cane umuryango wacu kandi mbona ko ari jewe nabiteye. Ico ni co kimbuza amahoro kuruta ibindi vyose.”

Nimba wiyagiriza nka Annette canke Natalie, wokora iki? Ubwa mbere hoho, niwibuke ko nimba wafashwe ku nguvu, bitavuye ku gushaka kwawe. Hari abafatira mu rwara ico kibazo, bakitwaza ya mvugo ngo “umuhungu yama ari umuhungu,” be n’uko ngo bene gufatwa ku nguvu ari bo baba bavyikwegeye. Ariko nta n’umwe abereye gukorerwa iryo bara. Nimba warakorewe ico kibi kibishe, si wewe wabitumye!

Ariko ntiwumve, kwumva ngo “si wewe wabitumye” biroroshe; ariko kuvyemera hari aho bitokworoha na gato. Hari abigumizamwo ivyabashikiye bagasinzikazwa n’inyiyumvo z’ukwiyagiriza be n’izindi nyiyumvo mbi. Ariko none, unumye wibaza ko ari nde bigirira akamaro, ni wewe canke ni nyene kugukorera amabi? Vyoba vyiza uravye ukundi wobigenza.

Nugire uwo uvyiganira

Bibiliya itubwira yuko igihe wa mugabo w’umugororotsi Yobu yari arembejwe n’umubabaro, yavuze ati: “Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye. Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:1) Na wewe ubigenjeje gutyo bizokugirira akamaro. Kuyagira ivyagushikiye umuntu wizigiye birashobora buhorobuhoro kugufasha kurengera ivyabaye maze ukumva uruhutse mu mutima.

Mu vy’ukuri, nimba uri umukirisu, birahambaye ko umenyesha umukurambere wo mw’ishengero ivyabaye. Amajambo ahumuriza ubwiwe n’umwungere yuzuye urukundo arashobora kugusubiriza umutima mu nda yuko utahumanijwe n’icaha cakozwe n’uwundi muntu, narirya wafashwe ku nguvu. Ivyo ni vyo Annette yiboneye. Avuga ati: “Narabiyagiye umugenzi somambike, maze andemesha kubibwira abakurambere babiri bo mw’ishengero iwacu. Kuba narabigize vyarangiriye akamaro. Twaricaranye nka kangahe barambwira amajambo ampumuriza, yuko ivyabaye bitari vyamvuyeko. Nta na kimwe cari camvuyeko.”

Kuvuga ivyabaye be n’ukuntu wiyumva birashobora gutuma utarengerwa n’ishavu n’umujinya. (Zaburi 37:8) Vyoshobora kandi kugufasha kwumva uruhutse mu mutima, kumbure inyuma y’imyaka wari umaze udundumiwe. Natalie yasanze ari ukwo biri, aho amariye kubwira abavyeyi biwe amabi yakorewe. Avuga ati: “Baramfashe mu mugongo. Bandemesheje kutavyigumizamwo, kandi ico kintu caramfashije kutarengerwa n’umubabaro n’ishavu.” Natalie yarahumurijwe kandi n’isengesho. Avuga ati: “Kubiyagira Imana vyaramfashije, na canecane mu bihe naba numva ko ata wundi muntu nobibwira. Iyo ndiko ndasenga, ndashobora kuvuga ntitinya. Biratuma numva vy’ukuri mfise amahoro kandi ntekaniwe.”e

Na wewe woshobora gusanga hariho ‘igihe co gukira.’ (Umusiguzi 3:3) Nurondere gufashwa n’abagenzi bameze nka ba bakurambere badondorwa ko ari “ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura.” (Yesaya 32:2) Nubungabunge amagara yawe kandi ntureke ngo utwarwe n’umubabaro. Nuruhuke bihagije. Ikiruta vyose, niwiheke kuri Yehova ya Mana y’uruhoza rwose, we agiye kuzana isi nshasha aho “inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko [abamwizigira bakaba ari] bo bazokwigabira isi.”—Zaburi 37:9.

[Utujambo tw’epfo]

a Hari igihe umukobwa afatwa ku nguvu n’umuhungu amureheje, akamuhata ngo baryamane canke akabanza kumuha ibiyovyabwenge.

b Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 4.

c Ariko ntiwumve, iyo mpanuro irakora no mu gihe ari umukobwa ahase umuhungu ngo baryamane.

d Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 11.

e Rimwe na rimwe abakorewe amabi baragira akabonge gakomeye. Ico gihe, hari aho vyoba vyiza bituye umuganga. Ushaka ayandi makuru ajanye n’ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe yumva ababaye mu mutima, raba ikigabane ca 13 n’ica 14 vy’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, . . . batiyumvamwo ababo, . . . batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza.”—2 Timoteyo 3:1-3.

IMPANURO

Nimba warakorewe amabi mu vy’igitsina, niwandike ivyanditswe bishobora kuguhoza. Muri ivyo hoshobora kuba harimwo Zaburi 37:28; 46:1; 118:5-9; Imigani 17:17; n’Abafilipi 4:6, 7.

WARI UBIZI . . . ?

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abarenga 90 kw’ijana mu rwaruka rwakorewe amabi mu vy’igitsina barazi uwayabakoreye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ninumva niyagirije ku bijanye n’ivyabaye, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Ni ivyiza ibihe biva ku kuvuga amabi wakorewe?

● Kubinuma vyogira ingaruka iyihe kuri wewe no ku bandi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 232]

“Biragoye cane kuvuga amabi wakorewe, ariko ni vyiza cane kubigira. Kuyavuga biragufasha kwikuramwo umubabaro n’ishavu, bikagufasha no kugarura inkomezi.’’—Natalie

[Uruzitiro ku rup. 230]

“Iyaba unkunda . . . ”

Bamwe mu bashurashuza abigeme ntibabahata, ahubwo bagerageza gufatira ku nyiyumvo zabo ku ruyeri ku rwenge. Uti gute? Mu kuvuga ibintu nk’ibi ngo: “Bose barabigira,” “Nta wuzobimenya,” canke nk’uko bivugwa mu kigabane ca 24 c’iki gitabu, ngo “Iyaba unkunda, wari kwemera.” Ntuhendwe n’umuhungu arondera kukwemeza ko kuryamana ari rwo rukundo. Ico womenya co, uwiyumvira gutyo wese aba yironderera gusa kwiryoherererwa. Ntaba yiyumvira wewe canke ineza yawe. Ariko umugabo nyawe, inyungu zawe ni zo ashira imbere y’iziwe, kandi arerekana ko afise ishaka ryo gushigikira ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu. (1 Abakorinto 10:24) Umugabo nyawe ntafata abakobwa nk’ibikoresho vyo kwimarirako inambu y’umubiri. Ahubwo abona ‘abagore bakiri bato nka bashikiwe, mu kutandura kwose.’—1 Timoteyo 5:1, 2.

[Ifoto ku rup. 233]

Umubabaro uva ku gukorerwa amabi woshobora kuba uremereye cane ku buryo utowitwaza wenyene. Ubona gute urondeye imfashanyo mu kubiyagira uwundi muntu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika