-
Bavyeyi, Akarorero Mutanga Koba Kigisha Iki?Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Mukakaro
-
-
Bavyeyi, Akarorero Mutanga Koba Kigisha Iki?
“Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo.”—ABANYEFESO 5:1, 2.
1. Ni ubuyobozi nyabaki Yehova yahaye umugabo n’umugore ba mbere?
YEHOVA ni we yatanguje indinganizo y’ivy’umuryango. Umuryango uwo ari wo wose wabayeho bivuye kuri we kubera ko ari we yashinze umuryango wa mbere, agaha umugabo n’umugore ba mbere ububasha bwo kurondoka. (Abanyefeso 3:14, 15) Yarahaye Adamu na Eva amabwirizwa y’ishimikiro yerekeye amabanga bari bashinzwe yongera abarekera uburyo buhagije bwo gushobora kwibwiriza mu kuyarangura. (Itanguriro 1:28-30; 2:6, 15-22) Adamu na Eva bamaze gucumura, ibintu imiryango yabwirizwa guhangana na vyo vyaciye birushiriza kugora. Mugabo, Yehova mu rukundo rwiwe yaratanze inyobozo zofashije abasavyi biwe kumenya uko bavyifatamwo.
2. (a) Ni mu buryo ki Yehova yakomeje impanuro yanditswe akoresheje amabwirizwa yo ku munwa? (b) Ni ikibazo ikihe abavyeyi bakwiye kwibaza?
2 Kubera ko ari we Mwigisha wacu Mukuru, Yehova yaragize n’ibindi vyinshi atari gusa ugutanga amabwirizwa yanditswe yerekeye ivyo dukwiye gukora n’ivyo dukwiye kwirinda. Mu bihe vya kera yakoresha amabwirizwa yanditswe hamwe n’ayatangwa ku munwa biciye ku baherezi no ku bahanuzi hamwe no kuri ba serugo. Ni ba nde ariko arakoresha muri iki gihe mu vy’ugutanga mwene iyo nyigisho yo ku munwa? Ni abakurambere hamwe n’abavyeyi b’Abakirisu. Nimba uri umuvyeyi, woba uriko urarangura uruhara rwawe mu kwigisha umuryango wawe mu nzira za Yehova?—Imigani 6:20-23.
3. Ba serugo bashobora kwigira iki kuri Yehova ku vyerekeye ukwigisha mu buryo kirumara?
3 None inyigisho mwene iyo yotangwa gute mu muryango? Yehova aratanga icitegererezo. Aravuga atomoye iciza n’ikibi ico ari co, kandi akaza arabisubiramwo yihanganye. (Kuvayo 20:4, 5; Gusubira mu Vyagezwe 4:23, 24; 5:8, 9; 6:14, 15; Yosuwa 24:19, 20) Arakoresha ibibazo bishika ku mutima. (Yobu 38:4, 8, 31) Akoresheje ibigereranirizo hamwe n’uburorero bw’ivyabaye vy’ukuri, aravyura inyiyumvo zacu kandi akabumba imitima yacu. (Itanguriro 15:5; Daniyeli 3:1-29) Bavyeyi, igihe mwigisha abana banyu, mwoba mugerageza kwigana ico citegererezo?
4. Ni igiki twigira kuri Yehova ku vyerekeye ugutanga igihano, kandi ni kuki igihano ari ica nkenerwa?
4 Yehova arashikama ku bigororotse, ariko aratahura ico agasembwa kadukoreye. Imbere rero y’uko ahana, arabanza akigisha abantu b’abanyagasembwa, akababurira kandi akabibutsa incuro nyinshi. (Itanguriro 19:15, 16; Yeremiya 7:23-26) Igihe atanze igihano, abigira ku rugero rwiza, ntasesereza. (Zaburi 103:10, 11; Yesaya 28:26-29) Nimba ukwo ari ko dufata abana bacu, vyerekana ko tuzi Yehova, kandi rero na bone bizoborohera gushika ku kumumenya.—Yeremiya 22:16; 1 Yohana 4:8.
5. Abavyeyi bashobora kwigira iki kuri Yehova ku vyerekeye ugutega ugutwi?
5 Igishimishije bimwe bitangaje, Yehova atega ugutwi nk’Umuvyeyi w’umunyarukundo wo mw’ijuru. Ntapfa gusohora amategeko. Araturemesha ngo tumurundumurire umutima wacu. (Zaburi 62:8) Kandi no mu gihe inyiyumvo duserura zitagororotse nk’uko ashaka, ntaca aturagara adukankamira ari mw’ijuru. Aratwigisha yihanganye. Ese rero ukuntu impanuro intumwa Paulo yatanze ibereye, iyigira iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda”! (Abanyefeso 4:31–5:1) Ese akarorero keza Yehova aha abavyeyi igihe barondera kwigisha abana babo! Ni akarorero kadushika ku mutima kandi kagatuma dushaka kugendera mu nzira y’ubuzima ishimwa na we.
Ukuntu Akarorero Kosha
6. Inyifato y’abavyeyi be n’akarorero batanga vyosha gute abana babo?
6 Turetse inyigisho yo ku munwa, akarorero karosha rwose abakiri bato. Abavyeyi babikunda canke batabikunda, abana babo bazobigana. Abavyeyi boshobora guhimbarwa—canke rimwe na rimwe bakababara—igihe bumvise abana babo bavuga ibintu bo ubwabo bavuze. Igihe ukuntu abavyeyi bigenza hamwe n’agatima bafise bigaragaza ko bashima rwose ibintu vy’umutima, ivyo birakora iciza ku bana.—Imigani 20:7.
7. Ni akarorero ka kivyeyi akahe Yefuta yahaye umwigeme wiwe, hanyuma bivamwo iki?
7 Ico akarorero ka kivyeyi gashobora gukora kirerekanwa neza muri Bibiliya. Yefuta, uwakoreshejwe na Yehova ngo arongore Isirayeli gushika itsinze Abamoni, na wene yari umuvyeyi. Inyishu yahaye umwami w’Abamoni irerekana yuko Yefuta ategerezwa kuba yari yarasomye kenshi inkuru y’ivyo Yehova yagiranye na Isirayeli. Yarashoboye gusubiramwo iyo nkuru adasobwa, kandi yarerekanye ko yizera Yehova bimwe bikomeye. Ntitwokeka ko akarorero yatanze kafashije umwigeme wiwe gutsimbataza kwa kwizera hamwe na ka gatima yagaragaza ko kwiyima mu kwemera gutangura umurimo yakoze ubuzima bwiwe bwose ari umusiribateri yihebeye Yehova.—Abacamanza 11:14-27, 34-40; gereranya na Yosuwa 1:8.
8. (a) Ni inyifato nziza iyihe abavyeyi ba Samweli bagaragaje? (b) Ivyo vyunguye iki Samweli?
8 Samweli yarabaye umwana w’intangakarorero be n’umuhanuzi w’umwizigirwa ku Mana mu buzima bwiwe bwose. Woshima none ko abana bawe bamera nka we? Suzuma akarorero katanzwe n’abavyeyi ba Samweli, ari bo Elukana na Hana. Naho mu rugo rwabo hatabura utugorane, ntibahengeshanya kuduga i Shilo gusenga, ahantu hari hashizwe ihema ryeranda. (1 Samweli 1:3-8, 21) Ico womenya ni uko inyiyumvo Hana yasengana zari izigera kure. (1 Samweli 1:9-13) Bompi babona yuko gushitsa isezerano iryo ari ryo ryose bagize ku Mana ari ikintu gihambaye. (1 Samweli 1:22-28) Akarorero keza batanze nta gukeka karafashije Samweli gutsimbataza kamere zatumye ashobora gukurikirana ingendo nziza, n’igihe nyene abantu bavuga ko bakorera Yehova bari bamukikuje batubaha na mba inzira z’Imana. Mu nyuma, Yehova yashinze Samweli ibanga ryo kuba umumenyeshakazoza wiwe.—1 Samweli 2:11, 12; 3:1-21.
9. (a) Ni ibintu ibihe vyabera i muhira vyakoze iciza kuri Timoteyo? (b) Timoteyo yavuyemwo umuntu ameze gute?
9 Woshima ko umwana wawe amera nka Timoteyo, uwifatanije n’intumwa Paulo igihe yari umusore? Se wa Timoteyo ntiyari yizeye, ariko nyina wiwe na inakuru baratanze akarorero keza k’ugushima ibintu vy’Imana. Ivyo ntivyabuze gufasha mu vy’ugushingira Timoteyo umushinge mwiza w’ukubaho rukirisu. Tubwirwa ko nyina wiwe Ewunike, hamwe na inakuru Lowisi, bari bafise “ukwizera kutar’ukw’uburyarya.” Ubuzima bwabo bwa gikirisu ntibwari ubw’ukwiyorobeka; mu vy’ukuri babaho bisunga ivyo bemera, kandi barigishije umusore Timoteyo kugenza nk’ukwo nyene. Timoteyo yaragaragaje ko ari umwizigirwa kandi akitaho vy’ukuri ineza y’abandi yo mu buryo bw’impwemu.—2 Timoteyo 1:5; Ab’i Filipi 2:20-22.
10. (a) Ni uturorero two hanze y’urugo utuhe dushobora kugira ico dukoze ku bana bacu? (b) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe utwo twosho twigaragaje mu mvugo canke mu nyifato y’abana bacu?
10 Uturorero tugira ico dukoze ku bana twose si utwo mu rugo gusa. Hariho abana bigana kw’ishure, abigisha bakora igikorwa co kubumba ubwenge bw’abakiri bato, abantu usanga biyumvira ko vyanse bikunze umuntu wese akwiye gukurikiza imigenzo ishinze imizi mu kabira kabo canke mu bantu baho, ba rurangiranwa mu vy’inkino usanga ivyo bashitseko bivugangwa henshi, hamwe n’abatwara usanga inyifato yabo ivugwa mu makuru. Hari n’abana amamiliyoni baherejwe ubunyamaswa bukorwa mu ndwano. None twotangara nk’igihe utwo twosho twokwibonekeza mu mvugo canke mu nyifato z’abana bacu? None igihe twibonekeje twoba tuvyifatamwo gute? Mbega kubakankamira tukabababaza canke tukabacucagira amajambo menshi akaze woba ari wo muti w’iyo ngorane? Aho guca tubajako tudatevye, ubwo ntivyoba vyiza twibajije duti: ‘Mu kuntu Yehova agirana ibintu natwe hoba hariho icodufasha gutegera ukuntu ibi bintu twovyifatamwo?’—Gereranya n’Abaroma 2:4.
11. Igihe abavyeyi bakoze amakosa, ivyo vyoshobora gukora iki ku gatima k’abana babo?
11 Birumvikana, abavyeyi b’abanyagasembwa ntibazokwama batunganya ibintu mu buryo bwiza buhebuje. Bazokora amakosa. None igihe abana babibonye, vyoba bizoca bibakuramwo icubahiro bari bafitiye abavyeyi babo? Vyoshoboka, canecane igihe abavyeyi bagerageza kwiyobagiza amakosa yabo bwite mu kubaryagagura babereka ububasha bafise. Ariko ibintu vyogenda ukundikundi cane abavyeyi bicishije bugufi kandi bakiyemerera amakosa yabo. Muri ivyo, barashobora gutanga akarorero ngirakamaro abana babo bokurikiza, bo bakeneye kubigana.—Yakobo 4:6.
Ico Akarorero Dutanga Gashobora Kwigisha
12, 13. (a) Abana bakeneye kwiga iki ku vyerekeye urukundo, kandi ivyo bishobora gute kwigishwa mu buryo kirumara kuruta? (b) Ni kuki bihambaye yuko abana biga ivyerekeye urukundo?
12 Hariho ivyigwa vyinshi vy’ingirakamaro bishobora kwigishwa mu buryo kirumara kuruta igihe inyigisho yo ku munwa yuhirwa n’akarorero keza. Reka turabemwo bikeyi.
13 Kugaragaza urukundo rutikwegerako: Kimwe mu vyigwa bihambaye kuruta bikomezwa n’akarorero ni insobanuro y’urukundo. “Twebge tugira urukundo, kukw ari [Imana] yabanje kudukunda.” (1 Yohana 4:19) Imana ni yo Soko ry’urukundo ikaba na karorero ruheta karwo. Urwo rukundo rushingiye ku ngingo, ari rwo a·gaʹpe, ruravugwa muri Bibiliya incuro zirenga 100. Ni kamere iranga Abakirisu b’ukuri. (Yohana 13:35) Mwene urwo rukundo rugirirwa Imana na Yezu Kirisitu, n’abantu kandi bakarugiriranira, tukanarugirira n’abantu twoba tudafitiye igishika cinshi. (Matayo 5:44, 45; 1 Yohana 5:3) Urwo rukundo rutegerezwa kuba mu mitima yacu hanyuma rukagaragarira mu buzima bwacu imbere y’uko dushobora kurwigisha neza abana bacu. Imvugo irutwa n’ingiro. Mu muryango, abana barakeneye kubona no kugaragarizwa urukundo, n’izindi kamere zijanye na rwo, nk’igishika. Ivyo bintu bitahari, umwana ntakura neza ku mubiri, mu bwenge no mu mutima. Abana kandi barakeneye kubona ukugene mu buryo bubereye urukundo n’igishika bigaragarizwa abandi Bakirisu batari abo mu muryango wabo.—Abaroma 12:10; 1 Petero 3:8.
14. (a) Abana bashobora gute kwigishwa gukora igikorwa ciza kimara akanyota? (b) Ivyo bishobora kugirwa gute mu biraba urugo rwawe?
14 Kwiga uburyo bwo gukora: Igikorwa ni umuce ngenderwako w’ubuzima. Kugira umuntu yumve ko ari n’ico amaze, birakenewe ko yiga gukora igikorwa ciza. (Umusiguzi 2:24; 2 Ab’i Tesalonike 3:10) Mu gihe umwana ahabwa udukorwa ntamenyeshwe neza ukuntu yodukora hanyuma maze agahambarirwa kuba atadukoze neza, bisa n’uko atazomenya gukora igikorwa ciza. Ariko igihe abana bize mu gukorana vy’ukuri n’abavyeyi babo kandi bagakezwa mu buryo bubereye, birashoboka rwose ko biga gukora igikorwa kimara akanyota. Mu gihe akarorero k’abavyeyi kuhiriwe n’ivyo babasobanurira, abo bana ntiboshobora kumenya kurangura igikorwa vyonyene, ariko kandi bokwiga ukuntu bosimba intambamyi, ukuntu bokwumira ku gikorwa gushika giheze, hamwe n’uburyo bwo kuzirikana no gufata ingingo. Gutyo barashobora gufashwa gutahura yuko na Yehova akora, agakora igikorwa ciza, be n’uko Yezu yigana Se wiwe. (Itanguriro 1:31; Imigani 8:27-31; Yohana 5:17) Nimba abagize urugo ari abarimyi canke bacuruza utuntu, bamwebamwe muri uwo muryango barashobora gukorera hamwe. Canke kumbure inarugo ashobora kwigisha umuhungu wiwe canke umwigeme wiwe gukinjika no kwoza ivyombo inyuma yo gufungura. Umuvyeyi akorera akazi kure y’i muhira arashobora gutegekanya gukorera utuntu i muhira ari kumwe n’abana biwe. Ese ukuntu bivamwo ivyiza igihe abavyeyi batazirikana gusa ivy’uko ibikorwa bihari bikorwa, ariko bagafasha abana kugira bazoshobore kwitunga mu buzima!
15. Ivyigwa vyerekeye ukwizera bishobora kwigishwa mu buryo ubuhe? Tanga akarorero.
15 Ukugumya ukwizera igihe dushikiwe n’ivyago: Ukwizera na kwo nyene ni umuce ngirakamaro w’ubuzima bwacu. Igihe tuganira ivy’ukwizera mu nyigisho y’umuryango, abana boshobora kwiga gusigura ico ari co. Boshobora kandi kumenya ibintu bituma ukwizera gutangura gukura mu mitima yabo. Mugabo mu gihe babona abavyeyi babo bagaragaza ukwizera kutanyiganyiga imbere y’ibigeragezo bikaze, bishobora kuzobagirira akamaro mu buzima bwabo bwose. Hari umwigishwa wa Bibiliya wo muri Panama umugabo wiwe yakangisha kuzomwirukana mu nzu hamwe atohagarika gukorera Yehova. Mugabo, uwo mugore ari kumwe n’abana biwe batobato bane, yagumye agira urugendo rw’ibirometero 16 n’amaguru hanyuma agaca afata ibisi ikamujana ibindi birometero 30 kugira ngo ashikire Ingoro y’Ubwami imuri hafi. Abantu bashika nka 20 bo mu muryango iwabo bararemeshejwe n’ako karorero, barinjira mu nzira y’ukuri.
Gutanga Akarorero mu vy’Ugusoma Bibiliya kwa Misi Yose
16. Ni kuki dusabwa gusoma Bibiliya mu muryango ku musi ku musi?
16 Umwe mu migenzo y’akamaro ntangere umuryango uwo ari wo wose ushobora gushinga—ukaba ari umugenzo wogira ico wunguye abavyeyi kandi ukabera abana akarorero bokwigana—ni ugusoma Bibiliya kudahorereza. Nimba bishoboka, ntihagire umusi urengana atatwo musomye muri Bibiliya. Gusoma vyinshi si co gihambaye kuruta. Ahubwo uguhozako hamwe n’uburyo bigirwa ni vyo bihambaye kuruta. Ku bana, ugusoma Bibiliya kwoshobora kwongerezwako ukwumviriza amakaseti ya ca gitabu citwa Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya nimba ayo makaseti ariho mu rurimi rw’iwanyu. Gusoma mw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi biradufasha kuguma dushize ivyiyumviro vy’Imana mu kibanza ca mbere. Kandi mu gihe ugusoma Bibiliya mwene ukwo kutagirwa na bamwebamwe gusa, ariko kukaganirwa n’abagize umuryango bose, ivyo birashobora gufasha ingo uko zinganangana zikagendera mu nzira za Yehova. Ako kamenyero ni ko karemeshejwe kuri ya Materaniro yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana,” muri ya daramu yari itaziriwe ngo Yemwe Miryango—Ugusoma Bibiliya Imisi Yose Nimukugire Inzira Yanyu y’Ubuzima!—Zaburi 1:1-3.
17. Ugusoma Bibiliya mu muryango hamwe n’ugufata ku mutwe ivyanditswe nyamukuru bifasha gute mu vyo gushira mu ngiro impanuro iri mu Banyefeso 6:4?
17 Kuza turasoma Bibiliya mu muryango birahuye n’ivyo intumwa Paulo yanditse mw’ikete ryahumetswe yandikiye Abakirisu b’i Efeso, akababwira ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Ivyo bisobanura iki? ‘Guhanūra’ urudome ku rundi vyasigura “ugushira umuzirikanyi mu”; uca wumva rero ko ba serugo b’Abakirisu baremeshwa gushira umuzirikanyi wa Yehova Imana mu bana babo—kugira bafashe abana kumenya ivyiyumviro vy’Imana. Kuremesha abana ngo bafate ku mutwe ivyanditswe nyamukuru birashobora kubafasha kubishikako. Ico turondera ni ugutuma ivyiyumviro vya Yehova biyobora ukwiyumvira kwa nya bana, kugira ngo ivyipfuzo vyabo n’ukuntu bigenza buhorobuhoro bizohave bigaragaza ingingo ngenderwako z’Imana abavyeyi baba bari kumwe n’abana babo canke batari kumwe. Bibiliya ni ryo shingiro ry’ukwiyumvira mwene ukwo.—Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7.
18. Igihe dusoma Bibiliya, ni igiki gishobora kuba gikenewe kugira ngo (a) tuyitahure mu buryo butomoye? (b) twungukire ku mpanuro irimwo? (c) twakire neza ivyo ivuga ku vyerekeye umugambi wa Yehova? (d) twungukire ku vyo ivuga ku vyerekeye nyifato z’abantu no ku vyo bakora?
18 Birumvikana, nimba dushaka ko Bibiliya igira ico ihinduye mu buzima bwacu, turakeneye gutahura ivyo ivuga. Ku batari bake ivyo vyobasaba kuza barasoma uduhimbahimba twayo akatari gake. Kugira ngo twumve ico imvugo zimwezimwe zisobanura ata kaducitse, twoshobora gukenera kurondera insobanuro z’amajambo mu nyizamvugo canke muri ca gitabu Étude perspicace des Écritures. Nimba ico canditswe kirimwo impanuro canke ibwirizwa, nimufate akanya muganire ku bintu bituma muri iki gihe iba iyibereye. Maze mushobora kwibaza muti: ‘None gushira mu ngiro iyi mpanuro bishobora kutwungura iki?’ (Yesaya 48:17, 18) Mu gihe nya canditswe kiriko kivuga ivyerekeye umuce kanaka w’umugambi wa Yehova, nimwibaze muti: ‘Mbega ibi vyerekeye gute ubuzima bwacu?’ Kumbure muriko murasoma inkuru ivuga ivy’inyifato y’abantu be n’ivyo bakoze. Ni ibiki vyari bibabangamiye mu buzima? None ivyo bavyifashemwo gute? Dushobora gute kwungukira ku karorero kabo? Murama nantaryo mufata umwanya wo kuganira ico iyo nkuru ivuze mu buzima bwacu muri iki gihe.—Abaroma 15:4; 1 Ab’i Korinto 10:11.
19. Nitwaba abigana Imana, tuzoba turiko turaronsa abana bacu iki?
19 Ese ukuntu ubwo ari uburyo bwiza bwo gutuma ivyiyumviro vy’Imana vyiyandika mu mizirikanyi no mu mitima yacu! Gutyo tuzofashwa vy’ukuri gucika ‘abigana Imana, nk’abana ikunda.’ (Abanyefeso 5:1) Tuzotanga kandi akarorero vy’ukuri abana bacu bakwiye kwigana.
-
-
Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango MudahorerezaUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Mukakaro
-
-
Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza
“Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.”—MATAYO 4:4.
1. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uruhara rwa ba serugo rwo kwigisha abana babo inzira za Yehova?
YEHOVA IMANA yaribukije ba serugo ibanga bajejwe ryo kwigisha abana babo. Inyigisho mwene iyo yofashije abana kubaho mu buzima barimwo kandi igashobora gufasha mu kubategura ku bw’ubuzima bwo mu nyuma. Umumarayika yaserukira Imana yareretse Aburahamu ibanga yari ajejwe ryo kwigisha abo mu nzu yiwe kugira ngo bashobore ‘gukomeza inzira ya Yehova.’ (Itanguriro 18:19) Abavyeyi b’Abisirayeli babwiwe gusigurira abana babo ukuntu Imana yarokoye Isirayeli ikayikura mu Misiri, be n’ukuntu yari yarabahaye Ivyagezwe vyayo ku Musozi Sinayi, i Horebu. (Kuvayo 13:8, 9; Gusubira mu Vyagezwe 4:9, 10; 11:18-21) Ba serugo b’Abakirisu bakeburwa kurera abana babo ‘babahana babahanura nk’uko Yehova ashaka.’ (Abanyefeso 6:4) No mu gihe umwe mu bavyeyi ari we wenyene akorera Yehova, uwo ni we akwiye kugira akigoro ko kwigisha abana inzira za Yehova.—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.
2. Inyigisho y’umuryango yoba ikenewe mu rugo rutagiramwo abana? Sigura.
2 Ivyo ntibisigura yuko inyigisho y’umuryango y’Ijambo ry’Imana igenewe gusa ingo zirimwo abana. Iyo umugabo n’umugore bagira inyigisho y’umuryango no mu gihe nyene muri urwo rugo ata bana bariho, ivyo birerekana ko bashima ibintu vy’umutima.—Abanyefeso 5:25, 26.
3. Ni kubera iki ukudahorereza kw’inyigisho y’umuryango guhambaye?
3 Kugira ngo inyigisho ivemwo ivyiza birushirije, birakenewe ko itangwa ubudahorereza, mu buryo buhuye n’iki cigwa Yehova yigishije Isirayeli mu bugaragwa, ati: “Umuntu [nt]atungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.” (Gusubira mu Vyagezwe 8:3) Bivuye ku kuntu ivy’umuryango vyifashe, hari ingo zimwezimwe zoshobora gutunganya ivy’uko haba inyigisho y’umuryango ya buri mushamvu; izindi zigashobora kuza ziragira inyigisho ngufi ku musi ku musi. Indinganizo muhitamwo yose yaba iyihe, ntimukareke ngo iyo nyigisho izobe umwanya niwizana. ‘Nimuyigurire umwanya.’ (NW) Mugize akigoro gasabwa kugira ngo muronke mwene uwo mwanya muzoba mwitegekanirije ikintu ciza. Ukuroranirwa kw’umuryango wanyu guhagaze ngaho.—Abanyefeso 5:15-17; Ab’i Filipi 3:16.
Intumbero Mwogumiza ku Muzirikanyi
4, 5. (a) Biciye kuri Musa, ni igiki Yehova yashiriyeho abavyeyi ko ari intumbero ihambaye bogira mu kwigisha abana babo? (b) Ivyo bisaba iki muri iki gihe?
4 Igihe uriko urarongora inyigisho y’umuryango, bizovamwo ikintu ciza kuruta igihe mu muzirikanyi ufise imigambi itomoye wogerageza gushikako. Reka turabe mikeyi muri yo.
5 Ku cigwa cose, nurondere kwubaka ugukunda Yehova Imana. Igihe Isirayeli yari ikoraniye mu biyaya vy’i Mowabu imbere y’uko binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yaberekeje ku kintu Yezu Kirisitu mu nyuma yohavuye avuga yuko ari “ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe.” Mbega ryari irihe? “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” (Matayo 22:36, 37; Gusubira mu Vyagezwe 6:5) Musa yahimirije Abisirayeli gushira iryo bwirizwa ku mitima yabo bwite no kuryigisha abana babo. Ivyo vyosavye ko baza bararibasubiriramwo, bakabereka ibituma bokunda Yehova, bashira mu buryo udutima n’imigenzo vyohava bibabuza kugaragaza mwene urwo rukundo, bakanagaragaza ko bakunda Yehova mu buzima bwabo bwite. None abana bacu boba bakeneye mwene iyo nyigisho nyene? Egome! Kandi na bo nyene barakeneye gufashwa ‘gukeba imitima yabo,’ ni ukuvuga kuyikuramwo ibintu vyose vyohava bibabuza gukunda Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 10:12, 16; Yeremiya 4:4) Mu bitangirizi mwene ivyo, hoshobora kuba harimwo ukwipfuza ibintu vy’isi be n’uburyo bwo kwisuka mu vyo ikora. (1 Yohana 2:15, 16) Urukundo dukunda Yehova rutegerezwa kuba urukora, urwiserura, kandi rugatuma dukora ibintu bihimbara Dawe wa twese wo mw’ijuru. (1 Yohana 5:3) Kugira ngo inyigisho y’umuryango wawe ivemwo ivyiza biramba, ikiringo c’ukwiga cose gikwiye kurongorwa mu buryo bukomeza urwo rukundo.
6. (a) Ni igiki umuntu asabwa kugira ngo atange ubumenyi nyakuri? (b) Ivyanditswe bishimika gute ku kuntu ubumenyi nyakuri buhambaye?
6 Nutange ubumenyi nyakuri bw’ivyo Imana isaba. Mbega ivyo bisaba iki? Si ugushobora gusa gusoma inyishu dukuye mu kinyamakuru canke mu gitabu. Ubusanzwe bisaba kuganira kugira turabe ko amajambo y’ishimikiro hamwe n’ivyiyumviro nyamukuru vyatahuwe bimwe bitomoye. Ubumenyi nyakuri ni ikintu ca nkenerwa kugira ngo twambare umuntu mushasha, tugume dutumbereye ibintu bihambaye koko igihe dutunganya ingorane zo mu buzima, no kugira ngo rero dukore ibihimbara Imana.—Ab’i Filipi 1:9-11; Ab’i Kolosayi 1:9, 10; 3:10.
7. (a) Ni ugukoresha ibibazo nyabaki kwofasha umuryango gushira mu ngiro amayagwa yigwa mu buryo ngirakimazi? (b) Ivyanditswe bishimika gute ku gaciro k’intumbero mwene iyo?
7 Fasha kugira ngo ivyizwe bishirwe mu ngiro. Mufise iyo ntumbero, mu gihe cose muriko muragira inyigisho y’umuryango, nimwibaze muti: ‘Ibi twize bikwiye gute kugira ico bikoze ku buzima bwacu? Vyoba bisaba ko tugira ico duhinduye ku vyo turiko turakora ubu? Ni kuki dukwiye gushaka kugira ivyo duhinduye?’ (Imigani 2:10-15; 9:10; Yesaya 48:17, 18) Twitwararitse bikwiye ivyerekeye ugushira mu ngiro ivyo twize, kirashobora kuba ikintu gihambaye gituma abagize umuryango bakura mu vy’impwemu.
Koresha n’Ubukerebutsi Ibikoresho Ntanganyigisho
8. Ni ibikoresho ibihe vy’ukwiga Bibiliya umugwi wa wa mushumba watanze?
8 “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yaratanze umukimba w’ibikoresho bishobora gukoreshwa mu nyigisho. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, igikoreshwa kiri kumwe na Bibiliya, kiboneka mu ndimi 131. Hariho ibitabu bikoreshwa mu nyigisho ya Bibiliya mu ndimi 153, udutabu mu ndimi 284, amakaseti yo kwumviriza mu ndimi 61, amavidewo yo kuraba ari mu ndimi 41, eka n’ubuhinga bwo kugira ubushakashatsi bw’ivya Bibiliya hakoreshejwe orodinateri buri mu ndimi 9!—Matayo 24:45-47.
9. Twoshobora gute gushira mu ngiro impanuro yo mu vyanditswe bitanzwe muri iyi ngingo igihe turiko turagira inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’umuryango?
9 Ingo nyinshi zirakoresha ikiringo c’inyigisho y’umuryango mu gutegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’ishengero. Ese ukuntu ivyo bishobora kuba ngirakamaro! Umunara w’Inderetsi urimwo imfungurwa z’umutima nyamukuru zitangwa kugira ngo zikomeze abasavyi ba Yehova kw’isi yose. Igihe mwiga Umunara w’Inderetsi mu muryango, ntimugapfe gusa gusoma ingingo no kwishura ibibazo vyanditsemwo. Nimugire umwete wo kurondera gutahura. Nimufate umwanya wo kurondera ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo. Nusabe abagize umuryango bagire ico bavuze ku kuntu ivyo bijanye n’ivyavuzwe mu ngingo muriko murihweza. Nimubishiremwo umutima.—Imigani 4:7, 23; Ivyakozwe 17:11.
10. Hokorwa iki kugira ngo n’abana bumve ko barimwo mu nyigisho, no kugira ngo kibe igihe kibaryohera?
10 Nimba mu rugo rwanyu hariho abana, mwogira iki kugira ngo inyigisho yanyu ntibe nk’uguheza umwuga gusa, ariko kibe igihe gikomeza, gishimishije kandi gihimbaye? Nimwihate kugira ngo umwe wese agume ayigiramwo uruhara bimwe bibereye, ku buryo ivyiyumviro biguma biri ku mayagwa muriko muriga. Aho bishoboka, nimutunganye ivy’uko umwana wese aba yifitiye Bibiliya yiwe n’ikinyamakuru kiriko kirigwa ciwe bwite. Mu kwigana ca gishika cagaragazwa na Yezu, umuvyeyi arashobora kwicarika umwana mutoyi iruhande yiwe, kumbure ico kibondo akagikikiza ukuboko. (Gereranya na Mariko 10:13-16.) Serugo ashobora gusaba umuyabaga agasigura ishusho iboneka mu mayagwa mwiga. Umwana akiri muto yoshobora gushingwa hakiri kare gusoma icanditswe kanaka. Uwisumbuye yoshobora gushingwa kwerekana uturyo tubereye, aho amayagwa mwize yoshobora gushirwa mu ngiro.
11. Ni ibindi bikoresho ntanganyigisho ibihe vyatanzwe, kandi aho ivyo bishobora kuboneka vyokoreshwa gute mu buryo ngirakamaro mu bijanye n’inyigisho y’umuryango?
11 Naho mushobora kuba muriko mukoresha Umunara w’Inderetsi nka ryo shimikiro ry’ikiyago canyu, ntimwibagire ibindi bikoresho vy’ukwiga biboneka mu ndimi nyinshi. Nimba hari ijambo rinaka rya Bibiliya rikeneye izindi nsobanuro, igitabu Étude perspicace des Écritures coshobora kubitanga. Ibindi bibazo vyoshobora kuronkerwa inyishu muravye muri Index des publications de la Société Watch Tower canke mukoresheje ubushakashatsi bugiriwe kuri orodinateri bwatunganijwe n’Ishirahamwe. Kwiga gukoresha ivyo bikoresho, nimba biboneka mu rurimi rw’iwanyu, kirashobora kuba igihimba c’agaciro c’inyigisho yanyu y’umuryango. Kugira ngo muvyure ugushimishwa kw’abana, mwoshobora gufata ku mwanya w’inyigisho kugira ngo murabe igihimba c’imwe mu mavidewo ntanganyigisho y’Ishirahamwe, canke kugira mwumvirize agahimba k’idaramu kw’ikaseti yafatiweko, hanyuma mukabiganirako. Mukoresheje neza ivyo bikoresho vy’ukwiga birashobora gufasha kugira ngo mutume inyigisho yanyu y’umuryango iba iyishimishije kandi y’ingirakamaro ku muryango wose uko ungana.
Nimubihuze n’Ivyo Umuryango Wanyu Ukeneye
12. Inyigisho y’umuryango ishobora gute kugira uruhara mu gutunganya ibintu umuryango ukeneye vyihutirwa?
12 Hari aho urugo rwanyu rwoba rukunda kwiga icigwa c’Umunara w’Inderetsi co mu ndwi tugezeko. Ariko muraguma muciye mu kajisho. Igihe inarugo adakora akazi, hari aho yoba ashoboye kumarana umwanya n’abana imisi yose igihe batashe bavuye kw’ishure. Ibintu bimwebimwe birashobora gutunganywa ico gihe; ibindi bishobora kuba bikeneye kuzosubira kwicarirwa. Igihe hariho ibintu umuryango ukeneye vyihutirwa, ntimukavyirengagize. (Imigani 27:12) Muri ivyo hashobora kuba hatarimwo ingorane zo kw’ishure gusa, ariko kandi n’ibindi bintu. Nimuhitemwo amayagwa abereye, hanyuma mumenyeshe umuryango hakiri kare ivyo muzokwiga.
13. Ni kubera iki vyogira akamaro umuryango uyaze ku vyerekeye ukuntu wovyifatamwo mu gihe c’ubukene?
13 Nk’akarorero, hari igice kinini c’isi kirembejwe n’ubukene; mu mihingo myinshi rero hari aho vyokenerwa ko abanyamuryango baganira ukuntu bovyifatamwo. Mubona inyigisho y’umuryango ishimikiye ku bintu bishika mu buzima no ku ngingo za Bibiliya yoba ngirakamaro ku rugo rwanyu?—Imigani 21:5; Umusiguzi 9:11; Abaheburayo 13:5, 6, 18.
14. Ni ibintu nk’ibihe vyotuma ukuyaga mu muryango ku vyerekeye uko Yehova abona ubukazi, intambara be n’ukwitaramura kwa gikirisu, biba bije hageze?
14 Ikindi kintu gisaba kuganirwako ni ubukazi. Twese turakeneye ko ivyiyumviro vya Yehova biguma rwose mu mizirikanyi no mu mitima yacu. (Itanguriro 6:13; Zaburi 11:5) Inyigisho y’umuryango igizwe kuri ico kintu irashobora kuba uburyo bwo kuganira ukuntu bokwifata bari kumwe n’abasinzi kw’ishure, mukaraba nimba bokwiga ivy’inkino zo kurwana, hamwe n’ukuntu bohitamwo ukwisamaza kubereye. Amatati akaze asigaye yeze; ibihugu nka vyose usanga bisinzikajwe n’indwano y’abanyagihugu, indyane zishingiye ku vya politike canke ku bwoko, cabure intambara hagati y’utugwi tw’inkozi z’ikibi. Ivyo bituma umuryango wawe ushobora gukenera kuganira ku vyerekeye ukuntu mwoguma mwigenza rukirisu mu gihe mukikujwe n’imigwi itana mu mitwe.—Yesaya 2:2-4; Yohana 17:16.
15. Inyigisho yerekeye igitsina n’umubano w’abubatse ikwiye guhabwa abana gute?
15 Uko abana bakura, barakenera inyigisho ikwiranye n’imyaka bagezemwo ku vyerekeye igitsina be n’umubano w’abubatse. Mu mico kama imwimwe, abavyeyi benshi usanga batigera baganira ivy’igitsina n’abana babo. Umwana atabizi yoshobora kugorekwa ivyiyumviro n’abandi bana, ivyo bigashobora kumuta mu kaga. Ubwo ntivyoba vyiza twiganye Yehova we atanga muri Bibiliya impanuro idakikiriza yamara y’ubugenge kuri ico kintu? Impanuro iva ku Mana izofasha abana bacu kuguma biyubaha kandi bafise urupfasoni ku bo badasangiye igitsina. (Imigani 5:18-20; Ab’i Kolosayi 3:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-8) Naho mwoba mumaze kuganira ivyo bintu, ntimugonanwe kubisubiramwo. Uko haza haravyuka ibintu bishasha, ugusubiramwo kuba gukenewe.
16. (a) Mu ngo zinyuranye, inyigisho y’umuryango igirwa ryari? (b) Mwebwe mwasimvye gute intambamyi kugira ngo mugire inyigisho y’umuryango idahorereza?
16 Inyigisho y’umuryango yogirwa ryari? Ingo nyinshi zirigana imiryango ya Beteli yo hirya no hino kw’isi, igashira inyigisho yayo y’umuryango ku wa Mbere ku mugoroba. Izindi zibigenza ukundi. Muri Arijantine, hari umuryango ugizwe n’abantu 11, harimwo abana 9, wama uvyuka imisi yose isaha 11 zo mu gitondo kugira ngo bagire inyigisho yabo y’umuryango. Kubera ko bari bafise urutonde rw’akazi rutandukanye, nta wundi mwanya wari gushoboka. Ntivyari vyoroshe, mugabo vyarinjije mu mizirikanyi no mu mitima y’abana agaciro k’ukugira inyigisho y’umuryango. Mu mazinga ya Filipine, hari umukurambere yagirana adahorereza inyigisho y’umuryango n’umugore wiwe hamwe n’abana babo batatu igihe bariko barakura. Hagati mu ndwi abavyeyi kandi barigana n’umwana umwe wese ukwiwe, kugira ngo umwe wese ukuri gushobore kumunyura. Muri Leta Zunze Ubumwe, hari umuvukanyikazi afise umugabo atari Icabona imisi yose mu gitondo ajana n’abana biwe gutegera ibisi ibajana kw’ishure. Igihe baba barindiriye iyo bisi, baramarana iminuta nka cumi bariko barasoma bongera baganira ku mayagwa abereye kwigwa ashingiye ku Vyanditswe, hanyuma rero nyina wabo agatura isengesho rigufi imbere y’uko nya bana burira nya bisi. Muri Repubulika Demokaratike ya Kongo, hari umugore afise umugabo atizera yataye urugo, uwo mugore akaba ategerezwa kwihata kugira inyigisho kubera ko atize kanini. Umuhungu wiwe akuze arafasha mu kugendera uwo muryango ku ndwi ku ndwi kugira ngo ashobore kuyobora inyigisho iba irimwo nyina wiwe hamwe na barumunabe. Uwo muvyeyi aratanga akarorero keza mu kwitegura ashirutse ubute. Hoba hariho ibintu bituma ukugira inyigisho yanyu y’umuryango idahorereza bibagora mu rugo iwanyu? Ntimurambirwe. Gira umwete mu gusaba Yehova ngo ahezagire utwigoro twanyu two kugira inyigisho ya Bibiliya mudahorereza.—Mariko 11:23, 24.
Ivyiza Biva mu Kugumako
17. (a) Kugira ngo umuryango ugire inyigisho idahorereza, hasabwa iki? (b) Ni ivyabaye ibihe vyerekana agaciro k’ukwigisha umuryango inzira za Yehova ubudahorereza?
17 Gushira ibintu ku rutonde birakenewe, ariko hasabwa ukugumako. Mugabo ivyiza biva mu kugira inyigisho y’umuryango idahorereza birashumbusha vy’ukuri. (Imigani 22:6; 3 Yohana 4) Franz na Hilda bo mu Budagi barareze umuryango urimwo abana 11. Haciye imyaka, umwigeme wabo Magdalena yavuze ati: “Ico mbona ko gihambaye kuruta ibindi muri iki gihe, ni uko hatagira umusi n’umwe wijana tutaronse inyigisho y’ivy’impwemu.” Igihe agatima k’ugukunda igihugu c’amavukiro kakomera ku ngoma ya Adolf Hitler, se wa Magdalena yarakoresheje Bibiliya mu gutegura umuryango wiwe kugira ngo uzotsinde ibigeragezo yabona ko bigiye kuza. Mu nyuma, abakiri bato bo muri uwo muryango barafashwe hanyuma bajanwa ahatangirwa inyigisho zo kubahindura; abandi bo muri uwo muryango barafashwe hanyuma bashirwa mu mabohero no mu makambi y’itunaniro. Bamwe barishwe. Ukwizera kw’abo bose kwagumye gushikamye—atari gusa ico gihe c’uruhamo rukaze, ariko kandi abarokotse kwarabafashije mu myaka yakurikiye.
18. Utwigoro twagizwe n’abavyeyi birerana abana twavuyemwo ivyiza gute?
18 Abavyeyi birerana abana be n’abadasangiye ukwizera n’abo bubakanye, na bone barahaye abana babo inyigisho yo muri Bibiliya idahorereza. Umupfakazi umwe wo mu Buhindi yirerana abana yarihatiye kwinjiza mu bana biwe babiri ugukunda Yehova. Ariko rero umutima wiwe waravunitse igihe umuhungu wiwe yahagarika kwifatanya n’abasavyi ba Yehova. Uwo mukenyezi yaratakambiye Yehova ngo amugirire ikigongwe ahantu aho ari ho hose yoba yarananiwe mu kwigisha uwo muhungu wiwe. Mugabo nya muhungu ntiyari yibagiye vy’ukuri ivyo yari yarize. Inyuma y’imyaka irenga cumi, yarahindukiye, aragira iterambere ryiza mu vy’impwemu, hanyuma acika umukurambere w’ishengero. Ubu we n’umukenyezi wiwe ni abakozi b’abatsimvyi b’igihe cose. Ese ukuntu abo bavyeyi bashize ku muzirikanyi impanuro iva kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe yo gutanga inyigisho yo muri Bibiliya idahorereza mu muryango bakura ubwatsi! Woba nawe uriko urashira mu ngiro iyo mpanuro mu rugo rwawe?
◻Ni kubera iki inyigisho y’umuryango idahorereza ari ngirakamaro?
◻Intumbero zacu zikwiye kuba izihe mu gihe c’inyigisho yose y’umuryango?
◻Ni ibikoresho ntanganyigisho ibihe twaronkejwe?
◻Inyigisho ishobora gute guhuzwa n’ivyo umuryango ukeneye?
[Ifoto ku rup. 25]
Intumbero zitomoye zizoryohora inyigisho y’umuryango wawe
-
-
Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero RyayoUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Mukakaro
-
-
Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero Ryayo
“Nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro.”—ZABURI 26:12.
1. Uretse inyigisho hamwe n’isengesho bigirirwa i muhira, ni umuce uwuhe uhambaye mu gusenga kw’ukuri?
UGUSENGA Yehova si uguturira i muhira amasengesho n’ukwigiraho Bibiliya vyonyene, ariko harimwo n’ugukora turi umuce w’ishengero ry’Imana. Isirayeli ya kera yategetswe “[gukoranya] abantu, abagabo n’abagore n’abana,” ngo bige amategeko y’Imana kugira babone kugendera mu nzira yiwe. (Gusubira mu Vyagezwe 31:12; Yosuwa 8:35) Abakuze, ‘abasore be n’inkumi’ baremeshejwe kugira uruhara mu gushemeza izina rya Yehova. (Zaburi 148:12, 13) Indinganizo nk’izo nyene zirerekeye ishengero rya gikirisu. Mu Ngoro z’Ubwami kw’isi iyo iva ikagera, abagabo, abagore, n’abana, baragira uruhara badatinya mu biringo abumviriza bahabwa ijambo, kandi benshi baranezerwa cane no kubigiramwo uruhara.—Abaheburayo 10:23-25.
2. (a) Ni kuki ugutegura ari ikintu nyamukuru mu gufasha abakiri bato ngo banezererwe amakoraniro? (b) Ni akarorero ka nde gahambaye?
2 Ego niko, ugufasha urwaruka ngo rugire akamenyero keza ko gukora umurimo mwiza ujanye n’ishengero bishobora kuba bitoroshe. Nimba hari abana bitaba amakoraniro bari kumwe n’abavyeyi babo boba batanezererwa amakoraniro, ingorane ishobora kuba ari iyihe? Birumvikana, abana benshi ntiboroherwa no gukurikira igihe kirekire, kandi barambirwa ningoga. Ukwitegura kurashobora gufasha mu vy’ugutunganya iyo ngorane. Abana badateguye ntibashobora kugira uruhara mu makoraniro mu buryo bufise ico buvuze. (Imigani 15:23) Badateguye, bizobagora kugira iterambere ryo mu vy’impwemu ritera akanyamuneza. (1 Timoteyo 4:12, 15) Ni igiki none cogirwa? Ica mbere coco, abavyeyi barakwiye kwibaza nimba bo ubwabo bategura amakoraniro. Akororero batanga karafise akosho gakomeye. (Luka 6:40) Ugutegekanya neza inyigisho y’umuryango birashobora na vyo nyene kuba ikintu gihambaye.
Kwubaka Umutima
3. Mu gihe c’inyigisho y’umuryango, ni kuki akigoro kadasanzwe gakwiye kugirwa kugira ngo twubake imitima, kandi ivyo bisaba iki?
3 Inyigisho y’umuryango ntikwiye kuba ari igihe co kwirundaniriza ubumenyi gusa, ahubwo kandi gikwiye kuba igihe co kwubaka imitima. Ivyo bisaba kumenya neza ingorane abagize umuryango bahanganye na zo, no kwitwararikana urukundo umwumwe wese. Yehova ni we “[a]suzuma umutima.”—1 Ngoma 29:17.
4. (a) Kuba “i[g]ipfamutima” bisobanura iki? (b) “[Ukw]ironkera ubgenge” birimwo ni iki?
4 Mbega Yehova abona iki igihe asuzumye imitima y’abana bacu? Benshi muri bo boshobora kuvuga yuko bakunda Imana, kandi barakwiye kubishimirwa. Yamara rero, uwukiri muto canke umuntu agitangura kwiga ivyerekeye Yehova, ntaba aramenya twinshi mu vy’inzira za Yehova. Kubera ko aba ataraca uruma, arashobora kuba “i[g]ipfamutima,” nk’uko Bibiliya ibivuga. Kumbure imvo akorana zose si mbi, mugabo umuntu bimufata igihe kugira ngo umutima wiwe awugire uwuzohimbara Imana vy’ukuri. Ivyo bisaba ko umuntu afata ivyiyumviro vyiwe, ivyipfuzo vyiwe, ivyo afitiye igishika, inyiyumvo, hamwe n’imigambi yiwe yo mu buzima akabihuza n’ivyo Imana yemera, gushika ku rugero abantu b’abanyagasembwa bashobora gushikako. Igihe umuntu abumvye gutyo umuntu w’imbere mu buryo buhuye n’Imana, aba ariko “[ar]ironkera ubgenge.”—Imigani 9:4; 19:8.
5, 6. Abavyeyi bashobora gufasha gute abana babo ngo “[b]ironker[e] ubgenge”?
5 Abavyeyi boba boshobora gufasha abana babo “[kw]ironkera ubgenge”? Ego niko, nta muntu ashoboye gushira umutima mwiza mu wundi muntu. Umwe wese muri twebwe yarahawe ububasha bwo kwihitiramwo, kandi hari vyinshi bihagaze ku vyo tureka tukiyumvira. Ariko rero, abavyeyi babigiranye ubukerebutsi barashobora kenshi kuvoma ibiri mu mwana wabo, bakamenya ibiri mu mutima be n’aho bomufasha. Koresha ibibazo nk’ibi: ‘Iki kintu uciyumvirako iki?’ hamwe na ‘Woshima vy’ukuri gukora iki?’ Nuce wumviriza wihanganye. Ntiwishurane uburakari. (Imigani 20:5) Nimba ushaka gushikira umutima, gukorana ubuntu, gutahura, hamwe n’urukundo ni ibintu bihambaye.
6 Kugira ngo mukomeze utugeso twizatwiza, nimuganire kenshi ivyerekeye icamwa c’impwemu, muganire umuce umwumwe wose waco, hanyuma mukorere hamwe mu muryango kugira ngo mugitsimbataze. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Nimutsimbataze ugukunda Yehova na Yezu Kirisitu, atari mu kuvuga gusa yuko dukwiye kubakunda, ariko mu kuganira ibituma tubakunda kandi n’ukuntu dushobora guserura urwo rukundo. (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Nukomeze icipfuzo co gukora ibigororotse mu kwiyumvira ivyiza bizovamwo. Niwubake icipfuzo co kwirinda ivyiyumviro bibi, imvugo mbi, be n’ukwigenza nabi, mu kuganira ingaruka mbi za mwene ivyo bintu. (Amosi 5:15; 3 Yohana 11) Niwerekane ukuntu ivyiyumviro, imvugo, be n’imigenzo—vyaba vyiza canke bibi—bishobora kugira ico bikoze ku bucuti umuntu afitaniye na Yehova.
7. Ni igiki gishobora kugirwa ngo abana bafashwe guhangana n’ingorane no gufata ingingo mu buryo butuma baguma bafitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova?
7 Igihe umwana afise ingorane canke akaba akeneye gufata ingingo ihambaye, twoshobora kumubaza duti: ‘Wibaza ko Yehova abibona gute? Ni igiki woba uzi kuri Yehova gitumye wishura gutyo? Woba waramutuye isengesho kuri ico kintu?’ Uhereye hakiri kare bishoboka, nufashe abana bawe mu buzima bwabo bame nantaryo bagira akigoro ko kumenya ivyo Imana igomba no kubishira mu ngiro. Uko baguma bunga ubucuti bwa hafi na Yehova ubwiwe, bazogira akanyamuneza ko kugendera mu nzira ziwe. (Zaburi 119:34, 35) Ivyo bizobubakamwo umutima wo gushima agateka ko kwifatanya n’ishengero ry’Imana y’ukuri.
Ugutegura Amakoraniro y’Ishengero
8. (a) Ni igiki codufasha kugira ngo dushire mu nyigisho yacu y’umuryango ibintu vyose bikeneye kwitwararikwa? (b) Iyo nyigisho ihambaye ku rugero rungana iki?
8 Hari ibintu vyinshi bikwiye kwitwararikwa mu biringo vy’inyigisho y’umuryango. None ivyo vyose mwobishiramwo gute? Ntibishoboka ko mukorera ibintu vyose rimwe. Mugabo hari aho mwosanga vyobafasha mwanditse urutonde rw’ivyokorwa. (Imigani 21:5) Rimwe na rimwe, ze murarusoma hanyuma murimbure ibikeneye kwitwararikwa mu buryo budasanzwe. Nimwitwararike cane iterambere ry’umwumwe wese mu bagize umuryango. Iyo ndinganizo y’ukugira inyigisho y’umuryango ni umuce uhambaye w’ugutanga inyigisho ya gikirisu, iradufasha mu buzima bwo muri iki gihe, ikanadufasha kwitegurira ubuzima buhoraho buri imbere.—1 Timoteyo 4:8.
9. Ni imigambi iyihe yerekeye ugutegura amakoraniro dushobora buhorobuhoro kwihatira gushikako mu nyigisho zacu z’umuryango?
9 Mbega mu nyigisho yanyu y’umuryango mwoba mushiramwo ugutegura amakoraniro? Hari imigambi itari mike mwoshobora kuza muragerageza gushikako uko mwigira hamwe. Imwimwe muri iyo hari aho yofata imishamvu, amezi, canke mbere n’imyaka kugira ngo iranguke. Nimurimbure iyi migambi: (1) kuba umwumwe wese mu muryango yiteguriye kwishura ku makoraniro y’ishengero; (2) umwumwe wese akihatira gutanga inyishu mu majambo yiwe bwite; (3) agashiramwo ivyanditswe mu nyishu atanga; akongera (4) agasuzuma amayagwa, arondera ingene yoyashira mu ngiro. Ivyo vyose birashobora gufasha umuntu kunyurwa n’ukuri.—Zaburi 25:4, 5.
10. (a) Dushobora gute kwitwararika rimwerimwe ryose mu makoraniro y’ishengero? (b) Ni kuki ivyo ari ngirakamaro?
10 Naho inyigisho yanyu y’umuryango ikunda kuba ishingiye ku cigwa c’Umunara w’Inderetsi c’umushamvu, ntimukirengagize akamaro ko gutegura Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, hamwe n’Ikoraniro ry’Umurimo muri mwenyene canke muri mu muryango. N’iyo nyene ni imice ihambaye ya ya porogarama yo kutwigisha kugendera mu nzira ya Yehova. Rimwe na rimwe hari aho mwoshobora gutegura amakoraniro muri mu muryango. Mukoreye hamwe, ubuhinga bwo kwiga buzotera imbere. Ico bivamwo ni uko muzoronkera ibindi vyiza vyinshi ku makoraniro ubwayo. Mushobora nko kuganira ivyiza biva mu gutegura ayo makoraniro mudahorereza hamwe n’akamaro ko kugira umwanya ntabanduka wagenewe ico.—Abanyefeso 5:15-17.
11, 12. Ugutegura indirimbo turirimba mw’ishengero bishobora gute kutwungura, kandi ivyo bishobora kugirwa gute?
11 Kuri ya Materaniro yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana,” twararemeshejwe gutegura uwundi muce w’amakoraniro yacu—na wo ni ukuririmba. Ivyo woba warabikurikije? Tubigize birashobora kudufasha gutuma ukuri kwa Bibiliya kuguma mu mizirikanyi no mu mitima yacu kandi muri ico gihe nyene tukongereza ukunezererwa dufitiye amakoraniro y’ishengero.
12 Ugutegura kurimwo ugusoma n’ukuganira ku nsobanuro y’amajambo ari mu ndirimbo zimwezimwe zashizwe ku rutonde kurashobora kudufasha kuririmba bimwe bivuye ku mutima. Muri Isirayeli ya kera, ibicurarangisho vyarakoreshwa mu buryo bukomeye mu gusenga. (1 Ngoma 25:1; Zaburi 28:7) Hoba hari umuntu mu muryango wanyu azi kuvuza igicurarangisho? Ni kuki none mutogikoresha kugira ngo mwimenyereze rumwe mu ndirimbo z’Ubwami zitegekanijwe muri iyo ndwi, hanyuma maze mukaruririmba muri umuryango. Ubundi buryo ni ugukoresha ikaseti y’izo ndirimbo. Mu bihugu bimwebimwe abavukanyi bacu bararirimba neza cane batarinze kujana n’umuziki. Igihe bariko barigendagendera mu nzira canke bagiye gukora mu mirima, kenshi baranezerwa no kuririmba indirimbo zitegekanirijwe amakoraniro y’ishengero muri iyo ndwi.—Abanyefeso 5:19.
Umuryango Uritegurira Umurimo wo mu Ndimiro
13, 14. Ni kuki ibiyago bigirirwa mu muryango bitegura imitima yacu ku bw’igikenurwa c’agaciro co mu ndimiro?
13 Gushingira intahe abandi ku vyerekeye Yehova n’umugambi wiwe ni umuce uhambaye w’ubuzima bwacu. (Yesaya 43:10-12; Matayo 24:14) Twaba abakiri bato canke abakuze, iyo twiteguye turarushiriza kunezererwa ico gikorwa kandi tukarangura ivyiza bihambaye gusumba. None ivyo dushobora kubigira gute mu muryango?
14 Nk’uko bimeze ku bintu vyose bijanye n’ugusenga kwacu, birahambaye cane ko dutegura imitima yacu. Ntidukwiye kuganira ivyo tugiye gukora gusa, ariko kandi twoganira n’igituma tugiye kubikora. Mu misi y’Umwami Yehoshafati, abantu barahawe amacishabwenge mu mategeko y’Imana, mugabo Bibiliya itubwira yuko abantu “bataribwategure umutima wabo.” Ivyo vyatuma bakurikira amohe yashobora kubazimiza bagata ugusenga kw’ukuri. (2 Ngoma 20:33, NW; 21:11) Umugambi dufise si uwo gushobora gusa gutanga raporo y’amasaha twamaze mu murimo wo mu ndimiro, eka mbere si n’ugupfa gutanga ibisohokayandikiro gusa. Igikenurwa cacu gikwiye kuba uburyo bwo guserura urukundo dufitiye Yehova hamwe n’urwo dukunda abantu bakeneye akaryo ko guhitamwo ubuzima. (Abaheburayo 13:15) Ni umurimo turangura turi ‘abakorana n’Imana.’ (1 Ab’i Korinto 3:9) Mbega agateka! Uko tugira uruhara muri ico gikenurwa, tubigira dufadikanije n’abamarayika beranda. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Mbega ni umwanya uwuhe wo gukomeza ugukenguruka ivyo woza uruta ibiyago bigirirwa mu muryango, haba mu nyigisho tugira indwi ku ndwi canke igihe tuganira icanditswe kibereye muri ka gatabu Examinons les Écritures chaque jour.
15. Ni ryari twoshobora gutegura umurimo wo mu ndimiro mu muryango?
15 Woba rimwe na rimwe ufata umwanya mu nyigisho yanyu y’umuryango kugira ngo usahirize abagize urugo gutegura umurimo wo mu ndimiro wo ku mushamvu? Ubigize gutyo birashobora kuba ngirakamaro cane. (2 Timoteyo 2:15) Birashobora kubafasha gutuma umurimo wabo ugira ico uvuze kandi ukimbuka. Rimwe na rimwe, mushobora gufata ikiringo c’inyigisho cose uko kingana mukagihebera kwitegura mwene ukwo. Kenshi cane, mushobora kuvuga ivyerekeye imice y’igikenurwa co mu ndimiro mu biyago bigufibigufi mwogira murangije inyigisho y’umuryango, canke mu wundi mwanya muri iyo ndwi.
16. Nimuvuge agaciro k’intambwe imwimwe yose yatondekanijwe muri iyo ngingo.
16 Mu biringo vy’inyigisho y’umuryango hashobora kwitwararikwa intambwe zikurikirana, nk’izi: (1) Tegura umwerekano usubiwemwo neza harimwo n’icanditswe cosomwa muri Bibiliya igihe akaryo kabonetse. (2) Nimba bishoboka, nimurabe neza ko umwumwe wese afise agasakoshi kiwe bwite, Bibiliya, ako kwandikamwo, ikaramu canke ikaramu y’igiti, amataragiti, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro bimeze neza. Ishakoshi y’igikorwa ntikwiye kuba iyizimvye, ariko ikwiye kuba isukuye. (3) Nimuganire ahantu mwoshingira intahe akaryo kizanye n’ukuntu mwobigira. Nimukurikire intambwe yose y’aya macishabwenge mu biringo muba muriko mukorera hamwe mu murimo wo mu ndimiro. Muratange inama ngirakamaro, ariko ntimutange impanuro ku bintu vyinshi birenze urugero.
17, 18. (a) Ni ukwitegura bwoko ki twogira uko turi umuryango gushobora kudufasha kugira ngo igikenurwa co mu ndimiro cacu kirushirize kwimbuka? (b) Ni umuce uwuhe w’ukwo kwitegura ushobora kugirwa indwi ku ndwi?
17 Igihimba kinini c’umurimo Yezu Kirisitu yahaye abayoboke biwe ni uguhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Guhindura abantu abigishwa bisaba ibiruta kwamamaza inkuru nziza. Bisaba kwigisha. Inyigisho yanyu y’umuryango ishobora gute kubafasha ngo mube kirumara mu kugira ivyo?
18 Nimuganire mu muryango abo vyoba vyiza musubiye kugendera. Bamwe muri bo bashobora kuba baremeye ibisohokayandikiro; abandi bashobora kuba barumvirije gusa. Bashobora kuba abo mwahuye mu gikorwa c’inzu ku yindi canke mu gushinga intahe akaryo kizanye mu kaguriro canke kw’ishure. Nimureke Ijambo ry’Imana ribayobore. (Zaburi 25:9; Ezekiyeli 9:4) Nimurabe uwo umwe wese muri mwebwe ashaka gusubira kugendera muri iyo ndwi. Ni ibiki muzoganira? Ikiyago mugirira mu muryango kirashobora gufasha umwumwe wese mu bawugize kwitegura. Nimwandike ivyanditswe birashe mwosomera hamwe n’abashimishijwe, mutibagiye ingingo zibereye ziri muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke muri ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ntukagerageze kuganira vyinshi birenze igihe ugendeye umuntu. Numusigire ikibazo kizokwishurwa niwamugendera ubukurikira. Ni kuki none mu muryango wanyu mutokwama mutegekanya indwi yose abo umwumwe wese azogendera, igihe azoja kubaraba, n’ico yizigiye kuzorangura. Ivyo mubigize birashobora gufasha kugira igikenurwa co mu ndimiro c’umuryango wose kirushirize kwimbuka.
Nimubandanye Kubigisha Inzira ya Yehova
19. Mu gihe abagize umuryango babandanije bagendera mu nzira ya Yehova, ni igiki batabura kugira, kandi ivyo babifashwamwo n’iki?
19 Kuba serugo muri iyi si mbi si ikintu coroshe. Shetani hamwe n’amadayimoni yiwe barihata gusenyura ukwizera kw’abasavyi ba Yehova. (1 Petero 5:8) Vyongeye, muri iki gihe hariho umukazo mwinshi cane kuri mwebwe bavyeyi, canecane kuri mwebwe mureze abana muri mwenyene. Biragoye kuronka umwanya wo gukora ibintu vyose mwoba mwipfuza gukora. Mugabo utwigoro mugira mu kubikora si utw’impfagusa, naho nyene mwoba mushoboye gushira mu ngiro inama imwimwe hanyuma buhorobuhoro bigateza imbere porogarama yanyu yo kugira inyigisho y’umuryango. Ni impera yeza umutima kubona abantu mufitaniye ubucuti bwa hafi bagendera mu nzira ya Yehova badahemuka. Kugira ngo bagendere mu nzira ya Yehova batunganirwa, abagize umuryango bakeneye kuronkera umunezero mu kuba bari ku makoraniro y’ishengero no mu kugira uruhara mu gikenurwa co mu ndimiro. Kugira ivyo bishoboke, ukwitegura kurakenewe—na kwo kukaba ari ukwitegura kwubaka umutima kandi kugafasha umwumwe wese ngo agire uruhara ruri n’ico ruvuze.
20. Ni igiki gishobora gufasha abavyeyi benshi kwibonera wa munezero uvugwa muri 3 Yohana 4?
20 Ku vyerekeye abantu yari yarafashije mu buryo bw’impwemu, intumwa Yohani yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 4) Inyigisho z’umuryango zirongorwa umuntu afise intumbero zitomoye ashaka gushikako, kandi ba serugo bakaba bagirira umwumwe wese mu bagize umuryango ibihuje n’ivyo akeneye mu buryo buranga umutima mwiza kandi bufasha, barashobora gushika kuri vyinshi vyotuma umuryango ushobora gusangira umunezero mwene uwo. Abavyeyi batsimbataje ugushima inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana, baba bariko barafasha imiryango yabo kunezererwa inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi.—Zaburi 19:7-11.
-