Woba Ushaka Kwimuka?
Igihe inyishu y’ico kibazo ari ego, hariho vyinshi wewe n’abandi mukeneye kwibwiriza gukora. Niwakurikiza intambwe nyamukuru zerekanywe aha hepfo, ntuzoteba gushinga imizi mw’ishengero ryawe rishasha.
(1) Umaze kumenya aho wimukiye, umunyamabanga w’ishengero urimwo arashobora kuronka aderese y’Ingoro y’Ubwami y’iryo shengero rishasha ugiyemwo. Ugishika muri ako karere, rondera mu maguru masha aho ingoro iri hanyuma ubaririkirize ibihe vy’amakoraniro. Nimba iyo Ngoro y’Ubwami ikoreshwa n’amashengero menshi, baza abakurambere bakubarire ishengero rikorera mu karere ubamwo. Ntutebe kwitaba amakoraniro no kumenyana n’abakurambere baho.
(2) Abanyamabanga bo mw’ishengero urimwo n’abo muri iryo rishasha bazofashanya mu vy’ukurungika Ifishi yawe n’iy’umuryango wawe. Ikete riguherekeza na ryo rizorungikirwa abakurambere bo muri iryo shengero rishasha uzokukira. (Raba ibibazo vy’abasomyi mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1991.) Komite y’Umurimo y’Ishengero y’aho ugiye ikwiye kubwira umurongozi w’inyigisho y’igitabu uzojako ko washitse kugira mubonane maze abafashe kumenya umugwi mushasha w’igitabu muzojako.—Rom. 15:7.
(3) Abamamaji bose bo muri iryo shengero rishasha ukukira barafise uruhara runezereye rwo kumenyana nawe no gutuma wumva yuko wisanze. (Gereranya na 3 Yohana 8.) Yamara ntiwumve, ivyo bisobanura ko utegerezwa kwama ushika ku makoraniro kugira ushobore kunezererwa ukuremeshanya n’ugukomezanya mu vy’impwemu n’abavukanyi be n’abavukanyikazi.
(4) Ntukwiye kurindira gushika ibikorwa bijana n’urwimuko biheze ngo abe ari ho ufadikanya n’iryo shengero rishasha ukukira mu gikenurwa co mu ndimiro. Niwashira ivyungura Ubwami imbere, ni ho n’ibindi bintu uzovyongerwa, kandi uzokwumva umerewe neza cane aho hantu hashasha uzoba wimukiye. (Mat. 6:33) Igihe umaze gushinga imizi aho hantu ugiye kuba, ushobora kumbure kuzoshima gutumira bamwe mu bo muri iryo shengero kukugendera kugira murushirize kumenyana.—Rom. 12:13b.
Kwimuka ni umugambi munini. Ariko rero, igihe umwe wese biraba akoze ibisabwa, ntihazoba uguhororokerwa mu vy’impwemu. Twese hamwe tuzokwumva ko dukozwe ku mutima n’umuryango urangwa urukundo w’abavukanyi bacu b’Abakirisu.