Nimuze Tube Abo mu Bafise Ukwizera
“Tweho . . . tur’abo mu b[afise ukw]izera, ubugingo bgabo bugakizwa.”—ABAHEBURAYO 10:39.
1. Ni kuki bishobora kuvugwa ko ukwizera kw’umusavyi wa Yehova wese w’intadohoka ari ukw’agaciro?
UWUNDI musi igihe uzoba uri ku Ngoro y’Ubwami yuzuye abasenga Yehova, urafata akanya urabe abagukikuje. Uriyumvira uburyo bwinshi bagaragarizamwo ukwizera. Ushobora kubona abageze mu zabukuru bamaze imyaka mirongo bakorera Imana, urwaruka rurwana n’akosho k’urunganwe ku musi ku musi, hamwe n’abavyeyi bakora bagatama kugira ngo barere abana bazokura batinya Imana. Hari abakurambere hamwe n’abakozi b’amashengero, bikoreye amabanga menshi. Egome, ushobora kubona abavukanyi n’abavukanyikazi bakomeye mu vy’impwemu, abato n’abakuze, batsinda intambamyi z’uburyo bwose kugira ngo bakorere Yehova. Ese ukuntu ukwizera kw’umwumwe wese ari ukw’agaciro!—1 Petero 1:7.
2. Ni kuki impanuro Paulo yatanze mu Baheburayo ikigabane c’10 n’ic’11 ari ngirakamaro kuri twebwe muri iki gihe?
2 Ni abantu bake b’abanyagasembwa, canke nta n’umwe, batahuye neza akamaro k’ukwizera kuruta intumwa Paulo. Kukaba nkako, yarabonye ko ukwizera nyakuri gushikana ku ‘gukizwa kw’ubugingo.’ (Abaheburayo 10:39) Ariko rero, Paulo yari azi yuko ukwizera gushikirwa n’ibitero be n’ikugutwa muri iyi si itagiramwo ukwizera. Yari arajwe ishinga cane n’Abakirisu b’Abaheburayo bari i Yeruzalemu n’i Yudaya, abariko barita ku rutare kugira ngo bazigame ukwizera kwabo. Uko dutereza amaso ku bice vyo mu Baheburayo ikigabane c’10 n’ic’11, nimuze turabe uburyo Paulo yakoresheje kugira ngo yubake ukwizera kwabo. Muri iryo tohoza, turaza kuraba ukuntu dushobora kwubaka ukwizera gukomeye kuruta muri twebwe ubwacu no mu bo turi kumwe.
Nitugaragaze ko Twizigirana
3. Amajambo ya Paulo ari mu Baheburayo 10:39 yerekana gute ko yizigira abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bari basangiye ukwizera?
3 Ikintu ca mbere dushobora kubona ni ukuntu Paulo yabona ko abamwumviriza bizobagendera neza. Yanditse ati: “Ariko tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu b[afise ukw]izera, ubugingo bgabo bugakizwa.” (Abaheburayo 10:39) Abakirisu b’abizigirwa bagenziwe Paulo yabiyumvirako ivyiza si ibibi. Urabona kandi ko yakoresheje akajambo “tu-.” Paulo yari umuntu w’umugororotsi. Yamara, ntiyafatiye mu rwara abamwumviriza, nk’aho umengo yari mu rwego rwo hejuru cane mu vy’ubugororotsi kubaruta. (Gereranya n’Umusiguzi 7:16.) Ahubwo riho, yarishize muri bo. Yaragaragaje icizigiro kivuye ku mutima c’uko we hamwe n’Abakirisu b’abizigirwa basoma ivyo yanditse bohanganye bose n’intambamyi zica intege ziri imbere yabo, n’uko bokwanse bivuye inyuma kwiyonjorora bagahona, kandi ko bogaragaje ko bari mu bafise ukwizera.
4. Ni imvo izihe Paulo yari afise zatuma yizigira abo bisangiye ukwemera?
4 None Paulo yoshoboye gute kugira ukwo kwizigira? Yoba yararenza uruho rw’amazi ku makosa y’Abakirisu b’Abaheburayo? Ahubwo nyabuna yarabahaye impanuro zitomoye kugira ngo abafashe gutsinda intege nke bari bafise mu vy’impwemu. (Abaheburayo 3:12; 5:12-14; 6:4-6; 10:26, 27; 12:5) N’aho nyene, Paulo yari afise n’imiburiburi imvo nziza zibiri zatuma yizigira abavukanyi biwe. (1) Kubera ko yigana Yehova, Paulo yihatira kubona abasavyi b’Imana nk’uko Yehova ababona. Aho ntivyari mu vyerekeye amakosa yabo gusa, ariko hari mu vyerekeye kamere nziza zabo hamwe no mu vy’uko bazoshobora guhitamwo gukora ivyiza muri kazoza. (Zaburi 130:3; Abanyefeso 5:1) (2) Paulo yari afise ukwizera kwibonekeje mu bubasha bw’impwemu yera. Yari azi ko ata ntambamyi, ata tunenge tw’abantu vyari gushobora kubuza Yehova guha “ubushobozi buhebuje” Umukirisu wese yihatira kumukorera adahemuka. (2 Ab’i Korinto 4:7; Ab’i Filipi 4:13) Urumva rero ko Paulo atizigira abavukanyi n’abavukanyikazi biwe mu buryo butabereye, budategereka, canke akaba atapfa kubona ko vyogenda neza. Ukwizigira kwiwe kwari gufise ishingiro rikomeye, kandi kwari gushingiye ku Vyanditswe.
5. Ukwizigira Paulo yari afise dushobora kukwigana gute, kandi ntivyobura kuvamwo iki?
5 Nta makenga ko ukwizigira Paulo yagaragaje kwandukiye abandi. Bitegerezwa kuba vyasobanura vyinshi ku mashengero yari i Yeruzalemu n’i Yudaya kubona Paulo yarababwiye ibintu mu buryo buremesha gutyo. Kubera Abakirisu b’Abaheburayo bari bahanganye n’agakengerwe be n’ukutabinegwa kurimwo ubwibone kw’Abayuda babarwanya, barafashijwe n’amajambo mwene ayo bariyemeza mu mitima yabo kuba abo mu bafise ukwizera. Twoba dushobora kugiriranira nk’ukwo muri iki gihe? Biroroshe cane kubona mu bandi urutonde rurerure rw’amakosa hamwe n’uduhonzi gusa. (Matayo 7:1-5) Yamara, turashobora gufashanya cane kuruta turamutse turavye ukwizera ntangere umwumwe wese afise kandi tukaguha agaciro. Hari indemesho nk’iyo, ukwizera ntikwobura gukura.—Abaroma 1:11, 12.
Ikoreshwa Ribereye ry’Ijambo ry’Imana
6. Paulo yariko asubiramwo amajambo akuye he igihe yandika amajambo ari mu Baheburayo 10:38?
6 Paulo yarubatse kandi ukwizera kw’abemera bagenziwe mu gukoreshanya ubuhinga Ivyanditswe. Nk’akarorero, yanditse ati: “Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.” (Abaheburayo 10:38) Ngaho Paulo yariko asubiramwo amajambo y’umuhanuzi Habakuki.a Ayo majambo ashobora kuba yari amenyerewe n’abasoma ivyo Paulo yandika, ni ukuvuga Abakirisu b’Abaheburayo bazi neza ibitabu vy’ubuhanuzi. Turavye intumbero yari afise, iyo ikaba ari ugukomeza ukwizera kw’Abakirisu bari i Yeruzalemu no mu micungararo yaho nko mu mwaka wa 61 G.C., guhitamwo akarorero ka Habakuki vyari bikwiriye. Uti kuki?
7. Habakuki yanditse ryari ubuhanuzi bwiwe, kandi ibintu vyari vyifashe gute mu Buyuda muri ico gihe?
7 Biboneka yuko Habakuki yanditse igitabu ciwe imyaka irenga mirongo ibiri imbere y’uko Yeruzalemu hasangangurwa mu 607 B.G.C. Mu vyo yeretswe, uwo muhanuzi yabonye Abakaludaya (canke, Abanyababiloni), iryari “ihanga ry’inkazi kandi ry’inkuba,” batera bukwi na bukwi Ubuyuda hanyuma bagasangangura Yeruzalemu, muri urwo rugamba bakararika abantu n’amahanga. (Habakuki 1:5-11) Mugabo ivyago mwene ivyo vyari vyaravuzwe imbere y’igihe kuva mu misi ya Yesaya, ikinjana kirenga imbere yaho. Mu gihe ca Habakuki, Yehoyakimu yasubiriye Umwami mwiza Yosiya, ubugizi bwa nabi na bwo buca buba ndanse i Buyuda. Yehoyakimu yarahamye abavuga mw’izina rya Yehova arongera mbere arabagandagura. (2 Ngoma 36:5; Yeremiya 22:17; 26:20-24) Ntibitangaje rero kubona ko wa muhanuzi Habakuki yari afise amaganya yatakamvye ati: “Uhoraho, nzogeza ryari?”—Habakuki 1:2.
8. Ni kuki akarorero ka Habakuki kogirira akamaro Abakirisu bo mu kinjana ca mbere n’abo muri iki gihe?
8 Habakuki ntiyari azi ukuntu isangangurwa rya Yeruzalemu ryari ryegereje. Nk’uko nyene, Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntibari bazi igihe urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda rworangiriye. Eka na twebwe muri iki gihe ntituzi “umusi n’isaha” aho urubanza rwa Yehova ruzoshitswa kuri uru runkwekwe rubi. (Matayo 24:36) Nimuze rero turabe inyishu irimwo ivyiyumviro bibiri, Yehova yahaye Habakuki. Ubwa mbere, yarasubirije umutima mu nda uwo muhanuzi yuko iherezo ryoje ku gihe. Imana yavuze yuko ‘utazoteba,’ naho ku bw’umuntu wosa n’uwutevye. (Habakuki 2:3) Ubwa kabiri, Yehova yaribukije Habakuki ati: “Arik’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.” (Habakuki 2:4) Mbega ukuntu ari amajambo y’ukuri aryoheye ugutwi kandi yoroshe! Igihambaye kuruta si igihe iherezo rizirako mugabo ni uko tubandanya kubaho dufise ukwizera.
9. Abasavyi ba Yehova b’abagamburutsi babandanije gute kubaho kubera ari abizigirwa (a) mu 607 B.G.C.? (b) mu 66 G.C.? (c) Ni kuki ari ngirakamaro ko dukomeza ukwizera kwacu?
9 Igihe basahura Yeruzalemu mu 607 B.G.C., Yeremiya, umukarani wiwe Baruki, Ebedumeleki be na za ntadohoka b’inzu ya Rekabu bariboneye ukuri kw’ivyo Yehova yasezeraniye Habakuki. ‘Barabandanije kubaho’ (NW) mu kurokoka rya sangangurwa simusiga ryaba kuri Yeruzalemu. Kubera iki? Yehova yarabahereye kubera babaye abizigirwa. (Yeremiya 35:1-19; 39:15-18; 43:4-7; 45:1-5) Nk’uko nyene, Abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kuba barakirije yompi impanuro ya Paulo, kubera ko igihe ingabo z’Abaroma zatera Yeruzalemu mu 66 G.C. hanyuma maze zikiyonjorora mu buryo butosigurika, abo Bakirisu barumviye badahemuka imburizi Yezu yatanze yo guhunga. (Luka 21:20, 21) Babandanije kubaho kubera babaye abizigirwa. Na twe nyene, tuzobandanya kubaho nitwasangwa turi abizigirwa igihe iherezo rizozira. Ese ukuntu iyo ari imvo ikomeye yotuma dukomeza ukwizera kwacu ubu!
Kudondora mu Buryo Bukomeye Uturorero tw’Ukwizera
10. Paulo yadondoye gute ukwizera kwa Musa, kandi dushobora kwigana Musa gute muri ivyo?
10 Paulo yarubatse kandi ukwizera mu gukoresha uturorero mu buryo bukomeye. Uko usoma Abaheburayo ikigabane ca 11, urabona ukuntu adondora mu buryo bukomeye uturorero tw’abantu bavugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, avuga yuko Musa “yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka.” (Abaheburayo 11:27, ni twe tubihiritse.) Mu yandi majambo, Yehova ntiyari umugani na gato kuri Musa ku buryo ari nk’aho yashobora kubona Imana itaboneka. Mbega ivyo nyene vyoba bishobora kuvugwa kuri twebwe? Biroroshe kuvuga ivyerekeye ubucuti dufitaniye na Yehova, mugabo kwubaka no gukomeza ubwo bucuti bisaba ko hagira ico dukora. Ico ni co dukeneye gukora! Mbega Yehova yoba atari umugani kuri twebwe ku buryo twoba tutamwirengagiza igihe dufata ingingo, tutibagiye n’izisa n’uko ari ntonto? Ukwizera kumeze gutyo kuzodufasha kwihanganira mbere n’ukurwanywa kurushirije.
11, 12. (a) Ukwizera kwa Henoki gushobora kuba kwageragejwe ibintu vyifashe gute? (b) Ni impera iremesha iyihe Henoki yaronse?
11 Rimbura kandi ukwizera kwa Henoki. Ukurwanywa yahanganye na kwo vyotugora kwiyumvira ukuntu kwari kumeze. Henoki yategerezwa gushikiriza ubutumwa bucumita bw’urubanza rwaciriwe abantu b’inkozi z’ikibi bo muri ico gihe. (Yuda 14, 15) Urwo ruhamo rwari ruhanamiye uwo mugabo w’umwizigirwa biboneka ko rwari urw’ubugesera, rukaze cane ku buryo Yehova ‘yamwimuye,’ (NW) ni ukuvuga ko yamukuye mu bazima akamusinziriza mu rupfu imbere y’uko abansi bashobora kumushirako ukuboko. Henoki rero ntiyashoboye kubona iranguka ry’ubuhanuzi yashikirije. Ariko rero, yararonse ingabirano yari mbere nziza kuruta mu buryo bunaka.—Abaheburayo 11:5; Itanguriro 5:22-24.
12 Paulo asigura ati: “Kuko [Henoki] yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana.” (Abaheburayo 11:5) Ivyo none vyasobanura iki? Imbere yuko aja mw’itiro ry’urupfu, Henoki ashobora kuba yareretswe ibintu kanaka, kumbure vyerekeye Iparadizo yo kw’isi azokangukiramwo umusi uri izina utari kure. Ivyo ari vyo vyose, Yehova yaramenyesheje Henoki yuko yari ahimbawe cane n’ingendo yiwe iranga ukwizigirwa. Henoki yaranezereje umutima wa Yehova. (Gereranya n’Imigani 27:11.) Kuzirikana ku vy’ubuzima bwa Henoki birakora ku mutima, siko? Woba woshima kugira ubuzima mwene ubwo buranga ukwizera? Nuzirikane rero ku bantu b’intangakarorero mwene abo; nubabone nk’abantu batari umugani. Niwiyemeze kubaho wisunga ukwizera umusi ku musi. Gira wibuke kandi ko abari mu bafise ukwizera badakorera Yehova bishimikije itariki canke igihe cashinzwe, ngo ni ho Imana izorangurira amasezerano yayo yose. Ahubwo, twiyemeje gukorera Yehova ibihe bidahera! Kubigira ni yo nzira nziza kuruta y’ubuzima muri uru runkwekwe rw’ibintu no mu gihe kizoza.
Ukuntu Tworushiriza Gukomera mu Kwizera
13, 14. (a) Amajambo Paulo yavuze yanditswe mu Baheburayo 10:24, 25 yoshobora kudufasha gute kugira ngo amakoraniro yacu abe ibihe bitera akanyamuneza? (b) Amakoraniro ya gikirisu afise imvo nyamukuru iyihe?
13 Paulo yareretse Abakirisu b’Abaheburayo uburyo bwinshi ngirakimazi bokoresha kugira bakomeze ukwizera kwabo. Reka turimbure bubiri gusa. Dushobora kuba tuzi neza inkeburo aduha mu Baheburayo 10:24, 25, iduhimiriza gutororokana tudahorereza ku makoraniro yacu ya gikirisu. Ariko rero, uribuka ko ayo majambo yahumetswe Paulo yavuze aho adashaka kuvuga ko dutegerezwa kuba turi ku makoraniro mwene ayo ka burorerezi. Ahubwo, Paulo adondora ko amakoraniro ari uturyo two kumenyana, guhimirizanya gukorera Imana mu buryo bwuzuye, be no kuremeshanya. Tuba turiyo kugira dutange, si uguhabwa gusa. Ivyo birafasha kugira ngo amakoraniro yacu abe ari ibihe bitera akanyamuneza.—Ivyakozwe 20:35.
14 Ariko ubwa mbere na mbere twitaba amakoraniro ya gikirisu kugira dusenge Yehova Imana. Ivyo tubigira mu kwifatanya mw’isengesho no mu ruririmbo, mu gutega yompi, no mu gutanga “[i]mbuto z’iminwa”—ni ukuvuga amajambo yo gushemeza Yehova, mu nyishu dutanga no mu bigabu dushikiriza kw’ikoraniro. (Abaheburayo 13:15) Nitwagumiza izo ntumbero mu muzirikanyi hanyuma tukazigenderako kw’ikoraniro ryose, ukwizera kwacu nta kabuza kuzokwubakwa igihe cose.
15. Ni kuki Paulo yahimirije Abakirisu b’Abaheburayo kugumya igikenurwa cabo, kandi ni kuki iyo mpanuro nyene ibereye muri iki igihe?
15 Ubundi buryo bwo kwubaka ukwizera ni igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Paulo yanditse ati: “Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’uwasezeranye ar’uwo kwizerwa.” (Abaheburayo 10:23) Ushobora guhimiriza abandi ngo bagumye ikintu igihe basa n’abari mu kaga ko kukireka. Nta mazinda ko Shetani yariko arashira umukazo ku Bakirisu b’Abaheburayo ngo bareke igikenurwa cabo, kandi ariko arashira umukazo no ku basavyi b’Imana bo muri iki gihe. Dukwiye gukora iki duhanganye n’umukazo mwene uwo? Rimbura ico Paulo yakoze.
16, 17. (a) Paulo yaronse gute ubushizi bw’amanga ku bw’igikenurwa? (b) Ni intambwe izihe dukwiye gutera nimba tubonye ko duterwa ubwoba n’umuce munaka w’igikenurwa cacu ca gikirisu?
16 Paulo yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike ati: “Tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.” (1 Ab’i Tesalonike 2:2) Ni mu buryo ki Paulo na bagenziwe ‘batetererejwe’ i Filipi? Nk’uko incabwenge zimwe zibivuga, ijambo ry’Ikigiriki Paulo yakoresheje riserura ugutukwa, ugukozwa isoni canke gukorerwa ibibi birenze urugero. Barakubiswe ibitsibo n’abategetsi b’i Filipi, babata mu mvuto, kandi barobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti. (Ivyakozwe 16:16-24) Mbega ivyo bintu bibabaje vyoba vyagize ico bikoze gute kuri Paulo? Mbega abantu bo mu gisagara gikurikira, mu rugendo rw’ubumisiyonari rwa Paulo, ari co Tesalonike, boba babonye ko Paulo yiyonjoroye kubera ubwoba? Oya, “[yarashize] amanga.” Yaratsinze ubwoba maze arabandanya kwamamaza inkuru nziza ashize amanga.
17 Ubushizi bw’amanga bwa Paulo bwava he? Bwoba bwava muri we? Oya, yavuze ko yashize amanga “[biciye k]u Mana yacu.” Hari igitabu c’irabiro gikoreshwa n’abahinduzi ba Bibiliya kivuga ko ayo majambo ashobora guhindurwa ngo “Imana yarakuye ubwoba mu mitima yacu.” Urumva rero, nimba wumva canecane ko udashira amanga mu gikenurwa cawe, canke nimba umuce munaka waco usa n’aho ugutera ubwoba, ni kuki none utotakambira Yehova ngo akugirire nk’ukwo nyene? Numusabe akure ubwoba mu mutima wawe. Numusabe agufashe gushira amanga ku bw’igikorwa. Vyongeye, nutere izindi ntambwe kanaka ngirakimazi. Nk’akarorero, nutunganye ivy’ugukorana n’umuntu afise ubuhinga mu buryo bw’ugushinga intahe bukuraje ishinga. Gashobora kuba ari akarere badandarizamwo, ugushinga intahe mw’ibarabara, kwamamaza inkuru nziza akaryo kizanye, canke kuri telefone. Kumbure uwaguherekeje azoshima kuba ari we atangura. Nimba ari we atanguye, niwihweze maze ugire ico uhigiye. Mugabo nuce ushira amanga yo kugerageza.
18. Ni imihezagiro iyihe dushobora kuronka turamutse dushize amanga mu gikenurwa cacu?
18 Nimba woshira amanga, niwiyumvire ico vyotanga. Mu gihe wokomera ku muheto ntureke ngo ucike intege, woshobora kuza urabona utuntu n’utundi twiza mu gushikiriza ukuri, utwogucitse iyo udashira amanga. (Raba ku rupapuro rw’17.) Uzoshira akanyota no kumenya ko washimishije Yehova mu gukora ikintu kigoye kuri wewe. Uzokwibonera umuhezagiro wiwe hamwe n’imfashanyo yiwe mu vy’ugutsinda ubwoba wahorana. Ukwizera kwawe kuzorushiriza gukomera. Mu vy’ukuri, ntushobora kwubaka ukwizera mu bandi utubatse ukwizera kwawe bwite muri ico gihe nyene.—Yuda 20, 21.
19. Ni impera iyihe y’agaciro ibikiwe “abo mu b[afise ukw]izera”?
19 Ese wobandanya gukomeza ukwizera kwawe n’ukwizera kw’abo muri kumwe. Ushobora kubigira mu kwiyubaka no mu kwubaka abandi, mu gukoreshanya ubuhanga Ijambo ry’Imana, mu kwiga uturorero tw’ukwizera turi muri Bibiliya kandi ukatubona ko atari umugani, mu kwitegurira amakoraniro ya gikirisu no mu kuyagiramwo uruhara, no mu kugumya cane agateka k’agaciro k’igikenurwa dukorera ku mugaragaro. Uko ugira ivyo bintu, numenye neza yuko vy’ukuri uri “mu bizera.” Niwibuke kandi ko abantu mwene abo bafise impera y’agaciro. Ni “abo mu b[afise ukw]izera, ubugingo bgabo bugakizwa.”b Ese ukwizera kwawe kwobandanya gukura, kandi ese Yehova Imana yokuzigama ngo ubeho ibihe bidahera!
[Akajambo k’epfo]
a Paulo yasubiyemwo ukuntu ya mpinduro yitwa La Septante yahinduye Habakuki 2:4, ikaba irimwo kandi n’imvugo ngo “niyiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.” Ayo majambo nta n’ikizingo c’Igiheburayo na kimwe kiriho abonekamwo. Hari abashikirije iciyumviro c’uko iyo mpinduro La Septante yagizwe hishimikijwe ibizingo vy’Igiheburayo vya kera cane bitakiriho. Uko vyoba bimeze kwose, Paulo ngaha yarayashizemwo abitumwe n’impwemu yera y’Imana. Nuko rero, vyari birekuwe n’Imana.
b Icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu mwaka w’2000 kizoba ari: ‘Tweho ntituri abo mu biyonjorora . . . ariko turi abo mu bizera.’—Abaheburayo 10:39.
Wokwishura Gute?
◻ Paulo yagaragaje gute ko yizigira Abakirisu b’Abaheburayo, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki?
◻ Ni kuki ukuba Paulo yarerekeje ku muhanuzi Habakuki vyari bikwiriye cane?
◻ Ni uturorero tw’ukwizera utuhe Paulo yadondoye mu buryo bukomeye?
◻ Ni uburyo ngirakimazi ubuhe bwo kwubaka ukwizera Paulo yasavye ko bwokurikizwa?
[Ifoto ku rup. 15]
Inyuma yaho Paulo akorewe amabi i Filipi, yarashize amanga kugira abandanye kwamamaza inkuru nziza
[Ifoto ku rup. 16]
Woba ushobora gushira amanga kugira ugerageze uburyo butandukanye bw’ugushinga intahe?