Ururirimbo rwa 208
Ururirimbo rw’ukunezerwa
1. Bavuz’inzamba bakaririmba;
’Mwana wa Yehov’araganza.
Bavuz’ivyuma ’mashi bakoma.
Hose iyi nkur’ikarema:
(Icitabirizo)
2. Iyo twigisha turaremesha
Abantu bakeger’Imana.
Abo baraza bahibongoza,
Gushika hose mu mihana.
(Icitabirizo)
3. Mu vyo dukora, tuzobabara
Abavukanyi, tubahoza.
Turirimbira Yehov’Uwera.
Tumushemeza kw’ari mwiza.
(Icitabirizo)
’Musi wa Yehova (Nezerwa.)
Waje wo kuganza. (Shima.)
Azokwam’aganza (Twigine).
Shemeze Ya muririmba:
“Ewe Yehova ni w’udukiza,
Ku bwa Yezu ari ku ngoma”.