ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/1 rup. 28-31
  • ‘Umunyangeso Nziza Aratoneshwa n’Imana’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Umunyangeso Nziza Aratoneshwa n’Imana’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutozwa Indero Ni Ntahara
  • ‘Imizi Idashobora Kunyiganyizwa’
  • ‘Umugore Abishoboye Abera Umugabo Wiwe Igitsibo mu Mutwe’
  • Ivyiyumviro Bivamwo Ibikorwa, Ibikorwa na vyo Bikagira Inkurikizi
  • Uwicisha Bugufi Bizomugendera Neza
  • Ubuzima Umwirimizi Agira Buratanga Ivyigwa mu Bijanye no Kumera Neza
  • Umugororotsi Arasagamba
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Ibwirizwa ry’umunyabukerebutsi’ ni isôko ry’ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ugutinya Imana ‘kwigisha ubukerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/1 rup. 28-31

‘Umunyangeso Nziza Aratoneshwa n’Imana’

UBUZIMA bwose bwamuka kuri Yehova Imana. (Zaburi 36:9) Vyemere, “muri yo [n]i ho tubeshejweho, tugenda, turi n’ubu[zima].” (Ivyakozwe 17:28) None umutima wacu ntuca wuzura ugukenguruka igihe turimbura ivyiza aronsa abantu bafitaniye ubucuti bwa hafi na we? Nkako, “ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira.” (Abaroma 6:23) Ese ukuntu bihambaye ko turondera gutoneshwa na Yehova!

Umwanditsi wa Zaburi aradukura amazinda yuko ‘Uhoraho atanga ubuntu.’ (Zaburi 84:11) Mugabo ni bande abuha? Abantu kenshi muri iki gihe batonesha abandi bafatiye ku mashure, ku butunzi, kw’ibara ry’urukoba, ku bwoko no ku bindi nk’ivyo. Ni bande Imana itonesha? Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yishura ati: “Umunyangeso nziza atoneshwa n’Uhoraho, arik’umuntu w’imigabo y’ibibi Uhoraho azomucirakw iteka.”​—Imigani 12:2.

Biratomoye yuko Yehova ahimbarwa n’umuntu ameze neza, ni ukuvuga umuntu afise ingeso nziza. Ingeso nziza z’umuntu ameze neza zirimwo kamere nk’ukwigumya, kutagira nkunzi, ukwicisha bugufi, imbabazi be n’ukwiyubara. Ivyiyumviro vyiwe biragororotse, amajambo yiwe araremesha, ibikorwa vyiwe biratunganye kandi ni ivy’ingirakamaro. Igihimba ca mbere c’ikigabane ca 12 c’igitabu ca Bibiliya c’Imigani, kiratwereka ukuntu ukumera neza gukwiye kugira ico gukoze ku buzima bwacu bwa misi yose kandi kigashira ahabona ivyiza biva ku kugaragaza iyo kamere. Kurimbura ibihavugwa biraza kuturonsa “ubgenge [bg]o gukora ivyiza.” (Zaburi 36:3) Gushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi ziri muri co bizodufasha kugira ngo dushobore gutoneshwa n’Imana.

Gutozwa Indero Ni Ntahara

Salomo avuga ati: “Ūkunda gutozwa indero nziza aba akunda ubgenge, arik’uwanka guhanwa aba ar’ikiyingiyingi.” (Imigani 12:1) Kubera ko aba ashashaye kugira ivyo aryohora, umuntu ameze neza aripfuza cane gutozwa indero. Arihutira gushira mu ngiro impanuro aronkera ku makoraniro ya gikirisu canke mu biyago agirana n’abandi. Amajambo ari mu Vyanditswe no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya ameze nk’inkoni z’abungere zimuyobora kugira ngo akurikire ingendo igororotse. Ararondera ubumenyi kandi akabukoresha mu kugorora inzira ziwe. Vyemere, uwukunda gutozwa indero aba akunda kandi ubumenyi.

Ese ukuntu ugutozwa indero ari ukwa nkenerwa ku basavyi b’Imana b’ukuri, na canecane iyo ubwacu tugize akigoro! Twoshobora kuba twipfuza kugira ubumenyi bwimbitse kuruta bw’Ijambo ry’Imana. Twoshobora kuba twipfuza kurushiriza kuba ababishoboye mu busuku bwa gikirisu, no kuba abigisha beza kuruta b’Ijambo ry’Imana. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Mugabo bisaba akigoro kugira ngo dutume mwene ivyo vyipfuzo bitaba umugani. Ako kigoro karakenewe no mu yindi mice y’ubuzima. Nk’akarorero, amayagwa agenewe kuvyura ivyipfuzo bibi aruzuye muri iki gihe. Ntibisaba none akigoro kugira ngo umuntu ubuze ijisho kuguma riraba ibintu bitabereye? Vyongeye, kubera “imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo,” iciyumviro c’ubushegabo kirashobora koko kuva ahantu hihishije ho mu muzirikanyi. (Itanguriro 8:21) Akigoro karakenewe kugira ngo ntitugume dushize umutima ku ciyumviro nk’ico.

Ku rundi ruhande, uwanka igikangiro, ntaba akunda gutozwa indero eka kandi ntaba akunda ubumenyi. Kubera yuko yorohera impengamiro z’icaha zisanzwe ziri mu muntu akanka igikangiro, arononekara gushika aho asigara ameze nk’igikoko kitagira ubwenge, ntashobore gutandukanya iciza n’ikibi. Dutegerezwa kunanira dushikamye iyo mpengamiro.

‘Imizi Idashobora Kunyiganyizwa’

Birumvikana ko umuntu ameze neza adashobora kuba umuntu w’umubisha canke umuntu arenganya. Ni co gituma ubugororotsi na bwonyene ari ubwa nkenerwa kugira ngo umuntu atoneshwe na Yehova. Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Uzoha umugororotsi umugisha: Uhoraho uzomukikiza imbabazi nk’inkinzo.” (Zaburi 5:12) Mu kwerekana itandukaniro riri hagati y’umugororotsi n’umubisha, Salomo avuga ati: “Umuntu nta[ts]imbatazwa n’ikibi, arikw imizi y’abagororotsi nta ho izonyiganyizwa.”​—Imigani 12:3.

Umubisha yoshobora gusa nk’aho atunganiwe. Rimbura ivyashikiye umwanditsi wa Zaburi yitwa Asafu. Avuga ati: “Ariko jeho, ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka, intambuko zanje zari zishigaje gatoya zikanyerera.” Kubera iki? Asafu yishura ati: “Nagirira ishari abībone, aho nabona abanyakibi baguwe neza.” (Zaburi 73:2, 3) Mugabo uko yabandanya kugenda ahera h’urusengero rw’Imana, yarashitse ku gutahura yuko Yehova yari yabashize ahanyerera. (Zaburi 73:17, 18) Umubisha naho yosa n’uwererwa mu vyo akora ni ivy’akanya gato. Kubera iki none twobanohokera?

Umuntu atoneshwa na Yehova wewe aratekaniwe. Salomo akoresheje imvugo mberanya y’imizi y’igiti ikomeye, avuga ati: “Imizi y’abagororotsi nta ho izonyiganyizwa.” (Imigani 12:3) Imizi itaboneka y’igiti c’inganzamarumbu, nk’igiti citwa sekwoya co muri leta ya Kaliforoniya, ishobora gukwira ahantu harenga hegitari imwe n’igice kandi irashobora gutuma kiguma gihagaze mu gihe c’umwuzure be no mu gihe c’imiyaga ikaze cane. Igiti sekwoya kigereza kure n’iyo, kirashobora mbere kudasiturwa na ca nyamugigima gikomeye.

Nk’ukwo kw’iyo mizi iri mw’ivu ririmwo ivya nkenerwa, imizirikanyi yacu be n’imitima yacu birakeneye kwimba rwose mw’Ijambo ry’Imana maze bikavoma ku mazi yaryo atanga ubuzima. Gutyo, ukwizera kwacu kurashinga imizi kandi kugakomera mu buryo bushikamye, icizigiro cacu na co kikaba ntakekeranywa kandi kigashikama. (Abaheburayo 6:19) ‘Ntituzojanwa irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho z’ikinyoma.’ (Abanyefeso 4:14) Ego ni ko, tuzoshikirwa n’ibigeragezo bimeze nk’igihuhusi kandi twoshobora mbere kugira ubwoba mu gihe duhanganye n’amagorwa. Mugabo ‘imizi yacu ntizonyiganyizwa.’

‘Umugore Abishoboye Abera Umugabo Wiwe Igitsibo mu Mutwe’

Abantu benshi barazi uwu mugani ugira uti: “Uwuja guhusha itunga ahusha umugore.” Mu kwerekana akamaro k’umugore ashigikira umugabo, Salomo avuga ati: “Umugore a[bishobo]ye abera umugabo wiwe igitsibo mu mutwe, arik’uw’agatētereza amubera nk’ikimungu mu magufa.” (Imigani 12:4) Ijambo “abishoboye” ririmwo ibintu vyinshi bijanye n’ukumera neza. Ingeso nziza z’umugore ameze neza nk’uko zidondorwa ido n’ido mu Migani ikigabane ca 31, zirimwo kuba umunyamwete, umwizerwa be no kugira ubukerebutsi. Umugore afise izo kamere abera umugabo wiwe igitsibo mu mutwe kubera ukwigenza neza kwiwe gutuma umugabo aterwa iteka kandi kugatuma abandi bamwubaha. Uwo mugore ntiyigera yita imbere canke ahiganwa na we mu buryo buranga uguhahamira ubukuru kugira ngo yemerwe n’abandi. Ahubwo, ni umufasha yunganira umugabo wiwe.

Umugore yoshobora gute gukora mu buryo bw’agatetereza, kandi ivyo vyovamwo iki? Ukwo kwigenza mu buryo buteye isoni kwoshobora kuba ari ugutongana canke ukurenga ibigo. (Imigani 7:10-23; 19:13) Ibikorwa nk’ivyo umugore abigize bituma umugabo wiwe amererwa nabi. Igitabu kimwe kivuga yuko umugore nk’uwo ameze nk’“ikimungu co mu magufa” mu buryo bw’uko “atuma umugabo wiwe amererwa nabi, nka kurya kw’indwara ituma umubiri ugira intege nke.” Ikindi gitabu na co kivuga ngo: “Ijambo ryo mu gihe ca none ryoba rihuye na ryo ryoba ari ‘kanseri,’ indwara igenda igabanya buhorobuhoro inguvu umuntu afise.” Ese abagore bakirisu bokwihatira kurondera ugutoneshwa n’Imana mu kugaragaza ingeso nziza ziranga umugore abishoboye!

Ivyiyumviro Bivamwo Ibikorwa, Ibikorwa na vyo Bikagira Inkurikizi

Ivyiyumviro bituma umuntu agira ico akoze, maze nya bikorwa bikagira inkurikizi. Ubukurikira, Salomo yerekana ko hatangura ivyiyumviro hanyuma hagakurikira ibikorwa, mu kugereranya abagororotsi n’ababisha. Avuga ati: “Ivyiyumviro vy’abagororotsi biraroranye, arikw imigabo y’abanyakibi n’ibinyoma. Amagambo y’abanyakibi abundira kuvisha amaraso, arikw akanwa k’abagororotsi bo kazobakiza.”​—Imigani 12:5, 6.

Mbere ivyiyumviro vy’abantu bameze neza usanga biroranye uravye ivyemerwa mu bantu, kandi usanga vyerekezwa ku kutagira nkunzi no ku kugororoka. Kubera yuko abagororotsi basunikwa n’urukundo bakunda Imana be n’urwo bakunda abantu nk’abo, imigabo yabo usanga ari myiza. Ku rundi ruhande, abanyakibi usanga basunikwa n’ubwikunzi. Ku bw’ivyo, imigabo yabo, ni ukuvuga uburyo barondera kuyishitsa, usanga ari ivy’uruhendo. Ivyo bakora usanga atari ivyo kwizigirwa. Ntibatinya gutega umutego umuntu ataco azira, kumbure muri sentare, mu kumwagiriza ibinyoma. Amajambo yabo usanga “abundira gusesa amaraso” kubera bashaka kugirira nabi abantu bateze umutego ataco bazira. Kubera ko abagororotsi bobo bazi ivyerekeye imitego mibi, bakagira n’ubukerebutsi bukenewe butuma biyubara, barashobora kwirinda iyo ngeramizi. Barashobora mbere kuburira abantu ataco bazi hanyuma bakabarokora mu mitego y’uruyeri y’ababisha.

Abagororotsi n’ababisha bizobagendera gute? Salomo yishura ati: “Abanyakibi baraheneberezwa bagashira, arikw inzu y’abagororotsi ihagarara ishikamye.” (Imigani 12:7) Hari igitabu kimwe kivuga yuko inzu “igereranya abagize urugo be n’ikintu cose umuntu abona ko ari ic’agaciro gituma mu vy’ukuri ashobora kubaho.” Irashobora mbere kwerekeza ku muryango no ku bakomoka ku bagororotsi. Uko biri kwose, iciyumviro kiri muri ico canditswe co mu Migani kiratomoye, ni iki: Abagororotsi bazohagarara bashikamye mu gihe c’amagorwa.

Uwicisha Bugufi Bizomugendera Neza

Mu gushimika ku gaciro k’ubukerebutsi, umwami wa Isirayeli avuga ati: “Umuntu ashimirwa [akanwa k]’ubgenge bgiwe nk’uko bungana, arik’ūfise umutima ugoramye baramugaya.” (Imigani 12:8) Umuntu w’inkerebutsi ntareka akanwa kiwe ngo gapfe ivyo kavuze. Ariyumvira imbere yuko avuga kandi aragiranira ubucuti burangwa amahoro n’abandi kubera “akanwa k’ubgenge” gatuma ahitamwo avyitondeye amajambo avuga. Igihe ahanganye n’ibibazo vy’ubupfu canke bidafise ishingiro, umuntu w’inkerebutsi arashobora ‘kuvuga make.’ (Imigani 17:27) Umuntu nk’uyo arashemagizwa kandi arahimbara Yehova. Ese ukuntu atandukanye n’umuntu w’ivyiyumviro bigoramye biva mu ‘mutima ugoramye’!

Ni vyo, umuntu w’inkerebutsi arashemagizwa, mugabo umugani ukurikira uratwigisha agaciro ko kwicisha bugufi. Uvuga uti: “Uwishira hejuru akabura utw’arya, arutwa n’inēra yifitiye uwo itunze.” (Imigani 12:9) Salomo asa n’uwariko aravuga yuko vyoba vyiza kuba umuntu yicisha bugufi atunze ibintu bikeyi, afise umukozi umwe gusa, aho gusesagura ivyari bikenewe mu buzima kugira ngo agume ari umuntu aharurwa mu bari mu rwego rwo hejuru mu kibano. Ese ukuntu iyo ari impanuro yumvikana duhawe, ni ukuvuga kubaho duhuje n’ivyo dufise!

Ubuzima Umwirimizi Agira Buratanga Ivyigwa mu Bijanye no Kumera Neza

Akoresheje uburyo bwo kubaho bw’umwirimizi, Salomo aratwigisha ivyigwa bibiri mu bijanye no kumera neza. Avuga ati: “Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, arik’umutima w’abanyakibi n’inkazi.” (Imigani 12:10) Umuntu agororotse afata neza ibitungwa vyiwe. Aramenya ivyo bikenera kandi akitwararika ivy’uko vyomererwa neza. Umuntu w’umubisha yoshobora kuvuga yuko yitwararika ibitungwa, mugabo ntiyiteho ivyo bikenera. Imvo akorana usanga ari ubwikunzi, kandi uburyo afata ibitungwa usanga bushingiye ku nyungu yoshobora kubikuramwo. Ico umuntu nk’uyo afata ko ari ukwitwararika ibitungwa kubereye, ku bwa ngingo coshobora kuba ari ukubifata bunyamaswa.

Ingingo ngenderwako yerekeye ugufata neza ibitungwa irakora no mu bijanye no kwitwararika ibindi bikoko bitaribwa batunga. Ese ukuntu vyoba biranga ubunyamaswa gutunga ibitungwa be n’ivyo bindi bikoko maze ugatuma bimererwa nabi bitari bikenewe mu kutavyitaho canke mu kubifata nabi! Mu gihe igitungwa coba kiriko kiracumukura cane bivuye ku ndwara ikomeye canke ku gukomeretswa bimwe bibi, icoba ciza kwoba ari ukugikuraho buhere.

Akoresheje uwundi muce w’ubuzima bw’umwirimizi, ni ukuvuga kurima itongo, Salomo avuga ati: “Ūrima itongo ryiwe azogira indya nyinshi.” Nkako, umuntu akoze agatama arahungukira. “Arik’ūkurikira ibitagira ikimazi nta mutima agira.” (Imigani 12:11) Kubera atabona ibintu mu buryo bwiza canke ngo agire ugutahura kwiza, umuntu ‘atagira umutima’ akurikirana ibijanye no kugerageza ubucuruzi bumutesha umwanya, burimwo ukwikika mu kiza kandi butagira akamaro. Ivyigwa dukura muri iyo mirongo ibiri biratomoye, ni ibi: Tube abanyakigongwe n’abanyamwete.

Umugororotsi Arasagamba

Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Umunyavyaha yifuza icaguye mu mutego w’abanyakibi.” (Imigani 12:12a) Umubisha ivyo abigira gute? Biboneka ko abigira mu kwipfuza ivyanyazwe.

Twovuga iki ku vyerekeye umuntu ameze neza? Umuntu nk’uyo arakunda gutozwa indero kandi arashinga imizi mu kwizera mu buryo bushikamye. Aragororotse kandi ni intungane, ni umuntu w’incabwenge kandi yicisha bugufi, ni umuntu afise imbabazi kandi w’umunyamwete. Ikindi kandi, Salomo avuga ati: “Umuzi w’abagororotsi [ur]ama” canke “urasagamba.” (Imigani 12:12b; New International Version) Hari impinduro imwe (An American Translation) ivuga iti: “Umuzi w’abagororotsi uzokwamaho ibihe bidahera.” Umuntu nk’uyo arashikamye kandi aratekaniwe. Kukaba nkako, ‘umunyangeso nziza aratoneshwa n’Imana.’ Nimuze rero, ‘twizigire Yehova dukore ivyiza.’​—Zaburi 37:3.

[Amafoto ku rup. 31]

Nka kurya kw’igiti gitotahaye, ni ko n’ukwizera kw’umugororotsi gushinze imizi mu buryo bushikamye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika