ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/8 rup. 4-7
  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Intambwe ngirakimazi mu vyo gutorera umuti ubukene
  • Bibiliya iratanga imvo ituma tugira icizigiro
  • Ni ho uzoba uri?
  • Ubukene
    Be maso!—2015
  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Utwigoro two gukuraho ubukene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Isi itagiramwo ubukene iri hafi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/8 rup. 4-7

Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva

NAHO hirya no hino kw’isi hatangwa amaraporo avuna umutima yerekeye ubukene, hariho abaguma bafise icizigiro c’uko hashobora gukorwa ikintu kiboneka. Nk’akarorero, twisunze umutwe w’ikiganiro casohotse mu kanyamakuru kamwe (Manila Bulletin), Ibanki y’iterambere yo muri Aziya yavuze yuko “mu myaka 25 iri imbere, Aziya ishobora kurandurana n’imizi ubukene”. Iyo banki yahanuye yuko guteza imbere ivy’ubutunzi ari vyo bizotuma abantu bava mu bukene bwabiziziye.

Ayandi mashirahamwe be n’izindi ntwaro vyaragize urutonde rurerure rw’ivyiyumviro be n’imigambi kugira ngo bigerageze gutorera umuti iyo ngorane. Muri ivyo harimwo: amaporogarama y’ivya soransi, guteza imbere ivyo kwiga, gukuraho amadeni ibihugu biri mu nzira y’amajambere bifitiye ibihugu biteye imbere, gukuraho ibitangirizi bishirwa ku bidandazwa vyinjira mu gihugu kugira ngo ibihugu birimwo abakene benshi bishobore kugurisha ibidandazwa vyavyo ata ngorane, be no kwubakira uburaro abakene bakabubamwo baza barariha amahera makeyi.

Mu mwaka wa 2000, Inama nkuru y’Ishirahamwe mpuzamakungu yarashinze imigambi izoshikwako mu 2015. Muri iyo migambi harimwo ugukuraho ubukene bukomeye be n’amapfa hamwe n’ubusumbane buteye ubwoba mu vyerekeye amahera abantu binjiza mu bihugu. Naho iyo migambi yoba ari myiza gute, abantu benshi barakekeranya nimba ishobora gushikwako muri iyi si y’amacakubiri.

Intambwe ngirakimazi mu vyo gutorera umuti ubukene

Kubera yuko icizigiro c’uko kw’isi yose hoshobora kuba iterambere nyakuri ari gitoyi, umuntu yoronderera hehe imfashanyo? Nk’uko twabivuze mu kiganiro c’imbere y’iki, hariho isoko ry’ubukerebutsi ngirakimazi rishobora gufasha abantu ubu. None iryo soko ni irihe? Ni Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.

Ni igiki gituma Bibiliya iba iyitandukanye n’ayandi masoko yose y’amakuru? Iva ku mukuru kaminuza, ni ukuvuga Umuremyi wacu. Mu mpapuro zayo yarashizemwo ubukerebutsi bw’agaciro, ingingo ngenderwako ngirakamaro zikora ku bantu bose, ahantu hose no mu bihe vyose. Mu gihe izo ngingo ngenderwako zikurikijwe, zirashobora gufasha abakene kugira ubuzima burushirije kuba ubumara akanyota mbere n’ubu. Reka turabe uburorero bukeyi.

Nubone amahera mu buryo bubereye. Bibiliya ivuga iti: “Ub[ukerebutsi ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ub[ukerebutsi] buzigama ubugingo bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:12). Ivyo bishaka kuvuga iki? Amahera ntashobora kukuronsa ivyo ukeneye vyose. Ego ni ko, amahera aratuma umuntu atekanirwa ku rugero runaka. Atuma dushobora kugura ibintu bimwebimwe dukeneye, ariko hariho ivyo adashoboye. Hariho ibintu bifise agaciro kanini cane amahera adashobora kugura. Kumenya ico kintu bizodufasha kubona ibintu vy’umubiri mu buryo bubereye, gutyo twirinde imibabaro abashingira ubuzima bwabo ku kwirundaniriza amahera bagira. Amahera ntashobora kugura ubuzima, ariko gukora mu buryo buranga ubukerebutsi birashobora gukingira ubuzima ubu, mbere bigashobora kuduha akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera.

Nubeho uhuje n’uburyo ufise. Ivyo dushaka si ngombwa ngo bibe ari vyo dukeneye. Ivyo dukeneye ni vyo bikwiye kuza mu kibanza ca mbere. Biroroshe ko twibwira yuko dukeneye ikintu koko, ariko ku bwa ngingo ari ikintu dushaka, atari ikintu dukeneye. Amahera umuntu w’inkerebutsi aronka, abanza kuyakoresha ku bintu akeneye kuruta ibindi, nk’akarorero, imfungurwa, ivyambarwa, uburaro n’ibindi. Maze, imbere yo kugura ibindi bintu, abanza kuraba nimba amahera asigaye yoshobora kubigura. Mu kigereranirizo kimwe mu vyo Yezu yatanze, yahanuye yuko umuntu ‘yobanza kwicara akarimbura igitigiri c’amahera vyotwara kugira ngo amenye ko afise ayakwiye’.​—Luka 14:28.

Muri Filipine, hari umuvyeyi yitwa Eufrosina yirerana abana batatu arwana urugamba rwo kurondera icobatunga no guhangira uduhera aronka kubera haciye imyaka nk’ingahe umugabo amutaye. Muri urwo rugamba, yaramenyereje abana biwe kumenya ibija imbere y’ibindi mu gukoresha amahera. Nk’akarorero, abana barashobora kubona ikintu bipfuza. Aho guca ashoka abahakanira, arabafasha kuzirikana akavuga ati: “Nta ngorane murashobora kuronka ivyo mwumva mwipfuza, ariko rero mutegerezwa guhitamwo. Dufise amahera yo kugura ikintu kimwe gusa. Turashobora kugura ico kintu mwumva mwipfuza, canke tukagura akanyama canke utuboga tuzokoza umuceri muri iyi ndwi. None mushimye ikihe? Nimuhitemwo”. Akenshi, abana baca babona ico ashaka kuvuga maze bakemera yuko bahisemwo ibifungurwa aho guhitamwo ikindi kintu.

Nubumbwe n’ivyo ufise. Iyindi ngingo ngenderwako ya Bibiliya ivuga iti: “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye” (1 Timoteyo 6:8). Amahera ubwayo ntazana agahimbare. Abantu benshi b’abatunzi nta gahimbare bafise, mu gihe abantu benshi b’abakene usanga bahimbawe cane. Abo bakene barize kubumbwa n’ibintu bisanzwe bikenewe mu buzima. Yezu yaravuze ivyerekeye kugira ‘ijisho riremuruye’ (NW) ryitunira ku bintu bihambaye kuruta ibindi (Matayo 6:22). Ivyo birafasha umuntu kubumbwa n’ivyo afise. Abantu benshi b’abakene barumva bashize akanyota kubera batsimbataje ubucuti bwiza n’Imana bakaba bafise n’ubuzima bwo mu muryango buhimbaye, ivyo bikaba ari ibintu umuntu adashobora kugura.

Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bw’ivyiyumviro ngirakamaro vyo muri Bibiliya bishobora gufasha abakene guhangana n’ingorane barimwo. Hariho n’ubundi bwinshi. Nk’akarorero, niwirinde utumenyero tubi dutuma usesagura amahera nko kunywa itabi no gukina akamari; numenye ibintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima, na canecane imigambi yo mu vy’impwemu; aho usanga akazi gakenye, nugerageze gukora ibintu abandi bakenera (Imigani 22:29; 23:21; Ab’i Filipi 1:9-11). Bibiliya ikugira inama yo gushira mu ngiro mwene ubwo “bukerebutsi ngirakamazi be n’ubushobozi bwo kwiyumvira” (NW) kuko “bizobera umutima wawe ubugingo”.​—Imigani 3:21, 22.

Naho inama Bibiliya itanga zoshobora gutuma abanyinyana n’ubukene baronka imfashanyo ngirakamaro, ibibazo vyerekeye kazoza biracariho. Abakene boba bazokwama mu bukene ibihe vyose? Ubusumbane buri hagati y’abantu batunze cane be n’abakene ruhebwa bwoba buzotorerwa umuti? Nimuze dusuzume umuti abantu benshi batazi.

Bibiliya iratanga imvo ituma tugira icizigiro

Benshi baremera yuko Bibiliya ari igitabu ciza. Ariko rero, akenshi usanga batazi yuko itanga amakuru atomoye yerekana yuko ubu bwa vuba hagiye kuba amahinduka akomakomeye.

Imana igiye kugira ico ikoze kugira ngo itorere umuti ingorane z’abantu, ushizemwo n’ubukene. Kubera yuko vyagaragaye ko intwaro z’abantu zidashoboye kubigira canke zitanavyiteguriye, Imana igiye kuzikuraho. Uti gute? Muri Daniyeli 2:44, Bibiliya ibivuga ishimitse iti: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.

Niyamara gukuraho ubwo bwami canke izo ntwaro, Umutware yagenywe n’Imana ubwayo azogira ico akoze. Uwo Mutware si umuntu, ariko ni ikiremwa co mw’ijuru c’ububasha kimeze nk’Imana ubwayo, afise ubushobozi bwo guhindura bimwe bikomeye ibintu bikenewe kugira ngo akureho ubusumbane buhari muri iki gihe. Imana yaragenye Umwana wayo bwite kugira ngo ahindure ivyo bintu (Ivyakozwe 17:31). Muri Zaburi 72:12-14 haradondora ico uwo Mutware azokora, mu kuvuga hati: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe”. Mbega icizigiro c’akaroruhore! Umuti uzoba ugiye watorwa! Wa Mutware yagenwa n’Imana azogira ico akoze ku neza y’abakene na banyarucari.

Ingorane nyinshi rero zijanye n’ubukene zizotorerwa umuti ico gihe. Umurongo wa 16, muri iyo Zaburi ya 72 uvuga uti: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi”. Nta bukene bw’ibifungurwa buzosubira kubaho bitumwe n’ikigoyi, nta bukene bw’amahera buzosubira kubaho, canke ngo habeho ubutegetsi butameze neza.

Hariho n’izindi ngorane zizotorerwa umuti. Nk’akarorero, igitigiri kinini c’ababa kw’isi nta mazu yabo bwite bafise. Ariko rero, Imana isezerana iti: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo” (Yesaya 65:21, 22). Umuntu wese azogira inzu yiwe bwite kandi anezererwe igikorwa ciwe. Imana rero isezerana kuzokuraho ubukene ubutakigaruka. Nta busumbane hagati y’umutunzi n’umukene buzoba bukihari, nta bantu bazoba bakigwa bavyuka kugira barabe ko boronka ikibabeshaho.

Umuntu acumva iyo mihango Bibiliya itanga, hari aho yokwibaza yuko ivyo bidashoboka. Ariko rero, umuntu asuzumye Bibiliya yitonze arabona yuko ibintu vyose Imana yasezeranye kera vyarangutse (Yesaya 55:11). Urumva rero yuko ata gukekeranya kuhari. Ahubwo ikibazo nyaco ni iki: Utegerezwa gukora iki kugira ngo uzokwungukire kuri ivyo bintu nivyaranguka?

Ni ho uzoba uri?

Kubera ko intwaro izoba ari iy’Imana, dutegerezwa kuba abantu Imana izokwemerera kuba abanyagihugu mu gihe c’ubwo butegetsi. Yaratweretse ico twokora kugira ngo dukwize ibisabwa vyo kuba abo izokwemerera. Inyobozo zodufasha ziri muri Bibiliya.

Wa Mutware yagenywe, ari we Mwana w’Imana, aragororotse (Yesaya 11:3-5). Gutyo rero, abazokwemererwa gutwarwa n’iyo ntwaro na bo nyene vyitezwe ko bazoba bagororotse. Mu Migani 2:21, 22 havuga hati: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co”.

Hoba hariho uburyo bwo kwiga ukuntu twokwiza ivyo bisabwa? Egome, buriho. Niwiga Bibiliya kandi ugashira mu ngiro ubuyobozi itanga, uzoshobora kwinovora ivyo bintu vyiza vyo muri kazoza (Yohana 17:3). Ivyabona vya Yehova bazonezerezwa no kugufasha kugira iyo nyigisho. Turagusavye kutagisha ako karyo ko kuzoba mu kibano kitazokwigera gishikirwa n’ubukene be n’akarenganyo.

[Ifoto ku rup. 5]

Eufrosina: “Guhangira uduhera ndonka birafasha abo mu rugo rwanje kuronka ivyo bakeneye”

[Amafoto ku rup. 6]

Amahera ntashobora kugura ubucuti bwiza umuntu agiranira n’Imana canke ngo agure ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika