ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umwenda dufitiye abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005 | Mukakaro
    • Umwenda dufitiye abandi

      1 Intumwa Paulo yarumva ko ategerezwa kubwira abantu ubutumwa bwiza. Yari azi ko Yehova yatanze akaryo kugira ngo abantu b’ubwoko bwose bakizwe biciye ku maraso y’igiciro y’Umwana wiwe (1 Tim. 2:3-6). Ni co gituma Paulo yavuze ati: “Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo”. Yarakora yivuye inyuma kugira ngo arihe umwenda afitiye abantu nka we, mu kubabwira inkuru nziza.—Rom. 1:14, 15.

      2 Nka kumwe kwa Paulo, abakirisu muri kino gihe bararondera uburyo bwo kubwira inkuru nziza ababanyi babo igihe cose akaryo kabonetse. Kubera ko amarushwa ahambaye ariko aregereza yihuta, birihutirwa cane ko turondera abafise imitima nziraburyarya. Ese urukundo nyakuri dukunda abantu rwotuvyurira umutima wo kugira ubwira muri ico gikorwa kirokora ubuzima!—Mat. 24:21; Ezk. 33:8.

      3 Twikureko umwenda dufise: Uburyo nyamukuru bwo gushikira abantu ni mu kwamamaza inzu no ku yindi. Igihe duhura n’ingorane yo kudasanga abantu i muhira, kuza turandika uko twasanze ibintu bimeze koko kandi tukaza turahindagura ibihe tugirako, bizotuma tubonana n’abantu benshi kuruta (1 Kor. 10:33). Turashobora kandi gushikira abantu mu gushinga intahe mu cibare gikorerwamwo ivy’ubudandaji, mw’ibarabara, mu busitani abantu baja kuruhukiramwo no ku maparikingi y’imiduga canke tugakoresha telefone. Twokwibaza duti: ‘Noba nkora uko nshoboye kwose kugira ngo ngerageze uburyo bwose bwo kwamamaza ngo mbwire abandi ubutumwa butuma bazoronka ubuzima?’.—Mat. 10:11.

      4 Umutsimvyi umwe yarumva ko afise ibanga rihambaye ryo gushikira abantu bose bo mu cibare yakebewe. Hariho inzu yama asanga amarido yugaye, ata muntu n’umwe ahari. Ariko rero, umusi umwe uwo mutsimvyi atari mu busuku, yarabonye umuduga imbere y’iyo nzu yama asanga ata n’umwe ahari. Kugira ngo ako karyo ntikamucike, yaciye avuza bene ka gakengeri ko ku muryango. Umugabo umwe yaruguruye, maze ikiyago batanguye kuyaga gituma uwo muvukanyikazi asubira kumugendera kenshi ari kumwe n’umunega wiwe. Nya mugabo yahavuye yemera inyigisho ya Bibiliya, ubu akaba ari umuvukanyi yabatijwe. Arakenguruka kubona uwo muvukanyikazi yiyumvisemwo ko afise ibanga rihambaye ryo kubwira abandi inkuru nziza.

      5 Kubera ko igihe cihuta, iki ni co gihe co kuriha umwenda dufitiye abantu nkatwe mu kwihata mu gikorwa co kwamamaza.—2 Kor. 6:1, 2.

  • Igice ca 11: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005 | Mukakaro
    • Igice ca 11: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere

      Gufasha abatohoji ingene bosubira kugendera abantu

      1 Igihe umutohoji wa Bibiliya atanguye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, arahura n’abantu bashimishwa n’ubutumwa bwiza. Twoshobora gute gufasha umwamamaji mushasha gusubira kugendera abantu mu buryo bwovamwo ivyiza be no gutsimbataza ugushimishwa abonye?

      2 Kwitegurira gusubira kugendera umuntu bitangura tukimugendera ari bwo bwa mbere. Nuremeshe umutohoji kwitwararika bivuye ku mutima abo baganira (Flp. 2:4). Nugende uramumenyereza buhorobuhoro ingene yotuma abantu baserura iryo bagona, ingene yobatega yompi bariko barashikiriza ivyiyumviro, be n’ingene yobona ibibaraje ishinga. Mu gihe umuntu mwagendeye agaragaje ko ashimishwa, nusabe uwo mwamamaji mushasha yandike amakuru yose abereye yerekeye uwo muntu. Nukoreshe ayo mukuru mu kumufasha gutegura ibindi biganiro.

      3 Kwitegurira gusubirayo: Nimwiyibutse ukuntu vyagenze igihe mwagendera umuntu ari bwo bwa mbere, uce wereka uwo mutohoji ingene ahitamwo umuce w’ubutumwa bw’Ubwami woshimisha umwe mwagendeye (1 Kor. 9:19-23). Nimutegurire hamwe ukuntu mwoshikiriza ikiganiro kigufi kirimwo icanditswe kimwe co muri Bibiliya be n’ingingo imwe yo mu gisohokayandikiro gikoreshwa mu kwiga. Ikindi kandi, nimutegure ikibazo musiga mu gusozera ico kiganiro kikaba ari co muzoshingirako mugarutse kumugendera. Numenyereze uwo mwamamaji mushasha ingene yokwongereza ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana bw’uwo muntu uko amugendeye.

      4 Vyoba ngirakamaro kandi wigishije umutohoji gutanguza ikiyago akoresheje amajambo yoroshe. Amaze kuramutsa uwo agendeye, ashobora kuvuga ati: “Narahimbawe n’ikiganiro duheruka kugiriranira, nkaba nari ngarutse kugira turabire hamwe ikindi kintu co muri Bibiliya kijanye na [nuvuge ico kiganiro]”. Woshobora kandi kwereka uwo mwamamaji mushasha ingene yobigenza mu gihe hoza uwundi muntu kubitaba ku rugi.

      5 Nimubandanye gusubira kugendera abantu mubigiranye ubwira: Nuremeshe uwo mwigana gutanga akarorero keza mu gusubira kugendera abashimishijwe bose adatebaganye. Kugira umuntu asange abantu i muhira vyosaba ko ahozako mu kuza arasubira kubagendera. Numwereke ingene yobasaba amasango kugira aze asubire kubagendera, wongere umufashe gutahura ko bikenewe gusubira kubagendera nk’uko yabisezeranye (Mat. 5:37). Numenyereze uwo mwamamaji mushasha kugira ubuntu, kwitwararika abandi no kububahiriza igihe arondera abameze nk’intama yongera atsimbataza ugushimishwa kwabo.—Tito 3:2.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika