-
Gutanguza inyigisho za Bibiliya muhagaze imbere y’umuryango canke hakoreshejwe telefone aho bishoboka, cabure mu kwandika amaketeIgikorwa dukorera Ubwami—2005 | Myandagaro
-
-
Gutanguza inyigisho za Bibiliya muhagaze imbere y’umuryango canke hakoreshejwe telefone aho bishoboka, cabure mu kwandika amakete
1, 2. Dushobora gute guhindura porogarama yacu yo kwigisha Bibiliya kugira ngo dufashe abantu badafise umwanya?
1 Muri iki gihe, usanga abantu ata mwanya bafise. Yamara, benshi usanga bashimishwa n’ivy’Imana. None twobafasha gute kwironsa ivyo bakeneye mu vy’Imana (Mat. 5:3)? Abamamaji benshi birabashobokera kwigana Bibiliya n’abantu, bahagaze imbere y’umuryango, bakoresheje telefone canke biciye ku makete. Woba woshobora kwagura ubusuku bwawe muri ubwo buryo?
2 Kugira ngo dutanguze inyigisho za Bibiliya, turakeneye kuba twiteguriye kwerekana ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa, igihe cose habonetse akaryo. Ivyo vyogirwa gute kandi ryari?
3. Ni kubera iki twokwerekana ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, kandi ivyo twobigira gute?
3 Imbere y’umuryango: Igihe ubonanye n’umuntu ashima kuyaga kuri Bibiliya, nuce uzingurura ku ngingo wateguye imbere y’igihe, nk’ingingo ya mbere y’icigwa ca 1 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, uce utangura. Nimusome nya ngingo, murimbure ikibazo, mwongere muganire ku canditswe kimwe canke bibiri mu vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo. Akenshi ivyo bishobora kugirirwa aho nyene muhagaze imbere y’umuryango, mu kiringo c’iminuta itanu gushika kuri cumi. Nimba nya muntu ashimishijwe n’ico kiganiro, numusabe ko mwokwihweza iyindi ngingo imwe canke zibiri ikindi gihe.—Izindi nama tugirwa ku kuntu twokoresha uburyo burashe kugira ngo dutanguze inyigisho za Bibiliya, urashobora kuzisanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, rup. 6.
4. Twotanguza gute inyigisho ya Bibiliya imbere y’umuryango igihe dusubiye kugendera abo twayaze?
4 Urashobora gukoresha uburyo nk’ubwo nyene kugira ngo utanguze inyigisho za Bibiliya igihe usubiye kugendera abo mwayaze. Nk’akarorero, woshobora gukoresha agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? maze ukerekana izina ry’Imana, ukoresheje icigwa ca 2, ingingo ya 1-2. Usubiyeyo, mwoshobora kwihweza ico Bibiliya ihishura ku vyerekeye kamere za Yehova, ukoresheje ingingo ya 3-4. Mu kiyago gikurikira, mwoshobora kwihweza ingingo ya 5-6 be n’ishusho iri ku rupapuro rwa 5 kugira ngo werekane yuko kwiga Bibiliya bidufasha kumenya neza Yehova. Ivyo vyose ushobora kubigira muhagaze imbere y’umuryango.
5, 6. (a) Ni kubera iki abantu bamwebamwe boshima kwiga Bibiliya biciye kuri telefone canke ku makete? (b) Ni uburyo ubuhe twokoresha igihe tubaza abantu nimba boshima kwiga Bibiliya biciye kuri telefone?
5 Ukoresheje telefone canke amakete: Abantu bamwebamwe boshobora gushima kwiga Bibiliya biciye kuri telefone kuruta kuyigana n’umuntu amaso mu yandi. Raba icabonywe gikurikira: Igihe umuvukanyikazi umwe yariko aramamaza inzu ku nzu, yarahuye n’umugore akiri muto afise abana akongera akagira akazi kamufatira cane. Kubera yuko bitashobotse ko uwo muvukanyikazi yongera kumusanga i muhira, yaciye afata ingingo yo kumuterefona. Uwo mugore yaramusiguriye yuko vy’ukuri adafise umwanya wo kuyaga kuri Bibiliya. Nya muvukanyikazi yaciye avuga ati: “Mu minuta 10 canke 15, urashobora kumenya ikintu gishasha, naho hoba ari kuri telefone”. Uwo mugore yishuye ati: “Nimba ari kuri telefone, nta ngorane!”. Budakeye na kabiri, bari basigaye bigana Bibiliya badahorereza biciye kuri telefone. Bamwebamwe barashoboye kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana biciye ku kwandika amakete. Ubwo buryo bwarabonetse ko ari ngirakamaro ku bantu baba kure cane y’ishengero.
6 Bamwebamwe mu bo ugendera canke mu bo muzinanyi boba boshima kwiga Bibiliya biciye kuri telefone cabure biciye ku makete? Woshobora kugerageza ubwo buryo duhejeje kubona, canke ugashobora kuvuga gusa uti: “Nimba uvyipfuza, twoshobora kuza turaganira ivya Bibiliya dukoresheje telefone canke amakete. Ivyo vyoba vyorushiriza kukworohera?”. Duhinduye porogarama yacu yo kwigisha Bibiliya tukayihuza n’ukwo ivy’abandi vyifashe, twobafasha ‘kuronka ubumenyi bwerekeye Imana’.—Imig. 2:5; 1 Kor. 9:23.
-
-
Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuruIgikorwa dukorera Ubwami—2005 | Myandagaro
-
-
Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muk.
“Twese turazi abantu basa n’abamerewe neza, ariko bakaguma bumva hari ico babuze mu buzima bwabo. Wibaza ko bakeneye iki? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 5:3.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ikintu gihambaye codufasha kuronka amahoro yo mu mutima, na co kikaba ari ukwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu”.
Réveillez-vous! 8 Muk.
“Muri iki gihe aho ivy’akazi vyuzuyemwo uguhiganwa gukomeye, ubushomeri usanga ari ingorane ihambaye. Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bitanu vyofasha umuntu kuronka akazi. [Nushimike ku dutwe turi mu ndome zizize mu kiganiro kivuga ngo “Ibintu bitanu vyofasha umuntu kuronka akazi”.] Kiratanga kandi inama nziza zerekana ico umuntu yokora kugira ngo arambire mu kazi”. Soma icanditswe co mu Migani 22:29, casubiwemwo ku rupapuro rwa 10.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Muk.
“Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi iheze abantu babayeho, bagiye barashiraho inyigisho umuyoro z’ivy’Imana. Wibaza yuko dushobora kumenya iz’ukuri izo ari zo n’iz’ikinyoma izo ari zo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana aho ushobora gukura inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana”. Soma 2 Timoteyo 3:16.
Réveillez-vous! 22 Muk.
“Biravuna umutima kubona ugucumukura guterwa n’ivyago vy’ivyaduka. [Tanga akarorero kazwi aho iwanyu.] Woba ubona ko ivyago nk’ivyo bitera vyongerekana? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza ico kibazo. Kiranahumuriza ababuze ababo bahitanywe na mwene ivyo vyago”. Soma Yohana 5:28, 29.
-