-
Igice ca 3: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbereIgikorwa dukorera Ubwami—2004 | Munyonyo
-
-
Igice ca 3: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Gukoresha ivyanditswe mu buryo bushika ku nyota
1. Ni kubera iki dukwiye gushimika ku Vyanditswe igihe turongora inyigisho za Bibiliya?
1 Intumbero yacu igihe turongora inyigisho za Bibiliya ni iyo ‘guhindura abantu abigishwa’ mu kubafasha gutahura no kwemera inyigisho z’Ijambo ry’Imana no kuzishira mu ngiro mu buzima bwabo (Mat. 28:19, 20; 1 Tes. 2:13). Ku bw’ivyo, nya nyigisho ikwiye kuba ishingiye ku Vyanditswe. Mu ntango, vyoshobora kuba ngirakamaro tweretse abatohoji uburyo bwo gutora ivyanditswe kanaka muri Bibiliya zabo. Dushobora gute none gukoresha Ivyanditswe kugira dufashe abantu nk’abo gutera imbere mu vy’impwemu?
2. Tumenya gute ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyo gusoma no kuganirako?
2 Toranya ivyanditswe musoma: Igihe witegura, nurabe ukuntu icanditswe cose catanzwe mu cigwa gihuye n’iciyumviro kiba kiriko kirarimburwa, maze utoranye ivyo muzosoma mukongera mukaganirako mu gihe c’inyigisho. Mu bisanzwe, ni vyiza gusoma ivyanditswe vyerekana ishingiro ryo mu Vyanditswe ry’ivyo twemera. Ivyanditswe bitanga amakuru y’inyongera ntivyoba ari nkenerwa ko bisomwa. Nurabe ivyo umutohoji umwumwe wese akeneye be n’ukuntu ivyiwe vyifashe.
3. Iciza co gukoresha ibibazo ni ikihe, kandi dushobora gute kubikoresha?
3 Koresha ibibazo: Aho gusigurira nya mutohoji ivyanditswe vyo muri Bibiliya, musabe abe ari we abigusigurira. Urashobora gutuma abisigura ukoresheje utubazo mu buryo bw’ubuhanga. Niba ukuntu nya canditswe gihuye n’ibiriko birigwa kwibonekeza, woshobora gusa kumubaza ingene nya canditswe gishigikira ibivugwa mu ngingo. Mu bindi bihe na ho, ikindi kibazo canke ibindi bibazo bisaba kudomako mu kwishura vyoshobora kuba bikenewe kugira ngo uyobore nya mutohoji ashike ku ciyumviro kibereye. Niba hakenewe izindi nsobanuro, zirashobora gutangwa nya mutohoji ahejeje kwishura.
4. Dukeneye gusigura ibingana iki ku bijanye n’ivyanditswe dusoma?
4 Nturemereze insobanuro: Umuntu w’umuhanga mu kurasa akenera umwampi umwe gusa kugira ageme ico atumberejeko. Mu buryo nk’ubwo, umwigisha w’umuhanga ntiyirirwa aravuga amajambo menshi kugira ashimike ku ciyumviro. Arashobora gushikiriza amakuru mu buryo bworoshe, butomoye, kandi butarimwo agakosa. Rimwe na rimwe, hari aho wokenera kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vya gikirisu kugira utahure icanditswe kinaka wongere ugisigure neza (2 Tim. 2:15). Yamara, niwirinde kugerageza gusigura buri muce wose w’icanditswe kimwekimwe cose co mu cigwa. Nuvuge gusa ibikenewe kugira ushimike ku ciyumviro kiriko kirihwezwa.
5, 6. Dushobora gute gufasha abatohoji gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwabo, mugabo ni igiki dukwiye kwirinda?
5 Niwerekane ingene coshirwa mu ngiro mu buryo ngirakimazi: Igihe bibereye, nufashe nya mutohoji kubona ingene ivyanditswe vyo muri Bibiliya bimuraba ubwiwe. Nk’akarorero, igihe muriko murihweza icanditswe co mu Baheburayo 10:24, 25 n’umutohoji ataritaba amakoraniro ya gikirisu, mwoshobora kuganira kuri rimwe mu makoraniro agirwa maze ukamutumira kuryitaba. Yamara rero, uririnda kumuhata. Nureke Ijambo ry’Imana ribe ari ryo rimuvyurira umutima wo gutera intambwe ikenewe kugira ahimbare Yehova.—Heb. 4:12.
6 Uko turangura igikorwa twashinzwe co guhindura abantu abigishwa, nimuze ‘dutume bumvira Imana babiheshejwe n’ukwizera’ biciye mu gukoresha ivyanditswe mu buryo ngirakamaro.—Rom. 16:26.
-
-
Udukuru twa GitewokarasiIgikorwa dukorera Ubwami—2004 | Munyonyo
-
-
Udukuru twa Gitewokarasi
◼ Ingoro z’Ubwami zikurikira ziherutse gushikirizwa:
Kenya: Chemelil na Mumias Kaskazini.
Tanzaniya: Igurusi, Kabula, Katete na Namema.
-
-
Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuruIgikorwa dukorera Ubwami—2004 | Munyonyo
-
-
Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Git.
“Twese turashashaye kubona ubugizi bwa nabi, ubukazi be n’intambara vyarangiye. Woba wibaza ko hari igihe tuzokwigera tubona aya majambo yarangutse? [Soma Zaburi 37:11. Nuce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu uwo muhango ujanye n’umugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango be n’ukuntu dushobora kuwugiramwo uruhara”.
Be maso! 8 Git. (mu gifaransa)
“Ntubona ko ari ikintu kibabaje kubona uko umwaka utashe abakobwa b’imiyabaga amamiliyoni batarubaka izabo batwara inda? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga intambwe bashobora gutera kugira bahangane n’ingorane nyinshi zo kuvyara bakiri imiyabaga. Kirarimbura kandi ukuntu abavyeyi bashobora gufasha abana babo kwirinda iyo ngorane itarabashikira”. Soma 2 Timoteyo 3:15.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Git.
“Abantu bamwebamwe babona yuko barushirije kuronka amahera menshi bizotuma ubuzima bwabo burushiriza kuba bwiza. Wibaza ko ivyo ari ko biri? [Rindira yishure.] Raba ivyo umugabo umwe yari umutunzi karuhariwe yanditse. [Soma Umusiguzi 5:10.] Iki kinyamakuru kiravuga ibintu bisumvya agaciro amatungo y’ivy’umubiri”.
Be maso! 22 Git. (mu gifaransa)
“Abantu benshi barabona akamaro ko kwigisha abana kuva mu buhinja. Woba ubona ko ico kintu gikenewe muri iki gihe? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 22:6.] Iyi nomero ya Be maso! iravuga ibintu bitomoye abavyeyi bashobora gukora kugira bafashe abana babo gukura bagacika abantu bameze neza kandi baroraniwe”.
-