Kaze mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
HIRYA no hino kw’isi, mu bihugu birenga 200, abanyeshure amamiliyoni bariko barungukira ku nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi ku ndwi. Bamwe ni bashasha. Abandi bamaze imyaka myinshi bitaba iryo shure. Iryo shure rirongorerwa mu bibanza ibihumbi mirongo. Aho uba hose kw’isi, iyo porogarama nyene y’inyigisho urashobora kuyijamwo. Abantu b’imyaka itandukanye, b’ubwoko bwose, b’ingero zose z’amashure, bariko bararonka iyo nyigisho ya gitewokarasi ataco barishe.
Igihe iryo shure ryatanguzwa mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova mu 1943, ico ryashiriweho cavuzwe muri aya majambo: “Ni ugutegura ‘abagabo b’abizerwa’ bose, abumvise Ijambo ry’Imana kandi bakagaragaza ko baryizeye, ngo ‘bashobore kwigisha abandi’ . . . ku bw’intumbero imwe yo gutuma umwumwe wese . . . arushiriza kugira ivya nkenerwa ngo ashikirize icese icizigiro kimurimwo.” (Course in Theocratic Ministry, rup. 4) Intumbero y’iryo shure yagumye ari iyo nyene gushika n’uyu musi.
Mu vy’ukuri, ni iciza kirushirije ikihe uwo ari we wese muri twebwe ashobora gukoza ingabirano Imana yaduhaye y’ukuvuga? Bibiliya yishura iti: “Igihumeka cose [“nigishemeze Ya,” NW].” (Zab. 150:6) Iyo ivyo tubigize, turazanira umunezero umutima wa Dawe wo mw’ijuru. Turamuha ikimenyamenya c’uko imitima yacu bwite iheza igakenguruka ukumera neza kwiwe n’urukundo rwiwe. Ntibitangaje kuba Abakirisu baremeshwa kwama ‘baha Imana ikimazi co gukenguruka, ari co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo’! (Heb. 13:15) Kugira ngo tugufashe kuryohora mu vy’ubushobozi bwawe bwo gukoresha ingabirano ufise ziva ku Mana ngo ushemeze Yehova, turaguhaye ikaze wewe munyeshure wo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.
Naho ugusoma icese hamwe n’ubuhanga bwo kuvuga vyitwararikwa cane muri iryo shure, inyungu ziva ku nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ntizigarukira ngaho. Uko urigiramwo uruhara, uzofashwa gutsimbataza ubuhanga, nk’ubwo kwisomera ubwawe, kwumviriza no kwibuka, kwiga, kugira ubushakashatsi, gusuzuma no kuringaniza, kuyaga, kwishura ibibazo no gushira mu nyandiko ivyiyumviro. Bibiliya ubwayo hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo bizotanga ishimikiro ryo kwiga no gushikiriza insasanuro be n’ibiganiro bitangwa muri iryo shure. Uko wuzuza umuzirikanyi wawe ibintu vy’ukuri vy’agaciro bisangwa mw’Ijambo ry’Imana, uzomenya kwiyumvira ivyiyumviro vy’Imana. Ese ukuntu ivyo bishobora kuzana akunguko mu muce wose w’ubuzima! Ku vyerekeye agaciro k’Ijambo ry’Imana, umurezi umwe wo kuri kaminuza wo mu kinjana ca 20, William Lyon Phelps, yanditse ati: “Umuntu wese afise ubumenyi bunoganze bwa Bibiliya ashobora vy’ukuri kwitwa uwize. . . . Ndemera yuko ubumenyi bwa Bibiliya umuntu agira atabukuye muri kaminuza buba bufise agaciro kuruta icigwa umuntu aherewe muri kaminuza ata Bibiliya igiyemwo.”
Uburyo bwo Kuhungukira Bimwe Bishitse
Birumvikana, kugira ngo urushirize kwungukira bimwe bishitse ku nyigisho itangirwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, wewe munyeshure utegerezwa kugira akigoro kawe bwite. Intumwa Paulo yahimirije Timoteyo Umukirisu yari yifatanije na we ati: “Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.” (1 Tim. 4:15) None ni mu buryo ngirakimazi ubuhe ushobora kuvyijukira?
INimba bishoboka, nuze uritaba Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi ku ndwi. Nukoreshanye ubukerebutsi iki gitabu c’umutwe uvuga ngo: Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Niwandike izina ryawe mu mwanya ryasigiwe ku rupapuro rw’umutwe rw’iki gitabu. Urama nantaryo uza witwaje iki gitabu igihe witavye ishure. Iki gitabu c’ukwigiramwo ni n’igitabu c’ugukoreramwo. Igihe ugisomyemwo ivyiyumviro bihambaye wiyumvira ko bizogufasha, nubiceko akarongo. Nukoreshe umwanya wagiye urasigarizwa, uwandikemwo ivyiyumviro ngirakimazi wiga mu gihe c’ibiganiro bigirwa mw’ishure.
Porogarama y’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi itangwa ukwayo. Urwo rutonde ruzoba kandi rurimwo ido n’ido ry’ukuntu ishure rizorongorwa. Hari aho wosanga ari ngirakimazi kugumiza urwo rutonde muri iki gitabu, aho ruzokuba hafi.
Mu kwitegurira ibiringo vy’ivyigwa vyo mw’ishure vyo mu ndwi, nugumize mu muzirikanyi yuko Bibiliya ari co gitabu nyamukuru co kwigiramwo. Urashira imbere ugusoma igihimba ca Bibiliya ico ari co cose gishobora kuba cashingiwe kwihwezwa muri iyo ndwi. Nimba ushoboye kandi gusoma imbere y’igihe amayagwa yateganirijwe ibigabu bitandukanye bitegekanijwe muri porogarama, ivyo na vyo nyene bizokuzanira akunguko cane.
Mu gihe iryo shure rigirwa, hashobora kubaho uturyo two guhana ijambo n’abumviriza. Utwo turyo ntuze utugishe na gato. Kugira uruhara muri mwene ivyo biganiro ni ikintu ngirakamaro mu vy’ukwibuka ivyo wumva kandi ugashobora kubikoresha mu buzima bwawe bwite.
Birumvikana, abanyeshure bose bazoronka uturyo two gutanga insiguro canke imyerekano imbere y’ishengero. Urakoresha neza akaryo kose muri utwo. Mu vy’ukuri niwijukire kuryohora kamere yose uhawe y’ivy’ukuvuga. Uzohabwa impanuro kugira ngo ubandanye gutera imbere. Urakiriza yompi iyo mfashanyo uhawe wewe ubwawe. Mu gitabu cawe, urandika inama zinaka ugirwa zitomoye ku vyerekeye ivyo ubwawe wogira kugira ngo uryohore. Kubera yuko bigoye ko umuntu ubwiwe ategera uburyo abandi babigenza, inama n’impanuro ziranga urukundo kandi zishingiye kuri Bibiliya zitangwa, zirashobora guterera agacumu k’ubumwe kw’iterambere ryawe bimwe biboneka. Ivyo ni ko bimera no mu gihe woba umaze imyaka myinshi uri muri iryo shure.—Imig. 1:5.
Woshima none kugira iterambere rinyaruka kuruta? Ugize ukwibwiriza, ivyo birashoboka. Niwige imbere y’igihe amayagwa azoshikirizwa mu nsiguro imwimwe yose ishikirizwa n’umunyeshure. Mu gihe hakenewe uwushikiriza ikiganiro w’umusubirizi, uvyishakiye uzoshobora kubigira, kandi ivyo bizotuma urushiriza guca uruma.Igihe abandi batanga insiguro, urumviriza witonze ukuntu babigenza kuri nya mayagwa. Turigiranako.
Vyongeye, mu gihe uko ivyawe vyifashe kubigukundiye, urashobora gutebutsa iterambere ryawe mu kwiyigisha imbere y’igihe muri iki gitabu c’ukwigiramwo. Umaze kwiga neza ibiri mu vyigwa 15 bikurikira, nuheze wihweze “Porogarama yo Gutsimbataza Ubushobozi bwo Kuvuga no Kwigisha Neza” guhera ku rupapuro rwa 78. Ubwa mbere, nutohoze icigwa kimwekimwe cose hanyuma ukore imyimenyerezo yatanzwe ku bijanye na co. Nukoreshe ivyo uriko uriga mu busuku bwawe. Ivyo birashobora kwongerereza cane iterambere ryawe ryo kuvuga neza no kwigisha Ijambo ry’Imana.
Inyigisho uronkera mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi izofasha mu kugutegura ku bw’ikintu gihambaye kuruta ibindi mu buzima. Kubera ko turi bazima bivuye ku kugomba kw’Imana, kuyishemeza ni ugutahura icatumye tubaho. Yehova Imana arakwiriye ugushemezwa kw’agaciro ntangere. (Ivyah. 4:11) Inyigisho turonkera muri iryo shure ni uburyo budufasha gushitsa ivyo kugira ngo dushobore kwiyumvira mu buryo butomoye, dukorane ubukerebutsi, eka dushikirize mu buryo kirumara ibintu vy’ukuri vy’igitangaza biva mw’Ijambo ryahumetswe ry’Imana.