ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 33 rup. 197-rup. 200 ing. 4
  • Kuvugana Ubugenge Ariko Ushikamye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvugana Ubugenge Ariko Ushikamye
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Niwige kuba umunyabugenge
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • “Ushishikare kwijukira . . . ukwigisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 33 rup. 197-rup. 200 ing. 4

ICIGWA CA 33

Kuvugana Ubugenge Ariko Ushikamye

Ni ibiki ukeneye kugira?

Niwerekane ukwiyubara mu vyo uvuga n’ingene ubivuga hamwe n’igihe ubivugira, kugira ngo wirinde kubabaza abandi bidakenewe.

Ni Kuki Bihambaye?

Mu gihe uvugana ubugenge, abantu boshobora kugira impengamiro yo kwumviriza neza inkuru nziza. Ukuvugana ubugenge bizogufasha kandi kugumana ubucuti bwiza n’Abakirisu bagenzawe.

UBUGENGE ni ubushobozi bwo kugiranira ibintu n’abandi bantu utiriwe urabababaza. Birimwo kumenya uburyo uvuga ibintu n’igihe ubivugira. Ivyo ntibisigura kudohoka ku bigororotse canke kugoreka ukuri. Ubugenge ntibukwiye kwitiranwa n’ugutinya umuntu.—Imig. 29:25.

Ivyamwa vy’impwemu biratanga umushinge mwiza ntangere wo kuba umuntu avugana ubugenge. Gutyo, umuntu asunikwa n’urukundo ntashobora gushavuza abandi; ashaka kubafasha. Umuntu w’umugwaneza kandi w’ingenzabuhoro aritonda mu buryo akora ibintu. Umuntu w’umunyamahoro arondera uburyo bwo kuremesha imigenderanire myiza n’abandi. No mu gihe nyene abantu boba batera ishavu, umuntu yihangana aguma atekanye.—Gal. 5:22, 23.

Ariko rero, naho ubutumwa bwa Bibiliya bwoshikirizwa gute, hariho abantu bababara. Kubera yuko Abayuda benshi bo mu kinjana ca mbere bari bafise umutima mubi, Yezu Kirisitu yababereye “ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha.” (1 Pet. 2:7, 8) Ku bijanye n’igikorwa ciwe c’ukwamamaza Ubwami, Yezu yavuze ati: “Naje guta umuriro mw isi.” (Luka 12:49) N’ubutumwa bw’Ubwami bwa Yehova, uburimwo ivy’uko abantu bategerezwa kwemera icese ubusegaba bw’Umuremyi wabo, burabandanya kuba ikibazo cihutirwa gihanze umuryango w’abantu. Abantu benshi barababazwa n’ubutumwa bw’uko Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa none. Naho ari ukwo, mu kugamburukira Imana tuguma twamamaza inkuru nziza. Ariko rero, igihe ivyo tubigira, twamiza mu muzirikanyi impanuro ya Bibiliya igira iti: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.”—Rom. 12:18.

Kuvugana Ubugenge Igihe Ushinga Intahe. Hariho ibihe vyinshi usanga tubwira abandi ivyerekeye ukwizera kwacu. Mu bisanzwe, ivyo tubigira igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro, ariko turanarondera uturyo tubereye igihe turi kumwe n’abaryango, abo dukorana, be n’igihe turi kumwe n’abo twigana. Muri ivyo biringo vyose, ubugenge burakenewe.

Dushikirije ubutumwa bw’Ubwami mu buryo abandi babona ko turiko tubacucagira insiguro, bashobora kwumva babwanse. Mu gihe batasavye imfashanyo kandi kumbure bakaba batabona ko bayikeneye, bashobora kubabazwa n’ikintu ico ari co cose cokwumvikanisha yuko bakeneye guhanurwa. Dushobora gute kwirinda gutuma abantu bumva ibintu ukutariko? Kwiga ubuhanga bwo kuyaga kigenzi birashobora gufasha.

Niwihatire gutanguza ikiyago mu kuvyura ikintu gishimisha uwo wundi muntu. Nimba uwo muntu ari uwo mu muryango, uwo mukorana canke uwo mwigana, ushobora kuba usanzwe uzi ibimushimisha. Naho nyene woba utari bwigere umubona, ushobora kuvyura ikintu wumvise mu makuru canke wumvise aho ubaye. Mwene ivyo biganiro kenshi biraserura ibiri mu vyiyumviro vy’abantu benshi. Igihe uriko urakora inzu ku nzu, za urihweza. Ibisharizo vyo mu nzu, ibikinisho biri ku mbuga, ibishusho vy’idini be n’amajambo yanditse ku miduga bishobora kukubera ibindi bimenyetso vy’ibintu bishimisha uwo usanze ku muhana. Igihe uwo aje kukuraba, nutege amatwi igihe ariko aravuga. Ivyo avuga bizoshigikira canke bikosore iciyumviro washitseko ku vyerekeye ibimushimisha be n’ukuntu abona ibintu, kandi bizokubera ibindi bintu bikwereka ivyo ukeneye kurimbura kugira ngo ushinge intahe.

Uko ico kiyago gitera imbere, numushikirize ivyiyumviro ukuye muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri yo bifitaniye isano n’ico kiganiro. Mugabo ntiwiharize nya kiyago. (Umus. 3:7) Numushiremwo mu kiyago nimba ashima kugira ico avuze. Niwitwararike ukuntu abona ibintu be n’ivyiyumviro vyiwe. Ivyo bishobora kukuronsa ivyo ukeneye kugira ngo ugire ubugenge.

Imbere y’uko ugira ivyo uvuze, nurimbure ukuntu uwo wundi muntu aza kuvyumva. Mu Migani 12:8 haravuga neza ‘ubwenge.’ Imvugo y’Igiheburayo yakoreshejwe ngaha ifitaniye isano n’uguca mu kajisho be n’ukwiyubara. Gutyo, ubwo bwenge burimwo ukwigumya mu mvugo bivuye ku kubanza kwiyumvira ikintu kugira ngo ibintu ubigirane ubukerebutsi. Umurongo w’18 w’ico kigabane nyene c’Imigani ugabisha ku “[ku]vuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota.” Gushigikira ukuri kwa Bibiliya utarinze kubabaza abandi birashoboka.

Kugaragaza gusa ubukerebutsi mu buryo utoranya amajambo ukoresha, bishobora kugufasha kwirinda kuvyura intambamyi bitari ngombwa. Nimba gukoresha ijambo “Bibiliya” bivyura intambamyi mu bwenge, ushobora gukoresha imvugo nk’“ivyanditswe vyeranda” canke “igitabu ubu gisohoka mu ndimi zirenga 2.000.” Nimba werekeje kuri Bibiliya, ushobora kubaza uwo muntu ico ayiyumvirako maze ukitwararika ivyo avuze mu kiringo gisigaye c’ikiyago mugirana.

Kugaragaza ubugenge kenshi bijamwo no kumenya igihe kibereye co kuvuga ibintu. (Imig. 25:11) Ushobora kuba utemera ibintu vyose uwo wundi muntu avuga, mugabo si ngombwa ngo muharire ku ciyumviro cose avuze kidahuye n’ivyanditswe. Ntugerageze kubwira nya muntu ibintu vyose ica rimwe. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.”—Yoh. 16:12.

Igihe bishoboka, nukeze abo uvugisha ubikuye ku mutima. Naho nyene uwo muntu wo ku muhana yoba ari umunyabihari, urashobora kumushimira ku kuba afise ivyiyumviro binaka. Ivyo intumwa Paulo yarabigize igihe yavugisha abafilozofe bo kuri Areyopago i Atenayi. Abafilozofe bariko “bamuhaririza.” Yari gushobora gute guserura iciyumviro ciwe atarinze kubababaza? Imbere y’aho, yari yihweje ibicaniro vyinshi bari barubakiye ibimana vyabo. Aho kugira ngo anebagure Abanyatenayi ku bw’ugusenga ibigirwamana kwabo, yarabakeje abigiranye ubugenge ku bw’ivyiyumviro bikomeye bafise vy’idini. Yavuze ati: “N’aho nakagendeye sinari bwabone abasenga nkamwe.” Ukwo kuntu yavyifashemwo kwaramwugururiye inzira kugira ngo ashikirize ubutumwa bwiwe bwerekeye Imana y’ukuri. Ico vyavuyemwo ni uko bamwebamwe bacitse abizera.—Ivyak. 17:18, 22, 34, UB.

Ntuce ushangashirwa igihe havyutse amajambo yo guhagarika ikiyago. Guma utekanye. Nuyafate nk’uturyo two kumenya ivyo uwo muntu yiyumvira. Ushobora kumushimira ukuba aseruye ukuntu abona ibintu. Vyogenda gute mu gihe aciye avuga ati: “Ndifitiye idini yanje”? Woshobora kubaza ubigiranye ubugenge uti: “Woba mu buzima bwawe bwose wamye ukunda ivy’idini?” Hanyuma, amaze kwishura, ukongerako uti: “Woba wiyumvira yuko abantu bose bazokwigera bahurikira mw’idini imwe?” Ivyo bishobora kwugurura inzira yo kubandanya ikiyago.

Kubona ibitwerekeye mu buryo bubereye birashobora kudufasha kugaragaza ubugenge. Twarajijutse bikomeye yuko inzira za Yehova zigororotse be n’uko Ijambo ryiwe ari iry’ukuri. Turavugana ubujijutsi ku bijanye n’ivyo bintu. Mugabo nta mpamvu n’imwe dufise yo kwibona ubugororotsi. (Umus. 7:15, 16) Turakura ubwatsi kuba tuzi ukuri tukaninovora imihezagiro ya Yehova, mugabo turazi neza yuko ukuba twemerwa na we ari ukubera ubuntu tutabereye be n’ukubera twizera Kirisitu, si ukubera turi abagororotsi. (Ef. 2:8, 9) Turatahura ko dukeneye ‘kwisuzuma tukamenya yuko duhagaze mu kwizera; tukaba ari twebwe twiraba.’ (2 Kor. 13:5) Igihe rero tubwira abantu ivy’uko bakeneye guhuza n’ivyo Imana isaba, turakurikiza natwe nyene impanuro za Bibiliya twicishije bugufi. Nta burenganzira dufise bwo gucira urubanza bagenzi bacu. Yehova “imanza zose yazishikirije Umwana,” kandi imbere y’intebe yiwe yo guca imanza ni ho dutegerezwa kwishurira ivyo dukora.—Yoh. 5:22; 2 Kor. 5:10.

Iyo Turi Kumwe n’Abo mu Muryango Canke Abakirisu Bagenzacu. Ugukoresha ubugenge kwacu ntigukwiye kugarukira ku busuku bwo mu ndimiro. Kubera yuko ubugenge ari ukwigaragaza kw’ivyamwa vy’impwemu y’Imana, turanakwiye kugaragaza ubugenge i muhira igihe turi kumwe n’abo mu muryango. Urukundo ruzodusunikira ku kwitwararika inyiyumvo z’abandi. Umugabo w’Umwamikazi Esiteri ntiyari umusavyi wa Yehova, mugabo Esiteri yaramugaragarije icubahiro arongera aragaragaza ubukerebutsi buhambaye igihe yamutura ingorane zari zerekeye abasavyi ba Yehova. (Esiteri, ibig. 3-8) Mu bihe bimwebimwe, ukugaragaza ubugenge mu vyo tugirana n’abo mu muryango batari Ivyabona hari aho vyosaba yuko tureka inyigenzo yacu igatuma bashima inzira y’ukuri, aho kubasigurira ivyo twemera.—1 Pet. 3:1, 2.

Cokimwe n’ivyo, kuba tuzi abagize ishengero neza ntibisigura yuko dushobora kubavugisha nabinabi canke ata bugwaneza. Ntidukwiye kwiyumvira yuko kubera bakomeye mu vy’impwemu, bakwiye kuba boshoboye kuvyihanganira. Eka mbere ntidukwiye kwiregura mu kuvuga duti: “Je ni ko nimereye.” Nimba dusanze uburyo tuganira bubabaza abandi, dukwiye kwiyemeza guhindura. Ukuntu ‘dukovya mu gukundana’ gukwiye kudusunikira ku “[k]ugirir[a ivyiza] . . . ab’inzu y’abizera.”—1 Pet. 4:8, 15; Gal. 6:10.

Igihe Tuvugira Imbere y’Abumviriza. Abavugira ku mukiruruko na bo nyene barakeneye kugaragaza ubugenge. Abumviriza usanga bagizwe n’abantu ivyabo vyifashe ugutandukanye. Usanga batageze hamwe mu gukura mu vy’impwemu. Bamwebamwe bashobora kuba ari bwo bwa mbere baje ku Ngoro y’Ubwami. Abandi bashobora kuba bariko baraca mu ngorane zitoroshe umushikirizansiguro atazi. Ni igiki gishobora gufasha umushikirizansiguro kwirinda kubabaza abamwumviriza?

Twisunze impanuro intumwa Paulo yahaye Tito, nugire intumbero yo ‘kutagira uwo wambika ibara, . . . kwengenga, kwerekana ubugwaneza bwose ku bantu bose.’ (Tito 3:2) Niwirinde kwigana isi mu kuntu ikoresha amajambo ashira hasi abantu b’ubundi bwoko, abavuga urundi rurimi canke ab’ikindi gihugu. (Ivyah. 7:9, 10) Nuvuge ivyo Yehova asaba udakikiriza, hanyuma werekane ubukerebutsi buri mu kubikurikiza; ariko wirinde amajambo y’akanebaguro ku vyerekeye abataragendera mu nzira ya Yehova bimwe bishitse. Ahubwo, nuremeshe bose gutahura ukugomba kw’Imana no gukora ibiyihimbara. Niworoshe amajambo yo gutanga impanuro ukoresheje ukubakeza n’igishika kandi bivuye ku mutima. Biciye ku kuntu uvuga be no kw’ijwi ukoresha, nuserure urukundo rwa kivukanyi twese dukwiye kugiriranira.—1 Tes. 4:1-12; 1 Pet. 3:8.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Nuyage n’abantu aho kubacucagira amajambo.

  • Nurimbure witonze ukuntu ivyo ushaka kuvuga bija kwumvikana kuri uwo wundi muntu.

  • Imbere y’uko uvuga, nurabe ko ico ari co gihe kibereye co kugira ico uvuze.

  • Igihe bishoboka, numushimire bivuye ku mutima.

  • Ntuce ushangashirwa mu gihe havyutse amajambo yo guhagarika ikiyago.

  • Niwirinde agatima ko kwibona ubugororotsi; ntunebagure abandi.

UMWIMENYEREZO: Nusome witonze inkuru zo muri Bibiliya zikurikira: 2 Samweli 12:1-9; Ivyakozwe 4:18-20. Muri imwimwe yose, nutore (1) ibimenyamenya vyerekana igaragazwa ry’ubugenge be (2) n’amajambo yerekana ugushikama ku bw’inzira za Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika