-
Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”Niwiyegereze Yehova
-
-
22. Yehova amererwa gute abonye akarenganyo kimonogoje mw’isi muri iki gihe, kandi yagenye Umwana wiwe ngo azokore iki?
22 Ariko rero muri kazoza ka hafi, Yezu azoshiraho ubutungane mw’isi mu buryo bw’akataraboneka. Akarenganyo karimonogoje muri iyi si yononekaye. Umwana wese yicwa n’ukubura ivyo afungura aba azize akarenganyo kadashobora gusigurwa, na canecane iyo twiyumviriye amahera n’umwanya vyononekarira mu guhingura ibirwanisho vy’intambara no mu guhaza ivyipfuzo birangwa n’ubwikunzi vy’abarondera ibibanezereza. Abantu amamiliyoni bapfa ku mwaka ku mwaka kandi batopfuye, ni bumwe gusa mu bwoko bwinshi bw’akarenganyo, ubwo bwose bukaba busomborotsa uburake bwa Yehova. Yaragenye Umwana wiwe ngo azorwane intambara igororotse yo gukuraho iyi si mbi iyo iva ikagera, kugira ngo ahagarike akarenganyo ubutagisubira.—Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:11-15.
23. Inyuma ya Harumagedoni, Kristu azoremesha gute ubutungane ibihe bidahera?
23 Ariko rero, ubutungane bwa Yehova ntibusaba gusa ko abanyakibi basangangurwa. Yagenye kandi Umwana wiwe ngo azobe «Umutware w’amahoro.» Inyuma y’intambara ya Harumagedoni, ingoma ya Yezu izosasagaza amahoro kw’isi hose, kandi Yezu azotwara «biciye ku butungane.» (Yesaya 9:6, 7) Yezu azoheza ahimbarwe no gukuraho ibintu vyose vy’akarenganyo vyatumye mw’isi haba amarushwa n’imibabaro. Azoshigikira ubutungane butagira agahonzi bwa Yehova ibihe bidahera. Birahambaye rero ko turondera kwigana ubutungane bwa Yehova ubu. Reka turabe ingene dushobora kubigira.
a Mu kugaragaza ishavu rigororotse, Yezu yari ameze nka Yehova, we «agiye kwerekana ishavu ryiwe» kubera ububi bwose. (Nahumu 1:2) Nk’akarorero, aho Yehova amariye kubwira abantu biwe bigira ibiro biteze yuko inzu yiwe bari bayigize «isenga ry’abambuzi», yavuze ati: «Ishavu ryanje n’uburake bwanje nzobisuka aha hantu.»—Yeremiya 7:11, 20.
b Dukurikije icegeranyo c’inyigisho z’Abayuda (Mishnah), inyuma y’imyaka mikeyi haravyutse ivy’ukwiyamiriza igiciro kinini c’inuma zagurishirizwa mu rusengero. Ico giciro caciye ubwo nyene kigabanywa ibice 99 kw’ijana! Ni bande canecane bungukira kuri urwo rudandaza rwaharanira inyungu? Hari abatohozakahise batanga ivyiyumviro vy’uko utuguriro two muri urwo rusengero twegukira inzu y’umuherezi mukuru Anasi, tukaba ari two twinjiriza uwo muryango w’umuherezi ubutunzi bwinshi.—Yohani 18:13.
c Abafarizayo babona ko banyarucari, abatari barize amategeko, bari «ibivume.» (Yohani 7:49) Bavuga yuko ata muntu n’umwe yari akwiye kwigisha mwene abo bantu, kudandariza hamwe na bo, gusangira na bo canke gusengera hamwe na bo. Kwemerera umukobwa wawe kwabirwa n’umwe muri abo banyarucari ngo vyobaye ari bibi rwose kuruta kumuha ibikoko vyo mw’ishamba. Babona yuko icizigiro c’izuka kidashoboka kuri mwene abo bantu banyarucari.
-
-
“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’ImanaNiwiyegereze Yehova
-
-
IKIGABANE CA 16
“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana
1-3. (a) Ni kubera iki dufitiye ideni Yehova? (b) Umurokozi wacu munyarukundo adusaba iki?
NIWIHE ishusho uri mu bwato buriko buranyika kandi ukaba udashobora kubuvamwo. Ugitangura kwiyumvira ko ivyawe birangiye, ukaza ubona umurokozi arahaserutse maze akagukura muri ubwo bwato, akagushira ahatagira inkomanzi. Ese ukuntu wokwumva uruhuriwe igihe umurokozi wawe agukuye muri ako kaga agaheza akakubwira ati: «Ntugipfuye»! Mbega none ntiwokwumva ufitiye ideni uwo muntu? Mu vy’ukuri koko, ubuzima bwawe woba ubukesha nya muntu.
2 Ako karorero karadufasha gutahura ico Yehova yatugiriye. Nta mazinda yuko tumufitiye ideni. Nakare, yaratanze incungu, atuma bishoboka ko turokoka tukava mu migozi y’icaha n’urupfu. Turumva dutekaniwe kubera tuzi yuko igihe tugaragaje ko twizera iyo ncungu y’agaciro, duharirwa ivyaha, kandi tukazobaho ibihe bidahera. (1 Yohani 1:7; 4:9) Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 14, incungu ni uburyo ntangere Yehova agaragarizamwo urukundo rwiwe be n’ubutungane bwiwe. None dukwiye kuvyakira gute?
3 Birakwiriye ko turimbura ico Umukiza wacu munyarukundo ubwiwe adusaba. Biciye ku muhanuzi Mika, Yehova avuga ati: «Ewe muntu, yarakubwiye iciza ico ari co. None hari ikindi Yehova agusaba? Ico agusaba gusa ni ugukurikiza ubutungane, gukunda ukudahemuka no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto!» (Mika 6:8) Urabona ko kimwe mu bintu Yehova adusaba ari uko “dukurikiza ubutungane.” None twobukurikiza gute?
-