ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 36 rup. 187-191
  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa twokwigira ku nkozi y’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 36 rup. 187-191

Ikigabane ca 36

Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?

MU BIGABANE bibiri biheruka, twahasomye ivyerekeye abantu bangahe bazutse?— Ni batanu. Muri bo abana bari bangahe?— Batatu. Uwugira kane na we yari umusore. Wiyumvira ko ivyo vyerekana iki?—

Emwe, vyerekana yuko Imana ikunda abakiri bato. Mugabo izozura n’abandi benshi. None Imana yoba izozura gusa abakoze ivyiza?— Hari aho twokwibaza gutyo. Yamara, hari abantu benshi batigeze bamenya ukuri kwerekeye Yehova Imana be n’Umwana wiwe. Rero bakoze ibibi kubera ko bari barigishijwe ibintu bitari vyo. None wiyumvira ko Yehova azozura abantu nk’abo?—

Bibiliya ivuga iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe 24:15). Ni kubera iki abatari abagororotsi, ni ukuvuga abatakoze ibigororotse, bazozuka?— Ni kubera yuko batigeze baronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova be n’ivyo ashaka ko abantu bakora.

[Ifoto ku rup. 187]

Ni kubera iki Imana izozura abantu bamwebamwe batakoze ibigororotse?

Wiyumvira ko abantu bazozuka ryari?— Niwibuke igihe Lazaro yapfa maze Yezu agasezeranira Marita mushiki wa Lazaro ati: “Musazawe azozuka”. Marita yishuye ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo” (Yohana 11:23, 24). None Marita yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko Lazaro yozutse ku “musi w’iherezo”?—

[Ifoto ku rup. 188]

Iparadizo Yezu ariko arabwira uyu mugabo iri hehe?

Urumva, Marita yari yarumvise umuhango Yezu yatanze ugira uti: ‘Abari mu mva z’icibutso bose bazozivamwo’ (Yohana 5:28, 29). Rero, “umusi w’iherezo” ni ca gihe abo Imana yibuka bose bazozurwa. Uwo musi w’iherezo si umusi w’amasaha 24. Uzomara imyaka igihumbi. Bibiliya ivuga yuko kuri uwo musi ‘Imana izocira urubanza abantu bo kw’isi’. Mu bo izocira urubanza hazoba harimwo n’abazuwe.—Ivyakozwe 17:31; 2 Petero 3:8.

Iyumvire ukuntu uwo azoba ari umusi w’akaroruhore! Mu kiringo c’uwo musi uzomara imyaka igihumbi, abantu amamiliyoni bapfuye bazozurwa. Ahantu bazozukira kuba Yezu ahita Iparadizo. Reka turabe aho nya Paradizo izoba iri be n’ukuntu hazoba hameze.

Amasaha nk’atatu imbere y’uko Yezu apfira ku giti co kubabarizwako, yaravuze ivyerekeye Iparadizo abibwira umugabo yari ku giti cari iruhande yiwe. Nya mugabo yari agiye kwicwa azize ivyaha yari yarakoze. Mugabo uko iyo nkozi y’ikibi yitegereza Yezu kandi ikumva ibivugwa ku bimwerekeye, ica itangura kwizera Yezu. Ni co gituma iyo nkozi y’ikibi ivuga iti: ‘Urahava uze unyibuke aho uzozira mu bwami bwawe’. Yezu yishura ati: ‘Ndakubwiye ukuri uyu musi, uzobana nanje muri Paradizo’.—Luka 23:42, 43.

[Ifoto ku rup. 189]

Iyo dusoma ivyerekeye Iparadizo, ni igiki dukwiye kubona mu bwenge?

Yezu yashaka kuvuga iki igihe avuga ivyo? Iparadizo iri hehe?— Iyumvire gato. Mbega Iparadizo yari yatanguriye hehe?— Ibuka yuko umugabo wa mbere Adamu n’umugore wiwe, Imana yabahaye iparadizo yo kubamwo ngaha nyene kw’isi. Yitwa itongo ry’i Edeni. Muri iryo tongo harimwo ibikoko, mugabo nta muntu n’umwe vyagirira nabi. Harimwo kandi ibiti biriko ivyamwa biryoshe cane, hakabamwo n’uruzi runini. Hari ahantu heza cane ho kuba!—Itanguriro 2:8-10.

Igihe rero dusoma ivy’uko iyo nkozi y’ikibi izoba iri mw’Iparadizo, dukwiye kwiha ishusho mu bwenge bwacu y’uko iyi si izoba yahindutse ahantu ho kuba h’akaroruhore. None Yezu azoba ari mw’Iparadizo ngaha kw’isi, ari kumwe na wa wundi yahoze ari inkozi y’ikibi?— Oya. None woba uzi igituma Yezu atazoba ari ngaha kw’isi?—

Ni kubera yuko Yezu azoba ari mw’ijuru ari Umwami atwara Iparadizo yo kw’isi. Rero, Yezu azobana n’uwo mugabo mu buryo bw’uko Yezu azomuzura mu bapfuye maze akamuronsa ivyo akeneye. Mugabo none, ni kubera iki Yezu azoreka uwahoze ari inkozi y’ikibi akaba mw’Iparadizo?— Reka turabe nimba twoshobora gutora igituma.

Mbega imbere y’uko nya nkozi y’ikibi iganiriza Yezu, yoba yari izi ivyerekeye imigambi y’Imana?— Oya, nta yo yari izi. Yakoze ibintu bibi kubera ko itari izi ukuri kwerekeye Imana. Mw’Iparadizo, nya nkozi y’ikibi izokwigishwa ivyerekeye imigambi y’Imana. Izoheza rero ironke akaryo ko kugaragaza yuko ikunda Imana vy’ukuri, mu gukora ivyo Imana igomba.

None boba ari abantu bose bazozuka bazoba mw’Iparadizo kw’isi?— Oya, si bose bazohaba. Woba uzi igituma atari bose bazohaba?— Kubera ko bamwe bazozukira kubana na Yezu mw’ijuru. Bazofatanya na we kuba abami baganza Iparadizo yo kw’isi. Reka turabe ingene ivyo tubimenya.

Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, yabwiye intumwa ziwe ati: ‘Mu nzu ya Data mw’ijuru, hariho ibibanza vyinshi vyo kubamwo, ku bw’ivyo ngiye kubategurira ikibanza’. Maze Yezu abasezeranira ati: “Nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba”.—Yohana 14:2, 3.

None Yezu aja hehe amaze kuzuka?— Emwe, asubira mw’ijuru kubana na Se wiwe (Yohana 17:4, 5). Yezu rero asezeranira intumwa ziwe be n’abandi bayoboke biwe yuko azobazura kugira bashobore kubana na we mw’ijuru. None bazokorayo iki bari kumwe na Yezu?— Bibiliya ivuga yuko abigishwa ba Yezu bari mu mugabane w’ “ukuzuka kwa mbere”, bazoba mw’ijuru batwara isi, ‘bafatanye na we kuganza imyaka igihumbi’.—Ivyahishuriwe 5:10; 20:6; 2 Timoteyo 2:12.

None ni bangahe bazoba mu mugabane w’ “ukuzuka kwa mbere” maze bagafatanya na Yezu kuganza?— Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: ‘Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubwami’ (Luka 12:32). Igitigiri c’abagize ubwo “busho buto”, bazukira kubana na Yezu mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru, ni igitigiri kizwi. Bibiliya yerekana yuko “abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine” ari bo bazozurwa bagakurwa mw’isi.—Ivyahishuriwe 14:1, 3.

[Amafoto ku rup. 190]

Abazoba bazutse bazoba hehe, kandi bazokora iki?

Ni bangahe bazoba mw’Iparadizo kw’isi?— Bibiliya ntivuga igitigiri cabo. Mugabo Imana yari yabwiye Adamu na Eva igihe bari muri rya tongo rya Edeni kuvyara abana bakuzura isi. Ego ni ko, nta vyo bagize. Mugabo Imana izoraba neza yuko umugambi wayo wo gutuma isi yuzura abantu beza uranguka.—Itanguriro 1:28; Yesaya 45:18; 55:11.

Iyumvire gato ingene kuba mw’Iparadizo bizoba ari akaroruhore! Isi yose izocika itongo ryiza. Izoba yuzuyemwo inyoni n’ibikoko be n’ibiti vyizavyiza be n’amashurwe y’ubwoko bwose. Nta muntu n’umwe azobabara bitumwe n’indwara, canke ngo hagire n’umwe apfa. Abantu bose bazoba bakundana. Nimba dushaka kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo, iki ni co gihe co kuvyitegurira.

Soma ibindi vyerekeye umugambi Imana ifitiye isi, mu Migani 2:21, 22; Umusiguzi 1:4; Yesaya 2:4; 11:6-9; 35:5, 6; na 65:21-24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika