Ururirimbo rwa 206
“Munezererwe kwizigira ibizoba”
1. Imana twoyishimira;
Yaduhay’ukwizigira
Kuzotugumya nk’inănga;
Twizere tutanyiganga.
Vyongey’ico cizigiro
Kiturinda nk’inkofero,
Shetani tukamwirinda
Iciza tukagikunda.
2. Es’ingene bihimbaye
Kwizigira kw’abapfuye
Bazozuka bagafasha,
Is’igahinduka nshasha!
Maze mu bihe vyamaho
Bose bazobonerwaho
Ku vy’Iman’itunganije;
Izob’ibashimishije.
3. Kugira ngo dukomeze
Nya cizigiro, nimuze
Turind’umutima, twige
Rya Jambo kandi dusenge.
Dufashe n’abandi kuko
Ata wocigungirako.
Tubatumire nyabuna
Biture Yehov’Imana.