Ururirimbo rwa 105
Ha impundu Umwana w’imfura wa Yehova!
1. Duh’impundu ya Mfura
ya Yehov’Imana.
Ni samuragwa wiwe,
Nta ho yagorana.
Yafashije Se wiwe
Vyose biraremwa.
Yabaye Jambo wiwe
Yehov’arashimwa.
2. Naho yasan’Imana,
Ntiyikwegeyeko
Ivyo kungana na yo;
Nta vyo yagiyeko.
Yicishije bugufi
Kuz’arabishima,
Ngw’avugire Yehova
Turonk’ubuzima.
3. Ubu yaninahajwe
Ah’ari mw’ijuru.
Avugira rya zina
Yehova rikuru.
Abasavyi b’Imana
Azobarwanira
Kuri Har’magedoni,
Bazoce bakira.
4. Nya Mfura muh’impundu
Ubu ni w’aganza.
Ku nzu n’inzu tugende
Turavyamamaza.
Twerek’abavukanyi
Be n’abandi bantu
Ko nya Mfura bakwiye
Kumuh’iyo mpundu.