Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Vyabona vya Yehova bagenzi bacu bakundwa,
Ese ingene twatewe agateka ntangere ko kwitirirwa izina rya Yehova Segaba w’ijuru n’isi! Iryo zina ni iry’ibihe bidahera, ntirizokwigera rivaho, kandi nta rindi ryogereranywa na ryo. Yehova ni we yatwihereye izina ryiwe ridasanzwe ngo turyitirirwe, akaba ari ryo rituranga na canecane guhera mu mwaka wa 1931. (Yes. 43:10) Emwe, turimenyekanisha ko turi Ivyabona vya Yehova twivuye inyuma!
Shetani aguma arondera hasi hejuru kuzimanganya izina ry’Imana. Amahanga, ayaganzwa na Shetani, ntiyerekwa izina rya Yehova. Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, aranka izina ry’Imana kandi yararikuye mu mpinduro nyinshi za Bibiliya. Ariko Yezu yaraninahaje izina rya Se wiwe, ariha ikibanza ca mbere muri rya sengesho ry’akarorero yigisha abayoboke biwe. Yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.’ ” (Mat. 6:9) Mu nyuma, mw’isengesho yatuye Se wiwe bivuye ku mutima, yavuze ati: “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi.” (Yoh. 17:6) Kubera ko tugomba kwigana akarorero keza Yezu yatanze, twiyemeje kuruta uko twahora kumenyekanisha izina rya Yehova kw’isi yose n’umwete udasanzwe.
Icanditswe c’umwaka wa 2009, icavuga ngo ‘Dushingire intahe inogangije inkuru nziza,’ caraturemesheje kurangura ubusuku bwacu bimwe vyuzuye. (Ibik. 20:24) Nta gukeka ko Yehova yahezagiye cane utwigoro twagize mu mwaka w’umurimo uheze. Harashinzwe intahe ikomeye kw’isi yose, bituma izina rya Yehova rininahazwa ryongera rirahabwa icubahiro. Igitigiri c’agaheta c’abamamaji 7.313.173 barahurije hamwe amajwi mu kubwira inkuru nziza abantu bose, no mu kwigisha abantu b’umutima nziraburyarya bariko barondera inyishu z’ingorane nyinshi bahura na zo ku musi ku musi. Igitigiri c’abantu 18.168.323 bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu kirerekana yuko hakiriho abandi bantu amamiliyoni bashobora kwambaza izina rya Yehova imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si mbi rishika.
Mu gihe Yehova akiduhaye akaryo, tuzobandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami n’umwete, mu gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira dushikire abantu mu vyibare twakebewe. (Mat. 24:14; Mrk. 13:10) Haba mu kwamamaza inzu ku nzu, ku mabarabara, mu kwandika amakete, biciye kuri telefone canke akaryo kizanye, ese twokwihatira kumenyesha abantu benshi bashoboka izina rya Yehova n’umugambi wiwe.
Turafise imvo zumvikana zo kwizigira yuko ubu bwa vuba Yehova agiye kweza izina ryiwe. (Ezk. 36:23) Igihe co kunumya abarityoza bose kiriko kiregereza cihuta. Ese ukuntu uwo uzoba ari umusi uninahaye ku basavyi ba Yehova bose b’intahemuka bamenyesheje izina rya Yehova bakongera bagashigikira ubusegaba bwiwe!
Ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe abigiranye urukundo, vyaribonekeje neza kuri ya Mahwaniro y’intara na mpuzamakungu yabera hirya no hino kw’isi mu 2009, ayari yataziriwe ngo “Mugume muri maso!” Ayo mahwaniro yarabaye koko ikintu c’intibagirwa muri kahise k’ivya gitewokarasi kacu yongera aratuma turushiriza kubona ko bikenewe kurereka umusi wa Yehova.—Mrk. 13:37; 1 Tes. 5:1, 2, 4.
Mu vy’ukuri, Yehova aratugirira neza; aratuma imitima yacu ibogaboga umunezero. Atuvyagiza mu canya c’ubwatsi butotahaye kandi aturongora iruhande y’amazi adasūma.—Zab. 23:1, 2; 100:2, 5.
Yehova ntazobura kuguma abahezagira uko mushishikara kugira vyinshi mukora mu murimo w’Ubwami mu mezi ari imbere!
Nimwakire urukundo rwacu rwa kivukanyi,
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova