-
“Kubera agahungu k’imyaka icenda”Umunara w’Inderetsi—2006 | 1 Nyakanga
-
-
“Kubera agahungu k’imyaka icenda”
IGIHE cose Ivyabona vya Yehova baba baje ku muhana w’uwitwa Wiesława, uno akaba aba mu Bumanuko bw’igihugu ca Polonye, yarabakengurukira n’urupfasoni maze agaca ababwira ngo bikurire meza. Umusi umwe, hari agahungu k’imyaka icenda kitwa Samuel kaje iwe kari kumwe na nyina wako. Ico gihe hoho Wiesława yaremeye gutega yompi ubutumwa bwo muri Bibiliya, ushima aranakira ikinyamakuru cavuga ibijanye n’iparadizo izoba kw’isi.
Kubera ko ihimbazwa ry’Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kirisitu ryari ryimirije, Samuel yaripfuje gutumira Wiesława kuri urwo rubanza rudasanzwe. Rero, aherekejwe na nyina wiwe yarasubiye kumugendera, ico gihe akaba yari yitwaje agapapuro k’ubutumire. Wiesława abonye ingene ako gahungu gashajije, yarasavye ko bomutunga gatoyi kugira ngo na we aje kwambara neza. Agarutse, yarateze yompi Samuel, aremera ubutumire amuhaye, maze abaza ati: “Nzoze jenyene canke nzozanane n’umunega wanje?”. Yaciye yongerako ati: “Naho nyene umunega wanje atoza, jewe nzoza. Nzoza kubera wewe, Samuel”. Kugira ngo uwo mukenyezi anezereze Samuel, yarashikije ico yari yasezeranye.
Mu gihe insiguro y’Icibutso yariko irashikirizwa, Samuel yicaye iruhande ya Wiesława hanyuma akaza aramwereka ivyanditswe vyariko biraganirwako. Ivyo vyaramukoze ku mutima. Yararyohewe n’Icibutso yongera arahimbarwa n’ukubona ivyiyumviro vyimbitse bisigurwa mu majambo yoroshe. Yarakozwe kandi ku mutima n’ukuntu bamwakiranye igishika yongera arashimishwa n’umutima mwiza abari ngaho bagaragaza. Kuva ico gihe, Wiesława yararushirije gushimishwa n’ibintu vyerekeye Imana maze aca atangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova adahorereza. Aherutse kuvuga ati: “Ndamaramazwa n’ukuba mu ntango ntabatega yompi igihe mwaba muje kungendera. Kandi mvugishije ukuri, numvirije ubutumwa mushikiriza kubera gusa agahungu k’imyaka icenda, emwe kubera Samuel!”.
Nk’uko kwa Samuel wo muri Polonye, urundi rwaruka rwinshi rw’Ivyabona vya Yehova rurashemeza Imana mu kuyivugira no mu kwigenza neza. Niba ukiri muto, na wewe woshobora gufasha abantu b’imitima nziraburyarya gushika ku gutahura ibintu vy’ukuri vy’Imana.
-
-
Woha ikaze uwokugendera?Umunara w’Inderetsi—2006 | 1 Nyakanga
-
-
Woha ikaze uwokugendera?
No muri iyi si y’umudurumbanyo nyene, urashobora kwironkera ubuhirwe bivuye ku bumenyi nyakuri bw’ivya Bibiliya bwerekeye Imana, Ubwami bwayo n’umugambi w’igitangaza ifitiye abantu. Niba ushaka kumenya ibindi, canke ukaba woshima ko hagira uwukugendera kugira ngo akuyoborere inyigisho ya Bibiliya i muhira iwawe ataco urishe, turakwinginze wandikire Ivyabona vya Yehova, B.P. 2150 Bujumbura, canke ukoreshe aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2.
-