Ururirimbo 109
Ha impundu ya mfura ya Yehova!
Integuro icapuwe
1. H’impundu ya Mfura,
Uwimitswe n’Imana.
Ku ngoma y’uwo Mwami
Vyose bizotungana.
Azokwubahisha Se,
Akoran’iteka;
Kand’arangwa n’ubwiza
Bimwe biboneka.
(ICITABIRIZO)
H’impundu ya Mfura!
Yatowe na Yehova.
Yimitswe i Siyoni
Ubu ari ku ngoma!
2. H’impundu ya Mfura
Yemeye kutwigura.
Ubu turaharirwa
Ivyo twari kwishura.
Umugeni wa Kristu
Yamwiteguriye.
Hazob’intwaro nziza;
Ni yo turindiye.
(ICITABIRIZO)
H’impundu ya Mfura!
Yatowe na Yehova.
Yimitswe i Siyoni
Ubu ari ku ngoma!
(Raba kandi Zab. 2:6; 45:3, 4; Ivyah. 19:8.)