Imitwe yo kuganirako ishingiye kuri Bibiliya
1. Abahanuzi b’ikinyoma
A. Abahanuzi b’ikinyoma bari baravuzwe ko bazobaho; bariho mu misi y’intumwa
Uburyo bwo kumenya abahanuzi b’ikinyoma. Gus 18:20-22; Lk 6:26
Vyaravuzwe ko bazobaho; bamenyekanira ku vyo bama. Mt 24:23-26; 7:15-23
2. Amaraso
A. Guterwa amaraso birahumanya ubweranda bwayo
Nowa yabwiwe ko amaraso ari meranda, ko ari bwo buzima. It 9:4, 16
Isezerano ry’Itegeko ryarabuza kurya amaraso. Lw 17:14; 7:26, 27
Iryo tegeko ryarahawe n’abakirisu. Ivk 15:28, 29; 21:25
B. Kurokora ubuzima si urwitwazo rwo kurenga itegeko ry’Imana
Kugamburuka biruta ikimazi. 1Sm 15:22; Mr 12:33
Ubuzima kuburutisha itegeko ry’Imana bikwega akarambaraye. Mr 8:35, 36
3. Bibiliya
A. Ijambo ry’Imana ryarahumetswe
Impwemu y’Imana ni yo yasunikiye abantu kwandika. 2Pt 1:20, 21
Ririmwo ubuhanuzi: Dn 8:5, 6, 20-22; Lk 21:5, 6, 20-22; Yes 45:1-4
Bibiliya yose uko yakabaye yarahumetswe kandi ni ngirakamaro. 2Tm 3:16, 17; Rm 15:4
B. Iratanga ubuyobozi ngirakimazi mu gihe cacu
Kwirengagiza ingingo ngenderwako zayo bikwega akarambaraye. Rm 1:28-32
Ubukerebutsi bw’abantu ntibushobora kuyisubirira. 1Kr 1:21, 25; 1Tm 6:20
Iradukingira umwansi akomeye kuruta abandi bose. Ef 6:11, 12, 17
Irayobora umuntu mu nzira nyayo. Zb 119:105; 2Pt 1:19; Img 3:5, 6
C. Yandikiwe abantu bo mu mahanga yose n’amoko yose
Bibiliya yatanguye kwandikirwa mu bihugu vyo mu Buseruko. Kv 17:14; 24:12, 16; 34:27
Imana ntiyayigeneye abazungu gusa. Rm 10:11-13; Gl 3:28
Imana yemera abantu b’uburyo bwose. Ivk 10:34, 35; Rm 5:18; Ivy 7:9, 10
4. Gushinga intahe
A. Abakirisu bose bategerezwa gushinga intahe, bakavuga inkuru nziza
Bategerezwa kwemanga Yezu imbere y’abantu kugira bemerwe n’Imana. Mt 10:32
Bategerezwa gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana, bakerekana ukwizera. Yak 1:22-24; 2:24
N’abashasha bategerezwa kuba abigisha. Mt 28:19, 20
Kwatura icese birazana ubukiriro. Rm 10:10
B. Birakenewe kugendera abantu kenshi, no kubandanya gushinga intahe
Imburi yerekeye iherezo itegerezwa gutangwa. Mt 24:14
Yeremiya yamaze imyaka atangaza iherezo rya Yeruzalemu. Yr 25:3
Kurya kw’abakirisu bo mu ntango, ntidushobora kureka kuvuga. Ivk 4:18-20; 5:28, 29
C. Dutegerezwa gushinga intahe kugira ngo ntitwagirwe n’amaraso
Dutegerezwa gutanga imburi y’iherezo ryegereje. Ezk 33:7; Mt 24:14
Kutayitanga bituma umuntu yagirwa n’amaraso. Ezk 33:8, 9; 3:18, 19
Paulo ntiyagiriwe n’amaraso; yarashikirije ukuri kwose. Ivk 20:26, 27; 1Kr 9:16
Birarokora uwushinga intahe n’uwumviriza. 1Tm 4:16; 1Kr 9:22
5. Harumagedoni
A. Intambara y’Imana yo gukuraho ububisha
Amahanga akoranirizwa kuri Harumagedoni. Ivy 16:14, 16
Imana izorwana ikoresheje Umwana wayo n’abamarayika. 2Ts 1:6-9; Ivy 19:11-16
Ukuntu tworokoka. Zf 2:2, 3; Ivy 7:14
B. Ntiteye kubiri n’urukundo rw’Imana
Isi yarononekaye bimwe vy’akaburarugero. 2Tm 3:1-5
Imana irihangana, ariko ubutungane busaba ko igira ico ikoze. 2Pt 3:9, 15; Lk 18:7, 8
Ababisha bategerezwa gukurwaho, abagororotsi bakabona gusagamba. Img 21:18; Ivy 11:18
6. Ibatisimu
A. Ni igisabwa ku mukirisu
Yezu yaratanze akarorero. Mt 3:13-15; Heb 10:7
Ni ikimenyetso c’ukwiyanka canke c’ukwiyegura. Mt 16:24; 1Pt 3:21
Igenewe gusa abashoboye kwigishwa. Mt 28:19, 20; Ivk 2:41
Ukwibizwa mu mazi ni bwo buryo bubereye. Ivk 8:38, 39; Yoh 3:23
B. Ntiyoza ibicumuro
Yezu ntiyabatijwe kugira ngo yozwe ibicumuro. 1Pt 2:22; 3:18
Amaraso ya Yezu ni yo yoza ibicumuro. 1Yh 1:7
7. Ibishushanyo
A. Gukoresha ibishushanyo canke ibishusho mu gusenga ni ugusiga iceyi Imana
Gushushanya Imana ntibishoboka. 1Yh 4:12; Yes 40:18; 46:5; Ivk 17:29
Abakirisu baragabishwa ngo birinde ibishushanyo. 1Kr 10:14; 1Yh 5:21
Imana itegerezwa gusengwa mu mpwemu no mu kuri. Yoh 4:24
B. Gusenga ibishushanyo vyarakwegeye ibara ihanga rya Isirayeli
Abayuda barabujijwe gusenga ibishushanyo. Kv 20:4, 5
Ntivyumva, ntibivuga; ababikora bazomera nka vyo. Zb 115:4-8
Vyabaye umutego, bikwega agatikizo. Zb 106:36, 40-42; Yr 22:8, 9
C. Gusenga Imana uyibangikanya ntivyemewe
Imana yaranse ko umuntu ayisenga ayibangikanya. Yes 42:8
Imana ni yo yonyene ‘yumva amasengesho.’ Zb 65:1, 2
8. Icibutso, Imisa
A. Guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
Bigirwa rimwe mu mwaka, kw’igenekerezo rya Pasika yo muri Bibiliya. Lk 22:1, 17-20; Kv 12:14
Bitwibutsa urupfu rw’inkuka rwa Kristu. 1Kr 11:26; Mt 26:28
Abafise icizigiro c’ijuru ni bo bafungurako. Lk 22:29, 30; 12:32, 37
Ingene umuntu amenya ko afise ico cizigiro. Rm 8:15-17
B. Imisa ntijanye n’Ivyanditswe
Kubabarirwa ibicumuro bisaba ko amaraso aseseka. Heb 9:22
Kristu ni we Muhuza rudende w’isezerano rishasha. 1Tm 2:5, 6; Yoh 14:6
Kristu ari mw’ijuru, ntamanurwa kw’isi n’umupatiri. Ivk 3:20, 21
Ntibikenewe ko haza harasubira gutangwa ikimazi ca Kristu. Heb 9:24-26; 10:11-14
9. Idini
A. Hari idini ry’ukuri rimwe gusa
Icizigiro kimwe, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe. Ef 4:5, 13
Ryashinzwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Mt 28:19; Ivk 8:12; 14:21
Rimenyekanira ku vyamwa vyaryo. Mt 7:19, 20; Lk 6:43, 44; Yoh 15:8
Abarigize barakundana, bakavuga rumwe. Yoh 13:35; 1Kr 1:10; 1Yh 4:20
B. Inyigisho z’ikinyoma ziriyamirizwa bimwe biboneka
Yezu yariyamirije inyigisho z’ikinyoma. Mt 23:15, 23, 24; 15:4-9
Yabigize kugira akingire abagizwe impumyi. Mt 15:14
Ukuri kwarabagize abidegemvya kugira babe abigishwa ba Yezu. Yoh 8:31, 32
C. Guhindura idini ni nkenerwa iyo bibonetse ko ari iry’ikinyoma
Ukuri gutuma umuntu yidegemvya; kurerekana ko benshi bazimiye. Yoh 8:31, 32
Abisirayeli n’abandi barahevye insengo bahoramwo. Yos 24:15; 2Bm 5:17
Abakirisu bo mu ntango barahinduye uko babona ibintu. Gl 1:13, 14; Ivk 3:17, 19
Paulo yarahinduye idini. Ivk 26:4-6
Isi yose yarahenzwe; abantu bategerezwa guhindura umuzirikanyi. Ivy 12:9; Rm 12:2
D. Ivyiza bisa n’ibiri mu madini yose ntibituma ashimwa n’Imana
Imana ni yo ishinga uburyo abantu bakwiye kuyisenga. Yoh 4:23, 24; Yak 1:27
Ugusenga ntikuba kwiza mu gihe kudahuje n’ukugomba kw’Imana. Rm 10:2, 3
Ibikorwa vyitwa ko ari vyiza birashobora kutemerwa. Mt 7:21-23
Ugusenga kw’ukuri kumenyekanira ku vyo kwama. Mt 7:20
10. Igicumuro
A. Igicumuro ni iki?
Ni ukurenga itegeko ry’Imana, ingingo mfatirwako zayo zitunganye. 1Yh 3:4; 5:17
Umuntu ari n’ico abazwa n’Imana kuko ari yo yamuremye. Rm 14:12; 2:12-15
Itegeko ryaratomoye igicumuro ico ari co, bituma abantu bakimenya. Gl 3:19; Rm 3:20
Bose ni abacumuzi, ntibashikira ingingo mfatirwako z’Imana zitunganye. Rm 3:23; Zb 51:5
B. Igituma bose bashikirwa n’ingaruka z’igicumuro ca Adamu
Adamu yarandukije bose akanenge n’urupfu. Rm 5:12, 18
Imana yarerekanye imbabazi mu kwihanganira umuryango w’abantu. Zb 103:8, 10, 14, 17
Ikimazi ca Yezu kirahongera ibicumuro. 1Yh 2:2
Igicumuro n’ibindi bikorwa vyose vya Shetani bizokurwaho. 1Yh 3:8
C. Icamwa cari kibujijwe cari ukugambarara, si uguhuza ibitsina
Igiti cabujijwe imbere y’uko Eva aremwa. It 2:17, 18
Adamu na Eva bari barabwiwe kwibaruka ibibondo. It 1:28
Abana ntibakomoka ku gicumuro, ahubwo ni umuhezagiro wa Yehova. Zb 127:3-5
Eva yacumuye atari kumwe n’umugabo; yitaye imbere. It 3:6; 1Tm 2:11-14
Adamu, uwari umutwe, yaragararije itegeko ry’Imana. Rm 5:12, 19
D. Ico bisobanura gucumura ku mpwemu nyeranda (Mt 12:32; Mr 3:28, 29)
Igicumuro twarazwe si bene ico. Rm 5:8, 12, 18; 1Yh 5:17
Umuntu arashobora gutuntuza impwemu, yamara ibintu bigasubira mu buryo. Ef 4:30; Yak 5:19, 20
Kuza uracumura nkana bishikana ku rupfu. 1Yh 3:6-9
Abantu nk’abo Imana irabacira urubanza, ikabakurako impwemu yayo. Heb 6:4-8
Ntidukwiye gusengera abantu nk’abo batigaya. 1Yh 5:16, 17
11. Igihe ibintu vyagiye biraberako mu rukurikirane rw’ibihe
A. 1914 (G.C.) iherezo ry’Ibihe vy’abanyamahanga
Ugukurakuranwa kw’abatware b’ubwami kwarahagaritswe mu 607 B.G.C. Ezk 21:25-27
Imbere y’uko ubwo butegetsi busubizwaho hociye “ibihe indwi.” Dn 4:32, 16, 17
Ibihe ndwi = ibihe 3 n’igice × 2, canke imisi 1.260 × 2. Ivy 12:6, 14; 11:2, 3
Umusi uhura n’umwaka. [Bitanga imyaka 2.520] Ezk 4:6; Gh 14:34
Iherana n’ishingwa ry’Ubwami. Lk 21:24; Dn 7:13, 14
12. Ijuru
A. Abantu 144.000 gusa ni bo baja mw’ijuru
Ni igitigiri ntarengwa; bazoba abami kumwe na Kristu. Ivy 5:9, 10; 20:4
Yezu ni we yabatanguriye; abandi batowe mu nyuma ziwe. Kl 1:18; 1Pt 2:21
Abandi benshi bazoba kw’isi. Zb 72:8; Ivy 21:3, 4
Abo 144.000 bafise ikibanza kidasanzwe abandi badafise. Ivy 14:1, 3; 7:4, 9
13. Imisi mikuru, Imisi y’ivuka
A. Abakirisu bo mu ntango ntibahimbaza imisi y’ivuka be na Noweli
Yahimbazwa n’abadasenga mu kuri. It 40:20; Mt 14:6
Umusi w’urupfu rwa Yezu ni wo utegerezwa kwibukwa. Lk 22:19, 20; 1Kr 11:25, 26
Imyidagaduro igirwa mu kuyihimbaza ntibereye. Rm 13:13; Gl 5:21; 1Pt 4:3
14. Imisi ya nyuma
A. Ico imvugo “umuhero w’isi” isobanura
Ikurwaho ry’ivy’iyi si. Mt 24:3; 2Pt 3:5-7; Mr 13:4
Si umuhero w’isi butaka, ahubwo ni umuhero w’ivy’iyi si mbi. 1Yh 2:17
Igihe c’iherezo kiza imbere y’agatikizo. Mt 24:14
Abagororotsi bazorusimba, hace hakurikira isi nshasha. 2Pt 2:9; Ivy 7:14-17
B. Turakeneye kuba maso tukabona ibimenyetso vy’imisi ya nyuma
Ibimenyetso vyaratanzwe n’Imana kugira bituyobore. 2Tm 3:1-5; 1Ts 5:1-4
Isi ntibona ko ibintu bikomeye. 2Pt 3:3, 4, 7; Mt 24:39
Imana ntitevye, ahubwo iriko iratanga imburi. 2Pt 3:9
Hari impembo ku baguma barikanuye, ku bavyitwararika. Lk 21:34-36
15. Impwemu, Ubupfumu
A. Impwemu nyeranda ni iki?
Ni inguvu ikora y’Imana, si umuntu. Ivk 2:2, 3, 33; Yoh 14:17
Yarakoreshejwe mw’irema, mw’ihumekwa rya Bibiliya, no mu bindi. It 1:2; Ezk 11:5
Iravyara abagize umubiri wa Kristu, ikabarobanura. Yoh 3:5-8; 2Kr 1:21, 22
Iraha inkomezi abasavyi b’Imana muri iki gihe, ikabayobora. Gl 5:16, 18
B. Inguvu y’ubuzima yitwa impwemu
Ni yo ubuzima buhagazeko, ikaba ifashwa n’uguhema. Yak 2:26; Yb 27:3
Imana ni yo ifise ububasha ku nguvu y’ubuzima. Zk 12:1; Ums 8:8
Inguvu y’ubuzima y’abantu be n’iy’ibikoko iva ku Mana. Ums 3:19-21
Umuntu abitsa Imana impwemu afise icizigiro c’izuka. Lk 23:46
C. Ubupfumu butegerezwa kuzibukirwa kuko ari igikorwa c’amadayimoni
Ijambo ry’Imana rirabibuza. Yes 8:19, 20; Lw 19:31; 20:6, 27
Ukuragura ni ugusenga amadayimoni; kuriyamirizwa. Ivk 16:16-18
Bishikana ku kurandurwa. Gl 5:19-21; Ivy 21:8; 22:15
Ukuragurira ku nyenyeri kurabujijwe. Gus 18:10-12; Yr 10:2
16. Incungu
A. Ubuzima bw’umuntu bwa Yezu bwatanzwe bwa ‘ncungu ku bwa bose’
Yezu yatanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu. Mt 20:28
Agaciro k’amaraso yasesetse gatuma haba ukurekurirwa ibicumuro. Heb 9:14, 22
Ikimazi kimwe cari gihagije ku bw’ibihe vyose. Rm 6:10; Heb 9:26
Ivyiza biva ku ncungu ntivyizana; umuntu ategerezwa kuyemera icese. Yoh 3:16
B. Yari igiciro bikwiranye
Adamu yaremwe atagira akanenge. Gus 32:4; Ums 7:29; It 1:31
Igicumuro catumye atakaza ukutagira akanenge kwiwe n’ukw’abana biwe. Rm 5:12, 18
Abana biwe nta co bokwishoboje, hari hakenewe uwuringaniye neza na neza na Adamu. Zb 49:7; Gus 19:21
Ubuzima bw’umuntu butagira akanenge bwa Yezu bwabaye incungu. 1Tm 2:5, 6; 1Pt 1:18, 19
17. Irema
A. Rirahuza na siyansi y’ukuri; rirabeshuza ivy’ihindagurika
Siyansi irahuza n’urutonde rw’irema. It 1:11, 12, 21, 24, 25
Itegeko ry’Imana ryerekeye “amoko” y’ibintu ni iry’ukuri. It 1:11, 12; Yak 3:12
B. Imisi y’irema si imisi y’amasaha 24
“Umusi” ushobora gusobanura ikiringo kinaka. It 2:4
Ku Mana umusi urashobora kuba igihe kirekire. Zb 90:4; 2Pt 3:8
18. Isabato
A. Abakirisu ntibabwirizwa kwubahiriza Isabato
Itegeko ryarakuweho hishimikijwe urupfu rwa Yezu. Ef 2:15
Abakirisu ntibabwirizwa kwubahiriza Isabato. Kl 2:16, 17; Rm 14:5, 10
Barakangiriwe kubera bubahiriza Isabato, n’ibindi. Gl 4:9-11; Rm 10:2-4
Binjira mu karuhuko k’Imana biciye ku kwizera n’ukugamburuka. Heb 4:9-11
B. Isirayeli ya kera ni yo gusa yasabwe kwubahiriza Isabato
Isabato yatanguye kwubahirizwa inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu Misiri. Kv 16:26, 27, 29, 30
Cari ikimenyetso Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri yari yisangije. Kv 31:16, 17; Zb 147:19, 20
Imyaka y’Isabato na yo nyene yarasabwa kwubahirizwa mu gihe c’Itegeko. Kv 23:10, 11; Lw 25:3, 4
Isabato si ikintu gikenewe ku bakirisu. Rm 14:5, 10; Gl 4:9-11
C. Akaruhuko k’Imana k’Isabato (umusi ugira 7 w’iyinga ry’irema)
Katanguye iremwa ry’ivyo kw’isi rirangiye. It 2:2, 3; Heb 4:3-5
N’inyuma y’aho Yezu aziye kw’isi kari kakibandanya. Heb 4:6-8; Zb 95:7-9, 11
Abakirisu baruhuka ibikorwa vy’ubwikunzi. Heb 4:9, 10
Kazohera Ubwami nibwarangiza igikorwa cabwo ku bijanye n’isi. 1Kr 15:24, 28
19. Isengesho
A. Amasengesho Imana yumva
Imana irumviriza amasengesho y’abantu. Zb 145:18; 1Pt 3:12
Abatagororotse ntibumvirwa kiretse bahinduye ingendo. Yes 1:15-17
Dutegerezwa gusenga mw’izina rya Yezu. Yoh 14:13, 14; 2Kr 1:20
Dutegerezwa gusenga duhuza n’ukugomba kw’Imana. 1Yh 5:14, 15
Ukwizera ni ntahara. Yak 1:6-8
B. Amasengesho apfa gusubirwamwo, ayaturwa Mariya canke abitwa ngo ni aberanda ntiyemerwa
Dutegerezwa gusenga Imana mw’izina rya Yezu. Yoh 14:6, 14; 16:23, 24
Amajambo aguma asubirwamwo ntiyumvirwa. Mt 6:7
20. Isi
A. Umugambi Imana ifitiye isi
Iparadizo yatunganijwe kw’isi ku bw’abantu batunganye. It 1:28; 2:8-15
Umugambi w’Imana nta cowubuza kuranguka. Yes 55:11; 46:10, 11
Isi izokwuzuzwa abantu batagira akanenge, b’abanyamahoro. Zb 72:7; Yes 45:18; 9:6, 7
Iparadizo izogarukanwa n’Ubwami. Mt 6:9, 10; Ivy 21:3-5
B. Ntizokwigera irandurwa canke ngo ihereko abantu
Isi butaka izokwamaho. Ums 1:4; Zb 104:5
Abantu bo mu gihe ca Nowa ni bo baranduwe, si isi butaka. 2Pt 3:5-7; It 7:23
Ako karorero karaduha icizigiro c’uko hari abazorokoka mu gihe cacu. Mt 24:37-39
Ababisha bazorandurwa, “isinzi rinini” rirokoke. 2Ts 1:6-9; Ivy 7:9, 14
21. Ivyabona vya Yehova
A. Inkomoko y’Ivyabona vya Yehova
Yehova arerekana ivyabona vyiwe abo ari bo. Yes 43:10-12; Yr 15:16
Urukurikirane rw’ivyabona b’abizigirwa rwatanguriye kuri Abeli. Heb 11:4, 39; 12:1
Yezu yari icabona cizigirwa kandi c’ukuri. Yoh 18:37; Ivy 1:5; 3:14
22. Ivy’uko umuntu yandikiwe ibimushikira
A. Umuntu ntiyandikiwe ibimushikira
Umugambi w’Imana uzoranguka ata kabuza. Yes 55:11; It 1:28
Abantu barihitiramwo gukorera Imana. Yoh 3:16; Fp 2:12
23. Izuka
A. Icizigiro ku bapfuye
Abari mu mva bose bazozurwa. Yoh 5:28, 29
Izuka rya Yezu riremeza ko bishoboka. 1Kr 15:20-22; Ivk 17:31
Abacumura ku mpwemu ntibazozuka. Mt 12:31, 32
Aberekana ukwizera nta nkeka bazozuka. Yoh 11:25
B. Kuzukira ubuzima bwo mw’ijuru canke bwo kw’isi
Bose bapfira muri Adamu, bakaronkera ubuzima muri Yezu. 1Kr 15:20-22; Rm 5:19
Abazurwa bazuka bafise imibiri itandukanye. 1Kr 15:40, 42, 44
Abazofadikanya na Yezu bazomera nka we. 1Kr 15:49; Fp 3:20, 21
Abatazoba bari mu bategeka, bazoba kw’isi. Ivy 20:4b, 5, 13; 21:3, 4
24. Shetani, Amadayimoni
A. Shetani ni ikiremwa c’impwemu
Si ikibi kiri mu muntu, ahubwo ni ikiremwa c’impwemu. 2Tm 2:26
Shetani ni ikiremwa cokimwe n’abamarayika. Mt 4:1, 11; Yb 1:6
Yarigize Shetani kubera icipfuzo kibi. Yak 1:13-15
B. Shetani ni we mutware ataboneka w’isi
Ni yo mana igaba isi. 2Kr 4:4; 1Yh 5:19; Ivy 12:9
Imana yaramuretse ngo agumeho gushika ca kibazo kigiye mu buryo. Kv 9:16; Yoh 12:31
Azotabwa mu nyenga, mu nyuma arandurwe. Ivy 20:2, 3, 10
C. Amadayimoni ni abamarayika bagararije
Yarifatanije na Shetani imbere ya wa Mwuzure. It 6:1, 2; 1Pt 3:19, 20
Yaracishijwe bugufi, atandukanywa n’umuco wose. 2Pt 2:4; Yud 6
Ararwanya Imana, agahahaza abantu. Lk 8:27-29; Ivy 16:13, 14
Azoranduranwa na Shetani. Mt 25:41; Lk 8:31; Ivy 20:2, 3, 10
25. Ububisha, Amarushwa y’isi
A. Uwuteza isi amarushwa
Intwaro mbi ni yo ituma ibintu bimera nabi muri iki gihe. Img 29:2; 28:28
Umutware w’isi ni umwansi w’Imana. 2Kr 4:4; 1Yh 5:19; Yoh 12:31
Shetani ni we ateza amagorwa; igihe gisigaye ni kigufi. Ivy 12:9, 12
Shetani azobohwa, hakurikire amahoro y’akaroruhore. Ivy 20:1-3; 21:3, 4
B. Igituma ububisha bwaretswe bukabandanya
Shetani yavuze ngo ibiremwa ntivyoshobora kuguma ari intahemuka ku Mana. Yb 1:11, 12
Abantu b’abizigirwa barahawe akaryo ko kwerekana ukudahemuka. Rm 9:17; Img 27:11
Shetani yarahinyutse ko ari umubeshi; ca kibazo kizoshirwa mu buryo. Yoh 12:31
Abizigirwa bazohabwa impembo y’ubuzima budahera. Rm 2:6, 7; Ivy 21:3-5
C. Ukuba igihe c’iherezo kikibandanya ni intunganyo iranga imbabazi
Nka kumwe kwo mu misi ya Nowa, gutanga imburi bifata igihe. Mt 24:14, 37-39
Imana ntitevye, ahubwo ni inyembabazi. 2Pt 3:9; Yes 30:18
Bibiliya iradufasha kwirinda kuzohwikirwa. Lk 21:36; 1Ts 5:4
Rondera gukingirwa n’Imana ubu. Yes 2:2-4; Zf 2:3
D. Umuti w’amarushwa y’isi ntuzova ku bantu
Abantu baratekewe n’ubwoba, ntibagira ico bafata n’ico bareka. Lk 21:10, 11; 2Tm 3:1-5
Ubwami bw’Imana ni bwo buzobishobora, si abantu. Dn 2:44; Mt 6:10
Kugira uzobeho, nugiranire amahoro n’Umwami wabwo ubu. Zb 2:9, 11, 12
26. Ubukiriro
A. Ubukiriro buturuka ku Mana biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu
Ubuzima ni ingabirano y’Imana biciye ku Mwana wayo. 1Yh 4:9, 14; Rm 6:23
Ubukiriro bushoboka gusa biciye ku nkuka ya Yezu. Ivk 4:12
Nta bikorwa umuntu ashobora gukora mu gihe yigaye ari ku mpfiro. Yak 2:14, 26
Umuntu ategerezwa gukora yivuye inyuma kugira abushikire. Lk 13:23, 24; 1Tm 4:10
B. Imvugo ngo ‘umaze gukizwa biba biheze’ ntishingiye ku Vyanditswe
Abasangira impwemu nyeranda barashobora kugwa. Heb 6:4, 6; 1Kr 9:27
Abisirayeli benshi bararanduwe naho bari bararokowe bagakurwa mu Misiri. Yud 5
Ugukizwa si ikintu kiza bukwi na bukwi. Fp 2:12; 3:12-14; Mt 10:22
Abasubira inyuma baba babi kurusha uko bari kera. 2Pt 2:20, 21
C. Imvugo ngo ‘ubukiriro bw’abantu bose’ ntishingiye ku Vyanditswe
Ukwigaya ntigushoboka kuri bamwe. Heb 6:4-6
Imana ntihimbarwa n’uko umubisha apfa. Ezk 33:11; 18:32
Ariko urukundo ntirushobora kurenza uruho rw’amazi ku kutagororoka. Heb 1:9
Ababisha bazorandurwa. Heb 10:26-29; Ivy 20:7-15
27. Ubutatu
A. Imana ari yo Data, ni Imwe, ikaba iruta ibiriho vyose
Imana si abaperesona batatu. Gus 6:4; Ml 2:10; Mr 10:18; Rm 3:29, 30
Umwana yararemwe; imbere y’aho, Imana yari yonyene. Ivy 3:14; Kl 1:15; Yes 44:6
Imana nantaryo ni yo iganza ibiriho vyose. Fp 2:5, 6; Dn 4:35
Imana itegerezwa gushirwa hejuru ya vyose. Fp 2:10, 11
B. Umwana yamye arutwa na Data imbere y’uko aza kw’isi be n’inyuma yaho
Mw’ijuru Umwana yarubaha; yatumwe na Data. Yoh 8:42; 12:49
Kw’isi yaragamburuka; Data yaramuruta. Yoh 14:28; 5:19; Heb 5:8
Mw’ijuru yashizwe hejuru, ariko yagumye ayoboka. Fp 2:9; 1Kr 15:28; Mt 20:23
Yehova ni umutwe wa Kristu akaba n’Imana yiwe. 1Kr 11:3; Yoh 20:17; Ivy 1:6
C. Ubumwe hagati y’Imana na Kristu
Bama bahuza inama. Yoh 8:28, 29; 14:10
Bunze ubumwe, nka kurya kw’umugabo n’umugore. Yoh 10:30; Mt 19:4-6
Abemera bose bategerezwa kugira ubumwe nk’ubwo. Yoh 17:20-22; 1Kr 1:10
Ugusenga Yehova kumwe biciye kuri Kristu, kuzokwamaho. Yoh 4:23, 24
D. Impwemu nyeranda y’Imana ni inguvu yayo ikora
Ni inguvu, si umuntu. Mt 3:16; Yoh 20:22; Ivk 2:4, 17, 33
Si umuntu ari kumwe n’Imana na Kristu mw’ijuru. Ivk 7:55, 56; Ivy 7:10
Iyoborwa n’Imana kugira irangure imigambi yayo. Zb 104:30; 1Kr 12:4-11
Abasukurira Imana barayironka, ikabayobora. 1Kr 2:12, 13; Gl 5:16
28. Ubuzima (âme)
A. Umuntu nta kintu kidapfa afise muri we
Nta kintu kibandanya kubaho igihe umuntu apfuye. Zb 115:17; Ums 9:5, 10
Abasavyi b’Imana ntibigeze bemera yuko hariho ikintu kibandanya kubaho iyo umuntu amaze gupfa. Zb 6:4, 5; Yes 38:18; Yoh 11:11-14
29. Ubuzima (vie)
A. Ubuzima budahera ni ntakekeranywa ku bantu bagamburuka
Imana, imwe idashobora kubesha, yarasezeranye ubuzima. Tt 1:2; Yoh 10:27, 28
Ubuzima budahera ni ntakekeranywa ku bizera. Yoh 11:25, 26
Urupfu ruzorandurwa. 1Kr 15:26; Ivy 21:4; 20:14; Yes 25:8
B. Ubuzima bwo mw’ijuru buzohabwa gusa abagize umubiri wa Kristu
Imana icagura abagize uwo mubiri nk’uko ishaka. Mt 20:23; 1Kr 12:18
Abantu 144.000 gusa ni bo bakurwa mw’isi. Ivy 14:1, 4; 7:2-4; 5:9, 10
Mbere na Yohani Umubatizi ntazoja mu Bwami bwo mw’ijuru. Mt 11:11
C. Nta gitigiri ntarengwa kiriho c’abasezeraniwe ubuzima bwo kw’isi, ari bo “zindi ntama”
Igitigiri ntarengwa ni co kizobana na Yezu mw’ijuru. Ivy 14:1, 4; 7:2-4
“Izindi ntama” si bene wabo na Kristu. Yoh 10:16; Mt 25:32, 40
Ubu abenshi bariko baregeranywa kugira bazorokoke maze babe kw’isi. Ivy 7:9, 15-17
Abandi bazozurirwa ubuzima bwo kw’isi. Ivy 20:12; 21:4
30. Ubwami
A. Ico Ubwami bw’Imana buzokorera abantu
Buzoshitsa ivyo Imana igomba. Mt 6:9, 10; Zb 45:6; Ivy 4:11
Ni intwaro ifise umwami n’amategeko. Yes 9:6, 7; 2:3; Zb 72:1, 8
Buzokuraho ububisha, buganze isi yose. Dn 2:44; Zb 72:8
Hazoba intwaro y’imyaka 1.000 yo gukiza abantu, isubizeho Iparadizo. Ivy 21:2-4; 20:6
B. Butangura kuganza mu gihe abansi ba Kristu bakiriho
Kristu amaze kuzurwa, yararindiriye igihe kirekire. Zb 110:1; Heb 10:12, 13
Afashe ubutegetsi, yaciye arwanya Shetani. Zb 110:2; Ivy 12:7-9; Lk 10:18
Ishingwa ry’Ubwami ryakurikiwe n’amagorwa y’isi. Ivy 12:10, 12
Imidurumbanyo ihari ubu yerekana ko ari igihe co kuja ku ruhande rw’Ubwami. Ivy 11:15-18
C. Ntiburi ‘mu mutima,’ ntibujaho biciye ku twigoro tw’abantu
Ubwami buri mw’ijuru, ntiburi kw’isi. 2Tm 4:18; 1Kr 15:50; Zb 11:4
Ntiburi ‘mu mutima;’ Yezu yariko abwira Abafarizayo. Lk 17:20, 21
Si ubwo muri iyi si. Yoh 18:36; Lk 4:5-8; Dn 2:44
Intwaro be n’amategeko y’iyi si bizosubirizwa. Dn 2:44
31. Ugukiza, Indimi
A. Ugukiza kwo mu buryo bw’impwemu kuzana ivyiza vyamaho
Indwara yo mu buryo bw’impwemu irica. Yes 1:4-6; 6:10; Hs 4:6
Ugukiza kwo mu buryo bw’impwemu ni co gikorwa nyamukuru. Yoh 6:63; Lk 4:18
Kurakuraho ibicumuro; kurazana agahimbare n’ubuzima. Yak 5:19, 20; Ivy 7:14-17
B. Ubwami bw’Imana buzokiza umubiri burundu
Yezu yarakijije ubumuga, aramamaza imihezagiro y’Ubwami. Mt 4:23
Ubwami ni bwo buryo bwasezeranywe buzozana ugukira burundu. Mt 6:10; Yes 9:7
Mbere n’urupfu ruzokurwaho. 1Kr 15:25, 26; Ivy 21:4; 20:14
C. Ugukiza kwa kino gihe nta cemeza yuko kwemerwa n’Imana
Abigishwa ntibikijije ku gitangaro. 2Kr 12:7-9; 1Tm 5:23
Ingabirano z’ugukora ibitangaro zararangiye inyuma y’igihe c’intumwa. 1Kr 13:8-11
Ugukiza si co kimenyamenya ntakekeranywa c’ugutoneshwa n’Imana. Mt 7:22, 23; 2Ts 2:9-11
D. Kuvuga mu ndimi yari intunganyo yomaze igihe gito gusa
Cari ikimenyetso; habwirizwa kuronderwa ingabirano ziruta izindi. 1Kr 14:22; 12:30, 31
Vyari vyaravuzwe yuko ingabirano z’impwemu z’ugukora ibitangaro zovuyeho. 1Kr 13:8-10
Ibikorwa vy’agatangaza si co kimenyamenya ntakekeranywa c’ugutoneshwa n’Imana. Mt 7:22, 23; 24:24
32. Ugusenga aba kera
A. Ugusenga aba kera nta co kumaze
Aba kera barapfuye, nta co bazi. Ums 9:5, 10
Aba kera ntibabereye gusengwa. Rm 5:12, 14; 1Tm 2:14
Imana irabuza ugusenga mwene ukwo. Kv 34:14; Mt 4:10
B. Abantu barashobora guterwa iteka, ariko Imana yonyene ni yo itegerezwa gusengwa
Abakiri bato barakwiye gutera iteka ababakurira. 1Tm 5:1, 2, 17; Ef 6:1-3
Ariko Imana yonyene ni yo itegerezwa gusengwa. Ivk 10:25, 26; Ivy 22:8, 9
33. Ugusenga Mariya
A. Mariya ni nyina wa Yezu, si “nyina w’Imana”
Imana ntigira intango. Zb 90:2; 1Tm 1:17
Mariya yari nyina w’Umwana w’Imana igihe uwo Mwana yari ng’aha kw’isi. Lk 1:35
B. Mariya ‘ntiyagumye ari isugi’
Yarubakanye na Yozefu. Mt 1:19, 20, 24, 25
Yaribarutse abandi bana uretse Yezu. Mt 13:55, 56; Lk 8:19-21
Bano ntibari bwabe bene wabo bo mu vy’impwemu. Yoh 7:3, 5
34. Ugushira hamwe kw’amadini
A. Kuja hamwe n’ayandi madini si inzira y’Imana
Hari inzira imwe gusa; iraga, kandi ni bake bayitora. Ef 4:4-6; Mt 7:13, 14
Turagabishwa yuko inyigisho z’ikinyoma zandukira. Mt 16:6, 12; Gl 5:9
Duhabwa ibwirizwa ryo kwitandukanya na zo. 2Tm 3:5; 2Kr 6:14-17; Ivy 18:4
B. Imvugo ngo “mu madini yose hariyo iciza” si iy’ukuri
Bamwe barafise umwete ariko si mu buryo Imana ishima. Rm 10:2, 3
Ikibi kironona icobaye ciza. 1Kr 5:6; Mt 7:15-17
Abigisha b’ikinyoma bazana agatikizo. 2Pt 2:1; Mt 12:30; 15:14
Ugusenga gutyoroye gusaba kwihebera Imana yonyene gusa. Gus 6:5, 14, 15
35. Ukugaruka kwa Kristu
A. Ntagaruka mu buryo buboneka
Yabwiye abigishwa biwe ko isi itosubiye kumubona. Yoh 14:19
Abigishwa biwe gusa ni bo babonye iduga ryiwe; agaruka muri ubwo buryo. Ivk 1:6, 10, 11
Ari mw’ijuru, akaba ari ikiremwa c’impwemu kitaboneka. 1Tm 6:14-16; Heb 1:3
Agaruka mu bubasha bw’Ubwami bwo mw’ijuru. Dn 7:13, 14
B. Kumenyekanira ku bintu biboneka biba
Abigishwa barabajije ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Mt 24:3
Abakirisu babona ukuhaba kwiwe biciye ku gutahura. Ef 1:18
Ibintu vyinshi biba biratanga ikimenyamenya c’ukuhaba kwiwe. Lk 21:10, 11
Abansi “bazomubona” ari uko agatikizo kabajeko giturumbuka. Ivy 1:7
36. Ukurwanywa, Uruhamo
A. Igituma abakirisu barwanywa
Yezu yaranswe; yaravuze ko abigishwa biwe borwanijwe. Yoh 15:18-20; Mt 10:22
Kwumira ku ngingo ngenderwako zigororotse biragiriza isi. 1Pt 4:1, 4, 12, 13
Shetani, we mana y’iyi si, ararwanya Ubwami. 2Kr 4:4; 1Pt 5:8
Umukirisu ntatinya; Imana iramushigikira. Rm 8:38, 39; Yak 4:8
B. Umugore ntakwiye kureka ngo umugabo amutandukanye n’Imana
Vyari vyaravuzwe; umugabo yoshobora kubwirwa n’abandi amakuru atari yo. Mt 10:34-38; Ivk 28:22
Umugore ategerezwa guhanga amaso Imana na Kristu. Yoh 6:68; 17:3
Agumye ari umwizigirwa yoshobora gukiza n’umugabo wiwe. 1Kr 7:16; 1Pt 3:1-6
Umugabo ni we mutwe, mugabo ntamutegeka uko asenga. 1Kr 11:3; Ivk 5:29
C. Umugabo ntakwiye kureka ngo umugore amubuze gukorera Imana
Ategerezwa gukunda umugore n’umuryango; ashaka ko baronka ubuzima. 1Kr 7:16
Ni we ajejwe gufata ingingo no kuronsa umuryango ivyo ukeneye. 1Kr 11:3; 1Tm 5:8
Imana irakunda umugabo ashigikira ukuri. Yak 1:12; 5:10, 11
Kudohoka kugira ngo yironkere amahoro bituma adatoneshwa n’Imana. Heb 10:38
Arafasha umuryango gushikira ubuhirwe mw’isi nshasha. Ivy 21:3, 4
37. Umubano w’ababiranye
A. Umubano w’ababiranye utegerezwa kuba uwuteye iteka
Ugereranywa na Kristu be n’umugeni wiwe. Ef 5:22, 23
Uburiri bw’ababiranye ntibukwiye guhumanywa. Heb 13:4
Ababiranye bahanurwa kudatandukana. 1Kr 7:10-16
Por·neiʹa ni yo mvo yonyene yemewe n’Ivyanditswe y’ukwahukana. Mt 19:9
B. Abakirisu bategerezwa kwubahiriza ingingo ngenderwako y’uwuri umutwe
Umugabo, we mutwe, ategerezwa gukunda no kwitwararika umuryango. Ef 5:23-31
Umugore arayobokera umugabo wiwe, akamukunda, akamwubaha. 1Pt 3:1-7; Ef 5:22
Abana bategerezwa kugamburuka. Ef 6:1-3; Kl 3:20
C. Ibanga abavyeyi bakirisu bajejwe ku bana
Bategerezwa kubereka urukundo, bakamarana umwanya na bo, bakabitaho. Tt 2:4
Ntibabaratsa. Kl 3:21
Barabaronsa ivyo bakeneye, ushizemwo n’ivy’impwemu. 2Kr 12:14; 1Tm 5:8
Barabamenyereza ku bijanye n’ubuzima. Ef 6:4; Img 22:6, 15; 23:13, 14
D. Abakirisu bakwiye kwubakana gusa n’abakirisu
Kwubaka “mu Mukama” gusa. 1Kr 7:39; Gus 7:3, 4; Neh 13:26
E. Uguharika ntigushingiye ku Vyanditswe
Mu ntango umugabo yari yagenewe kugira umugore umwe gusa. It 2:18, 22-25
Yezu yarasubirijeho abakirisu iyo ngingo ngenderwako. Mt 19:3-9
Abakirisu bo mu ntango ntibaharika. 1Kr 7:2, 12-16; Ef 5:28-31
38. Umuriro, Gehena (Gehinomu), Ukuzimu
A. Gehena, ukuzimu si ahantu ho kubabarizwa h’umuriro nya muriro
Gehena wari Umwonga wa Hinomu, ikibanza batamwo umwavu i Yeruzalemu. 2Bm 23:10, 14
Yezu yakoresheje Gehena mu buryo bw’ikigereranyo. Mt 23:33; Mr 9:47, 48
Umuntu ntaba agifise icizigiro c’ubuzima bwa none n’ubwa kazoza. Mt 10:28
Yezu yarazuwe akuwe mu mva, mu kuzimu. Ivk 2:27, 31, 32; Zb 16:10
Ukuzimu kuzorekura abandi bantu bapfuye; kuzokurwaho. Ivy 20:13, 14
B. Umuriro ni ikigereranyo c’ukuzimanganywa
Kurandurwa biciye ku rupfu bigereranywa n’umuriro. Mt 25:41, 46; 13:30
Uwo muriro ugereranya “urupfu rwa kabiri,” ni ukuvuga kurandurwa ubutagisubira kubaho. Ivy 20:14; 21:8
Abanyakibi batigaya bazorandurwa ubutagisubira kubaho, nk’aho boba bayogejwe n’umuriro. Heb 10:26, 27
‘Ukubabazwa’ kwa Shetani mu muriro ni urupfu rw’ibihe bidahera. Ivy 20:10, 14, 15
C. Inkuru ya wa mutunzi na Lazaro si ikimenyamenya c’uko hariho ukubabazwa ibihe bidahera
Nk’uko igikiriza ca Aburahamu atari igikiriza nya gikiriza, ni ko n’uwo muriro atari umuriro nya muriro. Lk 16:22-24
Ugutoneshwa na Aburahamu na kwo guhushanywa n’umwiza. Mt 8:11, 12
Uguherengetezwa kwa Babiloni kwitwa ukubabazwa n’umuriro. Ivy 18:8-10, 21
39. Umusaraba
A. Yezu yamanitswe ku giti co kwicirwako, kigereranya iceyi
Yezu yamanitswe ku giti co kwicirwako. Ivk 5:30; 10:39; Gl 3:13
Abakirisu bategerezwa kwikorera igiti kigereranya iceyi. Mt 10:38; Lk 9:23
B. Ntukwiye gusengwa
Ukumanika ahantu igiti ca Yezu ni ukumusiga iceyi. Heb 6:6; Mt 27:41, 42
Gukoresha umusaraba mu gusenga ni ugusenga ibigirwamana. Kv 20:4, 5; Yr 10:3-5
Yezu ni ikiremwa c’impwemu, ntakiri ku giti. 1Tm 3:16; 1Pt 3:18
40. Umusuku
A. Abakirisu bose bategerezwa kuba abasuku
Yezu yari umusuku w’Imana. Rm 15:8, 9; Mt 20:28
Abakirisu bakurikira akarorero kiwe. 1Pt 2:21; 1Kr 11:1
Bategerezwa kwamamaza kugira barangure ubusuku. 2Tm 4:2, 5; 1Kr 9:16
B. Ibisabwa kugira umuntu arangure ubusuku
Impwemu y’Imana n’ubumenyi bw’Ijambo ryayo. 2Tm 2:15; Yes 61:1-3
Ugukurikiza icitegererezo ca Kristu mu kwamamaza. 1Pt 2:21; 2Tm 4:2, 5
Imana iramenyereza umuntu biciye ku mpwemu yayo no kw’ishirahamwe ryayo. Yoh 14:26; 2Kr 3:1-3
41. Urupfu
A. Inkwezi y’urupfu
Umuntu mu ntango ntiyagira akanenge, yari yizigiye kubaho ibihe bidahera. It 1:28, 31
Ukugambarara kwatumye acirwa urwo gupfa. It 2:16, 17; 3:17, 19
Igicumuro n’urupfu vyarandukiye abana bose ba Adamu. Rm 5:12
B. Ukuntu abapfuye bamerewe
Abapfuye nta co bazi. Ums 9:5, 10; Zb 146:3, 4
Abapfuye barasinziriye barindiriye izuka. Yoh 11:11-14, 23-26; Ivk 7:60
C. Kuvugana n’abapfuye ntibishoboka
Abapfuye ntibari kumwe n’Imana ari ibiremwa vy’impwemu. Zb 115:17; Yes 38:18
Turagabishwa ngo ntitugerageze kuvugana n’abapfuye. Yes 8:19; Lw 19:31
Abavugana n’ibiremwa vy’impwemu, n’ababura ibizoba bariyamirizwa. Gus 18:10-12; Gl 5:19-21
42. Urusengero
A. Urusengero ni urwo mu buryo bw’impwemu, rwubatswe kuri Kristu
Imana ntiba mu nsengero zubatswe n’abantu. Ivk 17:24, 25; 7:48
Urusengero rw’ukuri ni urwo mu buryo bw’impwemu, rugizwe n’amabuye mazima. 1Pt 2:5, 6
Kristu ni we buye rigumya imfuruka; intumwa ni ayandi mabuye y’umushinge. Ef 2:20
Imana ikwiye gusengwa mu mpwemu no mu kuri. Yoh 4:24
B. Urusengero ntirwubatswe kuri Petero
Yezu ntiyavuze ko urusengero rwubatswe kuri Petero. Mt 16:18
Yezu ni we “gitandara.” 1Kr 10:4
Petero yavuze ko Yezu ari we mushinge. 1Pt 2:4, 6-8; Ivk 4:8-12
43. Yehova, Imana
A. Izina ry’Imana
“Imana” ni izina ry’urusangi; Umukama wacu arafise izina ry’uruharo. 1Kr 8:5, 6
Dusenga dusaba ko izina ryayo ryezwa. Mt 6:9, 10
Yehova ni ryo zina ry’Imana. Zb 83:18; Kv 6:2, 3; 3:15; Yes 42:8
Riraboneka muri Bibiliya Yera. Yes 12:2; 26:4
Yezu yaramenyekanishije iryo zina. Yoh 17:6, 26; 5:43; 12:12, 13, 28
B. Ukubaho kw’Imana
Nta wushobora kubona Imana ngo abeho. Kv 33:20; Yoh 1:18; 1Yh 4:12
Ntibikenewe ko umuntu arinda kubona Imana kugira yizere. Heb 11:1; Rm 8:24, 25; 10:17
Imana imenyekanira ku bikorwa vyayo biboneka. Rm 1:20; Zb 19:1, 2
Iranguka ry’ubuhanuzi ni ikimenyamenya c’uko Imana iriho. Yes 46:8-11
C. Ibiranga Imana
Imana ni urukundo. 1Yh 4:8, 16; Kv 34:6; 2Kr 13:11; Mk 7:18
Ifise ubukerebutsi ntangere. Yb 12:13; Rm 11:33; 1Kr 2:7
Ni inyabutungane, ikoresha ubutungane. Gus 32:4; Zb 37:28
Ni mushoboravyose, ifise ububasha bwose. Yb 37:23; Ivy 7:12; 4:11
D. Bose ntibariko bakorera Imana imwe
Inzira iboneka ko ari nziza ntiyama ibereye. Img 16:25; Mt 7:21
Inzira ni zibiri, imwe gusa ikaba ari yo ijana mu buzima. Mt 7:13, 14; Gus 30:19
Hari imana nyinshi, mugabo Imana y’ukuri ni imwe gusa. 1Kr 8:5, 6; Zb 82:1
Kumenya Imana y’ukuri birakenewe kugira ngo umuntu aronke ubuzima. Yoh 17:3; 1Yh 5:20
44. Yezu
A. Yezu ni Umwana w’Imana akaba n’Umwami yagenywe
Ni imfura y’Imana; yarakoreshejwe mu kurema ibindi bintu vyose. Ivy 3:14; Kl 1:15-17
Yarabaye umuntu yavutse ku mugore, aba munsi y’abamarayika. Gl 4:4; Heb 2:9
Yaravyawe n’impwemu y’Imana, ku bw’ubuzima bwo mw’ijuru. Mt 3:16, 17
Yashizwe hejuru kuruta uko yari ataraba umuntu. Fp 2:9, 10
B. Kwemera Yezu Kristu birahambaye kugira umuntu aronke ubukiriro
Kristu ni we Ruvyaro rwa Aburahamu rwasezeranywe. It 22:18; Gl 3:16
Yezu wenyene ni we Muherezi Mukuru; ni we ncungu. 1Yh 2:1, 2; Heb 7:25, 26; Mt 20:28
Ubuzima bushoboka biciye ku kumenya Imana na Kristu no ku kugamburuka. Yoh 17:3; Ivk 4:12
C. Kwizera Yezu gusa ntibihagije
Ukwizera gutegerezwa guherekezwa n’ibikorwa. Yak 2:17-26; 1:22-25
Ni ngombwa kugamburuka amabwirizwa no gukora igikorwa yakoze. Yoh 14:12, 15; 1Yh 2:3
Si abakoresha izina ry’Umukama bose bazokwinjira mu Bwami. Mt 7:21-23